ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/4 rup. 27-31
  • “Ntudebukirwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ntudebukirwe”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NUKORANIRE HAMWE N’ABANDI KU BWO KUREMESHANYA NO GUSENGA
  • NURONDERE ABANTU B’IMITIMA NZIRABURYARYA
  • NIWIHEREZE IBIFUNGURWA VYO MU BURYO BW’IMPWEMU
  • NUSHIGIKIRE INDINGANIZO ZISHIRWAHO N’ISHIRAHAMWE
  • NUBEHO MU BURYO BUHUYE N’UBUTUMWA DUSHIKIRIZA
  • ‘Niwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Woba uriko urajana n’ishirahamwe rya Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ishirahamwe ry’Imana Riboneka
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/4 rup. 27-31

“Ntudebukirwe”

“Ntiduhebe . . . gukora ivyiza.”—GAL. 6:9.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni intunganyo izihe zidufasha kuguma dufitiye umwete ukuri?

  • Kwitwararika ugusenga Yehova bigira ico bikoze gute ku kwitaba amakoraniro kwacu?

  • Ingingo dufata zishobora gute kwerekana nimba tuzokwihangana canke tuzodebukirwa mu murimo wacu?

1, 2. Kuzirikana ibijanye n’ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi no mw’ijuru bikomeza gute ukwizigira kwacu?

BIRATEYE akoba kuzirikana ivy’uko turi mu bagize ishirahamwe rinini cane ryo kw’isi no mw’ijuru. Amayerekwa yanditse muri Ezekiyeli ikigabane ca 1 no muri Daniyeli ikigabane ca 7 arerekana neza Yehova ariko arayobora ibintu akabishikana ku nsozero ihimbaye. Yezu araja imbere mu kuyobora igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova kugira ngo citwararike igikorwa co kwamamaza inkuru nziza, kugira ngo citwararike mu buryo bw’impwemu abarangura ico gikorwa no kugira ngo giteze imbere ugusenga Yehova kw’ukuri. Ese ukuntu ivyo bituma twizigira ishirahamwe rya Yehova!—Mat. 24:45.

2 Twoba ubwacu turiko turajana n’iryo shirahamwe ryiza igitangaza? Umwete dufitiye ukuri woba uguma wongerekana canke uguma ugabanuka? Turimbuye ivyo bibazo, twoshobora kubona ko dutanguye kudebukirwa canke kumbure ko umwete wacu wagabanutse. Ivyo birashobora gushika. Mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yabwirijwe guhimiriza abakirisu bagenziwe kurimbura akarorero Yezu yatanze mu bijanye n’umwete. Paulo yavuze yuko ivyo vyobafashije ‘kutaruha ngo badendebukirwe mu mitima yabo.’ (Heb. 12:3) Muri ubwo buryo nyene, kuba twarasuzumye twitonze ikiganiro giheruka, icerekana ibiriko birarangurwa n’ishirahamwe rya Yehova, bibwirizwa kuba vyaradufashije cane kuguma dufise umwete n’ukwihangana.

3. Dukeneye iki kugira ngo ntitudebukirwe, kandi ni ibiki turimbura muri iki kiganiro?

3 Ariko rero, Paulo yarerekanye yuko dukeneye n’ibindi nimba twipfuza kutadebukirwa. Yavuze yuko twokeneye “gukora ivyiza.” (Gal. 6:9) Turakeneye rero kugira ico dukoze. Nimuze turimbure imice itanu y’igikorwa ishobora kudufasha kuguma dushikamye no kuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova. Turashobora guca turaba nimba hariho imice minaka twebwe ubwacu canke imiryango yacu dukeneye kurushiriza kwitwararika.

NUKORANIRE HAMWE N’ABANDI KU BWO KUREMESHANYA NO GUSENGA

4. Ni kubera iki twovuga ko gukoranira hamwe ari umuce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri?

4 Gukoranira hamwe camye ari ikintu nyamukuru abasavyi ba Yehova bagira. Mu karere kataboneka, ibiremwa vy’impwemu birasabwa kuza imbere ya Yehova mu bihe vyashinzwe. (1 Abm. 22:19; Yobu 1:6; 2:1; Dan. 7:10) Muri Isirayeli ya kera, iryo hanga ryabwirizwa gukoranira hamwe “kugira bumvirize no kugira bige.” (Gus. 31:10-12) Abayuda bo mu kinjana ca mbere bari bafise akamenyero ko kuja mu masinagogi gusoma Ivyanditswe. (Luka 4:16; Ivyak. 15:21) Ukwo kuntu ivyo gukoranira hamwe vyashimikwako vyarabandanije igihe ishengero rya gikirisu ryashingwa, kandi biracari umuce uhambaye w’ugusenga kwacu. Abakirisu b’ukuri “[bariyumvirana] kugira [ba]vyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza.” Turakeneye kuguma ‘turemeshanya, kandi bikarushiriza kumera gutyo uko tubona wa musi wa Yehova wegereza.’—Heb. 10:24, 25.

5. Dushobora gute kuremeshanya ku makoraniro yacu?

5 Uburyo bumwe buhambaye turemeshanya ni mu kugira uruhara mu makoraniro yacu. Turashobora guserura ukwizera kwacu mu kwishura ikibazo canditse, mu kwerekana ukuntu icanditswe kinaka coshirwa mu ngiro, mu kwigana icabonywe kigufi cerekana ubukerebutsi buri mu gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, canke tukabigira mu bundi buryo. (Zab. 22:22; 40:9) Nta gukeka ko wemera yuko naho twoba tumaze imyaka ingana iki twitaba amakoraniro, turemeshwa no kwumviriza insasanuro zivuye ku mutima zitangwa n’abavukanyi be na bashiki bacu, abato n’abakuze.

IBIGIZE IGICE CO KW’ISI C’ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA:

  1. Inama Nyobozi

  2. Amakomite y’amashami

  3. Abacungezi b’ingenzi

  4. Inama z’abakurambere

  5. Amashengero

  6. Abamamaji umwe wese ukwiwe

6. Amakoraniro yacu adufasha gute kuguma dufise umwete mu vy’impwemu?

6 Ni izindi mvo izihe zituma Imana yacu yerekana ko bihambaye yuko twama dukoranira hamwe? Amakoraniro, amateraniro n’amahwaniro tugira biradufasha kugira umutima rugabo wo kuvugana ubutinyutsi no kwihangana igihe turwanijwe canke duhuye n’abatabinegwa mu vyibare vyacu. (Ivyak. 4:23, 31) Ibiganiro bishingiye ku Vyanditswe biradukomeza bikongera bikadufasha gushikama mu kwizera. (Ivyak. 15:32; Rom. 1:11, 12) Inyigisho n’uguhanahana indemesho turonka igihe dukoraniye hamwe ngo dusenge biradufasha kwironkera agahimbare nyakuri n’ “impore mu misi y’ivyago.” (Zab. 94:12, 13) Komite nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi irahagarikira itegurwa ry’amaporogarama yose yo mu vy’impwemu agenewe kwigisha abasavyi ba Yehova bo kw’isi yose. Turakwiye gukenguruka cane intunganyo zashizweho kugira ngo twironkere inyigisho nziza ku makoraniro tugira buri ndwi.

7, 8. (a) Intumbero nyamukuru y’amakoraniro yacu y’ishengero ni iyihe? (b) Amakoraniro agufasha gute mu buryo bw’impwemu?

7 Ariko rero hariho ikintu mbere gihambaye kuruta ivyiza twebwe ubwacu dukura ku makoraniro yacu. Intumbero nyamukuru y’ugukoranira hamwe kwacu ni ugusenga Yehova. (Soma Zaburi 95:6.) Mbega agateka twatewe ko gushemeza Imana yacu nziza igitangaza! (Kol. 3:16) Yehova arabereye ko twama tumusenga mu kwitaba imitororokano ya gitewokarasi no mu kuyigiramwo uruhara. (Ivyah. 4:11) Ntibitangaje rero kuba duhimirizwa ‘kudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye.’—Heb. 10:25.

8 Twoba tubona ko amakoraniro yacu ya gikirisu ari intunganyo igenewe kudufasha kwihangana gushika Yehova akuyeho ivy’iyi si mbi? Nimba ari ukwo biri, amakoraniro azoba kimwe muri vya bintu “bihambaye kuruta ibindi” turonderera umwanya mu buzima bwacu burimwo ibikorwa vyinshi. (Flp. 1:10) Ikintu cotuma duhomba akaryo ko kwifatanya n’abavukanyi bacu mu gusenga Yehova, cobwirizwa kuba gihambaye bimwe bidasanzwe.

NURONDERE ABANTU B’IMITIMA NZIRABURYARYA

9. Tumenya gute ko igikorwa co kwamamaza gihambaye?

9 Kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza, na vyo nyene biradufasha kuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova. Yezu ni we yatanguje ico gikorwa igihe yari ng’aha kw’isi. (Mat. 28:19, 20) Kuva ico gihe, igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa carabaye co kintu nyamukuru ishirahamwe rya Yehova uko ryakabaye ryitwararika. Ibintu vyinshi bishika mu gihe ca none biratanga ikimenyamenya c’uko abamarayika bashigikira igikorwa cacu bakongera bakatuyobora ku bafise “agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” (Ivyak. 13:48; Ivyah. 14:6, 7) Igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova cashizweho muri iki gihe congera kiratunganywa kugira ngo gishigikire ico gikorwa gihambaye cane. Twoba natwe twitwararika ubusuku mu buzima bwacu?

10. (a) Tanga akarorero kerekana ukuntu twoshobora kuguma dufitiye igishika ukuri. (b) Ubusuku bwagufashije gute kutadebukirwa?

10 Kugira umwete mu busuku biradufasha kuguma dufitiye igishika ukuri. Rimbura ivyavuzwe n’uwitwa Mitchel, akaba amaze igihe kirekire ari umukurambere n’umutsimvyi asanzwe. Avuga ati: “Ndakunda kubwira abantu ivyerekeye ukuri. Ndazirikana ikiganiro gishasha co mu Munara w’Inderetsi canke muri Be maso! maze nkikugura ubukerebutsi, ugutahura kwimbitse be n’uburimbane biboneka muri buri nomero. Nca nipfuza kuja mu busuku kugira ngo ndabe ukuntu abantu bavyakira, ukuntu notuma bashimishwa. Ubusuku bwanje butuma nguma ntekanye. Ndihatira gukora ibindi bintu vyose imbere canke inyuma y’umwanya nategekanirije ubusuku.” Muri ubwo buryo nyene, kuguma dufise vyinshi dukora mu murimo wacu mweranda birashobora kudufasha kuguma dushikamye muri iyi misi ya nyuma.—Soma 1 Abakorinto 15:58.

NIWIHEREZE IBIFUNGURWA VYO MU BURYO BW’IMPWEMU

11. Ni kubera iki dukwiye kwungukira bimwe bishitse ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu Yehova aturonsa?

11 Yehova abicishije ku bisohokayandikiro yaraturonkeje ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu kugira ngo bituronse inkomezi. Nta gukeka ko ushobora kwibuka igihe wasoma igisohokayandikiro kinaka maze ukibwira uti: ‘Ibi ni vyo nyene nari nkeneye! Umenga ni jewe Yehova yavyandikishirije!’ Ivyo si ibintu bipfa guhurirana. Yehova abicishije kuri ivyo bifungurwa, aratwigisha akongera akatuyobora. Yavuze ati: “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo.” (Zab. 32:8) Twoba twihatira kwihereza ibifungurwa vyo mu vy’impwemu vyose turonka kandi tukabizirikana? Kubigenza gutyo bizodufasha kubandanya kwama ivyamwa no kudakabirana mu buryo bw’impwemu muri iyi misi ya nyuma igoye.—Soma Zaburi 1:1-3; 35:28; 119:97.

12. Ni igiki codufasha kudafata minenegwe ibifungurwa vyacu vyo mu buryo bw’impwemu?

12 Vyoba vyiza turimbuye igikorwa kirangurwa mu kwiyemeza neza yuko turonka ivyo bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bituma tugira amagara meza vyama biboneka. Komite nshingwayandika y’Inama Nyobozi irahagarikira igikorwa co kugira ubushakashatsi ku bijanye n’ibisohokayandikiro vyacu, kuvyandika, kubisuzuma, kubishiramwo amashusho no kubihindura. Ukwo nyene ni ko bigenda no ku mayagwa ashirwa kuri wa muhora wacu wo kuri Internet. Amashami ajejwe gucapura ibisohokayandikiro arabirungikira amashengero ya hafi n’aya kure. Ivyo vyose bikorwa kubera iki? Kugira ngo abasavyi ba Yehova bagaburirwe neza mu buryo bw’impwemu. (Yes. 65:13) Nimuze dufungurane akayabagu ivyo bifungurwa vyose vyo mu buryo bw’impwemu turonka biciye kw’ishirahamwe rya Yehova.—Zab. 119:27.

NUSHIGIKIRE INDINGANIZO ZISHIRWAHO N’ISHIRAHAMWE

13, 14. Ni bande bashigikira indinganizo za Yehova mw’ijuru, kandi dushobora gute kwerekana ko na twebwe tuzishigikira ngaha kw’isi?

13 Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, Yezu aboneka ariko aratwara ifarasi yera kugira ngo atsinde abagarariza Yehova. (Ivyah. 19:11-15) Ese ukuntu bikomeza ukwizera kumenya ko inyuma gato ya Yezu hari abamarayika b’abizigirwa akaba kandi ari kumwe n’abarobanuwe batahukanye intsinzi bavuye kw’isi, bano bakaba bamaze kuronka impera yabo yo mw’ijuru! (Ivyah. 2:26, 27) Ese ukuntu ako ari akarorero ntangere ko gushigikira indinganizo za Yehova!

14 Muri ubwo buryo nyene, isinzi rinini rirashigikira bimwe bishitse igikorwa ca bene wabo na Kristu barobanuwe bakiri kw’isi kandi baja imbere abandi mw’ishirahamwe muri iki gihe. (Soma Zekariya 8:23.) Dushobora gute kwerekana ku giti cacu ko dushigikira indinganizo za Yehova? Uburyo bumwe bwo kubigira ni mu kuyobokera abatuja imbere. (Heb. 13:7, 17) Ivyo bitangurira mw’ishengero turimwo. Ivyo tuvuga ku bijanye n’abakurambere vyoba bituma abandi babubaha bakongera bakubaha ibanga ryabo ry’ubucungezi? Twoba turemesha abana bacu kwubaha abo bagabo b’abizigirwa no kubitura kugira ngo babaronse impanuro zishingiye ku Vyanditswe? Vyongeye, twoba tuganira uko tugize umuryango ukuntu twokoresha amahera yacu kugira ngo dushigikire igikorwa kirangurirwa kw’isi yose biciye ku ntererano dutanga? (Imig. 3:9; 1 Kor. 16:2; 2 Kor. 8:12) Twoba tubona ko ari agateka gahambaye kugira uruhara mu bijanye no kubungabunga Ingoro y’Ubwami? Impwemu ya Yehova irakora ata kiyitangira ahari ukwubaha n’ubumwe nk’ivyo. Biciye kuri iyo mpwemu, tuguma dufashwa kugira ngo ntitudebukirwe muri iyi misi ya nyuma.—Yes. 40:29-31.

NUBEHO MU BURYO BUHUYE N’UBUTUMWA DUSHIKIRIZA

15. Ni kubera iki dutegerezwa kwama twihatira kubaho mu buryo buhuye n’umugambi wa Yehova uhambaye?

15 Ubwa nyuma, kugira ngo twihangane kandi tugume tujana n’ishirahamwe rya Yehova, dutegerezwa kuguma tubaho mu buryo buhuye n’ubutumwa dushikiriza mu “[k]wiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.” (Ef. 5:10, 11) Kubera umubiri wacu munyagasembwa n’utwigoro Shetani hamwe n’isi yiwe bigira, tuguma tunyinyana n’utwosho tubi mu buzima bwacu. Bamwebamwe muri mwebwe bene wacu namwe bashiki bacu twikundira murarwana urugamba rukomeye buri musi kugira ngo mugume mufitaniye ubucuti bwiza na Yehova. Ivyo biratuma abakunda cane. Ntimutane n’akabando! Kubaho mu buryo buhuye n’umugambi wa Yehova bizotuma duhimbarwa cane twongere duhere amazinda yuko ugusenga kwacu atari ukw’impfagusa.—1 Kor. 9:24-27.

16, 17. (a) Dukwiye gukora iki mu gihe dukoze igicumuro gikomeye? (b) Dushobora gute kwungukira ku karorero ka Anne?

16 Ariko none dukwiye gukora iki mu gihe dukoze igicumuro gikomeye? Dukwiye kurondera gufashwa mu maguru masha. Kuguma duhishije ico kintu nta co bizotumarira atari ukwunyura ibintu. Uribuka yuko Dawidi yavuze ko igihe yaguma acereje ku bijanye n’ibicumuro vyiwe, ‘amagufa yiwe yashirira mu kuniha kwiwe bukarinda bwira.’ (Zab. 32:3) Egome, guhisha ibicumuro twakoreye mu kinyegero bizotuma tudebukirwa mu mutima no mu buryo bw’impwemu, mugabo “uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.”—Imig. 28:13.

17 Rimbura akarorero ka Anne.a Igihe Anne yari mu kurengana imyaka y’ubuyabaga, yari umutsimvyi asanzwe. Ariko rero, yaratanguye kugira ubuzima burimwo tubiri. Ivyo vyaragize ikintu gikomeye bimukozeko. Avuga ati: “Ijwi ryo mu mutima ryaranyagiriza. Nama ntahimbawe kandi ndendebukiwe.” None yakoze iki? Avuga ko igihe kimwe ku makoraniro barimbuye Yakobo 5:14, 15. Anne yaratahuye ko yari akeneye gufashwa maze aritura abakurambere. Asubije amaso inyuma, avuga ati: “Ivyo vyanditswe ni umuti Yehova yatwandikiye kugira ngo atuvure mu vy’impwemu. Uwo muti ntiworoshe kumira, mugabo uravura vy’ukuri. Narakurikije impanuro ziri muri ivyo vyanditswe, kandi vyaragenze neza.” Haraciye imyaka nk’ingahe ivyo bibaye, kandi Anne abigiranye inkomezi nshasha ariko arakorera Yehova n’umwete, afise ijwi ryo mu mutima ryiza.

18. Dukwiye kwiyemeza iki?

18 Ese ukuntu ari agateka kubaho muri iyi misi ya nyuma no kuba mu bagize ishirahamwe rya Yehova ryiza igitangaza! Nimuze twiyemeze kutigera dufata minenegwe ivyo dufise. Ahubwo nyabuna, nimuze dusenyere ku mugozi umwe uko tugize umuryango mu kwama dukoranira hamwe kugira ngo dusenge Imana twifatanije n’ishengero turimwo, mu kuronderana ubwira abantu b’umutima nziraburyarya mu cibare cacu, no mu guha agaciro ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu twama turonka. Nimuze kandi dushigikire abatuja imbere twongere tubeho mu buryo buhuye n’ubutumwa dushikiriza. Nitwabigenza gutyo, uretse ko tuzosanga turiko turajana n’ishirahamwe rya Yehova, ntituzokwigera tudebukirwa mu gukora ivyiza!

a Si ko asanzwe yitwa kubera bitashimwe ko amenyekana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika