ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 85
  • Ukurondera Abazimiye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukurondera Abazimiye
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umunezero uhaba igihe umucumuzi yigaye
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Munyigireko”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ihamagarwa rya Matayo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu ahamagara Matayo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 85

Ikigabane ca 85

Ukurondera Abazimiye

YEZU arafise umwete mwinshi wo kurondera no gutora abazokorera Imana bicishije bugufi. Nuko ararondera umuntu wese kandi akamuganirira ivy’Ubwami, ushizemwo n’abacumuzi ba karuhariwe. Ubu rero abantu mwene abo baramwegera ngo bamwumvirize.

Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe ivyo baravyitegereza, Yezu bamucishamwo ijisho kuko ngo aja hamwe n’abafatwa nk’abataco bamaze. Baridodomba bati: “Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.” Ewe kuntu basuzugurana! Abo Bafarizayo hamwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe bafata banyarucari nk’umukungugu uri munsi y’ibirenge vyabo. Kanatsinda, bakoresha imvugo y’Igiheburayo ‛am ha·’aʹrets, ni ukuvuga “abantu b’ivu [isi],” kugira berekane akagaye bafitiye mwene abo bantu.

Ku rundi ruhande, Yezu we umuntu wese amufatana urupfasoni, ubuntu n’imbabazi. Ingaruka yavyo ni uko benshi muri abo batobato, dushizemwo n’abantu bazwi ko ari inkozi z’ibibi, bafise igishika c’ukumwumviriza. Ariko tuvuge iki ku kuntu Abafarizayo banegura Yezu kubera ko yigorera abantu babonwa nk’abataco bamaze?

Yezu mu kubahwamika akoresha ikigereranirizo. Avuga afatiye ku ciyumviro Abafarizayo ubwabo bafise nk’aho bo boba bagororotse ntibagire n’inkomanzi mu ruhongore rw’Imana, mu gihe za nkengerwa ba ‛am ha·’aʹrets bayovye, bakaba bari mu buzimire. Umviriza nk’igihe abaza ati:

“Hogira umuntu muri mwebge afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongwicenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza ah’ayibonera? Iy’ayibonye, ayiterera ku bitugu anezerewe; yashika mu rugo agahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye intama yanje yari yāzimiye.”

Yezu maze arerekana ico avugiye iyo nkuru, mu gusigura ati: “Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.”

Abafarizayo bibona ko ari intungane n’uko rero badakeneye kwirirwa barigaya. Igihe bamwe muri bo banegura Yezu imyaka ibiri imbere yaho kubera ko yasangira n’abatozakori n’abanyavyaha, yababwiye ati: “[Sinaje] guhamagara abagororotsi, atar’abanyavyaha.” Abo Bafarizayo bibona ukugororoka, bakaba barananiwe kubona ko bakeneye kwigaya, nta munezero batera mw’ijuru. Ariko abanyavyaha bigaya vy’ukuri, barawuhatera.

Kugira ngo ahamangire iciyumviro c’uko ukugaruka kw’abacumuzi gutera umunezero munini, Yezu yigana ikindi kigereranirizo. Avuga ati: “Umugore yogira amahera cumi, akabura rimwe, ntiyodomeka itara, agakubura inzu, akarondera ashishikaye kugeza ah’aribonera? Iy’aribonye, ahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye ihera nari nājimije.”

Yezu abisigura rero kuno nyene. Abandanya avuga ati: “Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’umunyavyaha umwe yihannye.”

Mbega ukuntu ari umwitwarariko ndangarukundo ukomeye abamarayika b’Imana bagira iyo abacumuzi bari bazimiye bagarutse! Na canecane ivyo ni ko bimera, kubera ko abo bahoze ari ba ‛am ha·’aʹrets b’inkengerwa amaherezo bashobora kuja mu murongo w’abazoba bagize Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Ivyo bituma baronka ikibanza mw’ijuru kiruta n’ic’abamarayika! Mugabo abo bamarayika aho kwumva inzigo canke ngo bumve ko basuzuguwe, baricisha bugufi bagatahura ko abo bantu b’abanyavyaha bahuye n’ibintu bigoye mu buzima kandi bakabitsinda, ibintu bituma bashobora gukora nk’abami n’abaherezi b’impuhwe n’ikigongwe. Luka 15:1-10; Matayo 9:13; 1 Ab’i Korinto 6:2, 3; Ivyahishuriwe 20:6.

▪ Ni kuki Yezu aja hamwe n’abazwi ko ari abacumuzi, kandi ivyo bituma Abafarizayo bamunegura gute?

▪ Abafarizayo babona gute banyarucari?

▪ Ni ibigereranirizo ibihe Yezu akoresha, kandi ni igiki dushobora kuvyigirako?

▪ Ni kubera iki abamarayika banezerwa bimwe bikomeye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika