ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od ikig. 2 rup. 12-16
  • Niwemere uruhara rwa Kristu mu mugambi w’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwemere uruhara rwa Kristu mu mugambi w’Imana
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • URUHARA RWA KRISTU
  • ICO BISOBANURA KWEMERA URUHARA RWA YEZU
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ni kubera iki twokurikira “Kristu”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ubwami bw’Imana—Ubutegetsi Bushasha bw’Isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • ‘Indongozi yanyu ni imwe, ni Kristu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od ikig. 2 rup. 12-16

IKIGABANE CA 2

Niwemere uruhara rwa Kristu mu mugambi w’Imana

“MU NTANGO Imana yaremye amajuru n’isi,” kandi ikintu cose yaremye “cari ciza cane.” (Ita. 1:1, 31) Igihe Yehova yarema abantu, yashaka ko biberaho ibihe vyose bahimbawe. Yamara rero, ubugarariji bwo muri Edeni bwatumye abantu bamara igihe badahimbawe. Ariko ntiwumve, umugambi Yehova yari afitiye isi n’abantu ntiwahindutse. Imana yaramenyesheje ko abantu bagamburuka bakomoka kuri Adamu bocunguwe. Yaramenyesheje kandi ko ugusenga kw’ukuri kwosubijwe umutamana be n’uko yokuyeho wa mubisha n’ibikorwa vyiwe vyose bigayitse. (Ita. 3:15) Ibintu vyosubiye kuba ‘vyiza cane.’ Ivyo Yehova yobiranguye biciye ku Mwana wiwe Yezu Kristu. (1 Yoh. 3:8) Birahambaye cane rero ko twemera uruhara Kristu afise mu mugambi w’Imana.​—Ivyak. 4:12; Flp. 2:9, 11.

URUHARA RWA KRISTU

2 Iyo tuzirikanye uruhara Kristu afise mu mugambi w’Imana, turabona ko rugizwe n’imice myinshi. Nk’akarorero, Yezu ni Umucunguzi, Umuherezi mukuru, Umutwe w’ishengero rya gikirisu, akaba n’Umwami w’Ubwami bw’Imana. Kuzirikana kuri iyo mice biratuma turushiriza gukenguruka umugambi w’Imana, bikanatuma urukundo dukunda Kristu Yezu rwongerekana. Bibiliya iradondora imice imwimwe igize uruhara rwiwe.

Yezu afise uruhara nyamukuru mw’iranguka ry’umugambi Yehova afitiye abantu

3 Igihe Yezu yariko ararangura igikorwa ciwe aha kw’isi, vyaragaragaye ko abantu bagamburuka bosubije hamwe n’Imana biciye kuri we. (Yoh. 14:6) Yaritanze kugira abe incungu ya benshi. (Mat. 20:28) Uruhara rwa Yezu rero ntirugarukira gusa ku karorero keza yatanze mu bijanye no kubaho mu buryo bushimwa n’Imana. Arafise uruhara nyamukuru mw’iranguka ry’umugambi Yehova afitiye abantu. Ni we wenyene ashobora gutuma dusubira gutoneshwa n’Imana. (Ivyak. 5:31; 2 Kor. 5:18, 19) Urupfu rwiwe rwo kwitanga hamwe n’izuka ryiwe vyarahaye abantu bagamburuka akaryo ko kuronka imihezagiro yamaho, bayobowe n’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru.

4 Kubera ko Yezu ari Umuherezi mukuru, arashoboye “gusangira natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu” no gutuma abayoboke biwe baharirwa ivyaha. Intumwa Paulo yavuze ati: “Umuherezi mukuru dufise [si] uwudashobora gusangira natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu, ahubwo ni uwagejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo ntiyagira igicumuro.” Paulo yaciye aremesha abizera Yezu Kristu kwungukira bimwe bishitse kuri iyo ntunganyo yo gusubiza hamwe n’Imana, mu kuvuga ati: “Twegere rero intebe y’ubuntu ata wari abukwiriye dufise umwidegemvyo wo kuvuga, kugira duhabwe imbabazi twongere turonke ubuntu ata wari abukwiriye kugira dutabarwe ku gihe nyaco.”​—Heb. 4:14-16; 1 Yoh. 2:2.

5 Yezu kandi ni Umutwe w’ishengero rya gikirisu. Cokimwe n’abayoboke biwe bo mu kinjana ca mbere, nta ndongozi y’umuntu dukeneye muri iki gihe. Yezu aratanga ubuyobozi biciye ku mpwemu nyeranda no ku bungere batobato, bano bakaba bafise ico bazobazwa na we hamwe na Se wiwe ku kuntu bitwararika ubusho bw’Imana. (Heb. 13:17; 1 Pet. 5:2, 3) Ku vyerekeye Yezu, Yehova yari yaravuze imbere y’igihe ati: “Raba! Namutanze nk’icabona ku miryango y’amahanga, nk’indongozi n’umutware ku miryango y’amahanga.” (Yes. 55:4) Yezu yaremeje ko ubwo buhanuzi bwarangutse igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Eka mbere ntimukitwe ‘indongozi,’ kuko Indongozi yanyu ari imwe, ni Kristu.”​—Mat. 23:10.

6 Yezu arafise umutima ukunze wo kudufasha. Ivyo biragaragarira muri aka kamo adutera ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” (Mat. 11:28-30) Mu guhagarikira ishengero rya gikirisu abigiranye ubwitonzi kandi mu buryo butuma twumva turuhuriwe, Yezu Kristu yarerekanye ko ari “umwungere w’agahebuza” yigana Se wiwe wo mw’ijuru Yehova.​—Yoh. 10:11; Yes. 40:11.

7 Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Abakorinto, yarasiguye uwundi muce w’uruhara rwa Yezu Kristu ati: “Ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe. Mugabo igihe ibintu vyose azoba yabihawe ngo abiganze, ni ho Umwana ubwiwe na we azoyoboka akaganzwa n’Uwamuhaye kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku muntu wese.” (1 Kor. 15:25, 28) Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, iyo mfura mu vyaremwe vyose yari “umukozi w’umuhanga” w’Imana. (Imig. 8:22-31) Igihe Imana yamurungika kw’isi, yama akora ivyo igomba. Yarihanganiye ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi maze apfa ari umwizigirwa kuri Se wiwe. (Yoh. 4:34; 15:10) Kubera ko yagumye ari intahemuka gushika ku rupfu, Imana yaramuzuye ica imuha uburenganzira bwo kuba Umwami mu Bwami bwo mw’ijuru. (Ivyak. 2:32-36) Kubera ko Kristu Yezu ari Umwami, Imana yaramuhaye igikorwa gihambaye co kuyobora abamarayika ibihumbi n’ibihumbi b’ububasha, kugira bakure kw’isi ubutegetsi bw’abantu hamwe n’ubukozi bw’ikibi bwose. (Imig. 2:21, 22; 2 Tes. 1:6-9; Ivyah. 19:11-21; 20:1-3) Ubwami bw’Imana buyobowe na Kristu ni bwo bwonyene buzosigara butegeka isi yose.​—Ivyah. 11:15.

ICO BISOBANURA KWEMERA URUHARA RWA YEZU

8 Yezu Kristu we Karorero kacu aratunganye. Yashinzwe kutwitwararika. Kugira twungukire ku kuntu atwitwararika abigiranye urukundo, turakeneye kuguma turi intahemuka kuri Yehova no kuguma tujana n’ishirahamwe ryiwe riguma ritera imbere.

9 Abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere baremera badakekeranya uruhara Kristu afise mu mugambi w’Imana. Ivyo baravyerekanye mu gukorana mu bumwe bayobowe na Kristu no mu gukurikiza ubuyobozi yatanga biciye ku mpwemu nyeranda. (Ivyak. 15:12-21) Ku vyerekeye ubumwe bwari mw’ishengero ry’abakirisu barobanuwe, intumwa Paulo yanditse ati: “Mu kuvuga ukuri, dukure mu bintu vyose twisunze urukundo, dukurira muri umwe ari umutwe, ni ukuvuga Kristu. Bivuye kuri we umubiri wose, mu kuba ufatanirijwe hamwe ukanywana kandi ugakorera hamwe biciye kw’ifatanirizo ryose ritanga ibikenewe, nk’uko igihimba kimwe cose gikora mu rugero rubereye, urafasha kugira habe ugukura kw’umubiri kugira ngo wiyubake mu rukundo.”​—Ef. 4:15, 16.

10 Igihe umwe wese mu bagize ishengero asenyeye ku mugozi umwe n’abandi kandi bose bagakorana mu bumwe bayobowe na Kristu, ishengero rirongerekana kandi rikarangwa n’urukundo, na rwo rukaba ari “umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”​—Yoh. 10:16; Kol. 3:14; 1 Kor. 12:14-26.

11 Ibintu biba mw’isi bishitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya birerekana neza ko Yezu Kristu yabaye Umwami kuva mu 1914. Ubu araganza hagati y’abansi biwe. (Zab. 2:1-12; 110:1, 2) None ivyo bisigura iki ku bantu bariho muri iki gihe? Yezu agiye kwerekana ko ari Umwami w’abami n’Umukama w’abakama mu gushitsa urubanza Imana yaciriye abansi biwe. (Ivyah. 11:15; 12:10; 19:16) Gutyo, umuhango wo kurokora abantu Yehova yatanze mu ntango ya bwa bugarariji uzorangukira ku bari iburyo bwa Kristu. (Mat. 25:34) Emwe, turahiriwe kubona twemera uruhara Kristu afise mu mugambi w’Imana! Nimuze tugume dufatanye mu nda mu gukora igikorwa kirangurirwa kw’isi yose muri ino misi ya nyuma tuyobowe na Kristu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika