Ibibazo vy’abasomyi
Yezu yoba atubashe nyina wiwe canke yaramukariye uravye ukuntu yamubwiye kuri bwa bukwe bw’i Kana?—Yohana 2:4.
Gatoyi inyuma yaho Yezu abatirijwe, we n’abigishwa biwe baratumiwe ku bukwe i Kana. Na nyina wiwe ni ho yari ari. Igihe umuvinyu wakeha, Mariya yabwiye Yezu ati: “Nta vino bafise”. Yezu yishuye nyina ati: “Duhūriye hehe ga [“mupfaso”, NW]? Igihe canje ntikiragera”.—Yohana 2:1-4.
Muri iki gihe, umuntu abwiye nyina ngo “mupfaso” akongera akamubwira ngo “duhūriye hehe?”, vyofatwa ko ari ukubura urupfasoni, eka mbere ko ari ugutukana. Ariko rero, hamwe umuntu yokwagiriza Yezu ko atubashe nyina canke ko yamututse, yoba yiyobagije ibijanye n’imico kama be n’ururimi vy’aho hantu. Gutahura ukuntu izo mvugo zakoreshwa mu bihe vya Bibiliya, vyofasha.
Ku bijanye n’ijambo “mupfaso”, igitabu kimwe c’inyizamvugo y’ivya Bibiliya c’uwitwa Vine (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) kivuga giti: “Iryo jambo iyo rikoreshejwe mu kubwira umukenyezi, ni ijambo riterekana ko wamuhambariye, ahubwo riho ni ijambo riranga urukundo canke icubahiro”. Hari n’ibindi bitabu bishigikira ico ciyumviro. Nk’akarorero, Bibiliya imwe (The Anchor Bible) ivuga iti: “Iryo si ijambo ryo guhambarira umuntu canke ryerekana ukutagira indero, eka kandi si ijambo ryerekana ko umuntu atagira urukundo. . . . Bwari uburyo busanzwe kandi buranga urupfasoni Yezu yakoresha ariko arabwira abakenyezi”. Igitabu c’inyizamvugo kimwe (The New International Dictionary of New Testament Theology) gisigura yuko iryo jambo “rikoreshwa nk’imvugo ata yindi nsobanuro itaranga urupfasoni ritekeye”. Ikindi gitabu na co (Theological Dictionary of the New Testament) c’uwitwa Gerhard Kittel kivuga yuko kuba yakoresheje iryo jambo “ata ho vyerekana ukutubaha canke ugusuzugura”. Gutyo, ntidukwiye gushika ku ciyumviro c’uko Yezu atubashe nyina wiwe canke ko yamukariye mu kumubwira ngo “mupfaso”.—Matayo 15:28; Luka 13:12; Yohana 4:21; 19:26; 20:13, 15.
Tuvuge iki ku bijanye n’amajambo ngo “duhūriye hehe?”. Biboneka ko iyo ari imvugo Abayuda bari bamenyereye cane, ikaba iboneka incuro zitari nke muri Bibiliya. Muri Bibiliya y’ikirundi ihindurwa mu buryo butandukanye gato bivanye n’ibiba biriko biravugwa. Nk’akarorero muri 2 Samweli 16:10, tubona Dawidi ariko arabuza Abishayi ngo ntiyice Shimeyi mu kuvuga ati: “Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi”. Muri ubwo buryo nyene, mu 1 Abami 17:18 havuga yuko wa mupfakazi w’i Zarefati amaze kubona ko umwana wiwe yari yapfuye, yabwiye Eliya ati: “Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?”.
Dufatiye kuri ubwo burorero bwo muri Bibiliya, turabona ko imvugo “duhūriye hehe?” akenshi idakoreshwa ishaka kwerekana akagaye canke ubwishime, ariko ko kenshi umuntu ayikoresha ariko aranka kugira uruhara mu gikorwa kinaka abandi bantu bamusavye canke yerekana ko abona ibintu mu bundi buryo. Tuvuge iki none ku majambo Yezu yabwiye Mariya?
Igihe Mariya yabwira Yezu ngo “nta vino bafise”, biboneka ko atariko amumenyesha gusa ico kintu, ariko ko yariko amusaba ngo agire ico akoze. Yezu yaciye akoresha iyo mvugo yari imenyerewe kugira yanke ico ciyumviro kitibonekeje Mariya yari ashatse guserura, kandi amajambo yongeyeko ngo “igihe canje ntikiragera” aradufasha kubona imvo yatumye abigenza gutyo.
Kuva mu 29 G.C., igihe Yezu yabatizwa akongera agasigwa mpwemu yera, yari azi neza ko Yehova yagomba ko Yezu, we Mesiya yasezeranywe aguma ari intadohoka gushika ku gupfa kwiwe, akazuka hanyuma akaninahazwa. Yavuze ati: “Umwana w’umuntu [ntiya]zanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubu[zima] bgiwe kw incungu ya benshi” (Matayo 20:28). Igihe urupfu rwiwe rwari rwegereje, Yezu yarabitomoye mu kuvuga ati: “Igihe kirageze” (Yohana 12:1, 23; 13:1). Gutyo, mw’isengesho yatuye mw’ijoro ry’imbere yuko apfa, yavuze ati: “Data, igihe kirashitse: shimagiza Umwana wawe, ng’Umwana agushimagize” (Yohana 17:1). Amaherezo igihe ka kagwi kashika kaje gufata Yezu mw’itongo ry’i Getsemane, yarakanguye abigishwa biwe, ababwira ati: “Igihe kirashitse; rāba Umwana w’umuntu ashizwe mu maboko y’abanyavyaha”.—Mariko 14:41.
Ariko rero, kuri bwa bukwe bw’i Kana, Yezu ni ho yari agitangura ubusuku bwiwe ari Mesiya, kandi “igihe” ciwe nticari bwagere. Ihangiro ryiwe nyamukuru kwari ugukora ivyo Se wiwe agomba mu buryo yamutegetse no mu gihe yamushingiye, kandi nta n’umwe yari gushobora kumukura ku ngendo yiyemeje gukurikira. Mu kubwira ayo majambo nyina wiwe, Yezu yariko arashimika, ariko si ukuvuga yuko yariko arerekana ko atamwubaha canke ko yariko aramukarira. Mariya ntiyumvise amaramaye canke ngo abone ko umwana wiwe amututse. Kukaba nkako, kubera ko Mariya yategereye ico Yezu yashatse kuvuga, yabwiye abasuku bari muri ubwo bukwe ati: “Ic’ababgira cose mugikore”. Yezu, aho kwirengagiza ivyo nyina wiwe yamubwiye, yarakoze igitangaro ciwe ca mbere ari Mesiya, ico na co kikaba cari ico guhindura amazi umuvinyu uryoshe cane. Gutyo, yari yerekanye ko ashira ibintu ku burimbane mu gukora ivyo Se wiwe agomba be no mu kutirengagiza ivyari biraje ishinga nyina wiwe.—Yohana 2:5-11.
[Ifoto ku rup. 31]
Yezu yari umunyabuntu yamara yarashikamye mu kubwira nyina wiwe