ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/9 rup. 21-25
  • ‘Indongozi yanyu ni imwe, ni Kristu’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Indongozi yanyu ni imwe, ni Kristu’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umuganwa wa Isirayeli w’umumarayika
  • Ya Ndongozi yari yaravuzwe ishika
  • Umucungezi w’ishengero rya gikirisu
  • Kristu atanguza igikorwa co kwamamaza
  • Ingene Yezu arongora ishengero ryiwe
  • Kirisitu Ararongora Ishengero Ryiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yehova arayobora abasavyi biwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Indongozi yacu ikora cane muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Mwoba Mwararonse ‘Impwemu y’Ukuri’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/9 rup. 21-25

‘Indongozi yanyu ni imwe, ni Kristu’

“Ntimukitwe ‘indongozi,’ kuko Indongozi yanyu ari imwe, ni Kristu.”​—MAT. 23:9, 10.

1. Ni nde Ivyabona vya Yehova bemera ko ari Indongozi, kandi kubera iki?

AMADINI y’abiyita abakirisu arafise indongozi z’abantu, nka papa w’i Roma, ba bakuru bo ku rwego rwo hejuru b’amadini y’Aborotodogisi yo muri Aziya yo mu Buseruko be n’ivyegera vyabo, hamwe n’abakuru b’ayandi madini. Ivyabona vya Yehova ntibemera ko hari umuntu n’umwe ari indongozi yabo. Si abigishwa canke abayoboke b’umuntu n’umwe. Ivyo birahuye n’amajambo y’ubuhanuzi Yehova yavuze ku bijanye n’Umwana wiwe, agira ati: “Raba! Namutanze nk’icabona ku miryango y’amahanga, nk’indongozi n’umutware ku miryango y’amahanga.” (Yes. 55:4) Ishengero ry’abakirisu barobanuwe rikwiye kw’isi yose be na bagenzi babo bo mu “zindi ntama” ntibashaka ko hagira uwundi muntu ababera indongozi atari umwe Yehova yabahaye. (Yoh. 10:16) Barashigikira amajambo Yezu yavuze agira ati: “Indongozi yanyu [ni] imwe, ni Kristu.”​—Mat. 23:10.

Umuganwa wa Isirayeli w’umumarayika

2, 3. Ni uruhara ruboneka uruhe Umwana w’Imana yaranguye muri Isirayeli?

2 Hasigaye ibinjana n’ibindi ngo ishengero rya gikirisu rishingwe, Yehova yari afise indongozi y’umumarayika yayobora abasavyi biwe b’Abisirayeli. Yehova amaze gukura Abisirayeli mu Misiri, yababwiye ati: “Ehe ndungitse umumarayika imbere yawe ngo akuzigame ku nzira yongere akuzane ahantu nateguye. Wiyubare kubera we kandi ugamburuke ijwi ryiwe. Ntumugararize, kuko atazobabarira ukugabitanya kwanyu; kubera ko izina ryanje riri muri we.” (Kuv. 23:20, 21) Kwemera yuko uwo mumarayika, uwo ‘izina rya Yehova ryari muri we,’ yari Umwana w’imfura w’Imana, ni ikintu cumvikana.

3 Imbere y’uko Umwana w’Imana avuka ari umuntu nkatwe, biboneka yuko yitwa Mikaheli. Mu gitabu ca Daniyeli, Mikaheli yitwa ‘umuganwa w’ihanga rya Daniyeli,’ ari ryo Isirayeli. (Dan. 10:21) Umwigishwa Yuda avuga yuko Mikaheli yagize ico akoze mu bijanye na Isirayeli imbere cane y’igihe ca Daniyeli. Inyuma y’urupfu rwa Musa, biboneka ko Shetani yagerageje gukoresha ikiziga ciwe kugira ngo yironderere inyungu ziwe mu buryo bunaka, kumbure mu kwosha Isirayeli ngo isenge ibigirwamana. Mikaheli yaragize ico akoze kugira ngo abuze ico kintu. Yuda yigana ati: “Igihe Mikaheli wa mumarayika mukuru yagiranira amatati na Shetani akaba yariko araharira ku vyerekeye ikiziga ca Musa, ntiyubahutse kumucira urubanza mu majambo yo gutukana, ahubwo yavuze ati: ‘Yehova aguhambarire.’” (Yuda 9) Gatoya inyuma y’aho, imbere y’uko igisagara ca Yeriko gisugerezwa, nta gukeka ko Mikaheli, wa “mukuru w’ingabo za Yehova,” ari we yabonekeye Yosuwa kugira ngo amukure amazinda yuko Imana imushigikiye. (Soma Yosuwa 5:13-15.) Igihe idayimoni ikomeye imwe yagerageza kubuza umumarayika ngo ntashikirize umuhanuzi Daniyeli ubutumwa buhambaye, Mikaheli wa mumarayika mukuru yaraje gufasha uwo mumarayika.​—Dan. 10:5-7, 12-14.

Ya Ndongozi yari yaravuzwe ishika

4. Ni ubuhanuzi ubuhe bwatanzwe ku bijanye n’ukuza kwa Mesiya?

4 Imbere y’uko ico kintu kiba, Yehova yari yararungitse umumarayika wiwe Gaburiyeli ku muhanuzi Daniyeli ngo amushikirize ubuhanuzi bwerekeye ukuza kwa “Mesiya Indongozi.” (Dan. 9:21-25)a Ku gihe nyene cari caravuzwe, mu mpera y’umwaka wa 29 G.C., Yezu yarabatijwe na Yohani. Impwemu nyeranda yarasutswe kuri Yezu, bituma aba Uwarobanuwe, ni ukuvuga Kristu canke Mesiya. (Mat. 3:13-17; Yoh. 1:29-34; Gal. 4:4) Kubera ko yari Mesiya, yobaye Indongozi iruta izindi zose.

5. Kristu yakoze gute nk’Indongozi mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi?

5 Kuva mu ntango y’ubusuku bwa Yezu bwo kw’isi, yaragaragaye ko ari “Mesiya Indongozi.” Haciye igihe gito, yaratanguye gutororokanya abigishwa, kandi yarakoze igitangaro ciwe ca mbere. (Yoh. 1:35–2:11) Abigishwa biwe baramukurikira igihe yaba ariko aragira ingendo hirya no hino mu gihugu, yamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Luka 8:1) Yarabamenyereje mu gikorwa co kwamamaza yongera arabaja imbere mu kwamamaza no mu kwigisha, aba abahaye akarorero keza. (Luka 9:1-6) Abakurambere bakirisu muri kino gihe barakwiye kumwigana muri uwo muce.

6. Kristu yerekanye gute ko ari Umwungere akaba n’Indongozi?

6 Yezu yarerekanye uwundi muce ujanye no kuba yari Indongozi mu kwigereranya n’umwungere munyarukundo. Abungere bo muri Aziya yo mu Buseruko bararōngōra nya kurōngōra imikuku yabo. Mu gitabu kimwe (The Land and the Book,) uwitwa W. M. Thomson yanditse ati: “Umwungere aja imbere, atari gusa kugira ngo yerekane inzira, ariko kandi kugira ngo arabe yuko iyo nzira ari nziza be n’uko ata kaga irimwo. . . . Akoresheje inkoni [yiwe] arayobora umukuku akawujana mu bwatsi butotahaye, akongera akawukingira abansi.” Mu kwerekana ko ari Umwungere nyakuri be n’Indongozi nyakuri, Yezu yavuze ati: “Ni jewe mwungere w’agahebuza; umwungere w’agahebuza arigura intama. Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, nanje ndazizi kandi zirankurikira.” (Yoh. 10:11, 27) Mu guhuza n’ayo majambo yavuze, Yezu yarapfuye urupfu rwo kwitangako inkuka ku bw’intama ziwe, ariko Yehova “yaramushize hejuru . . . aba Imboneza n’Umukiza.”​—Ivyak. 5:31; Heb. 13:20.

Umucungezi w’ishengero rya gikirisu

7. Yezu acungera ishengero rya gikirisu biciye ku ki?

7 Imbere gatoyi y’uko Yezu uwari yazutse aduga mw’ijuru, yabwiye abigishwa biwe ati: “Ububasha bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.” (Mat. 28:18) Yehova yaratumye Yezu aha abigishwa biwe impwemu nyeranda kugira ngo abakomeze mu kuri kwa gikirisu. (Yoh. 15:26) Yezu yasutse iyo mpwemu ku bakirisu bo mu ntango kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. (Ivyak. 2:33) Igihe iyo mpwemu nyeranda yasukwa, ishengero rya gikirisu ryari rishinzwe. Yehova yaragenye Umwana wiwe ngo arongore ari mw’ijuru ishengero rya gikirisu ryo kw’isi. (Soma Abanyefeso 1:22; Abakolosayi 1:13, 18.) Yezu ayobora ishengero rya gikirisu biciye ku mpwemu nyeranda ya Yehova, kandi arakoresha abamarayika ‘yahawe ngo abaganze.’​—1 Pet. 3:22.

8. Ni bande Kristu yakoresheje kw’isi mu kinjana ca mbere kugira ngo ayobore abigishwa biwe, kandi ni bande ariko arakoresha muri iki gihe?

8 Biciye kandi ku mpwemu nyeranda, Kristu yaratanze “abagabo b’ingabirano,” bamwe “ngo babe abungere n’abigisha” mw’ishengero. (Ef. 4:8, 11) Intumwa Paulo yahimirije abacungezi bakirisu ati: “Mwirinde ubwanyu, murinde n’ubusho bwose, ubwo impwemu nyeranda yabagenyemwo kuba abacungezi, ngo muragire ishengero ry’Imana.” (Ivyak. 20:28) Igihe ishengero rya gikirisu ryatangura, abo bacungezi bose bari abagabo barobanujwe impwemu. Intumwa be n’abakurambere bo mw’ishengero ry’i Yeruzalemu bari bagize inama nyobozi. Kristu yarakoresheje iyo nama nyobozi kugira ngo ayobore umugwi wose wa “bene wabo” barobanuwe bo kw’isi. (Heb. 2:11; Ivyak. 16:4, 5) Muri kino gihe c’iherezo, “ivyo [Kristu] atunze vyose,” ni ukuvuga ibintu vyose vyungura Ubwami vyo kw’isi, yabishinze “umushumba [wiwe] w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” be n’Inama Nyobozi imuserukira, ino ikaba ari umugwi w’abagabo bakirisu barobanuwe. (Mat. 24:45-47) Abarobanuwe be na bagenzi babo bo mu zindi ntama baremera yuko mu gukurikiza ubuyobozi butangwa n’Inama Nyobozi yo muri iki gihe, baba mu bisanzwe bariko barakurikira Indongozi yabo Kristu.

Kristu atanguza igikorwa co kwamamaza

9, 10. Kristu yayoboye gute ibintu mu ntumbero yo gutuma inkuru nziza y’Ubwami ikwiragira?

9 Kuva mu ntango, Yezu ubwiwe yarayoboye igikorwa co kwamamaza no kwigisha kirangurirwa kw’isi yose. Yarashizeho urutonde rwokurikijwe mu gushikiriza abantu bo kw’isi inkuru nziza y’Ubwami. Mu gihe c’ubusuku bwiwe, yategetse intumwa ziwe ati: “Ntimuje mu nzira y’amahanga, kandi ntimwinjire mu gisagara c’Abasamariya; ahubwo mugume muja ku ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli. Uko mugenda, mwamamaze, muti: ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.’” (Mat. 10:5-7) Barakoranye umwete ico kintu mu Bayuda no mu bahindukiriye idini ry’Abayuda, na canecane inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C.​—Ivyak. 2:4, 5, 10, 11; 5:42; 6:7.

10 Mu nyuma, Yezu abicishije ku mpwemu nyeranda, yaraguye igikorwa co kwamamaza Ubwami kirashika ku Basamariya, mu nyuma na ho ku batari Abayuda. (Ivyak. 8:5, 6, 14-17; 10:19-22, 44, 45) Yezu afise intumbero yo gutuma inkuru nziza ikwiragira mu mahanga, we ubwiwe yaragize ico akoze kugira ngo avyurire umutima Sauli w’i Taruso ngo abe umukirisu. Yezu yategetse umwigishwa wiwe Ananiya ati: “Haguruka, ugende kw’ibarabara ryitwa Irigororotse, hanyuma ku nzu ya Yuda urondere umuntu yitwa Sauli w’i Taruso. . . . Genda, kubera ko uwo muntu ari icombo nitoreye ngo ashingire intahe izina ryanje ku mahanga no ku bami no kuri bene Isirayeli.” (Ivyak. 9:3-6, 10, 11, 15) “Uwo muntu” yahavuye aba intumwa Paulo.​—1 Tim. 2:7.

11. Kristu abicishije ku mpwemu nyeranda, yaguye gute igikorwa co kwamamaza?

11 Igihe kigeze c’uko igikorwa co kwamamaza Ubwami mu mahanga y’abatari Abayuda cagurwa, impwemu nyeranda yarategetse Paulo ari mu ngendo z’ubumisiyonari muri Aziya Ntoyi be n’ahandi ngo yinjire i Buraya. Inkuru ya Luka iri mu Vyakozwe ivuga iti: “Igihe [abahanuzi bakirisu be n’abigisha bakirisu bo mw’ishengero ry’i Antiyokiya h’i Siriya] bariko barakorera Yehova ku mugaragaro bongera bisonzesha, impwemu nyeranda ivuga iti: ‘Mu bantu bose nimunshirire ku ruhande Barunaba na Sauli ku bw’igikorwa nabahamagariye.’ Maze barisonzesha, barasenga, babarambikako ibiganza, baraheza barabareka baragenda.” (Ivyak. 13:2, 3) Yezu ni we yari yihamagariye Sauli w’i Taruso kugira ngo abe ‘icombo yitoreye’ ngo atware izina ryiwe mu mahanga; ku bw’ivyo rero, ico kintu gishasha catumye igikorwa co gushinga intahe kirushiriza gutera imbere cavuye kuri Kristu, we Ndongozi y’ishengero. Kuba Yezu akoresha impwemu nyeranda kugira ngo ayobore igikorwa vyaratomotse ata kwihenda mu rugendo rugira kabiri Paulo yagize rw’ubumisiyonari. Inkuru yerekeye ico kintu ivuga yuko “impwemu ya Yezu,” ni ukuvuga Yezu abicishije ku mpwemu nyeranda, yayoboye Paulo n’abo bari kumwe mu rugendo mu bijanye no guhitamwo inzira bojana, kandi bareretswe ibintu vyatumye baja i Buraya.​—Soma Ivyakozwe 16:6-10.

Ingene Yezu arongora ishengero ryiwe

12, 13. Igitabu c’Ivyahishuwe cerekana gute yuko Kristu akurikiranira hafi ibibera mw’ishengero rimwerimwe ryose?

12 Yezu yarakurikiranira hafi ivyariko birabera mu mashengero y’abayoboke biwe barobanuwe bo mu kinjana ca mbere G.C. Yari azi neza cane ukuntu ishengero rimwerimwe ryose ryifashe mu vy’impwemu. Ivyo biragaragara igihe dusomye mu Vyahishuwe ikigabane ca 2 n’ica 3. Aravuga amazina y’amashengero indwi, yose akaba yari muri Aziya Ntoyi. (Ivyah. 1:11) Turafise imvo zumvikana zo kwemera yuko yari azi muri ubwo buryo nyene ukuntu ayandi mashengero y’abayoboke biwe bo kw’isi bo muri ico gihe yari amerewe mu vy’impwemu.​—Soma Ivyahishuwe 2:23.

13 Yezu yarakeje amwe muri ayo mashengero kubera ukwihangana kwayo, ukutadohoka kwayo mu bigeragezo, ukudahemukira ijambo ryiwe be n’ukwiyamiriza abahuni. (Ivyah. 2:2, 9, 13, 19; 3:8) Ariko rero, yarahanuye ashimitse amashengero atari make kubera yuko urukundo yamukunda rwari rwarakanye, akaba yararekerana ivyo gusenga ibigirwamana n’ubusambanyi hamwe n’ivyo kwicamwo imice. (Ivyah. 2:4, 14, 15, 20; 3:15, 16) Kubera ko Yezu ari umucungezi munyarukundo wo mu vy’impwemu, mbere n’abo yahaye impanuro zikomeye, yababwiye ati: “Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero. Nugire umwete rero, wigaye.” (Ivyah. 3:19) Naho Yezu yari mw’ijuru, yariko arayobora amashengero y’abigishwa biwe bo kw’isi abicishije ku mpwemu nyeranda. Igihe yariko arasozera ubutumwa yahaye ayo mashengero, yavuze ati: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”​—Ivyah. 3:22.

14-16. (a) Yezu yagaragaye gute ko ari Indongozi y’umutima rugabo y’abasavyi ba Yehova bo kw’isi? (b) Kuba Yezu ari “kumwe” n’abigishwa biwe “imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi” vyavuyemwo iki? (c) Ni igiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

14 Twabonye yuko Mikaheli (ari we Yezu) yagaragaye ko ari Indongozi y’umumarayika y’intwari ya Isirayeli. Mu nyuma, Yezu yarabaye Indongozi y’umutima rugabo be n’Umwungere munyarukundo w’abigishwa biwe bo mu ntango. Mu kiringo c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi, yaragiye imbere mu gikorwa co kwamamaza. Kandi amaze kuzuka, yaracungereye neza ikwiragizwa ry’inkuru nziza y’Ubwami.

15 Yezu abicishije ku mpwemu nyeranda, amaherezo yokwaguye igikorwa co gushinga intahe kigashika ku mpera z’isi. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako, kandi muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8; soma 1 Petero 1:12.) Intahe ikomeye yarashinzwe mu kinjana ca mbere biciye ku buyobozi bwatanzwe na Kristu.​—Kol. 1:23.

16 Ariko Yezu ubwiwe yarerekanye yuko ico gikorwa cobandanije gushika mu gihe c’iherezo. Yezu amaze gushinga abayoboke biwe igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa mu mahanga yose, yabasezeraniye ati: “Ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 28:19, 20) Kuva aho Kristu aronkeye ububasha bw’ubwami mu 1914, ari “kumwe” n’abigishwa biwe akongera agakora ari Indongozi yabo kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Igikorwa gikomeye akora kuva mu 1914 tuzocihweza mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba ushaka ikiganiro kivuga ibijanye n’ubwo buhanuzi, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel!

Mu buryo bw’isubiramwo

• Umwana w’Imana yagaragaye gute ko ari Indongozi ikora cane ya Isirayeli?

• Kristu ayobora ishengero ryiwe ryo kw’isi biciye ku ki?

• Kristu yayoboye gute ikwiragizwa ry’inkuru nziza?

• Ni igiki cerekana ko Kristu akurikiranira hafi ukuntu ishengero rimwerimwe ryose ryifashe mu vy’impwemu?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 21]

“Ndungitse umumarayika imbere yawe”

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 23]

Nk’uko vyari biri muri kahise, Kristu arakoresha “abagabo b’ingabirano” kugira ngo baragire umukuku wiwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika