ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 51 rup. 126-rup. 127 ing. 9
  • Ibara rigwa ku musi mukuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibara rigwa ku musi mukuru
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ubwicanyi ku Musi Mukuru w’Ukwibuka Ivuka
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Mu misi ya Herodi Umwami”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 51 rup. 126-rup. 127 ing. 9
1. Salome ariko aratamba ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herodi; 2. Salome azaniye Herodiya umutwe wa Yohani Umubatizi

IKIGABANE CA 51

Ibara rigwa ku musi mukuru

MATAYO 14:1-12 MARIKO 6:14-29 LUKA 9:7-9

  • HERODI ATEGEKA KO YOHANI UMUBATIZI ACIBWA UMUTWE

Mu gihe intumwa za Yezu zozo ziriko zirigisha i Galilaya, uwaciriye inzira Yezu nta mwidegemvyo afise. Imyaka ibiri igira ihere Yohani Umubatizi apfunzwe.

Yohani yari yaratangaje icese ko Umwami Herodi Antipa yakoze ikosa mu gutwara Herodiya umugore wa mwene wabo Filipo. Herodi yari yirukanye umugore wiwe wa mbere kugira yabire Herodiya. Twisunze amategeko Imana yahaye Abisirayeli, na Herodi akaba avuga ko ayakurikiza, ukwo ni ukurenga ibigo. Ivyo vyatumye Herodi ata mw’ibohero Yohani, kumbure yohejwe na Herodiya.

Herodi ntabona ico ari bukoze Yohani, kubera yuko abantu ‘bamufata nk’umuhanuzi.’ (Matayo 14:5) Ariko Herodiya wewe arabona icokorwa. ‘Amwamanira inzika’ kandi aguma arondera kumwicisha. (Mariko 6:19) Amaherezo, akaryo karaboneka.

Gatoyi imbere ya Pasika yo mu 32, Herodi arategura umusi mukuru ukomeye wo kwibuka ivuka ryiwe. Abategetsi bakurubakuru bo mu ntwaro yiwe, intwazangabo ziwe hamwe n’abantu bakomakomeye b’i Galilaya, barahurira kuri urwo rubanza. Mu gihe c’ibirori, Salome umukobwa Herodiya yavyaranye na Filipo, aratumwako kugira atambire abashitsi. Abagabo bari aho bose barumirwa babonye ukuntu atamba neza.

Herodi agaragaza ko aryohewe n’ingene Salome yatamvye ku musi mukuru wo kwibuka ivuka ryiwe

Herodi arahimbarwa cane n’uwo mukobwa, akamubwira ati: “Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha.” Aranarahira ati: “Ico unsaba cose, ndakiguha, gushika no ku gice c’ubwami bwanje.” Imbere yo kwishura, Salome arasohoka akabaza nyina wiwe ati: “Nsabe iki?”​—Mariko 6:22-24.

Herodiya si we abonye ako karyo karabonetse! Ubwo nyene amwishura ati: “Umutwe wa Yohani wa mubatizi.” Salome aragaruka aho Herodi ari, akamusaba ati: “Nshaka ko umpa ubu nyene kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi.”​—Mariko 6:24, 25.

Herodi biramubabaza cane. Ariko rero, abashitsi biwe bumvise indahiro yarahiye Salome. Aratinya kwihindukiza mw’ijambo, naho ivyo bimusaba kwica umuntu ata co azira. Ku bw’ivyo, Herodi arungika mw’ibohero uwumucungerera ubuzima kugira akore ako kabi kabishe. Bidatevye, uwo amucungerera ubuzima aragaruka azanye umutwe wa Yohani kw’isiniya. Awuhereza Salome, na we akawushira nyina.

Abigishwa ba Yohani bumvise ivyabaye, baraza bagatwara ikiziga ciwe bakagihamba. Baraheza bakabimenyesha Yezu.

Mu nyuma, Herodi yumvise ko Yezu ariko arakiza abantu yongera yirukana amadayimoni, aragira ubwoba. Aribaza nimba uwo muntu ariko akora ivyo bintu atoba ari Yohani Umubatizi “yazuwe mu bapfuye.” (Luka 9:7) Ni co gituma Herodi Antipa ashashaye kubona Yezu. Si ukugira ngo yumve inyigisho ziwe. Ahubwo ashaka kumubona kugira yimare amazinda.

  • Ni kubera iki Yohani Umubatizi apfunzwe?

  • Herodiya abigenza gute kugira yicishe Yohani?

  • Inyuma y’urupfu rwa Yohani, ni kubera iki Herodi Antipa ashaka kubona Yezu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika