ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/9 rup. 25-29
  • Indongozi yacu ikora cane muri iki gihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Indongozi yacu ikora cane muri iki gihe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ahumanura umushumba wiwe wo kw’isi
  • Yimbura isi
  • Ararongora amashengero
  • “Ingo, Mukama Yezu”
  • Yezu aheraheza intsinzi yiwe
  • “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • ‘Indongozi yanyu ni imwe, ni Kristu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Turindirane “Igishika Cinshi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Mwoba Mwararonse ‘Impwemu y’Ukuri’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/9 rup. 25-29

Indongozi yacu ikora cane muri iki gihe

‘Yagenda atsinda no kugira ngo aheraheze intsinzi yiwe.’​—IVYAH. 6:2.

1, 2. (a) Igikorwa Kristu yakoze ari umwami kuva mu 1914 cerekanwa gute muri Bibiliya? (b) Ni ibiki Kristu yaciye akora kuva aho yimikiwe?

MU MWAKA wa 1914 Kristu yarimitswe aba Umwami w’Ubwami bwa Yehova burongowe na Mesiya. Twoba twiyumvira ko ubu ameze gute? Twoba tumubona nk’umwami azirikana cane yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami, akaza aratereza akajisho kw’isi kugira ngo arabe ingene ishengero ryiwe rimerewe? Nimba ari ukwo tumubona, turakwiye guhindura ivyiyumviro vyacu. Amazaburi be n’igitabu c’Ivyahishuwe bimwerekana ari umwami w’umunyenkomezi yicaye kw’ifarasi, agenda “atsinda no kugira ngo aheraheze intsinzi yiwe,” akabandanya gushika ‘aroraniwe’ bimwe bishitse.​—Ivyah. 6:2; Zab. 2:6-9; 45:1-4.

2 Ikintu ca mbere Kristu yakoze amaze kwimikwa akaba umwami kwabaye ugutsinda “ca gisato . . . n’abamarayika baco.” Kubera yuko Kristu ari wa mumarayika mukuru Mikaheli ategeka abamarayika biwe, yarararirije Shetani n’amadayimoni yiwe abakura mw’ijuru ryeranda maze abagumiza mu micungararo y’isi ku buryo badashobora kuharenga. (Ivyah. 12:7-9) Maze, mu kurangura uruhara rwo kuba “intumwa y’isezerano” ya Yehova, Yezu yarazananye na Se wiwe kugira ngo bagenzure rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu. (Mal. 3:1) Yaraciriye urubanza idini ry’abiyita abakirisu, kino kikaba ari co gihimba ca “Babiloni Akomeye” cageseye kuruta ibindi vyose, asanga cagirwa n’amaraso be n’ubusambanyi bwo mu vy’impwemu cakoranye n’ivya politike vy’iyi si.​—Ivyah. 18:2, 3, 24.

Ahumanura umushumba wiwe wo kw’isi

3, 4. (a) Ni igikorwa ikihe Kristu yaranguye ari “intumwa” ya Yehova? (b) Igihe urusengero rwagenzurwa vyahishuye iki, kandi ni igikorwa ikihe Yezu yatanze kubera yuko ari we Mutwe w’ishengero?

3 Igihe Yehova be n’“intumwa” yiwe bagenzura urwo rusengero rwo mu buryo bw’impwemu vyarahishuye kandi ko mu kigo carwo co kw’isi hariho umugwi w’abakirisu b’ukuri batari mu madini y’abiyita abakirisu. Ariko rero, mbere n’abo bakirisu barobanuwe, ari bo “bene Lewi,” bari bakeneye guhumanurwa. Vyari vyifashe nk’uko umuhanuzi Malaki yari yarabivuze ati: “[Yehova] azokwicara ari nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza, asukure bene Lewi; kandi azobatosora nk’inzahabu n’ifeza, babere Yehova abashikiriza ishikanwa mu bugororotsi.” (Mal. 3:3) Yehova yarakoresheje “intumwa y’isezerano” yiwe, ari yo Kristu Yezu, kugira ngo asukure canke ahumanure abo Bisirayeli bo mu buryo bw’impwemu.

4 Naho ari ukwo, Kristu yasanze abo bakirisu nyene barobanuwe b’intahemuka bariko barakora uko bashoboye kwose kugira ngo baronse abo mu nzu y’abizera ibifungurwa vy’impwemu ku gihe kibereye. Kuva mu 1879, uko ibintu vyaba vyifashe kwose, barasohoye muri iki kinyamakuru ukuri kwo muri Bibiliya kwerekeye Ubwami bw’Imana. Yezu yari yaravuze yuko “niyashika” kugenzura abakozi biwe bo mu nzu mu gihe c’“insozero y’ivy’isi,” yosanze hari umushumba abaronsa “ibifungurwa . . . ku gihe kibereye.” Yociye avuga yuko uwo mushumba ahiriwe maze “[akamuzeza] ivyo atunze vyose” kw’isi. (Mat. 24:3, 45-47) Kubera ko Kristu ari we Mutwe w’ishengero rya gikirisu, yarakoresheje uwo “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira ngo ahagarikire ivyungura Ubwami bwiwe vyo kw’isi. Yarahaye ubuyobozi abo “bakozi . . . bo mu nzu” barobanuwe be na bagenzi babo bo mu “zindi ntama” abicishije ku Nama Nyobozi.​—Yoh. 10:16.

Yimbura isi

5. Ni igikorwa ikihe umwami yokoze intumwa Yohani yabonye mu vyo yeretswe?

5 Intumwa Yohani yareretswe ikindi kintu Umwami Mesiya yokoze mu “musi w’Umukama,” amaze kwimikwa mu 1914. Yohani yanditse ati: “Mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu, ari n’urugori rw’inzahabu ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe.” (Ivyah. 1:10; 14:14) Yohani yarumvise umumarayika arungitswe na Yehova ariko arabwira uwo Mushwabuzi ngo atume agakero kiwe kubera yuko “ivyimburwa vy’isi vyeze neza.”​—Ivyah. 14:15, 16.

6. Ni ibiki Yezu yavuze ko vyoshitse?

6 Ukwo ‘kwimbura isi’ kuratwibutsa wa mugani wa Yezu werekeye ingano n’icatsi kibi. Yezu yigereranije n’umuntu yabivye imbuto z’ingano mu murima wiwe yiteze kwimbura ingano nziza, zino zikaba zigereranya “abana b’ubwami,” ni ukuvuga abakirisu b’ukuri barobanuwe kugira ngo bazofadikanye na we mu Bwami bwiwe. Ariko mw’ijoro, hari umwansi, ni ukuvuga “Shetani,” yabivye muri uwo murima icatsi kibi, ari bo “bana ba wa mubisha.” Uwo mubivyi yabwiye abakozi biwe ngo bareke izo ngano n’ico catsi kibi bikurane gushika mu gihe co gushwabura, ni ukuvuga ku “nsozero y’ivy’isi.” Ico gihe, yotumye abamarayika biwe bagatandukanya izo ngano n’ico catsi kibi.​—Mat. 13:24-30, 36-41.

7. Kristu ariko arangura gute igikorwa co ‘kwimbura isi’?

7 Mu gushitsa ivyo Yohani yeretswe, Yezu yarayoboye igikorwa co gushwabura kirangurirwa kw’isi yose. ‘Ukwimbura isi’ kwatanguranye no gutororokanya abasigaye bo muri ba “bana b’ubwami” 144.000, ari zo “ngano” zivugwa muri wa mugani wa Yezu. Itandukaniro riri hagati y’abakirisu b’ukuri n’ab’ikinyoma ryararushirije kwibonekeza inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose, rikaba ryaragaragaye cane ku buryo vyagize ico biterereye ku gice kigira kabiri co ‘kwimbura isi,’ ni ukuvuga ugutororokanya abo mu zindi ntama. Abo si “abana b’ubwami,” ahubwo ni “isinzi rinini” rigizwe n’abantu bafise umutima ukunze wo gutwarwa n’ubwo Bwami. Bashwaburwa bakuwe mu ‘bisata vy’abantu vyose, mu miryango y’amahanga yose no mu ndimi zose.’ Barayoboka Ubwami burongowe na Mesiya, ubugizwe na Kristu Yezu be n’“aberanda” 144.000 bazofadikanya na we muri iyo ntwaro yo mw’ijuru.​—Ivyah. 7:9, 10; Dan. 7:13, 14, 18.

Ararongora amashengero

8, 9. (a) Ni igiki cerekena yuko Kristu ataraba gusa ukuntu ishengero ryose uko ryakabaye ryigenza, ariko ko araba n’ukuntu umwumwe wese mu barigize yigenza mu buzima? (b) Nk’uko ishusho iri ku rupapuro rwa 26 ivyerekana, “ibintu vyimbitse vya Shetani” dukwiye kwirinda ni ibihe?

8 Mu kiganiro c’imbere y’iki, twarabonye ingene mu kinjana ca mbere G.C. Kristu yakurikiranira hafi ukuntu ishengero rimwerimwe ryose ryari ryifashe mu vy’impwemu. Muri iki gihe cacu, kubera ko Kristu Indongozi yacu ari Umwami aganza yahawe “ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi,” arahagarikira abigiranye umwete amashengero ari hirya no hino kw’isi be n’abacungezi bayo. (Mat. 28:18; Kol. 1:18) Yehova “[yaramugize] umutwe ku bintu vyose ku bw’ishengero” ry’abarobanuwe. (Ef. 1:22) Kubera yuko ari umutwe, nta kintu na kimwe kiba muri rimwerimwe ryose mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 100.000 kimucika.

9 Yezu yararungikiye ishengero rya kera ry’i Tiyatira ubutumwa bugira buti: “Ibi ni vyo Umwana w’Imana avuga, umwe afise amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro, . . . ‘Ndazi ibikorwa vyawe.’” (Ivyah. 2:18, 19) Yarahambariye abagize iryo shengero kubera ubuhumbu bwabo n’ubuzima bwabo bwo kwinezereza gusa, mu kubabwira ati: “Ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu.” (Ivyah. 2:23) Ayo majambo arerekana yuko Kristu ataraba gusa ukuntu ishengero rimwerimwe ryose ryigenza arifatiye hamwe, ariko ko araba n’ukuntu umwumwe wese mu barigize yigenza mu buzima. Yezu yarakeje abakirisu b’i Tiyatira “batamenye ‘ibintu vyimbitse vya Shetani.’” (Ivyah. 2:24) No muri kino gihe, arashima abantu, baba abato canke abakuze, birinda gusesangura “ibintu vyimbitse vya Shetani” biciye kuri Internet canke ku dukino two kuri videwo twerekana ubukazi canke mu gutwarwa n’ivyiyumviro vy’abantu birangwa no kurekerana ibintu. Ese ukuntu ahimbarwa iyo yihweje utwigoro tugirwa n’abakirisu benshi bo muri iki gihe bakora uko bashoboye kwose kugira ngo bakurikize mu mice yose y’ubuzima bwabo ubuyobozi atanga, kandi bakemera kugira ivyo bahevye!

10. Ukuntu Kristu ayobora abakurambere b’amashengero vyerekanwa gute, ariko ni indinganizo iyihe bakwiye kwemera?

10 Kristu aracungera abigiranye urukundo amashengero yiwe yo kw’isi abicishije ku bakurambere bagenywe. (Ef. 4:8, 11, 12) Mu kinjana ca mbere, abacungezi bose bari abavyawe n’impwemu. Mu Vyahishuwe bavugwa yuko ari inyenyeri ziri mu kuboko kw’ukuryo kwa Kristu. (Ivyah. 1:16, 20) Muri iki gihe, benshi mu bakurambere b’amashengero ni abo mu zindi ntama. Bagenwa hamaze guturwa isengesho kandi biciye ku buyobozi bw’impwemu nyeranda, na bo nyene bakaba rero bashobora kubonwa ko bayoborwa na Kristu. (Ivyak. 20:28) Ariko rero, baremera yuko Kristu akoresha umugwi muto w’abagabo bakirisu barobanuwe bagize Inama Nyobozi, kugira ngo ayobore abigishwa biwe bo kw’isi.​—Soma Ivyakozwe 15:6, 28-30.

“Ingo, Mukama Yezu”

11. Ni kubera iki dushashaye kubona Indongozi yacu ije ningoga?

11 Mu bintu vyahishuriwe intumwa Yohani, Yezu yaravuze akatari gake yuko yariko araza ningoga. (Ivyah. 2:16; 3:11; 22:7, 20) Nta gukeka ko yariko aravuga ibijanye n’ukuza kwiwe aje gushitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye no ku bindi bintu bigize iyi si mbi ya Shetani. (2 Tes. 1:7, 8) Kubera ko intumwa Yohani uwari ageze mu zabukuru yari ashashaye kubona iranguka ry’ivyo bintu vyiza igitangaza vyose vyari vyaravuzwe, yavuze ati: “Amen! Ingo, Mukama Yezu.” Na twebwe nyene ababayeho mu gihe c’iherezo ry’ivy’iyi si mbi turashashaye kubona Indongozi yacu ikaba n’Umwami wacu ije mu bubasha bw’Ubwami kugira ngo yeze izina rya Se yongere yemeze ubusegaba bwiwe.

12. Ni igikorwa ikihe Kristu azorangiza imbere y’uko ya miyaga yo gutikiza irekurwa?

12 Imbere y’uko Yezu aza kurwanya ishirahamwe riboneka rya Shetani, aba nyuma muri bamwe 144.000 bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu bazobanza kudomwako ikidodo ca nyuma. Bibiliya iravuga mu buryo butomoye yuko ya miyaga yo gutikiza isi ya Shetani itazorekurwa abo 144.000 bataraheza kudomwako ico kidodo.​—Ivyah. 7:1-4.

13. Ni gute Kristu azotuma ukuhaba kwiwe kugaragara mu gice ca mbere ca ya “makuba akomeye”?

13 Abantu benshi bo kw’isi ntibabonye “ukuhaba” kwa Kristu kwatanguye mu 1914. (2 Pet. 3:3, 4) Ariko rero ubu bwa vuba, azotuma ukuhaba kwiwe kugaragara mu gushitsa imanza za Yehova ku bintu bitandukanye bigize isi ya Shetani. Ugutikizwa kwa “wa muntu w’ubugarariji,” ni ukuvuga abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu, kuzoba ari “ukwigaragaza [gutomoye] kw’ukuhaba kwiwe.” (Soma 2 Abanyatesalonika 2:3, 8.) Kuzotanga ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko Kristu yatanguye gukora ari Umucamanza yagenywe na Yehova. (Soma 2 Timoteyo 4:1.) Ugutikizwa kw’ico gihimba ca Babiloni Akomeye cageseye kuruta ibindi vyose ni kwo kuzotangurira ugutikizwa buhere kw’iyo nganji mbi yo kw’isi y’idini ry’ikinyoma. Yehova azoshira mu mitima y’indongozi zo mu vya politike iciyumviro co gutikiza uwo maraya wo mu buryo bw’impwemu. (Ivyah. 17:15-18) Ico ni co kizoba ari igice ca mbere ca ya “makuba akomeye.”​—Mat. 24:21.

14. (a) Ni kubera iki igice ca mbere ca ya makuba akomeye kizogerurwa? (b) “Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu” kizoba gisobanura iki ku basavyi ba Yehova?

14 Yezu yavuze yuko imisi y’ayo makuba yogeruwe “ku bw’abatowe,” ni ukuvuga amasigarira y’abakirisu barobanuwe bazoba bakiri kw’isi. (Mat. 24:22) Yehova ntazoreka ngo ico gitero gitikiza kizogirwa kw’idini ry’ikinyoma giherengeteze abakirisu barobanuwe hamwe na bagenzi babo bo mu zindi ntama. Yezu yongeyeko yuko “inyuma y’ayo makuba yo muri iyo misi,” hazoba ibimenyetso mu zuba, mu kwezi no mu nyenyeri, “maze ikimenyetso c’Umwana w’umuntu [gice kiboneka] mw’ijuru.” Ivyo bizotuma amahanga yo kw’isi ‘yikubitagura mu gikiriza aboroga.’ Ukwo si ko bizogenda ku barobanuwe, abafise icizigiro co kuba mw’ijuru, be no kuri bagenzi babo bafise icizigiro co kuba kw’isi. ‘Bazohagarara bagororotse, bararamike imitwe, kuko ukurokoka kwabo kuzoba kuriko kuregereza.’​—Mat. 24:29, 30; Luka 21:25-28.

15. Ni igikorwa ikihe Kristu azokora niyaza?

15 Imbere y’uko Umwana w’umuntu asozera intsinzi yiwe, araza no mu bundi buryo. Yari yaravuze ati: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa. Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe; na we azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene. Azoshira intama iburyo bwiwe, mugabo impene azishire ibubamfu bwiwe.” (Mat. 25:31-33) Ivyo vyerekeza ku kuza kwa Kristu ari Umucamanza kugira ngo atandukanye abantu bo mu “mahanga yose” abashire mu mice ibiri: “intama,” ni ukuvuga abantu bazoba barashigikiye n’umwete bene wabo bo mu buryo bw’impwemu (canke abakirisu barobanuwe bari kw’isi) be n’“impene,” ni ukuvuga “abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu.” (2 Tes. 1:7, 8) Intama, izivugwa ko ari “abagororotsi,” zizoronka “ubuzima budahera” kw’isi, ariko impene “[zizoja] mu kurandurwa kw’ibihe bidahera,” ari kwo gutikizwa.​—Mat. 25:34, 40, 41, 45, 46.

Yezu aheraheza intsinzi yiwe

16. Kristu Indongozi yacu azoheraheza gute intsinzi yiwe?

16 Abantu bose bazofadikanya na Kristu ari abami n’abaherezi nibamara kudomwako ikidodo, intama na zo zikamenyekana zikongera zigashirwa iburyo bwiwe kugira ngo zikizwe, azoshobora kubandanya kugira ngo “aheraheze intsinzi yiwe.” (Ivyah. 5:9, 10; 6:2) Ayoboye ingabo z’abamarayika b’abanyenkomezi, kandi akaba ata gukeka ko azoba ari kumwe na bene wabo bazoba bazutse, azotikiza ibintu vyose vya Shetani vyo kw’isi bijanye n’ivya politike, ivya gisirikare be n’ivy’ubudandaji. (Ivyah. 2:26, 27; 19:11-21) Kristu azoheraheza intsinzi yiwe niyatikiza ivy’isi mbi ya Shetani. Azoca araririza Shetani n’amadayimoni yiwe mu nyenga kugira ngo bamareyo imyaka igihumbi.​—Ivyah. 20:1-3.

17. Mu kiringo ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, Kristu azoyobora izindi ntama ziwe azishikane ku ki, kandi dukwiye kugira umwiyemezo uwuhe?

17 Igihe intumwa Yohani yariko aravuga ibijanye na rya “sinzi rinini” ry’abagize izindi ntama, bano bakaba bazorokoka ya makuba akomeye, yamenyesheje imbere y’igihe yuko “wa Mwagazi w’intama ari hagati ya ya ntebe y’ubwami azobaragira, [akongera akabarongora] ku masôko y’amazi y’ubuzima.” (Ivyah. 7:9, 17) Ego cane, mu kiringo c’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, azobandanya kuyobora izindi ntama, izumviriza vy’ukuri ijwi ryiwe, maze azishikane ku buzima budahera. (Soma Yohani 10:16, 26-28.) Ese twokwiyemeza gukurikira tudahemuka Indongozi yacu ikaba n’umwami, kuva ubu gushika mw’isi nshasha Yehova yasezeranye!

Mu buryo bw’isubiramwo

• Ni ikintu ikihe Kristu yakoze amaze kwimikwa?

• Ni bande Kristu ariko arakoresha kw’isi kugira ngo ayobore amashengero?

• Ni mu bundi buryo ubuhe Kristu Indongozi yacu azoza?

• Kristu azobandanya gute kuturōngōra mw’isi nshasha?

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 29]

Ugutikizwa kw’ivy’isi mbi ya Shetani kuzotuma ukuhaba kwa Kristu kugaragara

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika