IKIGABANE CA 1
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
KW’ISI hari amashirahamwe menshi: amashirahamwe y’amadini, aya politike, ay’ubudandaji n’ay’abagiraneza. Ayo yose usanga arangwa n’ibintu bitandukanye, afise imigambi itandukanye, abona ibintu mu buryo butandukanye, akagira n’ivyiyumviro bitandukanye. Mugabo hariho ishirahamwe rimwe ritandukanye cane n’ayo yose. Ijambo ry’Imana riratomora ko iryo shirahamwe ari iry’Ivyabona vya Yehova.
2 Urahiriwe kubona uri mw’ishirahamwe rya Yehova. Waratohoje ivyo Imana igomba, none ubu uriko urabikora. (Zab. 143:10; Rom. 12:2) Uri umwamamaji akorana n’umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose urangwa n’urukundo. (2 Kor. 6:4; 1 Pet. 2:17; 5:9) Nk’uko Ijambo ry’Imana ribisezerana, ivyo biratuma wironkera imihezagiro myinshi n’umunezero mwinshi. (Imig. 10:22; Mrk. 10:30) Kuba uriko urakora ivyo Yehova agomba udahemuka muri iki gihe, biragutegura ku bwa kazoza keza kandi karamba.—1 Tim. 6:18, 19; 1 Yoh. 2:17.
3 Umuremyi wacu ahambaye afise ishirahamwe rimwe gusa rikwiye kw’isi yose riyobowe mu buryo bwa gitewokrasi. Ivyo bisigura ko Yehova ari we ariyoboye, we Mutware rudasumbwa. Turamwizigira duherejeko. Ni we Mucamanza wacu, ni we adushingira ivyagezwe akaba n’Umwami wacu. (Yes. 33:22) Kubera ari Imana y’urutonde, yaratunganije ibintu ku buryo “dukorana na we” kugira dushitse umugambi wiwe.—2 Kor. 6:1, 2.
4 Uko iherezo ry’iyi si rirushiriza kwegereza, tuguma dutera imbere turongowe n’Umwami Yehova yagenye, ari we Kristu Yezu. (Yes. 55:4; Ivyah. 6:2; 11:15) Yezu ubwiwe ni we yavuze ko abayoboke biwe bokoze ibikorwa biruta ivyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi. (Yoh. 14:12) Ivyo vyoshobotse gute? Kubera yuko abigishwa biwe bobaye ari benshi kandi bakamara igihe kirekire bamamaza, bohetuye akarere kanini gusumba. Bokwamamaje inkuru nziza y’Ubwami gushika ku mpera y’isi.—Mat. 24:14; 28:19, 20; Ivyak. 1:8.
5 Ivyo biramaze kugaragara ko ari ukuri. Ariko rero, nk’uko Yezu yabitomoye, ico gikorwa co gutangaza inkuru nziza kizorangira igihe Yehova yashinze kigeze. Ubuhanuzi dusanga mw’Ijambo ry’Imana burerekana ko wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova uri hafi.—Yow. 2:31; Zef. 1:14-18; 2:2, 3; 1 Pet. 4:7.
Turakeneye kwongereza umwete wo gukora ivyo Imana idusaba. Ivyo bisaba ko tumenya neza ingene ishirahamwe ryayo rikora
6 Kubera yuko dutahura ivyo Yehova agomba muri iyi misi ya nyuma, turakeneye kwongereza umwete wo gukora ivyo adusaba. Ivyo bisaba ko tumenya neza ingene ishirahamwe ry’Imana rikora kandi tugasenyera ku mugozi umwe na ryo bimwe bishitse. Iryo shirahamwe ryisunga ingingo ngenderwako, amategeko, amabwirizwa, amateka, ingingo nyobozi hamwe n’inyigisho biri mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe.—Zab. 19:7-9.
7 Kubera yuko abasavyi ba Yehova bisunga ubwo buyobozi bushingiye kuri Bibiliya, barabana kandi bagakorana mu mahoro no mu bumwe. (Zab. 133:1; Yes. 60:17; Rom. 14:19) Ni igiki gikomeza ubumwe buri hagati y’abavukanyi bacu bari hirya no hino kw’isi? Ni urukundo. Twambaye urukundo kandi ni rwo rutuyobora mu vyo dukora. (Yoh. 13:34, 35; Kol. 3:14) Kubera ko Yehova yadufashije kwunga ubumwe, tuguma tujana n’igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ryiwe.
IGICE CO MW’IJURU C’ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA
8 Abahanuzi nka Yesaya, Ezekiyeli na Daniyeli bareretswe igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova. (Yes., ikig. 6; Ezk., ikig. 1; Dan. 7:9, 10) Intumwa Yohani na we nyene yareretswe ico gice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova kandi araducira ku mayange ukuntu kimeze mu gitabu c’Ivyahishuwe. Yabonye Yehova avyagiye ku ntebe y’ubuninahazwa akikujwe n’abamarayika baguma batangaza bati: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova Imana, Mushoboravyose, uwariho kandi ariho kandi ariko araza.” (Ivyah. 4:8) Vyongeye, Yohani yarabonye “hagati ya ya ntebe . . . hahagaze umwagazi w’intama” w’Imana, ari we Yezu Kristu.—Ivyah. 5:6, 13, 14; Yoh. 1:29.
9 Kuba Yohani yabonye Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami vyerekana ko ari we ayoboye iryo shirahamwe. Ku vyerekeye Yehova n’ikibanza co hejuru arimwo, 1 Ngoma 29:11, 12 hagira hati: “Ubukuru n’ubushobozi n’ubwiza n’ukuba agahebuza n’iteka ni ivyawe, ewe Yehova; kuko ikintu cose mu majuru no mw’isi ari icawe. Ubwami ni ubwawe, ewe Yehova, wewe mukuru ari hejuru ya vyose. Ubutunzi n’ubuninahazwa biriho kubera wewe, kandi uganza vyose; mu kuboko kwawe hari ububasha n’ubushobozi, kandi mu kuboko kwawe hari ubushobozi bwo gutuma bose baba abahambaye n’ubwo kubaha inkomezi.”
10 Kubera yuko Yezu Kristu akorana na Yehova, afise ikibanza gihambaye mw’ijuru, kandi yarahawe ubukuru bwinshi. Kanatsinda, Imana “yashize . . . ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze, yongera imugira umutwe ku bintu vyose ku bw’ishengero.” (Ef. 1:22) Ku vyerekeye Yezu, intumwa Paulo yavuze ati: ‘Imana yaramudugije imushira mu kibanza co hejuru cane, imuha n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose, kugira ngo mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywe, ry’abari mw’ijuru n’abari kw’isi n’abari munsi y’ivu, no kugira ngo ururimi rwose rwemange icese yuko Yezu Kristu ari Umukama ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data.’ (Flp. 2:9-11) Ku bw’ivyo, turashobora kwizigira tudakeka ko Yezu Kristu atuyobora mu buryo bugororotse.
11 Umuhanuzi Daniyeli yareretswe Umwe wa kera mu misi avyagiye ku ntebe yiwe yo mw’ijuru hamwe n’abamarayika “ibihumbi igihumbi baguma bamukorera, n’ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere yiwe.” (Dan. 7:10) Bibiliya ivuga ko izo ngabo z’abamarayika ari “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu, zatumwe gukorera abagiye kuzotorana ubukiriro.” (Heb. 1:14) Abo bamarayika bose bari mu bibanza vy’ubukuru mw’ishirahamwe ry’Imana.—Kol. 1:16.
12 Iyo tuzirikanye kuri ivyo bintu bigize igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova, turatahura ukuntu Yesaya yavyifashemwo igihe yerekwa “Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami ikirurutse,” n’“abaserafi . . . bahagaze hejuru yiwe.” Yesaya yavuze ati: “Ndigorewe! Kuko mbaye nk’uwunumijwe, kubera ko ndi umuntu w’iminwa ihumanye, nkaba mba mu bantu b’iminwa ihumanye kuko amaso yanje abonye Umwami, Yehova nyen’ingabo, ubwiwe!” Emwe, Yesaya yarumiwe yongera aricisha bugufi igihe yatahura ukuntu ishirahamwe rya Yehova ringana. Yarakozwe ku mutima cane n’ivyo yabonye ku buryo igihe yumva akamo kavuye mw’ijuru gasaba uwokora igikorwa kidasanzwe co gutangaza imanza za Yehova, yaciye avuga ati: “Ndi hano! Ntuma!”—Yes. 6:1-5, 8.
13 Kumenya ishirahamwe rya Yehova no kuriha agaciro biratuma abasavyi biwe biyumva nk’ukwo kwa Yesaya. Turihatira kuguma tujana n’iryo shirahamwe uko riguma ritera rija imbere. Turihatira kwerekana ko twizigira ishirahamwe rya Yehova muri iki gihe.
ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA RIGUMA RITERA IMBERE
14 Ikigabane ca 1 c’ubuhanuzi bwa Ezekiyeli kidondora Yehova ariko atwara umukogote amahero wo mw’ijuru. Uwo mukogote uca ibibatsi ugereranya igice kitaboneka c’ishirahamwe rya Yehova. Uwo mukogote Yehova awuyobora abigiranye urukundo kandi akawukoresha kugira ashitse umugambi wiwe.—Zab. 103:20.
15 Ikurudumu imwimwe yose y’uwo mukogote ifatanye n’iyindi binganya ubwaguke ku buryo zigira imfuruka ngororotsi aho zihurira. Aho gusa ni ho vyoshoboka ko ayo makurudumu “[agenda] ku mpande zayo uko ari zine.” (Ezk. 1:17) Mu kanya isase ayo makurudumu arashobora guhindura iyo yerekeza. Ariko rero, uwo mukogote ntupfa kugenda ata kiwuyoboye. Yehova ntareka ngo ishirahamwe ryiwe rije iyo rishaka. Muri Ezekiyeli 1:20 hagira hati: “Aho impwemu igomvye kuja hose, ni ho vyaja.” Yehova rero ni we atuma ishirahamwe ryiwe rija aho ashatse hose, biciye ku mpwemu yiwe. Ikibazo twokwibaza rero ni iki: ‘Noba ndiko ndajana na ryo?’
16 Kugira tugume tujana n’ishirahamwe rya Yehova, turakeneye gukora n’ibindi uretse kuja ku makoraniro no mu ndimiro. Kuguma tujana n’ishirahamwe birafitaniye isano cane no gutera imbere mu vy’impwemu. ‘Turiyemeza neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo’ kandi tukaguma twironsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. (Flp. 1:10; 4:8, 9; Yoh. 17:3) Dukwiye kandi kwibuka ko mw’ishirahamwe iryo ari ryo ryose hategerezwa kuba ubuyobozi n’ugusenyera ku mugozi umwe. Ku bw’ivyo, dutegerezwa gutahura akamaro ko gukoresha neza itunga ryo mu buryo bw’impwemu n’iryo mu buryo bw’umubiri Yehova yatujeje kugira dukore neza igikorwa ciwe. Kuguma tujana n’umukogote wo mw’ijuru wa Yehova bituma dushira mu ngiro ivyo twigisha abandi.
17 Ishirahamwe rya Yehova ririko riradufasha gutera imbere mu gukora ivyo Imana igomba. Niwibuke ko Yehova ari we atwara uwo mukogote wo mw’ijuru. Kuguma tujana n’uwo mukogote wiwe birerekana ko tumwubaha be n’uko twizigiye ico Gitandara cacu. (Zab. 18:31) Bibiliya isezerana iti: “Yehova ubwiwe azoha koko inkomezi abantu biwe. Yehova ubwiwe azohezagiza abantu biwe amahoro.” (Zab. 29:11) Kubera yuko turi mw’ishirahamwe rya Yehova, turironkera inkomezi n’amahoro menshi aronsa abasavyi biwe bunze ubumwe. Emwe, ntidukekeranya ko tuzokwironkera imihezagiro myinshi nitwabandanya gukora ivyo Yehova agomba ubu n’ibihe bidahera.