Ikigabane ca 27
Ihamagarwa rya Matayo
HACIYE umwanya mutoyi Yezu akijije ca kimuga, ava i Kaperinawumu aja ku Kiyaga c’i Galilaya. Isinzi ry’abantu ryongera kuza kuri we, hanyuma atangura kubigisha. Abandanije agenda, abona Matayo, ari we kandi yitwa Lewi, yicaye ku biro bitorezwako ikori. Yezu aramutumira ati: “Nkurikira.”
Bisa n’uko Matayo amaze kumenya inyigisho za Yezu, nk’uko nyene Petero, Andereya, Yakobo na Yohani bari bazizi igihe bahamagarwa. Kandi, cokimwe na bo, Matayo buno nyene aritaba ubutumire. Arahaguruka, asiga inyuma ya mabanga yiwe y’ubutozakori, akurikira Yezu.
Mu nyuma, kumbure kugira ngo Matayo ahimbaze ihamagarwa ryiwe, agirisha amazimano ahambaye i muhira iwe. Turetse Yezu n’abigishwa biwe, abari bahoze bifatanije na Matayo ni ho bari. Abo bagabo mu bisanzwe barakengerwa n’Abayuda bagenzi babo kubera ko batoreza amakori abategetsi b’Uburoma basanzwe bankwa. Vyongeye, kenshi baka abantu amahera arenze ikori risanzwe ritangwa babitumwe n’ubugunge.
Abafarizayo bitegereje Yezu ari kumwe n’abantu mwene abo kuri ayo mazimano, babaza abigishwa biwe bati: “N’iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abanyavyaha?” Yezu yumvise ico kibazo, yishura ba Bafarisayo ati: “Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’abarwaye. Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’abanyavyaha.”
Bisa n’uko Matayo ari we yatumiye abo batozakori i muhira iwe kugira ngo bashobore kwumviriza Yezu bongere bakizwe mu vy’impwemu. Nuko Yezu aja hamwe na bo kugira ngo abafashe bashike ku kugiranira ubucuti bwiza n’Imana. Yezu ntakengera mwene abo bantu, nk’uko bakengerwa na ba Bafarizayo bibona ubugororotsi. Ahubwo, abitewe n’imbabazi, ababera nk’umuvuzi wo mu vy’impwemu.
Ukuba rero Yezu agirira ikigongwe abacumuzi si ukwirengagiza ivyaha vyabo, ahubwo ni uburyo bwo kugaragaza za nyiyumvo nyene z’ikibabarwe yagaragariza abarwaye ku mubiri. Ibuka nk’akarorero igihe yaramvura ukuboko abitewe n’imbabazi, agakora ku munyamibembe, akavuga ati: “Ndakunze, humanuka.” Na twebwe nyene nitugaragaze ikigongwe mu gufasha abantu babikeneye, na canecane mu kubasahiriza mu buryo bw’impwemu. Matayo 8:3; 9:9-13; Mariko 2:13-17; Luka 5:27-32.
▪ Matayo ari hehe igihe Yezu amubona?
▪ Akazi Matayo akora ni agaki, kandi ni kubera iki abantu mwene abo bakengerwa n’abandi Bayuda?
▪ Yezu bamwidodombera ngwiki, na we akavyishurako iki?
▪ Ni kubera iki Yezu yifatanya n’abacumuzi?