ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/9 rup. 21-25
  • Nubandanye kugenda nk’uko Yezu Kirisitu yagenda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nubandanye kugenda nk’uko Yezu Kirisitu yagenda
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene Kirisitu arongora abayoboke biwe
  • Nugire ibitegereka igihe ukoresha ubukuru
  • Nube umunyempuhwe kandi uharire abandi
  • Nushire ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere
  • Nube intahemuka
  • Nugume ku citegererezo ca Yezu
  • Kirisitu Ararongora Ishengero Ryiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ni kubera iki twokurikira “Kristu”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Mugumane muri mwebwe wa mutima Kristu yari afise
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Intambwe za Mbere mu vy’Ukugendana n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/9 rup. 21-25

Nubandanye kugenda nk’uko Yezu Kirisitu yagenda

“Ūvuga kw ahora [mu Mana], akwiye na we kugenda nk’uk’uwo [Yezu] yagenda”.​—1 YOHANA 2:6.

1, 2. Guhanga amaso Yezu bisaba iki?

INTUMWA PAULO yanditse ati: “Dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye, [“duhanze amaso Yezu, we ndongozi”, UB] yo kwizera kandi ni we yagusozereye” (Abaheburayo 12:1, 2). Gukurikirana ingendo y’ukuba intahemuka bisaba yuko duhanga amaso Yezu Kirisitu.

2 Ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ngo “guhanga amaso”, nk’uko rikoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, risobanura “kuraba ikintu udasamara”, “kureka kuraba ikintu kugira ngo ubone ikindi”, “gushinga ijisho”. Igitabu kimwe kivuga giti: “Ku munuta nyene umwirutsi w’Umugiriki ari mu kibuga aba aretse kuraba aho yiruka aca be n’aho yihutira gushika, maze agakebuka ngo arabe abarorerezi, umuvuduko wiwe urasubira hasi. No ku mukirisu ni ukwo”. Ibisamaza birashobora kubera intambamyi iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu. Dutegerezwa guhanga amaso Yezu Kirisitu. None ico turondera muri iyo Ndongozi ni igiki? Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo “indongozi” isobanura “kizigenza, uwuja imbere abandi muri vyose, akaba ari we atanga akarorero”. Guhanga amaso Yezu bisaba gukurikira akarorero kiwe.

3, 4. (a) Kugenda nk’uko Yezu Kirisitu yagenda bidusaba iki? (b) Ni ibihe bibazo bibereye ko tuvyihweza?

3 Bibiliya ivuga iti: “Ūvuga kw ahora [mu Mana], akwiye na we kugenda nk’uk’uwo [Yezu] yagenda” (1 Yohana 2:6). Dutegerezwa kuguma mu Mana mu kwitondera amabwirizwa ya Yezu, nk’uko na we yitondera aya Se.​—Yohana 15:10.

4 Ku bw’ivyo, kugenda nk’uko Yezu yagenda bisaba yuko tumwihweza twitonze nka we Kizigenza wacu, vyongeye tukagera ikirenge mu ciwe. Ibibazo bihambaye dukwiye kwihweza mu bijanye n’ivyo ni ibi: Kirisitu aturongora gute muri iki gihe? Kwigana ukuntu yagenda bikwiye gukora iki kuri twebwe? Ni ivyiza ibihe biva ku kuguma ku citegererezo ca Yezu Kirisitu?

Ingene Kirisitu arongora abayoboke biwe

5. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, ni igiki yasezeraniye abayoboke biwe?

5 Yezu Kirisitu uwari yazutse, imbere y’uko aduga mw’ijuru yariyeretse abigishwa biwe, yongera abashinga igikorwa gihambaye. Yavuze ati: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa”. Ico gihe, uwo Kizigenza nyene yarabasezeraniye ko yobaye kumwe na bo igihe babaye bariko barangura ico gikorwa yabashinze, mu kuvuga ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku [“nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu”, NW]” (Matayo 28:19, 20). None ni mu buryo ki Yezu Kirisitu ari kumwe n’abayoboke biwe muri iki gihe c’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu?

6, 7. Yezu aturongora gute akoresheje impwemu yera?

6 Yezu yavuze ati: ‘Umwitsa, ari yo mpwemu yera, iyo Data azorungika mw’izira ryanje, ni we azobigisha vyose, kandi azobibutsa ivyo nababariye vyose’ (Yohana 14:26). Impwemu yera, iyirungikwa mw’izina rya Yezu, iratuyobora ikongera ikadukomeza muri iki gihe. Iratumurikira mu buryo bw’impwemu ikongera ikadufasha gutahura ‘mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana’ (1 Ab’i Korinto 2:10, NW). Si ivyo gusa, za kamere zishimwa n’Imana, nk’“urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda”, ni ‘ivyamwa vy’impwemu’ (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Tubifashijwemwo n’impwemu yera, turashobora gutsimbataza izo kamere.

7 Uko twiga Ivyanditswe twongera twihatira gushira mu ngiro ivyo twiga, ni ko impwemu ya Yehova idufasha kuba abakuze mu bijanye n’ubwenge canke ubukerebutsi, ubutahuzi, ubumenyi, ukubona ibintu mu buryo buroranye, no mu bijanye n’ububasha bwo kwiyumvira (Imigani 2:1-11). Impwemu yera kandi iradufasha kuguma dushikamye mu gihe c’inyosha mbi, be n’iyo turi mu bigeragezo (1 Ab’i Korinto 10:13; 2 Ab’i Korinto 4:7; Ab’i Filipi 4:13). Abakirisu bahimirizwa ‘kwiyuhagira ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima, kuba abera bakagushikisha kwubaha Imana’ (2 Ab’i Korinto 7:1). None ga yemwe twoshobora vy’ukuri gushitsa ubweranda canke ukutandura Imana idusaba, tutahabonye impwemu yera? Bumwe mu buryo Yezu akoresha mu kuturongora muri iki gihe, ni impwemu yera, Yehova Imana akaba yarahaye Umwana wiwe uruhusha rwo kuyikoresha.​—Matayo 28:18.

8, 9. Kirisitu akoresha gute wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” mu gutanga uburongozi?

8 Ehe ubundi buryo Kirisitu akoresha mu kurongora ishengero rya gikirisu muri iki gihe. Igihe Yezu yagira ico avuze ku kuhaba kwiwe be no ku nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu, yagize ati: “None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire igihe kigeze? Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’afise vyose”.​—Matayo 24:3, 45-47.

9 Uwo “shebuja” ni Yezu Kirisitu. “Umushumba” na we ni umugwi w’abakirisu basizwe bari kw’isi. Uwo mugwi w’umushumba ni wo ujejwe kubungabunga ibintu vya Yezu vyo kw’isi no gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biza hageze. Umugwi mutoyi w’abacungezi bakwije ibisabwa bo muri uwo “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” agizwe n’abantu benshi, ni wo ugize Inama Nyobozi iserukira uwo mugwi w’umushumba. Uwo mugwi mutoyi ni wo uhagarikiye igikorwa co kwamamaza Ubwami kirangurwa kw’isi, ugahagarikira n’itangwa ry’imfungurwa z’ivy’impwemu igihe kigeze. Kirisitu rero arongora ishengero biciye ku “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” yasizwe impwemu hamwe n’Inama Nyobozi iserukira uwo mushumba.

10. Dukwiye kubona gute abakurambere, kandi kubera iki?

10 Ikindi kintu cerekana uburongozi bwa Kirisitu, ni ba “bantu b’ingabirano” (NW), bakaba ari abakurambere bakirisu canke abacungezi. Batanzwe “kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’Imana, bubake umubiri wa Kristo” (Abanyefeso 4:8, 11, 12). Ku biberekeye, mu Baheburayo 13:7 havuga hati: “Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo”. Abakurambere ni bo baja imbere abandi mw’ishengero. Kubera yuko bigana Kirisitu Yezu, ukwizera kwabo guca kuba ugukwiye kwiganwa (1 Ab’i Korinto 11:1). Turashobora kwerekana ko dukenguruka indinganizo y’uko haba abakurambere, mu kwubaha no mu kugamburukira abo “bantu b’ingabirano”.​—Abaheburayo 13:17.

11. Kirisitu akoresha uburyo ubuhe mu kurongora abayoboke biwe muri iki gihe, kandi kugenda nk’uko yagenda bisaba iki?

11 Ego cane, Yezu Kirisitu arongora abayoboke biwe muri iki gihe biciye ku mpwemu yera, kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, no ku bakurambere b’ishengero. Kugira ngo dushobore kugenda nk’uko Kirisitu yagenda, bisaba ko dutahura uburyo ayobora ibintu, tukongera tukabugamburuka. Bisaba kandi ko twigana ukuntu yagenda. Intumwa Petero yanditse ati: “Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe” (1 Petero 2:21). None gukurikiza akarorero ka Yezu katagira akanenge bikwiye gukora iki kuri twebwe?

Nugire ibitegereka igihe ukoresha ubukuru

12. Ni umuce uwuhe w’akarorero ka Kirisitu abakurambere bakwiye kwitwararika bimwe bidasanzwe mw’ishengero?

12 Naho Yezu yari yahawe na Se ubukuru ntangere, yabukoresheje mu buryo butegereka. Bose mw’ishengero, na canecane abacungezi, bakwiye kureka ‘ukugira ibitegereka kwabo kukamenywa n’abantu bose’ (Ab’i Filipi 4:5, NW; 1 Timoteyo 3:2, 3). Kubera yuko abakurambere bafise ubukuru kanaka mw’ishengero, ni ntahara ko bagera ikirenge mu ca Kirisitu mu kuntu babukoresha.

13, 14. Ni mu buryo ubuhe abakurambere bashobora kwigana Kirisitu igihe baremesha abandi gukorera Imana?

13 Yezu ntiyirengagiza yuko abigishwa biwe hariho ivyo badashoboye. Ntiyabasaba ibirengeye ivyo bashoboye gutanga (Yohana 16:12). Atarinze kuremera abayoboke biwe, Yezu yarabaremesheje ‘kwihata n’inkomezi nyinshi’ mu gukora ivyo Imana igomba (Luka 13:24, NW). Ivyo yabigize mu kubaja imbere no mu kubashika ku mutima. Muri iki gihe, abakurambere bakirisu na bo nyene ntibakoresha iterabwoba ku bandi kugira ngo bakorere Imana babitumwe n’ukumaramara canke ukwiyagiriza. Ahubwo babaremesha gukorera Yehova babitumwe n’urukundo bamukunda be n’urwo bakunda Yezu, tudasize inyuma urwo bakunda bagenzi babo.​—Matayo 22:37-39.

14 Ubukuru Yezu yahawe ntiyabukoresheje nabi mu gukontorora ubuzima bw’abantu. Eka mbere ntiyashinze ingingo mfatirwako z’amananiza, canke ngo ashinge amategeko adaharurwa. Ico yakora, kwari ukuvyurira abandi ingiro mu kubashika ku mutima akoresheje ingingo ngenderwako zari mu mategeko yatanzwe biciye kuri Musa (Matayo 5:27, 28). Mu kwigana Yezu Kirisitu, abakurambere baririnda gutanga amategeko biyumviriye canke gukovya ngo ibintu bigende nk’uko ubwabo babibona. Mu bijanye n’inyambaro be n’uburyo bwo kwitunganya canke kwiruhura no kwisamaza, abakurambere baragerageza gushikira imitima bakoresheje ingingo ngenderwako ziva ku Mana, nka zirya ziri muri Mika 6:8; 1 Ab’i Korinto 10:31-33; na 1 Timoteyo 2:9, 10.

Nube umunyempuhwe kandi uharire abandi

15. Yezu yavyakira gute iyo hagize ibinanira abigishwa biwe?

15 Kirisitu yaradusigiye akarorero twokurikiza, mu buryo yafata abigishwa biwe igihe hagize ibibananira canke bagakora amakosa. Rimbura ibintu bibiri vyabaye mw’ijoro rya nyuma yamaze kw’isi ari umuntu nkatwe. Yezu amaze gushika i Getsemane, ‘yajanye na Petero na Yakobo na Yohani’, ababwira ‘kuba maso’. Maze ‘yarunguruje imbere gatoya, yubama hasi arasenga’. Agarutse, ‘yasanze basinziriye’. None Yezu yavyakiriye gute? Yavuze ati: “Umutima ni wo ukunze, arik’umubiri ufise intege nke” (Mariko 14:32-38). Aho guca akarira Petero, Yakobo na Yohani, Yezu yaragize impuhwe! Muri iryo joro nyene, Petero yarihakanye Yezu incuro zitatu (Mariko 14:66-72). None Yezu yafashe gute Petero inyuma yaho? “Umwami Yesu [yara]zutse, kandi yabonywe na Simoni [Petero]” (Luka 24:34). Bibiliya ivuga iti: “[Y]iyereka Kefa, maz[e y]iyereka bamwe cumi na babiri” (1 Ab’i Korinto 15:5). Aho kubika inzika, Yezu yarahariye iyo ntumwa yari yigaye yongera arayikomeza. Mu nyuma, Yezu yarashinze Petero amabanga akomakomeye.​—Ivyakozwe n’intumwa 2:14; 8:14-17; 10:44, 45.

16. Ni gute twogenda nk’uko Yezu yagenda iyo abo dusangiye ukwizera baduhemukiye canke bakaturenganya mu buryo kanaka?

16 Igihe abo dusangiye ukwizera baduhemukiye canke bakaturenganya mu buryo kanaka bivuye ku gasembwa ka twebwe abantu, tweho none ntidukwiye kugira umutima w’impuhwe kandi tukabaharira nk’uko na Yezu yari ameze? Petero yahimirije abo bisangiye ukwizera ati: “Mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima; ntimugere ikibi ku kindi, cank’igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro” (1 Petero 3:8, 9). Bite hoho mu gihe uwundi muntu atadufashe nk’uko Yezu yari kudufata, akanka kutugirira impuhwe canke kuduharira? No muri ico gihe nyene, tubwirizwa kugerageza kwigana Yezu maze tukavyakira nk’uko yari kuvyakira.​—1 Yohana 3:16.

Nushire ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere

17. Ni igiki cerekana yuko Yezu mu buzima bwiwe yaha ikibanza ca mbere ugukora ivyo Imana igomba?

17 Hariho n’ubundi buryo dukeneye kugenda nk’uko Yezu Kirisitu yagenda. Kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana vyafata ikibanza c’iteka mu buzima bwa Yezu. Aho Yezu amariye kubwira inkuru nziza Umusamariyakazi hafi y’igisagara c’i Sukara muri Samariya, yabwiye abigishwa biwe ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe” (Yohana 4:34). Ugukora ivyo Se agomba ni kwo kwabeshaho Yezu; vyaramukomeza, bikamumara akanyota, eka bikamumara n’inzara, nka kurya nyene kw’ibifungurwa. None kwigana Yezu mu kuguma twitwararitse gukora ivyo Imana igomba, vyobura kuzanira umuntu ubuzima buri n’ico buvuze koko kandi bumara akanyota?

18. Ni imihezagiro iyihe iva ku kuremesha abana gukora umurimo w’igihe cose?

18 Igihe abavyeyi baremesha abana babo gukora umurimo w’igihe cose, bo ubwabo be n’abana babo baraharonkera imihezagiro myinshi. Sebibondo umwe afise abahungu b’amahasa, kuva mu bwana bwabo yari yabashingiye ihangiro ryo gukora umurimo w’ubutsimvyi. Aho abo bahungu b’amahasa bamariye guheza amashure, baracitse koko abatsimvyi. Se w’abo bana azirikanye ku munezero yahakuye, avuga ati: “Abahungu bacu ntibaduhemukiye. Turashobora kuvugana ugukenguruka duti: ‘Abana ni bo ngabire [canke “intoranwa”, NW] Uhoraho agaba’” (Zaburi 127:3). None abana bungukira gute ku gukurikirana umurimo w’igihe cose? Hari inabibondo umwe afise abana batanu avuga ati: “Gukora umurimo w’ubutsimvyi vyarafashije abana banje bose gukomeza imigenderanire bagiranira na Yehova, biraryohora utumenyero twabo two kwiyigisha, birabafasha kumenya ukuntu bokoresha umwanya wabo mu bukerebutsi ntangere, vyongera birabafasha kwiga gushira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo. Naho bose babwirijwe kugira ibintu vyinshi bahinduye, nta n’umwe yicuza ku nzira yahisemwo gukurikira”.

19. Ni imigambi iyihe ya kazoza urwaruka rukwiye kurimbura rubigiranye ubukerebutsi ntangere?

19 Rwaruka, ni imigambi iyihe mufise ya kazoza? Mwoba murondera kuba ba rurangiranwa mu mwuga kanaka? Canke mwoba murondera ko umurimo w’igihe cose wobabera nk’umwuga? Paulo yatanze iyi mpanuro: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi”. Yongeyeko ati: “Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’Umwami wacu agomba ivy’ari vyo”.​—Abanyefeso 5:15-17.

Nube intahemuka

20, 21. Ni mu buryo ubuhe Yezu yari intahemuka, kandi dushobora gute kwigana ukudahemuka kwiwe?

20 Kugenda nk’uko Yezu yagenda bisaba kwigana ukudahemuka kwiwe. Ku bijanye n’ukudahemuka kwa Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Naho yar’asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ikintu co kwumirako: ariko yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu. Kand’abonetse afise ishusho nk’iy’umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’urupfu rwo ku [“giti c’ukubabarizwako”, NW]”. Yezu yarashigikiye ukugaba n’ukuganza kwa Yehova mu kugamburuka agakora ivyo Imana imugombako. Yaragamburutse gushika no ku kwicirwa ku giti co kubabarizwako. Dutegerezwa ‘kugira uwo mutima’, tukagamburuka tudahemuka mu gukora ivyo Imana igomba.​—Ab’i Filipi 2:5-8.

21 Yezu kandi yarerekanye ukudahemuka ku ntumwa ziwe z’intahemuka. Naho bari abanyantege nke bakagira n’utunenge, Yezu yarabakunze “gushitsa ku muhero” (Yohana 13:1). Na twebwe nyene, ntidukwiye kureka ngo utunenge tw’abavukanyi bacu tudutere kugira agatima ko kunebagura abandi.

Nugume ku citegererezo ca Yezu

22, 23. Ni ivyiza ibihe biva ku kuguma ku citegererezo ca Yezu?

22 Twebwe abantu b’abanyagasembwa, birumvikana ko tudashobora kugera neza na neza ikirenge mu ca Karorero wacu tudahusha. Ariko rero, turashobora kwihata ngo twegereze kugera ikirenge mu ciwe. Kubikora bisaba ko dutahura uburongozi bwa Kirisitu kandi tukabugamburuka, vyongeye tukaguma ku citegererezo ciwe.

23 Kwigana Kirisitu bivamwo imihezagiro myinshi. Ubuzima bwacu burarushiriza kugira ico buvuze no kuba ubumara akanyota, kubera ko tuba twitwararitse gukora ivyo Imana igomba aho kwitwararika ivyo twebwe ubwacu twigombera (Yohana 5:30; 6:38). Turagira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi. Uburyo tugenda buraheza bugacika ubw’akarorero. Yezu yaratumiye abantu bose bananiwe n’abaremerewe ngo baze kuri we babone kuronka uburuhukiro bw’imitima yabo (Matayo 11:28-30). Igihe dukurikira akarorero ka Yezu, na twebwe turashobora kuruhurira abandi biciye mu kuja hamwe na bo. Nimuze rero tubandanye kugenda nk’uko Yezu yagenda.

Woba uvyibuka?

• Kirisitu arongora gute abayoboke biwe muri iki gihe?

• Abakurambere bashobora gute gukurikira uburongozi bwa Kirisitu mu kuntu bakoresha ubukuru bahawe n’Imana?

• Dushobora gute gukurikira akarorero ka Yezu mu kuntu dufata utunenge tw’abandi?

• Urwaruka rushobora gute gushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere?

[Ifoto ku rup. 23]

Abakurambere bakirisu baradufasha gukurikira uburongozi bwa Kirisitu

[Ifoto ku rup. 24, 25]

Rwaruka, ni imigambi iyihe ya kazoza muriko murishingira ngo mubone kugira ubuzima bwa gikirisu bushimishije?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika