ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 27 rup. 68-rup. 69 ing. 6
  • Yezu ahamagara Matayo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu ahamagara Matayo
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ihamagarwa rya Matayo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Icigwa gihambaye co kwicisha bugufi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 27 rup. 68-rup. 69 ing. 6
Abafarizayo bariko baritegereza Yezu igihe asangira n’abatozakori n’abacumuzi mu nzu kwa Matayo

IKIGABANE CA 27

Yezu ahamagara Matayo

MATAYO 9:9-13 MARIKO 2:13-17 LUKA 5:27-32

  • YEZU AHAMAGARA MATAYO UMUTOZAKORI

  • KRISTU YIFATANYA N’ABACUMUZI KUGIRA ABAFASHE

Ahejeje gukiza wa mugabo amugaye, Yezu amara igihe gitoyi mu karere k’i Kaperinawumu iruhande y’Ikiyaga c’i Galilaya. Abantu barongera kuza kuri we, na we agatangura kubigisha. Igihe ariko aragendagenda, abona Matayo yitwa kandi Lewi, yicaye aho batoreza ikori. Yezu amuha ubutumire bwiza igitangaza ati: “Nkurikira.”​—Matayo 9:9.

Nka kumwe kwa Petero, Andereya, Yakobo na Yohani, bisa n’uko Matayo amaze kwumva inyigisho za Yezu n’ibikorwa yakoreye muri ako karere. Matayo na we nyene aca amukurikira adatebaganye. Matayo arigana iyo nkuru mu Njili yiwe, ati: ‘Aca arahaguruka [ni ukuvuga Matayo nyene] akurikira Yezu.’ (Matayo 9:9) Matayo aca aheba igikorwa ciwe co gutoza ikori akaba umwigishwa wa Yezu.

Yezu arabona Matayo ku biro vy’ikori agaca amuhamagara ngo amukurikire

Mu nyuma, Matayo arategura inzimano ikomeye ku rugo rwiwe, kumbure kugira akengurukire Yezu kuri iryo teka ridasanzwe yamuteye. None uretse Yezu n’abigishwa biwe, ni bande Matayo atumira? Aratumira abatozakori batari bake bahoze bakorana. Batoza amakori y’abategetsi b’Uburoma, aho hakaba harimwo ikori ritozwa ku mato yinjira mu kivuko, ku bidandazwa bica mu mabarabara makurumakuru hamwe n’ivyinjira mu gihugu. None Abayuda babona gute abo batozakori? Abanyagihugu barabanka kubera babaca amaboko mu kubaka ikori rirenze irisabwa. Kuri urwo rubanza hariho n’‘abacumuzi,’ ni ukuvuga abantu bizwi ko baza barakora ibicumuro.​—Luka 7:37-39.

Bitegereje Yezu ari kumwe n’abo bantu kuri urwo rubanza, ba Bafarizayo bibona ubugororotsi babaza abigishwa biwe bati: “Kubera iki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori be n’abacumuzi?” (Matayo 9:11) Yezu avyumvise yishura ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. Nimugende rero mwige ico ibi bisobanura ngo: ‘Ico nshaka ni imbabazi, si ibimazi.’ Kuko ntaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi.” (Matayo 9:12, 13; Hoseya 6:6) Naho abo Bafarizayo bita Yezu ngo ni “umwigisha,” ntibabigira bivuye ku mutima. Naho ari ukwo, Yezu arashobora kubigisha ico ari co ubugororotsi.

Biboneka ko Matayo yatumiye abatozakori n’abacumuzi mu rugo iwe kugira bumvirize Yezu maze bakire mu buryo bw’impwemu, narirya ‘bariko bamukurikira ari benshi.’ (Mariko 2:15) Yezu ashaka kubafasha kugiranira ubucuti bwiza n’Imana. Yezu ntabakengera nk’abo Bafarizayo bibona ubugororotsi. Arabumvira impuhwe n’ikigongwe. Arashobora kuvura abo bose bagoyagoya mu kwizera.

Ico kigongwe Yezu yumvira abatozakori n’abacumuzi si ukwirengagiza ibicumuro vyabo, ahubwo ni ukubereka ikibabarwe nka kimwe yagirira abantu barwaye ku mubiri. Ibuka nk’akarorero igihe yakora ku munyamibembe abigiranye impuhwe, akamubwira ati: “Ndabishaka. Humanuka.” (Matayo 8:3) None tweho ntidukwiye kugira impuhwe nk’izo tukongera tugafasha abari mu ngorane, canecane mu kubafasha kugiranira ubucuti bwiza n’Imana?

  • Yezu asanga Matayo ariko akora iki?

  • Kubera iki abandi Bayuda banka abatozakori?

  • Ni kubera iki Yezu yifatanya n’abacumuzi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika