Ikigabane ca 15
Igitangaro ca Mbere Yezu Yakoze
HARACIYE umusi umwe canke ibiri gusa kuva Andereya, Petero, Yohani, Filipo, Natanayeli, kumbure na Yakobo babaye abigishwa ba mbere ba Yezu. Abo ubu basubiye iwabo mu ntara ya Galilaya, aho bose bakomoka. Aho bariko baja ni i Kana, mu gisagara Natanayeli yavukiyemwo, kiri mu mirambi hatari kure y’i Nazareti, aho Yezu ubwiwe yakuriye. Bari batumiwe mu bukwe aho i Kana.
Nyina wa Yezu na wene yaje kuri ubwo bugeni. Kubera ko Mariya ari umugenzi w’umuryango w’ababiranye, aboneka ko arimwo mu kuronderera abashitsi benshi bahari ivyo bakeneye. Nuko rero ntateba kubona ko ibinyobwa bikeshe, akabitura Yezu ati: “Nta vino bafise.”
Maze rero Mariya abaye nk’uwubwira Yezu kugira ico akoze kuri iryo keha ry’umuvinyu, Yezu abanza kwigumanya. Amubaza ati: “Duhūriye hehe [“nawe,” NW]?” Kubera ko ari Umwami Imana yagenye, si uwo gutegekwa n’abo mu rugo canke abagenzi mu vyo akora. Nuko Mariya akoresha ubukerebutsi, ico kibazo akirekera mu maboko y’umuhungu wiwe, abwira gusa abariko bakora ati: “Ic’ababgira cose mugikore.”
Hari intango zitandatu nininini zibajwe mu mabuye, imwimwe muri zo igashobora kujamwo amacupa arenga 55. Yezu ategeka abasuku ati: “Ni mwuzuze izo ntango amazi.” Nya basuku na bo baruzuza no ku mbiga. Maze Yezu avuga ati: “Mudahe ubu nyene, mushīre umuteretsi mukuru.”
Nya muteretsi mukuru atangazwa n’uburyohe bw’uno muvinyu, ntiyamenya yuko wakozwe ku gitangaro. Ahamagara umukwe, avuga ati: “Umuntu wese ahora abanza gutereka vino ziryoshe, maze bāhimba akabaha izitaryoshe: ariko weho iziryoshe ni zo wabitse gushitsa ubu.”
Ico ni co gitangaro ca mbere Yezu yakoze, hanyuma aho ba bigishwa biwe aherutse kuronka babiboneye, ukwizera kwabo kurakomezwa. Mu nyuma, ari kumwe na nyina wiwe hamwe na bene nyina, bagira urugendo baja mu gisagara c’i Kaperinawumu hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya. Yohana 2:1-12.
▪ Ubugeni bw’i Kana bwabaye mu kiringo ikihe c’igikorwa ca Yezu?
▪ Ni kuki Yezu yanse ico nyina wiwe ashatse kumubwira ngo akore?
▪ Ni igitangaro ikihe Yezu yaranguye, hanyuma kigira ingaruka iyihe ku bandi?