‘Niwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo’
“Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—FLP. 1:10.
1, 2. Ni ubuhanuzi ubuhe bwerekeye imisi ya nyuma butegerezwa kuba bwarakwegereye abigishwa ba Yezu, kandi kubera iki?
PETERO, Yakobo, Yohani na Andereya bahavuye baronka akaryo ko kuba kumwe na Shebuja wabo ari bonyene. Ivyo Yezu yari yavuze ku bijanye n’itikizwa ry’urusengero vyari bibaraje ishinga cane. (Mrk. 13:1-4) Ni co gituma bamubajije bati: “Tubwire: Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Mat. 24:1-3) Yezu yaciye atangura kubabwira ibintu vyobaye, bino bikaba bitotumye gusa ubuzima buhinduka cane ariko kandi vyoranze imisi ya nyuma y’ivy’isi mbi ya Shetani. Hariho ikintu kimwe muri ivyo gitegerezwa kuba carakwegereye abigishwa ba Yezu. Yezu amaze kuvuga ibintu bibabaje vyobaye, nk’intambara, amapfa n’ukwongerekana kw’ubugarariji, yaravuze yuko hariho ikintu ciza na co nyene coranze imisi ya nyuma. Yagize ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”—Mat. 24:7-14.
2 Abigishwa ba Yezu bari barahimbawe no kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bari kumwe na Kristu. (Luka 8:1; 9:1, 2) Bashobora kuba baributse ko yavuze ati: “Ivyimburwa ni vyinshi koko, mugabo abakozi ni bake. Nuko rero nimwinginge Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Luka 10:2) Ariko none bokwamamaje gute “mw’isi yose” bagashinga “intahe ku mahanga yose”? Abo bakozi bovuye hehe? Ese iyo baza kumenya ivyobaye muri kazoza igihe bari bicaranye na Yezu kuri uwo musi! Nta gukeka ko bari gutangazwa no kubona iranguka ry’ayo majambo makeyi ubu dusoma muri Matayo 24:14.
3. Ibivugwa muri Luka 21:34 biriko biranguka gute muri iki gihe, kandi ni ukwisuzuma ukuhe dukwiye kugira?
3 Tubayeho mu gihe ubwo buhanuzi bwa Yezu buriko buraranguka. Abantu amamiliyoni baragiye hamwe kugira ngo bamamaze inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose. (Yes. 60:22) Ariko rero, Yezu yavuze ko bamwebamwe vyobagoye kuguma bitwararika ico gikorwa muri iyi misi ya nyuma. Bosamajwe maze ‘bakaremerwa.’ (Soma Luka 21:34.) Turiko turibonera n’iranguka ry’ayo majambo. Bamwebamwe mu basavyi b’Imana bariko barasamazwa. Ivyo vyoshobora kugaragarira ku ngingo bafata mu bijanye n’akazi, amashure ahanitse n’ukwironsa ibintu vy’umubiri hamwe n’umwanya bamara mu nkino no mu vy’ukwisamaza. Abandi bariko bararuha kubera imikazo n’amaganya vyo mu buzima bwa misi yose. Niwibaze uti: ‘Ivyanje vyifashe gute? Ingingo mfata zihishura iki ku bijanye n’ivyo nshira imbere mu buzima?’
4. (a) Paulo yasabiye iki abakirisu b’i Filipi, kandi kubera iki? (b) Twihweza iki muri iki kiganiro no mu gikurikira, kandi tuza kubigira dufise intumbero iyihe?
4 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere babwirizwa kugira akigoro kugira ngo bagume bashira ivy’impwemu imbere. Intumwa Paulo yarabonye ko bikenewe yuko asenga asaba ko ababa i Filipi “[biyemeza] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Soma Abafilipi 1:9-11.) Cokimwe n’intumwa Paulo, benshi mu bariho ico gihe bariko “bararushiriza kugira umutima rugabo wo kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba.” (Flp. 1:12-14) Muri ubwo buryo nyene, benshi cane muri twebwe muri iki gihe baramamaza Ijambo ry’Imana n’umutima rugabo. Naho ari ukwo, kwihweza ibiriko birarangurwa muri iki gihe mw’ishirahamwe rya Yehova, vyoba bishobora kudufasha kurushiriza mbere kwitwararika ico gikorwa gihambaye cane co kwamamaza? Cane nyene! Muri iki kiganiro, nimuze tuzirikane ku ndinganizo Yehova yashizeho kugira ngo atume ibivugwa muri Matayo 24:14 biranguka bitagoranye. Ni igiki ishirahamwe ryiwe ryitwararika, kandi kumenya ico kintu bishobora gute gutuma twe n’imiryango yacu tugira ico dukoze? Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza icodufasha kwihangana no kuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova.
IGICE CO MW’IJURU C’ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA RIGUMA RIGENDA
5, 6. (a) Ni kubera iki Yehova yerekanye igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ryiwe? (b) Ni ibiki Ezekiyeli yeretswe?
5 Hariho ibintu vyinshi Yehova yahisemwo kudashira mw’Ijambo ryiwe ryanditse. Nk’akarorero, ntiyavuze ido n’ido ukuntu ubwonko bukora canke ukuntu ibiri mu kirere bikora, naho nyene ayo makuru yari kudushimisha cane! Ahubwo nyabuna, Yehova yaratanze amakuru dukeneye kugira ngo dutahure imigambi yiwe twongere tubeho tuyisunga. (2 Tim. 3:16, 17) Ese rero ukuntu bishimishije kuba Bibiliya itwereka igice kitaboneka c’ishirahamwe rya Yehova! Akamwemwe karadusya igihe dusomye ukuntu iyo ndinganizo yo mw’ijuru ya Yehova idondorwa muri Yesaya, Ezekiyeli na Daniyeli no mu nkuru y’Ivyahishuriwe Yohani. (Yes. 6:1-4; Ezk. 1:4-14, 22-24; Dan. 7:9-14; Ivyah. 4:1-11) Ni nk’aho Yehova yakumye irido akatwemerera kwitegereza mw’ijuru. Ni kubera iki yatanze ayo makuru?
6 Yehova yashaka ko tutigera twibagira yuko turi mu bagize ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi no mw’ijuru. Hariho ibintu vyinshi tudashobora kubona bikorwa mu bijanye no gushigikira imigambi ya Yehova. Nk’akarorero, Ezekiyeli yarabonye igice kitaboneka c’ishirahamwe rya Yehova kigereranywa n’umukogote amahero wo mw’ijuru. Uwo mukogote warashobora kugenda buravyo kandi ugakata mu kanya isase. (Ezk. 1:15-21) Uwo mukogote waragenda ahantu harehare cane igihe cose amakurudumu yawo yaba yizungurije. Muri iryo yerekwa, Ezekiyeli yarashoboye kandi kubona Uwari atwaye uwo mukogote. Yavuze ati: “Hanyuma mbona ikintu kimeze nk’uguca ibibatsi kw’uruvange rw’inzahabu n’ifeza, nk’ishusho y’umuriro irya n’ino imbere muri co . . . Yari ishusho y’ukuntu ubuninahazwa bwa Yehova busa.” (Ezk. 1:25-28) Ese ukuntu Ezekiyeli ategerezwa kuba yaratekewe n’ubwoba igihe yabona ivyo bintu! Yarabonye Yehova yifatiye mu minwe ishirahamwe ryiwe, akariyobora aho rija hose abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe. Mbega ikigereranyo gitangaje c’igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova riguma rigenda!
7. Ni gute ivyo Daniyeli yeretswe bituma tugira ukwizigira?
7 Daniyeli na we nyene yarabonye ibintu vyinshi bituma tugira ukwizigira. Yareretswe Yehova avugwa ko ari “Umwe wa kera mu misi” yicaye ku ntebe y’ubwami iriko imbeya z’umuriro. Iyo ntebe y’ubwami yari ifise amakurudumu. (Dan. 7:9) Yehova yashaka ko Daniyeli abona ko ishirahamwe ryiwe riguma rigenda, rirangura umugambi wiwe. Daniyeli yarabonye kandi “uwusa n’umwana w’umuntu,” uwo na we akaba ari Yezu, ahabwa guhagarikira igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova. Ubutware butagira agahaze bwa Kristu ntibumara imyaka mikeyi gusa. Ahubwo, ni ubutware “bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa.” (Dan. 7:13, 14) Turavyurirwa umutima wo kwizigira Yehova no kwemera icese ivyo ariko ararangura. Yarahaye “ubutware n’iteka n’ubwami” Umwana wiwe yageragejwe maze akarama ari we Yezu. Yehova arizigira Umwana wiwe. Ku bw’ivyo, natwe turashobora kwizigira ubutware bwa Yezu.
8. Ivyo Yehova yeretse Ezekiyeli na Yesaya vyagize ico bibakozeko gute, kandi bikwiye kugira ico bidukozeko gute?
8 Ukwo kubona igice kitaboneka c’ishirahamwe rya Yehova bikwiye kugira ico bidukozeko gute? Nk’uko vyagendeye Ezekiyeli, nta gukeka ko ivyo Yehova ariko ararangura bidutera akoba bikongera bikaducisha bugufi. (Ezk. 1:28) Kuzirikana kw’ishirahamwe rya Yehova birashobora kutuvyurira umutima wo kugira ico dukoze, nk’uko vyagendeye Yesaya. Igihe yaronka akaryo ko kubwira abandi ivyo Yehova ariko arakora, yaciye agacakira adatebaganye. (Soma Yesaya 6:5, 8.) Yesaya yari yizigiye ko biciye ku gushigikirwa na Yehova, yari gushobora gutsinda ingorane iyo ari yo yose. Muri ubwo buryo nyene, ukwo kubona igice kitaboneka c’ishirahamwe rya Yehova bikwiye gutuma tugira akoba bikongera bikatuvyurira umutima wo kugira ico dukoze. Ese ukuntu kwihweza iryo shirahamwe riguma rigenda kandi ryitwararika bimwe bishitse kurangura imigambi ya Yehova, bituvyurira umutima wo kugira ico dukoze!
IGICE CO KW’ISI C’ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA
9, 10. Ni kubera iki igice kiboneka c’ishirahamwe rya Yehova gikenewe?
9 Yehova abicishije ku Mwana wiwe, yarashize kw’isi indinganizo ikora yisunga igice kitaboneka c’ishirahamwe rya Yehova. Ni kubera iki hakenewe indinganizo iboneka kugira ngo ca gikorwa kivugwa muri Matayo 24:14 kirangurwe? Rimbura imvo zitatu.
10 Ubwa mbere, Yezu yavuze ko ico gikorwa co kwamamaza cotumye abigishwa biwe “[ba]shika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Ubwa kabiri, hokenewe indinganizo zitandukanye kugira ngo haboneke imfungurwa zo mu vy’impwemu hongere hitwararikwe abakora ico gikorwa. (Yoh. 21:15-17) Ubwa gatatu, hobwirijwe gushirwaho intunganyo kugira ngo abamamaza inkuru nziza bashobore gukoranira hamwe ku bwo gusenga Yehova no kwigishwa ukuntu borangura ico gikorwa. (Heb. 10:24, 25) Izo ntumbero ntizoshikijwe ku gihamana. Kugira ngo abayoboke ba Kristu baroranirwe, ico gikorwa cokeneye gutunganywa neza.
11. Twerekana gute ko dushigikira indinganizo zishirwaho n’ishirahamwe rya Yehova?
11 Twerekana gute ko dushigikira indinganizo zishirwaho n’ishirahamwe rya Yehova? Uburyo bumwe buhambaye bwo kubigira ni mu kwama twizigira abo Yehova na Yezu bashinga kutuyobora mu gikorwa cacu co kwamamaza. Hariho ibikorwa vyinshi canke ibintu vyinshi abantu baharanira mw’isi muri iki gihe vyoshobora gusamaza abatuja imbere. Yamara none igice kiboneka c’ishirahamwe rya Yehova camye citwararika iki?
NIWITWARARIKE “IBIHAMBAYE KURUTA IBINDI”
12, 13. Abakurambere bakirisu barangura gute igikorwa bashinzwe, kandi ni kubera iki ivyo bituremesha?
12 Abakurambere bakirisu baciye uruma bo hirya no hino kw’isi baragenywe kugira ngo bacungere igikorwa co kwamamaza Ubwami mu bihugu bakoreramwo no kugira ngo batume kirushiriza gutera imbere. Kugira ngo abo bagabo b’abizigirwa kandi bicisha bugufi bagume bajana n’ishirahamwe rya Yehova rimeze nk’umukogote bongere bamenye ibikenewe mu gice c’isi baherereyemwo, barahanga amaso Yehova na Yezu. Ku bw’ivyo igihe abo bavukanyi bafata ingingo, baronderera ubuyobozi mw’Ijambo ry’Imana bakongera bagasengana ubwira Yehova bamusaba ngo abayobore.—Zab. 119:105; Mat. 7:7, 8.
13 Cokimwe n’abaja imbere abandi mu kinjana ca mbere, abakurambere bakirisu bacungera igikorwa co kwamamaza muri iki gihe, barihebera “ubusuku bwerekeye ijambo.” (Ivyak. 6:4) Barahimbarwa cane n’iterambere ririko riraba mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu turere barimwo no kw’isi yose. (Ivyak. 21:19, 20) Ntibashinga amategeko n’amabwirizwa menshi. Ahubwo nyabuna, bisunga Ivyanditswe n’ubuyobozi bw’impwemu nyeranda y’Imana igihe bashiraho intunganyo zikenewe zifasha guteza imbere igikorwa co kwamamaza. (Soma Ivyakozwe 15:28.) Mu kubigenza gutyo, abo bavukanyi bajejwe amabanga baraha akarorero keza abo mu mashengero yo mu karere bakoreramwo bose.—Ef. 4:11, 12.
14, 15. (a) Ni intunganyo izihe zashizweho zigenewe gushigikira igikorwa co kwamamaza kw’isi yose? (b) Wiyumva gute ku bijanye n’uruhara urangura mu gushigikira igikorwa co kwamamaza ubwami?
14 Hariho ibikorwa vyama bikorwa bitabonwa na benshi bijanye no gutegura imfungurwa z’ivy’impwemu zishirwa mu bisohokayandikiro vyacu be n’izishikirizwa ku makoraniro no ku mahwaniro. Abantu ibihumbi bitanga barakora bagatama mu guhindura izo mfungurwa z’ivy’impwemu mu ndimi nka 600 kugira ngo abantu benshi bashoboka bashobore kwiga “ibintu vy’agatangaza vy’Imana” mu rurimi rwabo bwite. (Ivyak. 2:7-11) Abavukanyi na bashiki bacu bakiri bato barakora igikorwa co guhingura ibisohokayandikiro vyacu bakoresheje imashini zicapura zinyarutsa n’ibikoresho bifatanya impapuro binyarutsa. Ivyo bisohokayandikiro bica birungikwa mu mashengero mbere n’ayari mu turere twa kure cane tw’isi.
15 Harashizweho intunganyo zitari nke kugira ngo dushobore kwitwararika igikorwa co kwamamaza inkuru nziza twifatanije n’ishengero turimwo. Nk’akarorero, abantu ibihumbi baritanga kugira ngo bafashe mu bijanye no kwubaka Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro, kugira bafashe abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka canke abakeneye kuvurwa mu buryo bwihutirwa, kugira batunganye amateraniro n’amahwaniro tugira no kugira bigishe mu mashure y’ivya gitewokarasi, hakaba hariho n’ibindi bikorwa tutabona. None ivyo bikorwa vyose bifise intumbero iyihe? Ni iyo gutuma igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirushiriza kworoha, gutuma abakora ico gikorwa barushiriza kumererwa neza mu vy’impwemu no guteza imbere ugusenga kw’ukuri. Igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova coba none cagumye citwararika ibihambaye kuruta ibindi? Cane nyene!
NUKURIKIZE AKARORERO K’ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA
16. Ni ibiki wotegekanya gushira mu kwiyigisha Bibiliya kwawe canke mu kuyiga mu muryango?
16 Twoba tuza turafata akanya tukazirikana ku vyo ishirahamwe rya Yehova rikora? Hari abahisemwo gushira mu gusenga kwabo kwo mu muryango canke mu kwiyigisha kwabo umwanya wo kugira ubushakashatsi kuri ivyo bintu no kubizirikana. Kwiga ivyo Yesaya, Ezekiyeli, Daniyeli na Yohani beretswe usanga biryoshe cane. Igitabu Les Témoins de Jéhovah : Prédicateurs du Royaume de Dieu n’ibindi bisohokayandikiro canke utudisiki DVD biboneka mu rurimi rwawe biragufasha gutahura ishirahamwe mu buryo bushimishije.
17, 18. (a) Iki kiganiro cagufashije gute? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kurimbura?
17 Kuzirikana ivyo Yehova ariko ararangura biciye kw’ishirahamwe ryiwe biratugirira akamaro. Ese twokwiyemeza kuguma twitwararika ibihambaye kuruta twifatanije n’iryo shirahamwe ryiza igitangaza! Kubigenza gutyo, bizotuma turushiriza kugira umwiyemezo nk’uwo Paulo yari afise, we yanditse ati: “[Ntidu]heba, kuko dufise ubu busuku nk’uko imbabazi twagiriwe ziri.” (2 Kor. 4:1) Yaremesheje kandi abo bari basangiye igikorwa ati: “Ntiduhebe . . . gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutadebukirwa.”—Gal. 6:9.
18 Hoba hariho ivyo dukeneye guhindura umwe wese ku giti ciwe canke uko tugize umuryango kugira ngo twiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi mu vyo dukora ku musi ku musi? Twoba dushobora kworosha ubuzima bwacu canke kugabanya ibidusamaza kugira ngo turushirize kwitwararika igikorwa gihambaye cane co kwamamaza? Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ibintu bitanu bizodufasha kuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova.