Kirisitu Ararongora Ishengero Ryiwe
“Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku [“nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu,” NW].”—MATAYO 28:20.
1, 2. (a) Igihe yatanga ibwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa, Yezu yazutse yasezeraniye iki abayoboke biwe? (b) Yezu ni gute yarongoye ishengero rya gikirisu ryo mu ntango abigiranye umwete?
IMBERE yuko aduga mw’ijuru, Yezu Kirisitu, indongozi yacu yazuwe, yarabonekeye abigishwa biwe maze avuga ati: “Nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi. Nuko ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku [“nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu,” NW].”—Matayo 23:10, NW; Mt 28:18-20.
2 Yezu ntiyashinze abigishwa biwe gusa igikorwa kirokora ubuzima co guhindura abantu benshi abigishwa mugabo kandi yabasezeraniye ko azoba ari kumwe na bo. Kahise k’Ubukirisu bwo mu ntango, nk’uko vyanditse mu gitabu ca Bibiliya c’Ivyakozwe, karerekana neza yuko Kirisitu yakoresheje ubukuru yahawe kugira ngo arongore ishengero rishasha ryari riherutse gushingwa. Yararungitse “umwitsa” yari yarasezeranye, ari yo mpwemu yera, kugira ngo akomeze abayoboke biwe yongere ayobore utwigoro twabo. (Yohana 16:7; Ivyakozwe 2:4, 33; 13:2-4; 16:6-10) Yezu yazutse yarakoresheje abamarayika atwara kugira bashigikire abigishwa biwe. (Ivyakozwe 5:19; 8:26; 10:3-8, 22; 12:7-11; 27:23, 24; 1 Petero 3:22) Vyongeye, Indongozi yacu yaratanze ubuyobozi ku mashengero mu gushiraho abagabo bakwije ibisabwa kugira ngo bakore bwa nama nyobozi.—Ivyakozwe 1:20, 24-26; 6:1-6; 8:5, 14-17.
3. Ni ibibazo ibihe biza kuganirwako muri iki kiganiro?
3 Ariko none, tuvuge iki ku vyerekeye igihe cacu, c’“insozero y’urunkwekwe rw’ibintu”? Yezu Kirisitu ariko arongora ishengero rya gikirisu gute muri iki gihe? Kandi dushobora kwerekana gute yuko twemera uburongozi bwiwe?
Databuja Arafise Umushumba w’Umwizerwa
4. (a) Ni bande bagize wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”? (b) Databuja yashinze wa mushumba kwitwararika iki?
4 Igihe yashikiriza ubuhanuzi bwerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe, Yezu yavuze ati: “None ni nde mushumba w’[“umwizerwa kandi w’incabwenge, NW”] shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw’abagaburire igihe kigeze? Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’afise vyose.” (Matayo 24:45-47) ‘Databuja’ ni Indongozi yacu, Yezu Kirisitu, kandi yaragenye “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” ni ukuvuga umugwi w’Abakirisu basizwe bari kw’isi, yitwararika ibintu vyiwe vyose biri kw’isi.
5, 6. (a) Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, vya “biterekwakw amatara ndwi vy’izahabu” na za “nyenyeri ndwi” bigereranya iki? (b) Kuba za “nyenyeri ndwi” ziri mu kuboko kw’i buryo kwa Yezu vyerekana iki?
5 Igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kirerekana yuko umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge ahagarikiwe neza na neza na Yezu Kirisitu. Mw’iyerekwa ryerekeye “umusi w’Umukama,” (UB) intumwa Yohani yabonye “ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu, kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara [a]bona uwusa n’Umwana w’umuntu” yari “[afise] mu kuboko kwiwe kw’i buryo . . . inyenyeri ndwi.” Yezu mu gusigurira Yohani iryo yerekwa, yavuze ati: “Ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu: inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.”—Ivyahishuriwe 1:1, 10-20.
6 “Ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu” bigereranya amashengero yose y’Abakirisu nyakuri yariho ku “musi w’Umukama,” ukaba watanguye mu 1914. Mugabo tuvuge iki ku vyerekeye “inyenyeri ndwi”? Ubwa mbere, zigereranya abacungenzi bose bavyawe n’impwemu, basizwe, bitwararika amashengero yo mu kinjana ca mbere.a Abacungenzi bari mu kuboko kw’i buryo kwa Yezu, ni ukuvuga ko ari we yabahagarikira akongera akabayobora. Emwe, Kirisitu Yezu yararongoye abo bari bagize umugwi w’umushumba. Ariko rero, muri iki gihe abacungezi basizwe igitigiri cabo ni gitoyi. Uburongozi bwa Kirisitu bushika gute ku mashengero arenga 93.000 y’Ivyabona vya Yehova ari hirya no hino ku mubumbe?
7. (a) Yezu akoresha gute Inama Nyobozi kugira ngo itange uburongozi mu mashengero yose yo kw’isi? (b) Ni kuki dushobora kuvuga yuko abacungezi b’Abakirisu bagenwa n’impwemu yera?
7 Cokimwe no mu kinjana ca mbere, hari umugwi mutoyi ugizwe n’abagabo bakwije ibisabwa bavuye mu bacungezi basizwe ubu bakora bwa Nama Nyobozi, iserukira abagize wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Indongozi yacu ikoresha iyo Nama Nyobozi kugira ngo igene abagabo bakwije ibisabwa, baba ari abasizwe impwemu canke ari abatasizwe impwemu, ngo babe abakurambere mu mashengero y’aho baba. Impwemu yera, Yezu yahaweko uburenanzira na Yehova ngo ayikoreshe, iragira uruhara ruhambaye muri ivyo. (Ivyakozwe 2:32, 33) Imbere ya vyose, abo bacungezi bategerezwa gushitsa ibisabwa vyanditswe mw’Ijambo ry’Imana, ryahumetswe n’impwemu yera. (1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9; 2 Petero 1:20, 21) Amarata be n’amagena, agirwa hamaze gutangwa isengesho kandi agirwa ayobowe n’impwemu yera. Ikigeretseko, abantu bagenwa baratanga ikimenyamenya c’uko bama ivyamwa vy’iyo mpwemu. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Impanuro ya Paulo rero, irerekeye abakurambere bose, baba abasizwe canke abatasizwe. Igira iti: “Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose, [“muri bwo impwemu yera ikaba yaragenye mwebwe, mube abacungezi,” NW].” (Ivyakozwe 20:28) Abo bagabo bagenwe bararonka ubuyobozi buvuye ku Nama Nyobozi kandi bakaragira ishengero babigiranye umutima ukunze. Muri ubwo buryo, Kirisitu ari kumwe natwe muri iki gihe kandi ariko ararongora ishengero abigiranye umwete.
8. Kirisitu akoresha abamarayika gute kugira ngo barongore abayoboke biwe?
8 Yezu kandi arakoresha abamarayika nya bamarayika kugira ngo arongore abayoboke biwe muri iki gihe. Nk’uko wa mugani w’uburo n’urwamfu uvyerekana, igihe c’iyimbura coje ku “nsozero ry’urunkwekwe rw’ibintu.” Ni bande Databuja yokoresheje kugira ngo bagire iryo yimbura? Kirisitu yavuze ati: “Ab[imbuzi] n’abamarayika.” Yongeyeko ati: “Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.” (Matayo 13:37-41) Vyongeye, nka kurya umumarayika yayoboye intambuko za Filipo kugira ngo aronke inkone y’Umunyetiyopiya, ni ko hariho ibimenyamenya vyinshi muri iki gihe vyerekana yuko Kirisitu akoresha abamarayika biwe kugira ngo bayobore igikorwa c’Abakirisu nyakuri mu vyo kumenya ahari abantu b’imitima nziraburyarya.—Ivyakozwe 8:26, 27; Ivyahishuriwe 14:6.
9. (a) Kirisitu arongora ishengero rya gikirisu muri iki gihe akoresheje iki? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kurimbura nimba dushaka kwungukira ku burongozi bwa Kirisitu?
9 Ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kumenya yuko Yezu Kirisitu arongora abigishwa biwe muri iki gihe biciye ku Nama Nyobozi, ku mpwemu yera no ku bamarayika! Naho nyene bamwebamwe mu basenga Yehova boshobora kudahanahana amakuru n’Inama Nyobozi mu gihe gitoyi kubera uruhamo canke kubera ibindi bituma nk’ivyo, Kirisitu yoguma abarongora biciye ku mpwemu yera no ku gushigikirwa n’abamarayika. Ariko rero, twungukira ku burongozi bwiwe igihe gusa tubwakiriza yompi. Twokwerekana gute yuko twakiriza yompi koko uburongozi bwa Kirisitu?
‘Nimube Abumvira . . . Nimube Abagamburuka’
10. Dushobora kwerekana gute ko dusonera abakurambere bagenywe mw’ishengero?
10 Indongozi yacu yarahaye amashengero “abantu b’ingabirano,” (NW) “bamwe . . . kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha.” (Abanyefeso 4:8, 11, 12) Agatima tubagaragariza be n’ivyo tubakorera birahishura nimba twemera uburongozi bwa Kirisitu. Birabereye yuko ‘twama dukenguruka’ kubera abantu bakwije ibisabwa mu buryo bw’impwemu Kirisitu yatanze. (Ab’i Kolosayi 3:15) Barakwiriye kandi yuko tububaha. Intumwa Paulo yanditse ati: “[“Abagabo b’inararibonye bahagarikira,” NW] neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabga icubahiro kirushiriza.” (1 Timoteyo 5:17) Dushobora kugaragaza gute yuko dukenguruka kandi twubaha abagabo b’inararibonye, ni ukuvuga abakurambere canke abacungezi bari mw’ishengero? Paulo yishura ati: “Mwumvire ababaganza, mubagamburukire.” (Abaheburayo 13:17) Emwe, dutegerezwa kubumvira, kubagamburukira no kuborohera.
11. Ni kuki kwubaha indinganizo abakurambere bashiraho ari ikibazo kijanye no kubaho twisunga ukubatizwa kwacu?
11 Indongozi yacu ntigira agasembwa. Abantu yatanze bwa ngabirano bo barafise agasembwa. Rero, barashobora guhuba rimwe na rimwe. Yamara, birahambaye yuko tuguma turi intadohoka ku ndinganizo ya Kirisitu. Kukaba nkako, kubaho twisunga ukwiyegura kwacu no kubatizwa kwacu bisobanura yuko twemera icese ubukuru bushirwaho n’impwemu mw’ishengero kandi tukabugamburuka tubigiranye umutima ukunze. Ukubatizwa kwacu ‘mw’izina ry’impwemu yera’ ni ukwerekana ku mugaragaro yuko twemera icese impwemu yera kandi ko twemera uruhara ifise mu migambi ya Yehova. (Matayo 28:19) Ibatisimu nk’iyo yerekana yuko dusenyera ku mugozi umwe n’iyo mpwemu kandi ko ata co dukora kiyibuza gukorera mu bayoboke ba Kirisitu. Kubera ko impwemu yera igira uruhara ruhambaye mu vyo kurata no kugena abakurambere, twoba vy’ukuri dushobora kuvuga yuko turi abizerwa ku kwiyegura kwacu nimba tunanirwa guhuza n’indinganizo abakurambere bashiraho mw’ishengero?
12. Ni uburorero ubuhe bwerekeye ukutubaha ubukuru Yuda avuga, kandi butwigisha iki?
12 Ivyanditswe birimwo uburorero butwigisha agaciro ko kwumvira no kugamburuka. Mu kuvuga ivyerekeye abantu bavuga nabi abantu bagenwe mw’ishengero, umwigishwa Yuda yadomye urutoke ku burorero butatu bw’imburizi, ati: “Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bga Balamu kubg’amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora.” (Yuda 11) Kayini yarirengagije impanuro iranga urukundo ya Yehova maze arakurikirana n’ibigirankana ingendo y’urwanko rw’ubwicanyi. (Itanguriro 4:4-8) Naho yaguma aza araronka imburizi z’Imana, Balamu yaravumye igisata c’Imana kugira aherwe amahera. (Guharūra 22:5-28, 32-34; Gusubira mu Vyagezwe 23:5) Kora yari afise ibanga ryiwe bwite ryiza muri Isirayeli, mugabo kuri we ntiryari rihagije. Yaravyuye ukugarariza umusavyi w’Imana Musa, umuntu yari umugwaneza kurusha abantu bose bo mw’isi. (Guharūra 12:3; 16:1-3, 32, 33) Kayini, Balamu na Kora barashikiwe n’ivyago. Ese ukuntu ubwo burorero butwigisha mu buryo bukabura kugira ngo twumvirize impanuro y’abantu Yehova akoresha bafise amabanga twongere tububahe!
13. Ni imihezagiro iyihe umuhanuzi Yesaya yari yarabuye ku bantu bagamburuka indinganizo yerekeye abakurambere?
13 Ni nde atoshaka kwungukira ku ndinganizo ihambaye y’ubucungezi Indongozi yacu yatanguje mw’ishengero rya gikirisu? Umuhanuzi Yesaya yari yarabuye imihezagiro bwozanye, avuga ati: “Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye. Kandi mur’abo, uw’ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.” (Yesaya 32:1, 2) Umwe wese mu bakurambere ategerezwa kuba nk’aho ‘hantu’ h’uburinzi kandi hatagira inkomanzi. Naho nyene kugamburuka ubukuru bitugora, nimuze twimenyereze tubijanisha n’isengesho kwumvira hamwe no kugamburuka ubukuru bwashizweho n’Imana mw’ishengero.
Ukuntu Abakurambere Bagamburuka Uburongozi bwa Kirisitu
14, 15. Abaja imbere abandi mw’ishengero berekana gute yuko bagamburuka uburongozi bwa Kirisitu?
14 Umukirisu wese, canecane abakurambere, ategerezwa gukurikira uburongozi bwa Kirisitu. Abacungezi canke abakurambere barafise urugero runaka rw’ubukuru mw’ishengero. Mugabo ntibarondera kuganza ‘ukwizera kw’abo basangiye ukwemera’ mu kugerageza gukontorora ubuzima bwabo. (2 Ab’i Korinto 1:24) Abakurambere barashira ku mutima amajambo ya Yezu agira ati: “Murazi yukw abaganwa b’amahanga bayatwaza amanyama, kandi n’abakuru bayo bayagirak’ububasha. Muri mwebge si ko biri.” (Matayo 20:25-27) Igihe abakurambere barangura ibanga ryabo, bagerageza gukorera abandi bivuye ku mutima.
15 Abakirisu bahimirizwa uku: “Mwibuke abābaganza, . . . mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.” (Abaheburayo 13:7) Ivyo ntibisabwa kubera abakurambere ari indongozi zacu. Yezu yavuze ati: ‘[“Indongozi,” NW] yanyu ni umwe, ni Kristo.’ (Matayo 23:10) Ukwizera kw’abakurambere ni kwo dukwiye kwigana kubera bigana Indongozi yacu nyakuri, ari yo Kirisitu. (1 Ab’i Korinto 11:1) Rimbura uburyo bumwebumwe abakurambere bihatira kumera nka Kirisitu mu bucuti bagiranira n’abandi mw’ishengero.
16. Naho yari afise ubukuru, Yezu yafashe gute abayoboke biwe?
16 Naho nyene Yezu yasumba abantu b’abanyagasembwa mu buryo bwose kandi akaba yari afise ubukuru ntagereranywa yahawe na Se, yarifata ruto mu vyo yagirana n’abigishwa biwe. Ntiyananiza abamwumviriza akoresheje ubumenyi bw’igitangaza. Yezu yaragaragarije inyiyumvo be n’imbabazi abayoboke biwe, aritwararika ivyo bakenera. (Matayo 15:32; 26:40, 41; Mariko 6:31) Ntiyigeze asaba abigishwa biwe ibiruta ivyo bashobora gutanga, kandi ntiyigeze abikoreza ivyo badashobora gutwara. (Yohana 16:12) Yezu yari umuntu w’“umugwaneza, [y]iyoroheje mu mutima.” Ntibitangaje rero kubona benshi barumva ko abaruhurira.—Matayo 11:28-30.
17. Abakurambere bakwiye kugaragaza ukwifata ruto nk’ukwa Kirisitu gute mu bucuti bagiranira n’abandi mw’ishengero?
17 Nimba Kirisitu Indongozi yaragaraje ukwifata ruto, mbega abatuja imbere mw’ishengero na bo ntibakwiye kurushiriza! Emwe, bariyubara kugira ngo ntibakoreshe nabi mu buryo na bumwe ubukuru bahawe. Kandi ntibigira “agakūra mu majambo,” ngo bagerageze gutangaza abandi. (1 Ab’i Korinto 2:1, 2) Ahubwo, bihatira kuvuga amajambo yerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe mu buryo busanzwe kandi butarimwo uburyarya. Ikigeretseko, abakurambere barihatira kuba abagira ibitegereka mu vyo bitega ku bandi kandi bakitwararika ivyo bakeneye. (Ab’i Filipi 4:5) Kumenya yuko umuntu wese afise aho ubushobozi bwiwe bugarukira, bituma bitwararikana urukundo ico kintu mu buryo bafata abavukanyi babo. (1 Petero 4:8) None abakurambere bicisha bugufi kandi b’abagwaneza si bo vy’ukuri baruhura? Bararuhura koko.
18. Abakurambere bashobora kwigira iki mu kuntu Yezu yafata abana?
18 Yezu yari umuntu yegereka kandi yoroshe gushikira, mbere no ku bantu batobato. Rimbura ukuntu yishuye igihe abigishwa bakankamira abantu kubera “bamuzanira abana bato.” Yezu yavuze ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze.” Maze “arabarera, arabahezagira, abarambitsekw ibiganza. (Mariko 10:13-16) Yezu yari afise igishika n’ubuntu, n’abandi barakwegerwa kuza kuri we. Abantu ntibatinya Yezu. Mbere n’abana bumva bamerewe neza ariho ari. Abakurambere na bonyene baregereka, kandi uko bagaragaza urukundo n’ubuntu birangwa n’igishika, abandi bumva bamerewe neza bari kumwe na bo, eka mbere n’abana.
19. Kugira “ivyiyumviro vya Kristo birimwo ibiki,” kandi ni akigoro akahe ivyo bisaba?
19 Urugero abakurambere bashikako mu kwigana Kirisitu Yezu ruva ku rugero bamuziko. Paulo yabajije ati: “Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy’Uhoraho ngo yigishe Uhoraho?” Maze yongeyeko ati: “Ariko twebge dufise ivyiyumviro vya Kristo.” (1 Ab’i Korinto 2:16) Kugira ivyiyumviro vya Kirisitu birimwo kumenya uburyo yiyumvira be n’imice yose ya kamere ziwe kugira ngo tumenye ico yokora mu gihe kinaka. Iyumvire kumenya Indongozi yacu neza! Erega, ivyo bisaba kwitwararika rwose inkuru zo mu Njili no kwuzuza ubudahengeshanya imizirikanyi yacu ugutahura ubuzima bwa Yezu n’akarorero kiwe. Igihe abakurambere bagize akigoro ko gukurikira uburongozi bwa Kirisitu ku rugero nk’urwo, abo mw’ishengero baca barushiriza guhengamira ku kwigana ukwizera kwabo. Kandi abakurambere barumva bashize akanyota kubona abandi bagera ikirenge mu c’Indongozi babigiranye akanyamuneza.
Barabandanya Kugamburuka Uburongozi bwa Kirisitu
20, 21. Uko duhanga amaso isi nshasha yasezeranywe, umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe?
20 Birahambaye yuko twese tuguma tugamburuka uburongozi bwa Kirisitu. Uko twegereza iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu, uko ivyacu vyifashe bigereranywa n’uko ivy’Abisirayeli vyari vyifashe igihe bari mu Biyaya vy’i Mowabu mu 1473 B.G.C. Bari ku rwinjiriro rw’Igihugu c’Isezerano, kandi biciye ku muhanuzi Musa, Imana yamenyesheje iti: “Wewe [Yosuwa] uzojana aba bantu mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha.” (Gusubira mu Vyagezwe 31:7, 8) Yosuwa yari indongozi yagenywe. Kugira ngo binjire mu Gihugu c’Isezerano, Abisirayeli bategerezwa kugamburuka uburongozi bwa Yosuwa.
21 Kuri twebwe, Bibiliya ivuga iti: ‘Indongozi yanyu ni umwe, ni Kristo.’ Kirisitu wenyene ni we azoturongora mw’isi nshasha yasezeranywe aho ukugororoka kuzoba. (2 Petero 3:13) Nimuze rero twiyemeze kugamburuka uburongozi bwiwe mu mice yose y’ubuzima.
[Akajambo k’epfo]
a “Inyenyeri” hano ntizigereranya abamarayika nya bamarayika. Nta nkeka ko Yezu atokoresha umuntu kugira ngo atange amakuru ayaha ibiremwa vy’impwemu bitaboneka. “Inyenyeri” zitegerezwa rero kuba zigereranya abacungezi b’abantu, canke abakurambere, mu mashengero, babonwa ko ari abatumwe na Yezu. Kuba igitigiri cabo ari indwi dukurikije uko Imana ibona ibintu bisigura ikintu cuzuye.
Woba Uvyibuka?
• Kirisitu yarongora gute ishengero ryo mu ntango?
• Kirisitu arongora gute ishengero ryiwe muri iki gihe?
• Ni kuki dukwiye kugamburukira abatuja imbere mw’ishengero?
• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe abakurambere bashobora kugaragaza ko Kirisitu ari we Ndongozi yabo?
[Ifoto ku rup. 15]
Kirisitu ararongora ishengero ryiwe akongera agafata mu kuboko kwiwe kw’i buryo abacungezi
[Amafoto ku rup. 16]
“Mwumvire ababaganza, mubagamburukire”
[Ifoto ku rup. 19]
Yezu yari umuntu w’igishika kandi yegereka. Abakurambere b’Abakirisu barihatira kumera nka we