Ikigabane ca 29
Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
Ni kubera iki Imana yanezerejwe n’uyu musi mukuru?
WOBA ukunda kuja mu misi mikuru?— Irashobora kubamwo ibintu vyinshi binezereza. Wiyumvira yuko wa Mwigisha Ahambaye yoshima yuko tuja mu misi mikuru?— Urumva, yaragiye mu co twokwita umusi mukuru, igihe hari umuntu yari yagize ubugeni, kandi bamwe mu bigishwa biwe barajanye na we. Yehova ni “Imana ihimbawe”. Ni co gituma anezerwa igihe tunezerwa turi ku misi mikuru ibereye.—1 Timote 1:11, UB; Yohana 2:1-11.
Ku rupapuro rwa 29 rw’iki gitabu, hatubwira yuko Yehova yagabuyemwo kabiri Ikiyaga Gitukura kugira ngo Abisirayeli bagicemwo. Woba wibuka ko ivyo wabisomye?— Mu nyuma, abantu bararirimvye, baratamba kandi barashimira Yehova. Vyari bimeze nk’umusi mukuru. Abo bantu barahimbawe cane, kandi ntidukeka ko n’Imana yahimbawe.—Kuvayo 15:1, 20, 21.
Haciye nk’imyaka 40, Abisirayeli baragiye mu wundi musi mukuru uhambaye. Ico gihe abantu bari babatumiye ntibanasenga Yehova. Mu bisanzwe, abantu bari babatumiye, mbere barunamira izindi mana bakazisenga kandi barakunda guhuza ibitsina n’abo batari babiranye. None wibaza yuko vyari bibereye kuja mu musi mukuru nk’uwo?— Urabona, Yehova ntiyahimbawe, bituma ahana abo Bisirayeli.—Guharūra 25:1-9; 1 Ab’i Korinto 10:8.
Bibiliya iravuga kandi ivyerekeye imisi mikuru abantu babiri bagize yo kwibuka ivuka ryabo. None hoba hari n’umwe muri iyo misi mikuru woba wari uwo guhimbaza itariki y’ivuka rya wa Mwigisha Ahambaye?— Oyaye. Iyo misi mikuru yompi yo kwibuka ivuka yari yerekeye abantu batakorera Yehova. Umusi mukuru umwe wari uwo kwibuka ivuka ry’Umwami Herode Antipa. Yari umutware w’intara y’i Galilaya igihe Yezu yaba muri iyo ntara.
Umwami Herode yarakoze ibintu vyinshi bibi. Yaratwaye umugore wa mwenewabo amugira umugore wiwe. Uwo mugore yitwa Herodiya. Yohani Umubatizi umusuku w’Imana, yarabwiye Herode yuko ari bibi gukora ivyo bintu. Herode ivyo ntiyabishimye. Ni co catumye aca ategeka ko bata Yohani mw’ibohero.—Luka 3:19, 20.
Igihe Yohani yari mw’ibohero, umusi wo kwibuka ivuka rya Herode urashika. Herode agirisha umusi mukuru uhambaye. Atumira abantu bakomakomeye benshi. Bose barariye, baranywa bararyoherwa. Maze umukobwa wa Herodiya arinjira arabatambira. Abantu bose baranezerejwe n’ukuntu uwo mukobwa yatamvye, gushika n’aho Umwami Herode ashaka kumuha ingabirano idasanzwe. Herode amubwira ati: “Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje”.
None yasavye iki? Yoba yarasavye amahera? impuzu nziza? canke ingoro? Uwo mukobwa ntiyari azi ico yosaba. Ni co gituma yaciye aja kwa nyina ari we Herodiya, maze amubwira ati: “Nsabe iki?”.
Uribuka yuko Herodiya yanka urunuka Yohani Umubatizi. Ni co catumye aca abwira umukobwa wiwe ngo asabe umutwe wa Yohani. Nya mukobwa asubira ku mwami amubwira ati: “Ndagomba k’umpa nonaha umutwe wa Yohana Umubatizi ku mubehe”.
Umwami Herode ntiyashaka kwica Yohani kubera yuko yari azi ko Yohani ari umuntu mwiza. Mugabo Herode yari yamaze gutanga indagano, ari co gituma yatinye ivyo abandi bari kuri uwo musi mukuru bokwiyumviriye mu gihe yari kwivuguruza. Ni co gituma yaciye arungika umuntu mw’ibohero kugira ngo ace umutwe wa Yohani. Bidatevye, nya muntu aragaruka. Yari afise umutwe wa Yohani ku mubehe, maze awuha wa mukobwa. Uwo mukobwa araheza awuha nyina.—Mariko 6:17-29.
Uwundi musi mukuru wo kwibuka ivuka uvugwa muri Bibiliya na wo nyene ntiwagenze neza?— Reka tubirabe. Uwo musi mukuru wari werekeye umwami wa Misiri. No kuri uwo musi mukuru, umwami yaracishije umuntu umutwe. Maze mu nyuma y’ivyo, amanika nya muntu kugira ngo inyoni zimurye! (Itanguriro 40:19-22). Wibaza yuko Imana yashimye iyo misi mikuru uko ari ibiri?— Woba wari kwipfuza kuba ari ho uri?—
Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode habaye iki?
Turazi yuko ikintu cose canditswe muri Bibiliya hari igituma canditswemwo. Bibiliya ivuga ivyerekeye imisi mikuru ibiri gusa yo kwibuka ivuka. Kandi mu birori vyo kuri iyo misi mikuru yompi, haragiyemwo ibintu bibi. None, wovuga yuko aho Imana ishaka kutubwira iki ku vyerekeye imisi mikuru yo kwibuka ivuka? Imana yoba ishaka ko duhimbaza imisi mikuru yo kwibuka ivuka?—
Ni ivy’ukuri yuko muri iki gihe, kuri mwene iyo misi mikuru ata muntu acibwa umutwe. Ariko ivyo guhimbaza imisi mikuru yo kwibuka ivuka vyatangujwe n’abantu batasenga Imana y’ukuri. Ku vyerekeye imisi mikuru yo kwibuka ivuka ivugwa muri Bibiliya, igitabu kimwe (The Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Abanyavyaha ni bo bonyene . . . banezerezwa cane n’umusi bavukiyeko”. Twoba dushaka kumera nka bo?—
Tuvuge iki ku vyerekeye wa Mwigisha Ahambaye? Yoba yarahimbaza umusi yavukiyeko?— Oya, Bibiliya ntivuga ikintu na kimwe ku vyerekeye umusi mukuru w’ivuka rya Yezu. Mu bisanzwe, abayoboke ba Yezu bo mu ntango ntibahimbaza ivuka ryiwe. None, woba uzi igituma mu nyuma abantu bahisemwo guhimbaza umusi w’ivuka rya Yezu ku wa 25 Kigarama?—
Nk’uko igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kibivuga, ‘Abaroma bahisemwo iyo tariki kubera ko ari wo musi bari basanzwe bahimbaza umusi mukuru wo kwibuka ivuka ry’izuba’. Abantu rero bahisemwo guhimbaza ivuka rya Yezu kw’igenekerezo abapagani bari basanzwe bagirirako uyo musi mukuru!
Woba uzi igituma Yezu adashobora kuba yaravutse muri Kigarama?— Ni kubera Bibiliya ivuga yuko igihe Yezu yavuka, abungere barara mu gahinga (Luka 2:8-12). Urumva ko batari gushobora kuba bari hanze mu kwezi kwa Kigarama aho usanga hakanye kandi imvura ari nyinshi.
Ni kubera iki Yezu adashobora kuba yaravutse ku wa 25 Kigarama?
Abantu benshi barazi yuko Noweli atari wo musi Yezu yavukiyeko. Mbere barazi yuko kuri uwo musi abapagani wasanga bagira ibirori bidahimbara Imana. Ariko naho ari ukwo, abantu benshi barahimbaza Noweli. Usanga bitwararika ivyo kugira umusi mukuru, ntibitwararike kumenya ico Imana vy’ukuri yiyumvira ku vyerekeye uwo musi mukuru. Mugabo dushaka guhimbara Yehova, si ko?—
Igihe rero tugira imisi mikuru, ni vyiza ko turaba neza nimba iyo misi mikuru ibereye mu nyonga za Yehova. Turashobora kuyigira igihe ico ari co cose mu mwaka. Si ngombwa ngo turindire umusi udasanzwe. Turashobora gufungura ibifungurwa bidasanzwe kandi tugakina udukino duhimbaye. Ivyo woba ushaka kubigira?— Kumbure nubiganire n’abavyeyi bawe maze bagufashe gutegura umusi mukuru. Ivyo vyoba ari vyiza, si ko none?— Mugabo imbere y’uko uwutegura, urabanza urabe neza yuko coba ari ikintu Imana ishima.
Dushobora gute kuraba neza yuko imisi mikuru tugira ihimbara Imana?
Akamaro ko kwama imisi yose umuntu akora ivyo Imana ishima karerekanwa kandi mu Migani 12:2; Yohana 8:29; Abaroma 12:2; no muri 1 Yohana 3:22.