ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/11 rup. 20-21
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru y’ivuka?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Imisi mikuru idahimbara Imana
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/11 rup. 20-21

Ibibazo vy’Abasomyi

Benshi mu Vyabona vya Yehova usanga bibuka itariki bagiriyeko ubugeni. Umusi w’ukwibuka ivuka ni umusi umuntu yibuka igihe yavukiyeko. None ni kuki hohimbazwa umusi w’ukwibuka ubugeni ntihahimbazwe umusi w’ukwibuka ivuka?

Tuvugishije ukuri, muri iyo misi ibiri nta n’umwe Umukirisu ategerejwe guhimbaza. Mugabo, ivyo ntibisigura yuko yompi ingana mu nsobanuro canke ko Abakirisu bategerezwa kubona imisi y’ukwibuka ubugeni nk’uko babona iyo guhimbarizako ivuka.

Nk’uko tubibonye, turashobora kuvuga ko iyo yompi ari imisi y’iyibuka, kuko ‘umusi w’iyibuka’ ari ‘uwuza ku mwaka ku mwaka kw’itariki yabereyeko ikintu kanaka.’ Gushobora kuba ukwibuka umusi wabereyeko ikintu ico ari co cose—nk’umusi wagiriyeko isanganya ry’umuduga, uwo waboneyeko ubwirakabiri, uwo mwagiriyeko urugendo n’umuryango wawe, n’iyindi. Birumvikana yuko ‘umusi w’iyibuka wose’ Abakirisu batawugira umusi udasanzwe canke ngo bagire umusi mukuru mu kuwuhimbaza. Umuntu akwiye kuraba akaranga ka nya kintu yibuka hanyuma agahitamwo ibibereye.

Nk’akarorero, Imana yarategetse Abisirayeli itomoye yuko bohimbaza ku mwaka ku mwaka umusi umumarayika wayo yaca hejuru y’inzu z’Abisirayeli mu Misiri hamwe n’urugendo igisata ciwe baciye bagira rwo kuvayo, mu 1513 B.G.C. (Kuvayo 12:14) Abayuda, eka na Yezu nyene, igihe mu nyuma yaho bahimbaza umusi wo kwibuka ivyo bintu, babigize bubahiriza itegeko ry’Imana, kandi ivyo ntibabigize mu kugira umusi mukuru canke mu guturana amaturo. Vyongeye, Abayuda umusi wo kwibuka igihe basubira kwinjira urusengero bawufata nk’uwudasanzwe. Naho uguhimbaza ico kintu c’intibagirwa bitari vyarategetswe muri Bibiliya, muri Yohana 10:22, 23 hatwereka yuko Yezu atabineguye. Ica nyuma, Abakirisu baragira ikoraniro ridasanzwe ku musi bibuka urupfu rwa Yezu. Nkako nyene, ivyo bigirwa kugira ngo hubahirizwe itegeko ritomoye dusanga mw’Ijambo ry’Imana.—Luka 22:19, 20.

Tuvuge iki none ku vyerekeye imisi yo kwibuka ubugeni? Mu bihugu bimwebimwe, usanga umugabo n’umugore wiwe bakunda kwibuka itariki batanguriyeko umubano wabo w’ababiranye, uwo mubano ukaba ari indinganizo yatangujwe n’Imana. (Itanguriro 2:18-24; Matayo 19:4-6) Mu vy’ukuri, Bibiliya ntivuga nabi umubano w’ababiranye. Yezu yaritavye ubukwe yongera araterera agacumu k’ubumwe kugira ngo urwo rubanza rubemwo umunezero.—Yohana 2:1-11.

Ntivyoba rero bitangaje mu gihe ababiranye bofata akanya ku musi bibuka ubugeni bwabo, bakazirikana umunezero batewe n’ico kintu hamwe n’umwiyemezo bafashe wo kwihata kugira ngo bazokwubake rugume. Nimba ico gihe cabateye agahimbare bacibuka bari ukwa bonyene uko ari babiri gusa, canke bagatumira incuti nkeyi cabure abagenzi ba hafi ngo bifatanye na bo, ni bo bovyihitiramwo. Ico gihe ntigikwiye kuba icitwazo co guca bagira umusi mukuru ukomeye. Kuri ico gihe, Abakirisu boshima kuyoborwa n’ingingo zigenga ubuzima bwabo bwa misi yose. Kwibuka umusi w’ubugeni canke kutawibuka rero biraba benevyo.—Abaroma 13:13, 14.

Mugabo bite hoho ku vyerekeye ukwibuka bimwe bidasanzwe umusi w’ivuka? Twoba dufise muri Bibiliya ibitwereka ivya mwene uwo musi?

Mu ntango z’iki kinjana, Abatohoji ba Bibiliya, nk’uko Ivyabna vya Yehova bitwa ico gihe, baribuka imisi y’ivuka. Benshi muri bo wasanga bagumana udutabu dutoduto twitwa Daily Heavenly Manna (Manu Iva mw’Ijuru ya Misi Yose). Utwo dutabu twaba turimwo igisomwa ca Bibiliya c’umusi wose, kandi Abakirisu benshi wasanga bashira agafoto gatoyi ku mpapuro zihuye n’imisi Abatohoji ba Bibiliya bagenzi babo bavukiyeko. Vyongeye, Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1909 wariganye yuko ngo kw’Iteraniro ry’i Jacksonville, muri Florida, aho hakaba ari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Umuvukanyi Russell, uwari perezida w’Ishirahamwe ico gihe, yarajanywe ku mukiruruko. Kubera iki? Yagiye abona bamuzanira ituro ry’utubweta twuzuye ivyamwa vy’amapampelemusi (ubwoko bw’imicungwe), inanasi n’imicungwe. Ivyo bica bitwereka ukuntu aho hambere ibintu vyari bimeze. Kugira ngo ubone ibintu nk’uko vyari biri, niwibuke yuko muri ico gihe, Abatohoji ba Bibiliya bahimbaza n’igenekerezo rya 25 Kigarama nka wo musi wo kwibukirako ivuka rya Yezu. Mbere wasanga ku cicaro gikuru i Brooklyn ari nk’umugenzo kwitereka ivyibo vya Noweli.

Mugabo ntiwumve, kuva ico gihe igisata c’Imana barakuze mu vy’umutima mu bintu vyinshi. Mu myaka y’1920, umuco uguma wongerekana werekeye ukuri baronse waratumye bashobora kubona ibi bintu bikurikira:

Yezu ntiyavutse ku wa 25 Kigarama, iyo ikaba ari itariki ijanye n’idini ya gipagani. Bibiliya idutegeka kwibuka umusi w’urupfu rwa Yezu, si umusi w’ivuka ryiwe canke ry’uwundi muntu n’umwe. Kubigenza gutyo birajanye n’amajambo ari mu Musiguzi 7:1 hamwe n’ukuri kw’uko ico ubuzima bw’umuntu w’umwizerwa buvamwo ari co gihambaye kuruta umusi w’ivuka ryiwe. Bibiliya nta ho ivuga yuko hariho umusuku w’Imana w’umwizerwa yoba yarahimbaje umusi w’ivuka ryiwe. Ivuga imisi abapagani bahimbarijeko ivuka, kuri iyo misi hakaba harakozwe ibikorwa vy’akaburakigongwe. Reka turabe ivy’ukwo guhimbaza imisi y’ivuka.

Umusi w’ivuka wa mbere ni uwahimbajwe na Farawo mu gihe ca Yozefu. (Itanguriro 40:20-23) Muri ivyo, ikiganiro kimwe kivuga ivy’imisi y’ivuka mu gitabu ca Hastings, Encyclopædia of Religion and Ethics, gitangurira kuri aya majambo ngo: “Uravye ukuntu umugenzo wo guhimbaza umusi w’ivuka umeze, ujanye n’ivy’ugutona igihe, uravye ibiwugize na ho ugasanga ujanye n’ingingo zimwezimwe za kera cane z’ivy’ugusenga.” Mu nyuma, ico gitabu carasubiyemwo ivyavuzwe n’umuhanga mu vy’igihugu ca Misiri, Umushingantahe Gardener Wilkinson, uwanditse ati: “Umunyamisiri wese yaritwararika cane umusi yavukiyeko, eka n’isaha; kandi birashoboka ko, nk’uko vyagenda mu Buperesi, umuntu wese yahimbaza ivuka ryiwe mu kwinezereza cane, agatumira abagenzi biwe bakinezereza mu buryo bwose abantu binezereza, bakidiha ibifungurwa vyinshi biryoshe, bidasanzwe.”

Ikindi gihe hahimbajwe umusi w’ivuka kivugwa muri Bibiliya cari ica Herode, kuri uwo musi akaba ari ho Yohani Umubatizi yacibwa umutwe. (Matayo 14:6-10) Igitabu kimwe, The International Standard Bible Encyclopedia (casohotse mu 1979) kitumenyesha ibi: “Abagiriki ba kera barahimbaza imisi y’ivuka y’ivyo bita imana be n’iy’abantu bakomakomeye. Ijambo ry’Ikigiriki genéthlia ryěrekana ayo mahimbaza, genésia na ryo rigasobanura ihimbaza ry’ukwibuka ivuka ry’umuntu ahambaye yasandavye. Mu gitabu citwa 2 Makabe 6:7 dusanga havugwamwo ko ku kwezi ku kwezi hagirwa umusi mukuru (genéthlia) wa Antiyoki wa IV, muri ico gihe Abayuda bakaba barahatwa ‘kurya ku bimazi.’ . . . Igihe Herode yahimbaza umusi w’ivuka ryiwe, yariko aragira ibihuye n’umugenzo w’Abagiriki ba kera; nta kimenyamenya na kimwe kihari c’uko imisi y’ivuka yahimbazwa muri Isirayeli mu bihe vy’imbere y’uko Ubugiriki bukomera.”

Ego niko Abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe ikibaraza ishinga si amamuko y’umugenzo wose hamwe n’amasano woba ufitaniye n’ivy’ugusenga vya kera, mugabo si ukuvuga ko boca barenza uruho rw’amazi ku bintu bihambaye vyerekanwa mw’Ijambo ry’Imana. Muri ivyo harimwo ivy’uko imisi y’ivuka yonyene yahimbajwe ivugwa muri Bibiliya yari iy’Abapagani, kandi ikaba yaragizwemwo ibintu vy’akaburakigongwe. Ni co gituma mu buryo butomoye, Ivyanditswe bivuga nabi imisi y’uguhimbarizako ivuka, ico kikaba ari ikintu Abakirisu b’ukuri batirengagiza.

Ku bw’ivyo rero, naho mu gihe Abakirisu bahisemwo guhimbaza umusi w’ukwibuka ubugeni bwabo coba ari ikibazo kibaraba ubwabo, hariho impamvu nziza zituma Abakirisu bahumuye mu vy’ukwizera birinda guhimbaza imisi y’ivuka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika