Turindirane “Igishika Cinshi”
“Ibiremwa vyose birarindiranye igishika cinshi uguhishu[rwa] kw’abana b’Imana.”—ABAROMA 8:19, Ubwuzure Bushasha.
1. Ni isano irihe riri hagati y’ukuntu ibintu vyifashe ku Bakirisu bo muri iki gihe n’ukuntu vyari vyifashe ku bo mu kinjana ca mbere?
UKO ivy’Abakirisu b’ukuri vyifashe ubu ni nka kumwe kw’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Hari ubuhanuzi bwafashije abasuku ba Yehova bo muri iyo misi kumenya igihe Mesiya yoziriye. (Daniyeli 9:24-26) Ubwo buhanuzi nyene bwari bwaramenyesheje imbere y’igihe isangangurwa rya Yeruzalemu, mugabo nta bintu bwarimwo vyotumye Abakirisu bamenya hakiri kare igihe ico gisagara cosanganguriwe. (Daniyeli 9:26b, 27) Muri ubwo buryo nyene, hariho ubuhanuzi bwatumye Abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya bo mu kinjana ca 19 bagira ivyo barindira imbere y’igihe. Mu guhuza vya “bihe ndwi” vyo muri Daniyeli 4:25 na vya “bihe vy’abanyamahanga,” baratahuye imbere y’igihe yuko Kirisitu yoronse ububasha bw’Ubwami mu 1914. (Luka 21:24; Ezekiyeli 21:25-27) Naho igitabu ca Daniyeli kirimwo ubuhanuzi bwinshi, nta na bumwe muri ubwo bwatumye abatohoji ba Bibiliya bo muri iki gihe bashobora guharura ngo bamenye igihe nyaco isi y’ivya Shetani iyo iva ikagera izosangangurirwako. (Daniyeli 2:31-44; 8:23-25; 11:36, 44, 45) Ariko rero, ivyo bizoba vuba, kuko turi mu ‘gihe c’iherezo.’—Daniyeli 12:4.a
Ukurereka mu Gihe c’Ukuhaba kwa Kirisitu
2, 3. (a) Ni ibiki bigize ikimenyamenya nyamukuru c’uko turi mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu mu bubasha bw’Ubwami? (b) Ni igiki cerekana ko Abakirisu bobwirijwe kuguma bari maso no mu gihe nyene c’ukuhaba kwa Yezu Kirisitu?
2 Niko, hari ubuhanuzi bwatumye Abakirisu baja mu kurindira ibintu imbere y’uko Kirisitu ashikirizwa ububasha bw’Ubwami mu 1914. Ariko “ikimenyetso” Kirisitu yatanze c’ukuhaba kwiwe hamwe n’ic’iherezo ry’ivy’isi cavuga ibintu vyoshitse. Kandi vyinshi muri ivyo vyobonetse ukuhaba kwiwe kumaze gutangura. Ibintu vyohabaye—nk’intambara, amapfa, vya nyamugigima, indwara z’ibiza, ubukozi bw’ikibi bwongerekanye, uguhamwa kw’Abakirisu, hamwe n’iyamamazwa ry’inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose—ni vyo gihinyuza nyamukuru c’uko ubu turi mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu ari mu bubasha bwiwe bwa cami.—Matayo 24:3-14; Luka 21:10, 11.
3 Yamara, insobanuro yose y’impanuro yose Yezu yahaye abigishwa biwe imbere y’uko agenda yari iyi: “Mwiyubare, mube maso, . . . Mwame mugavye.” (Mariko 13:33, 37; Luka 21:36) Dusomye twitonze imirongo ikikuje izo nkeburo zerekeye ukwama tureretse, tubona yuko Kirisitu ubwa mbere na mbere atariko avuga ukuguma tureretse rwose kugira tubone ikimenyetso cerekana intango y’ukuhaba kwiwe. Ahubwo, yariko ategeka abigishwa biwe b’ukuri kuguma bagavye mu gihe c’ukuhaba kwiwe. None Abakirisu b’ukuri bari kuguma bareretse iki?
4. Ikimenyetso Yezu yatanze comaze iki?
4 Yezu yavuze ubuhanuzi bwiwe buhambaye igihe yariko arishura iki kibazo: “Ivyo [ibintu vyobaye bigashikana ku gusangangurwa kw’urunkwekwe rw’ivy’Abayuda] bizobaho ryari, kand’ikimenyetso kizoba iki c’[ukuhaba, NW] n’ic’umuhero w’isi?” (Matayo 24:3) Ikimenyetso cabuwe nticotumye tumenya ukuhaba kwa Kirisitu kwonyene, ahubwo kandi cotumye tumenya ibintu biba bijana ku muhero w’ivy’isi mbi y’ubu.
5. Yezu yerekanye ate ko naho yobaye ahari mu buryo bw’impwemu, yobaye kandi ‘ariko araza’?
5 Yezu yerekanye yuko mu gihe c’ ‘ukuhaba’ kwiwe (mu Kigiriki, pa·rou·siʹa) yozananye ububasha n’ubuninahazwa. Ku vyerekeye mwene ukwo “kuza” (ukwerekanwa n’imero z’ijambo ry’Ikigiriki erʹkho·mai), yamenyesheje ati: “Bun’ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi. . . . Nimwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw agatāsi kari hafi. Nuko namwe ni mwabona ivyo vyose bishitse, muze mumenye k[o Kirisitu] ari hafi. . . . Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. . . . Mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.”—Matayo 24:30, 32, 33, 42, 44, ni twe duhiritse izo ndome.
Ni Kuki Yezu Kirisitu Aza?
6. Ugusangangurwa kwa ‘Babiloni Hahambaye’ kuzoza gute?
6 Naho ubu ahari bwa Mwami kuva mu 1914, Yezu Kirisitu abwirizwa kuzobanza gucira imanza imigwi y’amashirahamwe hamwe n’abantu umwumwe ukwiwe, imbere y’uko ashitsa urubanza ku bo azosanga ari babi. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 5:10.) Yehova ubu bwa vuba azoshira mu mizirikanyi y’abategetsi bo mu vya politike uguhonya ‘Babiloni Hahambaye,’ ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. (Ivyahishuriwe 17:4, 5, 16, 17) Intumwa Paulo yaravuze atobora yuko Yezu Kirisitu azohonya wa “muntu w’umugarariji”—wa mugwi w’abakuru b’abagarariji b’amadini y’Abitwa Abakirisu, ukaba ari umuce uhambaye wa ‘Babiloni Hahambaye.’ Paulo yanditse ati: “Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’[ukuhaba kwiwe, NW].”—2 Ab’i Tesalonike 2:3, 8.
7. Umwana w’umuntu niyashika ari mu buninahazwa bwiwe, ni urubanza nyabaki azoca?
7 Mu gihe ca vuba cane, Kirisitu azocira urubanza abantu bo mu mahanga afatiye ku vyo bakoreye abavukanyi biwe bakiri kw’isi. Dusoma ngo: “Umwana w’umuntu ah’azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza: amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’umwungere arobanura intama mu mpene. Intama azoziherereza i buryo bgiwe, impene na zo i bumoso. . . . Umwami . . . azo[bwira intama], ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye. . . . [Impene] bazoja mu [kurandurwa kw’ibihe bi]dashira, arikw abagororotsi bazoja mu bu[zima] budashira.”—Matayo 25:31-46.
8. Paulo adondora ate umuzo wa Kirisitu aje gushitsa urubanza ku batayobokera Imana?
8 Nk’uko vyerekanywe muri uwo mugani w’intama n’impene, Yezu arashitsa urubanza rwa nyuma ku batayobokera Imana bose. Paulo yarakuye amazinda abo bisangiye ukwizera bari mu bucumukure, ababwira ivyo “kuruhukana natwe, ah’Umwami Yesu azohishurirwa ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe, hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu. Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwani no mu bgiza bg’ubushobozi bgiwe, ah’azozira gushimirwa [ku bw’]abera biwe.” (2 Ab’i Tesalonike 1:7-10) Kubera hari ivyo bintu vyose vy’agatangaza biri imbere yacu, ntidukwiye none kugaragaza ukwizera kandi tukaguma tureretse ukuza kwa Kirisitu n’igishika cinshi?
Turindirane Igishika Cinshi Ihishurwa rya Kirisitu
9, 10. Ni kuki abasizwe bakiri kw’isi barindiranye igishika cinshi uguhishurwa kwa Yezu Kirisitu?
9 ‘Uguhishurwa kw’Umwami Yezu avuye mw’ijuru,’ ntikuzoba gusa ari uguhonya abanyakibi, ariko kuzoba kandi ari uguha impera abagororotsi. Abasigaye bo mu bavukanyi ba Yezu basizwe bakiri kw’isi bashobora kumbure kwongera gucumukura imbere y’uko Kirisitu ahishurwa, ariko baranezererwa icizigiro c’ubwiza cabo c’ijuru. Intumwa Petero yabwiye Abakirisu basizwe ati: “Munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe.”—1 Petero 4:13.
10 Abasizwe biyemeje kuguma ari abizerwa gushika Kirisitu ‘abakoranirije kuri we’ kugira ngo ‘kamere yageragejwe’ y’ukwizera kwabo ‘ize iboneke iriko ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.’ (2 Ab’i Tesalonike 2:1; 1 Petero 1:7) Ku vyerekeye abo Bakirisu b’abizerwa bavyawe n’impwemu, hashobora kuvugwa ibi: “Ugushingira intahe Kristo kwakomejwe muri mwebge. Bituma mutagira ingabire n’imwe muhaza, mwiteze guhishurwa kw’Umwami wacu Yesu Kristo.”—1 Ab’i Korinto 1:6, 7.
11. Ni igiki Abakirisu basizwe bagira mu gihe bakirindiriye uguhishurwa kwa Yezu Kirisitu?
11 Amasigarira y’abasizwe bafise inyiyumvo nk’iza Paulo, we yanditse ati: “Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa.” (Abaroma 8:18) Ukwizera kwabo ntigukeneye gusegurwa n’ivy’uguharura ibihe. Baguma bari na vyinshi bakora mu murimo wa Yehova, bagaha akarorero keza igitangaza bagenzi babo, za ‘zindi ntama.’ (Yohana 10:16) Abo basizwe barazi yuko umuhero w’ivy’iyi si uri hafi, kandi baguma bakurikira iyi nkeburo ya Petero ivuga ngo: “Mu kwamana ubwenge bubangutse no mu kwamana umutima ugavye, nimushire umwizero wanyu wose kuri ya nema muzoshikirizwa n’ihishurirwa rya Yezu-Kristu.”—1 Petero 1:13, UB.
“Ibiremwa Vyose Birarindiranye Igishika Cinshi”
12, 13. Ni mu buryo ki ibiremwa bantu ‘vyagizwe ibitagira ikimazi,’ kandi izindi ntama bipfuza iki?
12 Mbega izindi ntama na bo boba bari n’ikintu bobaho baroreranye igishika cinshi? Cane nyene bari na co. Paulo amaze kuvuga ivy’icizigiro c’ubwiza gifiswe n’abo Yehova yirereye bwa “bana” b’abarerano, bakaba n’ “abaraganwa na Kristo” mu Bwami bwo mw’ijuru, yavuze ati: “Ibiremwa vyose birarindiranye igishika cinshi uguhishu[rwa] kw’abana b’Imana. Naho ibiremwa vyose vyaguye mu buja bw’ibitagira mvura, nanone si vyo vyavyishakiye, vyavuye riho ku wubiganza, ivyo biremwa nyene birizigiye yuko bizokira na vyo nyene bwa buja bubituma bikwiriye kubora, ngo bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana.”—Abaroma 8:14-21, UB; 2 Timoteyo 2:10-12.
13 Biciye ku caha ca Adamu, abamukomotseko bose ‘baguye mu buja bw’ibitagira mvura,’ bavukira mu buja bw’icaha n’urupfu. Ubwabo ntibashoboye kwikura muri ubwo buja. (Zaburi 49:7; Abaroma 5:12, 21) Ewe kuntu izindi ntama bashashariye ‘kuzocungurwa ntibabe bakiri abaja b’ukubora’! Ariko imbere y’uko ivyo bishika, hariho ibintu bimwebimwe bitegerezwa kuba nk’uko ibihe n’ibiringo Yehova yashinze biri.
14. “Uguhishurwa kw’abana b’Imana” kuzoba kurimwo ibiki, kandi ni mu buryo ki ivyo bizotuma abantu ‘bakurwa ku kuba abaja bo kubora’?
14 Amasigarira y’ “abana b’Imana” basizwe ategerezwa kubanza ‘guhishurwa.’ Ivyo bizoba birimwo ibiki? Mu gihe kibereye c’Imana, bizogaragarira izindi ntama yuko abasizwe ‘badomweko ikimenyetso’ ubwa nyuma n’uko baninahajwe ngo baganze kumwe na Kirisitu. (Ivyahishuriwe 7:2-4) “Abana b’Imana” bazutse ‘bazohishurwa’ n’igihe bazofadikanya na Kirisitu gusangangura ivy’isi mbi ya Shetani. (Ivyahishuriwe 2:26, 27; 19:14, 15) Maze, mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, bazokwongera ‘guhishurwa’ ko ari imihora y’ubuherezi icishwako ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Yezu bigashungururirwa ku ‘biremwa’ bantu. Ivyo bizotuma abantu ‘bakurwa ku kuba abaja bo kubora’ hanyuma amaherezo binjire mu ‘mwidegemvyo w’ubunihazwa w’abana b’Imana.’ (Abaroma 8:21; Ivyahishuriwe 20:5; 22:1, 2) Kubera ko twiteze ibintu bikomakomeye mwene ivyo, vyoba bitangaje none kuba izindi ntama ‘biteze uguhishurwa kw’abana b’Imana’ n’ “igishika cinshi”?—Abaroma 8:19, UB.
Ukwihangana kwa Yehova Ni Agakiza
15. Ni igiki tudakwiye kwigera twibagira ku biraba igihe Yehova yashingiye ibiba?
15 Yehova ni we Mudatisango Mukuru. Igihe yashingiye ibiba ntikizohusha na gato. Ibintu birashobora kutazokwama biba mu buryo ubwacu twari twiteze. Ariko rero, turashobora kwizera tugaherezako yuko imihango yose Imana yatanze izoranguka. (Yosuwa 23:14) Hari aho Imana yoshobora kuba iraretse ibintu ngo bibandanye igihe kirekire kuruta uko abenshi bari bavyiteze. Ariko nimuze turondere gutahura inzira zayo kandi dushime cane ubukerebutsi bwayo. Paulo yanditse ati: “Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe! Ni nde yamenye umutima w’Uhoraho? Canke ni nde yabaye umujanama wiwe?”—Abaroma 11:33, 34.
16. Ni ba nde bagiye kuronkera ivyiza ku kwihangana kwa Yehova?
16 Petero yanditse ati: “Abo nkunda, kuko mureretse ivyo [isangangurwa ry’ “amajuru” n’ “isi” vya kera hanyuma bigasubirirwa n’ “ijuru risha” be n’ “isi nsha” vyasezeranywe n’Imana], mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’umugayo, imbere yiwe. Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’agakiza.” Kubera ukwihangana kwa Yehova, hari abandi amamiliyoni bariko barahabwa akaryo ko kuzokizwa muri wa ‘musi wa Yehova,’ uwuzoza giturumbuka “nk’igisuma.” (2 Petero 3:9-15, ni twe duhiritse izo ndome.) Ukwihanga kwiwe kandi kuratuma umwe wese muri twebwe ‘ashishikara ubukiriro bwiwe, akabigirana icubahiro n’ubwoba.’ (Ab’i Filipi 2:12, UB) Yezu yavuze ko dutegerezwa ‘kwirinda ubwacu’ no ‘kuba maso’ nimba dushaka kwemerwa no kwererwa mu ‘guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu’ igihe azozira aje guca imanza.—Luka 21:34-36; Matayo 25:31-33.
Guma Urindiriye Wihanganye
17. Ni amajambo ayahe intumwa Paulo yavuze dukwiye gushira ku muzirikanyi?
17 Paulo yahimirije abavukanyi biwe bo mu vy’impwemu kutagumiza amaso “ku biboneka, ariko turāba ku bitaboneka.” (2 Ab’i Korinto 4:16-18) Ntiyashaka ko hagira ikintu na kimwe kibabuza kuguma bazirikana impera yabo y’ijuru yabashizwe imbere. Twaba turi Abakirisu abasizwe canke abo mu zindi ntama, nitugumize mu muzirikanyi ca cizigiro c’igitangaza cashizwe imbere yacu kandi ntiturambirwe. ‘Nitugume turindiriye twihanganye,’ tugaragaze yuko “[tuta]r’abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.”—Abaroma 8:25; Abaheburayo 10:39.
18. Ni kuki dushobora kurekera ibihe n’ibiringo mu maboko ya Yehova tudakeka?
18 Ata gukeka, turashobora kurekera ibihe n’ibiringo mu maboko ya Yehova. Iranguka ry’imihango yatanze ‘ntirizoteba’ nk’uko ingengabihe yiwe iri. (Habakuki 2:3) Mu kurindira, ivyo Paulo yinginze Timoteyo ngo akore biragira iyindi nsobanuro kuri twebwe. Yavuze ati: “Ndakwihanikiriza mu nyonga z’Imana no mu za Kristo Yesu azocirakw iteka abazoba bariho n’abazoba bapfuye, kandi no kubgo kuzoboneka kwiwe n’ubgami bgiwe: uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye . . . Ukore igikorwa c’umuvuzi w’ubutumwa bgiza, ushitse igikorwa c’ibango ryawe.”—2 Timoteyo 4:1-5.
19. Ku gisata ca Yehova, iki kiracari igihe c’uko bagira iki, kandi kubera iki?
19 Ubuzima bwacu n’ubwa bagenzi bacu burageramiwe. Paulo yanditse ati: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.” (1 Timoteyo 4:16) Igihe iyi si mbi isigaranye ni kigufi cane. Mu gihe turindiranye igishika cinshi ibintu vy’agatangaza biri imbere yacu, nimuze twame tuzi yuko ibi bikiri ibihe n’ibiringo Yehova yashiriyeho igisata ciwe ngo bamamaze inkuru nziza y’Ubwami. Ico gikorwa gitegerezwa kurangurwa gushika ku rugero we ashaka. “Maze,” nk’uko Yezu yavuze, “umuhero uzoca uza.”—Matayo 24:14.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba ikigabane c’10 n’ica 11 mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
Isubiramwo
◻ Ku biraba uguharura ibihe, ni mu buryo ubuhe ivyacu vyifashe nk’ivy’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere?
◻ Ni kuki Abakirisu bategerezwa ‘kuguma bari maso’ no mu gihe nyene c’ukuhaba kwa Kirisitu?
◻ Ni kuki ibiremwa bantu vyiteganye igishika cinshi “uguhishurwa kw’abana b’Imana”?
◻ Ni kuki dushobora kurekera ibihe n’ibiringo mu maboko ya Yehova tudakeka?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 15]
Abakirisu bategerezwa kuguma bari maso biteze ukuza kwa Kirisitu
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 16]
Amasigarira y’abasizwe baguma bari na vyinshi bakora mu murimo wa Yehova, badashingiye ukwizera kwabo ku vy’uguharura ibihe