ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 47 rup. 118-rup. 119 ing. 6
  • Azura akana k’akigeme

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Azura akana k’akigeme
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Amosozi Yahindutse Akanyamuneza Kadasanzwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu Azura Abapfuye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Turashobora gukanguka tukava mu rupfu!
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yezu akora ibitangaro vyinshi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 47 rup. 118-rup. 119 ing. 6
Yezu azura umukobwa wa Yayiro

IKIGABANE CA 47

Azura akana k’akigeme

MATAYO 9:18, 23-26 MARIKO 5:22-24, 35-43 LUKA 8:40-42, 49-56

  • YEZU AZURA UMUKOBWA WA YAYIRO

Yayiro arabona ko Yezu akijije wa mugore yari arwaye indwara yo kuva amaraso. Nta nkeka rero ko Yezu ashoboye no gukiza umukobwa wiwe, naho yibaza ko “ubu umukobwa [wiwe] ategerezwa kuba amaze gupfa.” (Matayo 9:18) None vyoba bigishoboka ko amufasha?

Yezu akiriko aravugana na wa mugore yakiza, hari abagabo baza bavuye kwa Yayiro maze bakamubwira bati: “Umukobwa wawe yapfuye!” Bongerako bati: “Uracagorera iki umwigisha?”​—Mariko 5:35.

Mbega inkuru ivuna umutima! Uwo mugabo yahora yubahwa cane mu kibano, ariko ubu yabuze ayo acira n’ayo amira. Umwigeme w’ikinege yari afise yapfuye. Yamara rero, Yezu arumva iyo nkuru maze agahindukira, akaremesha Yayiro ati: “Ntutinye, izere gusa.”​—Mariko 5:36.

Abantu bariko bararirira iruhande y’igitanda kiriko ikiziga c’umukobwa wa Yayiro

Yezu araheza akajana na Yayiro i muhira. Bashitse, bakirwa n’uruyogoyogo rwinshi. Abari ng’aho bariko bararira, baboroga bongera bikubitagura kubera umubabaro. Yezu arinjira maze akavuga amajambo atangaje ati: “Uwo mwana ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye.” (Mariko 5:39) Abantu bavyumvise bamutwengera mw’ijigo. Barazi ko uwo mukobwa yacikanye. Yamara rero, akoresheje ububasha yahawe n’Imana, Yezu agira yerekane ko bishoboka yuko umuntu azuka nka kurya nyene ashobora gukangurwa mw’itiro rinini.

Yezu aca asohora abantu bose uretse Petero, Yakobo, Yohani n’abavyeyi b’uwo mukobwa. Araheza akajana n’abo batanu aho nya mukobwa aryamye. Aramufata ukuboko, akavuga ati: “‘Talita kumi,’ bikaba bisobanura ngo: ‘Mwigeme, ndabikubwiye: Haguruka!’” (Mariko 5:41) Ubwo nyene aca ahaguruka agatangura gutambuka. Ibaze na we umunezero Yayiro n’umugore wiwe bagira babonye ico kintu! Mu kubamara amazinda ko uwo mwigeme ari muzima, Yezu ategeka ko bamuha utwo afungura.

Imbere y’aho, Yezu yarabuza abo akijije kugenda baravuga ivyo yabakoreye, kandi n’ubu ni ko abigenza. Ariko rero, kubera ko abo bavyeyi hamwe n’abandi barengewe n’umunezero, barakwiragiza iyo nkuru “muri ako karere kose.” (Matayo 9:26) None weho ntiwari kubiyagira abandi iyaba ari wewe wiboneye uwawe azutse mu bapfuye? Uyo ni umuntu agira kabiri Yezu azuye.

  • Ni inkuru iyihe Yayiro aronka, kandi Yezu amuremesha gute?

  • Igihe Yezu na Yayiro bashitse muhira basanga ibintu vyifashe gute?

  • Kubera iki Yezu avuga ko uwo mwigeme asinziriye kandi yapfuye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika