ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 79 rup. 186-rup. 187 ing. 2
  • Yezu akora ibitangaro vyinshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu akora ibitangaro vyinshi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Azura Abapfuye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Turashobora gukanguka tukava mu rupfu!
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Azura akana k’akigeme
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yakoze ku mpuzu za Yezu aca arakira
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 79 rup. 186-rup. 187 ing. 2
Abarwaye baza kuri Yezu ngo abakize

ICIGWA CA 79

Yezu akora ibitangaro vyinshi

Yezu yaje kw’isi kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Yehova yaramuhaye impwemu nyeranda kugira ashobore gukora ibitangaro. Ivyo bitangaro vyarerekana ivyo azokora niyaba Umwami. Yarakiza ingwara zose. Aho yaja hose, abarwayi baraza akabakiza. Impumyi zarahumuka, abatumva bakumva, abamugaye bagatambuka, abarimwo amadayimoni na bo akabavamwo. Naho bakora gusa ku mpuzu yiwe baca bakira. Abantu barakurikira Yezu aho yaja hose. N’igihe yaba ashaka kuguma ari wenyene, ntiyigera abirukana.

Igihe kimwe, abantu barazaniye Yezu umugabo amugaye. Ariko kubera hari abantu benshi, ntibashoboye kwinjira mu nzu Yezu yarimwo. Baciye batobora hejuru maze bururukiriza uwo muntu aho Yezu yari. Yezu yamubwiye ati: ‘Haguruka utambuke.’ Abantu baratangaye cane babonye ahagurutse.

Ikindi gihe Yezu yarinjiye mu kigwati kimwe, hanyuma abagabo cumi b’abanyamibembe bari bahagaze nka hariya barasemerera bati: ‘Yezu, dufashe!’ Ico gihe abanyamibembe ntibemererwa kwegera abandi bantu. Yezu yaciye ababwira ngo baje ku rusengero kuko amategeko ya Yehova yavuga ko umunyamibembe akize yoca aja ku rusengero. Bariko baragenda baciye bakira. Umwe muri bo abonye ko yakize, yaragarutse gushimira Yezu no kuninahaza Imana. Muri abo cumi, uwo umwe wenyene ni we yashimiye Yezu.

Hari umugore yari amaze imyaka 12 arwaye, kandi vyari vyaranse ko akira. Abonye Yezu ari mu bantu benshi, yaciye asoboka amukora ku mpuzu. Ubwo nyene yaciye akira. Yezu yaciye abaza ati: «Ni nde ankozeko?» Naho uwo mugore yagize ubwoba, yaregereye Yezu aramubwira igituma yamukozeko. Yezu yaramuhumurije ati: ‘Mukobwa wanje, niwigire amahoro.’

Umusoda umwe yitwa Yayiro yaringinze Yezu ati: ‘Nuze muhira iwanje! Agakobwa kanje kararwaye cane.’ Ariko ako gakobwa kapfuye Yezu atarashikayo. Ashitseyo, yahasanze abantu benshi bari baje kuraba uwo muryango. Yababwiye ati: ‘Nimureke kurira; arasinziriye.’ Yaciye afata ukuboko ako gakobwa, akabwira ati: «Haguruka!» Kaciye kavyuka karicara, Yezu aca abwira abavyeyi bako ngo bagahe ivyo kurya. Abavyeyi bako baranezerewe cane.

Yezu azuye agakobwa ka Yayiro

«Imana yamurobanuje impwemu nyeranda n’ububasha, hanyuma [aca] mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abantu bose bahahazwa na Shetani, kuko Imana yari kumwe na we.»​—Ivyakozwe 10:38

Ibibazo: Ni kubera iki Yezu yashobora gukiza ingwara zose? Ni ibiki vyashikiye agakobwa ka Yayiro?

Matayo 9:18-26; 14:36; Mariko 2:1-12; 5:21-43; 6:55, 56; Luka 6:19; 8:41-56; 17:11-19

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika