Tunezererwe icizigiro cacu
“[Hariho] icizigiro c’ubuzima budahera, ubwo Imana idashobora kubesha yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane.”—TITO 1:2.
MU BURYO BW’ISUBIRAMWO
Tumenya dute yuko haba akanyamuneza mw’ijuru igihe umwe mu barobanuwe agumije ugutungana kwiwe gushika apfuye?
Iranguka ry’icizigiro abagize izindi ntama bafise rifitaniye isano gute n’iranguka ry’icizigiro abarobanuwe bafise?
Nimba twipfuza ko icizigiro cacu kiranguka, ni “ibikorwa vy’ingeso nyeranda” be n’“ibikorwa vy’ukwihebera Imana” ibihe dutegerezwa gukora?
1. Icizigiro Yehova yaduhaye gishobora gute kudufasha kwihangana?
YEHOVA ni “ya Mana itanga icizigiro.” Ukwo ni ko intumwa Paulo yavuze, aca yongerako yuko Yehova ashobora ‘kutwuzuza akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwacu, kugira ngo tugwire mu cizigiro hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda.’ (Rom. 15:13) Nimba icizigiro cacu kigwiriye muri twebwe, tuzoshobora kwihanganira ikintu ico ari co cose coshobora kwaduka, imitima yacu yuzuye akanyamuneza n’amahoro. Nk’uko bimeze ku bakirisu barobanuwe, ico cizigiro kizobera abandi bakirisu “inanga y’ubwato y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga.” (Heb. 6:18, 19) Icizigiro cacu ni ikintu dushobora kwumirako mu ngorane zo mu buzima zigereranywa n’ibihuhusi, ikintu kizodufasha kutagenda akayombekere ngo dutangure gukekeranya canke ngo dutakaze ukwizera.—Soma Abaheburayo 2:1; 6:11.
2. Ni ivyizigiro bibiri ibihe bitegerezwa kuboneka mu bakirisu muri iki gihe, kandi ni kubera iki abagize “izindi ntama” bitwararika icizigiro abarobanuwe bafise?
2 Umukirisu wese abayeho muri iki gihe c’iherezo arafise icizigiro. Abasigaye bo muri bwa “busho buto” bugizwe n’abakirisu barobanuwe, bafise icizigiro co kuzogira ubuzima budapfa mw’ijuru ari abami n’abaherezi bafadikanije na Kristu mu Bwami bwiwe. (Luka 12:32; Ivyah. 5:9, 10) “Isinzi rinini” kuruta ry’abagize “izindi ntama” rifise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo rirongowe n’Ubwami bwa Mesiya. (Ivyah. 7:9, 10; Yoh. 10:16) Abagize izindi ntama ntibakwiye kwigera bibagira yuko ukurokoka kwabo guhagaze ku kuba bashigikira n’umwete ‘bene wabo’ na Kristu bakiri kw’isi barobanuwe. (Mat. 25:34-40) Abarobanuwe bazoronka impera yabo, mugabo icizigiro c’abagize izindi ntama na co nyene kizoranguka ata kabuza. (Soma Abaheburayo 11:39, 40.) Nimuze tubanze turimbure icizigiro abarobanuwe bashizwe imbere.
“ICIZIGIRO KIZIMA” ABAKIRISU BAROBANUWE BAFISE
3, 4. Abakirisu barobanuwe bahabwa gute ‘ivuka rishasha kugira ngo bagire icizigiro kizima,’ kandi ico cizigiro ni ikihe?
3 Intumwa Petero yarandikiye amakete abiri abakirisu barobanuwe, abo yise “abatowe.” (1 Pet. 1:1) Yaratanze amakuru y’ido n’ido yerekeye icizigiro ciza igitangaza cahawe ubusho buto. Mw’ikete ryiwe rya mbere, Petero yanditse ati: “Hahezagirwe ya Mana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, kuko yaduhaye ivuka rishasha nk’uko imbabazi zayo nyinshi ziri, ngo tugire icizigiro kizima biciye kw’izuka rya Yezu Kristu mu bapfuye, ngo turonke intoranwa itabora, idahumanye, idakabirana. Muyibikiwe mw’ijuru, mwebwe abariko bazigamwa n’ububasha bw’Imana biciye ku kwizera ku bw’ubukiriro buteguriwe guhishurwa mu gihe ca nyuma. Ico kintu murakinezererwa cane.”—1 Pet. 1:3-6.
4 Abo bakirisu bakeyi batowe na Yehova kugira ngo bazofatanye na Kristu mu ntwaro y’Ubwami yo mw’ijuru, barahabwa “ivuka rishasha” bakaba abana b’Imana bavyawe n’impwemu. Barobanuzwa impwemu nyeranda kugira ngo bazobe abami n’abaherezi hamwe na Kristu. (Ivyah. 20:6) Petero avuga ko iryo “vuka rishasha” rituma bagira “icizigiro kizima,” ico yita “intoranwa itabora, idahumanye, idakabirana” babikiwe “mw’ijuru.” Ntibitangaje na gato kuba abarobanuwe ‘banezererwa cane’ icizigiro kizima bafise! Ariko rero, kugira ngo ico cizigiro kiranguke bategerezwa kuguma ari abizigirwa.
5, 6. Ni kubera iki abakirisu barobanuwe bategerezwa gukora uko bashoboye kwose kugira ngo batume ihamagarwa ryabo ryo kuja mw’ijuru riba iridakekeranywa?
5 Mw’ikete rya kabiri Petero yanditse, yarahimirije abakirisu barobanuwe ‘gukora uko bashoboye kwose ngo batume ihamagarwa ryabo be n’itorwa ryabo biba ibidakekeranywa kuri bo.’ (2 Pet. 1:10) Bategerezwa kwihatira gutsimbataza kamere za gikirisu nk’ukwizera, ukwihebera Imana, ukwiyumvamwo abavukanyi be n’urukundo. Petero yavuze ati: “Nimba ivyo bintu biriho muri mwebwe kandi bigasesekara, bizobabuza kuba abantu badakora canke barumvye.”—Soma 2 Petero 1:5-8.
6 Mu butumwa Kristu uwari yazutse yarungikiye abakurambere bavyawe n’impwemu bo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere rya Filadelifiya muri Aziya ntoya, yavuze ati: “Ko wagumije ijambo ryerekeye ukwihangana kwanje, nanje nzokurinda isaha y’ukugeragezwa, iyibwirizwa kuza kw’isi yose, kugerageza ababa kw’isi. Ndaje ningoga. Bandanya kugumya ico ufise, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe atwara urugori rwawe.” (Ivyah. 3:10, 11) Umukirisu yarobanuwe yari guhemuka, ntiyari kuronka “rwa rugori rudakabirana rw’ubuninahazwa” rwasezeraniwe abatowe baguma ari abizigirwa gushika ku rupfu.—1 Pet. 5:4; Ivyah. 2:10.
UKWINJIRA MU BWAMI
7. Ni icizigiro ciza igitangaza ikihe Yuda yavuze mw’ikete ryiwe?
7 Nko mu mwaka wa 65 G.C., Yuda mwene wabo na Yezu kuri nyina yarandikiye ikete abakirisu barobanuwe bagenziwe, abo yise “abahamagawe.” (Yuda 1; gereranya n’Abaheburayo 3:1.) Yari yashatse kubandikira ikete rivuga ibijanye n’icizigiro kininahaye c’ubukiriro abakirisu bahamagariwe Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru ‘basangiye.’ (Yuda 3) Naho yari afise ibindi bintu vyihutirwa vyo kubashikiriza, mu gusozera iryo kete ryiwe rigufi, yaravuze ibijanye na ca cizigiro ciza igitangaza gifiswe n’abakirisu barobanuwe, mu kwandika ati: “Imwe rero ishobora kubarinda gutsitara kandi ikabahagarika mutagirako ikirabagu imbere y’ubuninahazwa bwayo n’akanyamuneza kenshi, ya Mana imwe yonyene ikaba n’Umukiza wacu biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu, ubuninahazwa, ubukuru, ubushobozi hamwe n’ububasha bibe ivyayo mu bihe bidahera vyarenganye, n’ubu no gushika ibihe bidahera.”—Yuda 24, 25.
8. Twisunze ibivugwa muri Yuda 24, ni igiki cerekana ko mw’ijuru haba akanyamuneza igihe umwe mu barobanuwe agumije ugutungana kwiwe gushika apfuye?
8 Nta gukeka ko umwe wese mu bakirisu barobanuwe b’abizigirwa yipfuza gukingirwa ibintu vyohava bimutsitaza bigatuma atikizwa. Abo bakirisu barafise icizigiro gishingiye kuri Bibiliya c’uko Yezu Kristu azobazura mu bapfuye, bigatuma bashobora kurenguka imbere y’Imana batagira akanenge mu vy’impwemu, bafise akanyamuneza kenshi. Igihe umwe mu barobanuwe apfuye ari umwizigirwa, aba afise icizigiro ntakekeranywa co “[ku]zurwa ari umubiri w’impwemu,” uzuriwe ‘mu kutabora no mu buninahazwa.’ (1 Kor. 15:42-44) Nimba haba “akanyamuneza kenshi mw’ijuru ku mucumuzi umwe yigaye,” iyumvire akanyamuneza kaba mu birimba vyo mw’ijuru igihe umwe muri bene wabo na Kristu bavyawe n’impwemu agumije ugutungana kwiwe gushika apfuye. (Luka 15:7) Yehova be n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka baranezeranwa n’uwarobanuwe aba aronse impera yiwe n’“akanyamuneza kenshi.”—Soma 1 Yohani 3:2.
9. Ni gute abakirisu barobanuwe ‘baronswa rwose’ ukwinjira mu Bwami, kandi ico cizigiro gifasha gute abarobanuwe bakiri kw’isi?
9 Muri ico ciyumviro nyene, Petero yandikiye abakirisu barobanuwe yuko nibatuma ihamagarwa ryabo riba iridakekeranywa mu kuguma ari abizigirwa, ‘bazoronswa rwose ukwinjira mu bwami budahera bw’Umukama wabo n’Umukiza Yezu Kristu.’ (2 Pet. 1:10, 11) Igihe Petero yavuga ko ‘boronkejwe rwose’ ukwinjira mu Bwami, ashobora kuba yariko arerekeza ku vy’uko bokwinjiye mw’ijuru mu buninahazwa buhambaye. Ashobora kandi kuba yariko arerekeza ku mihezagiro myinshi bazoronka mw’ijuru. Imitima yabo izokwuzura umunezero n’ugukenguruka nibibuka ukuntu babayeho ari abizigirwa. Nta gukeka ko ico cizigiro gikomeza abakirisu barobanuwe bakiri kw’isi maze ‘bagatubika imizirikanyi kugira babandanye gukorera’ Yehova.—1 Pet. 1:13.
ABAGIZE IZINDI NTAMA BARAFISE ‘ISHIMIKIRO RY’ICIZIGIRO’
10, 11. (a) Ni icizigiro ikihe abagize izindi ntama bafise? (b) Iranguka ry’icizigiro co kuba kw’isi rifitaniye isano gute na Kristu be n’“ihishurwa ry’abana b’Imana”?
10 Intumwa Paulo yaranditse ibijanye n’icizigiro kininahaye c’“abana b’Imana” bavyawe n’impwemu, avuga ko ari “abaraganwa” na Kristu. Yaciye avuga icizigiro ciza igitangaza Yehova aronsa abantu badaharurika bagize izindi ntama, ati: “Ivyaremwe [ni ukuvuga abantu] vyiteze bibishashaye ihishurwa ry’abana b’Imana [ni ukuvuga abarobanuwe]. Kuko ivyaremwe vyatanzwe ngo biganzwe n’ukutagira ikimazi, atari ku kugomba kwavyo bwite mugabo biciye ku wabitanze, hishimikijwe icizigiro c’uko ivyaremwe na vyo bizogirwa ivyidegemvya bikava mu buja bw’ukubora, bikagira umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”—Rom. 8:14-21.
11 Yehova yarahaye abantu ‘ishimikiro ry’icizigiro’ igihe yasezerana kuzobakiza “ya nzoka yo mu ntango,” ari yo Shetani wa Mubesheranyi, biciye kuri rwa “ruvyaro” rwasezeranwa. (Ivyah. 12:9; Ita. 3:15) Yezu Kristu ni we yari igihimba nyamukuru c’urwo “ruvyaro.” (Gal. 3:16) Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyaratumye bishoboka ko abantu bagira icizigiro c’uko bazokurwa mu buja bw’igicumuro n’urupfu. Iranguka ry’ico cizigiro rirafitaniye isano n’“ihishurwa ry’abana b’Imana.” Abarobanuwe bamaze kuninahazwa ni bo bagize igihimba c’inyongera c’urwo “ruvyaro.” ‘Bazohishurwa’ igihe bazofatanya na Kristu mu gutikiza isi mbi ya Shetani. (Ivyah. 2:26, 27) Ivyo bizotuma abagize izindi ntama bazoba bavuye muri ya makuba akomeye baronka ubukiriro.—Ivyah. 7:9, 10, 14.
12. Ihishurwa ry’abarobanuwe rizozanira abantu ivyiza vy’akaroruhore ibihe?
12 Ese ukuntu “ivyaremwe,” ari bo bantu, bizoruhurirwa mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi! Ico gihe, “abana b’Imana” bazoba bamaze kuninahazwa ‘bazohishurwa’ mu bundi buryo nibaba abaherezi hamwe na Kristu, bakaronsa abantu ivyiza vy’inkuka y’incungu ya Yezu. Kubera ko “ivyaremwe,” ni ukuvuga abantu, bizoba biyoborwa n’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, bizotangura gukurwako ingaruka z’igicumuro n’urupfu. Abantu bagamburuka bazogenda ‘baragirwa abidegemvya bave mu buja bw’ukubora.’ Nibaguma ari abizigirwa kuri Yehova muri iyo myaka igihumbi no muri ca kigeragezo ca nyuma kizoshika iyo myaka irangiye, amazina yabo azokwandikwa mu “muzingo w’ubuzima” ubutagihanagurwa. Bazokwinjira mu “mwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Ivyah. 20:7, 8, 11, 12) Emwe, ico ni icizigiro kininahaye!
DUTUME ICIZIGIRO CACU KIGUMA ARI KIZIMA
13. Icizigiro cacu gishingiye kuki, kandi Kristu azohishurwa ryari?
13 Ayo makete abiri yahumetswe ya Petero arimwo ibintu vyinshi bifasha abarobanuwe hamwe n’abagize izindi ntama gutuma icizigiro bamwe bose bafise kiguma ari kizima. Yarerekanye yuko icizigiro cabo kidashingiye ku bikorwa vyabo, ahubwo ko gishingiye ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova. Yanditse ati: “Muzigame ubwenge bwanyu rwose; mushingire icizigiro canyu ku buntu ata wari abukwiriye muzozanirwa igihe c’ihishurwa rya Yezu Kristu.” (1 Pet. 1:13) Kristu azohishurwa niyaza guha impera abayoboke biwe b’abizigirwa no gushitsa imanza Yehova yaciriye abatibanga Imana.—Soma 2 Abatesalonika 1:6-10.
14, 15. (a) Kugira ngo dutume icizigiro cacu kiguma ari kizima, dutegerezwa kugumiza umutima ku ki? (b) Ni impanuro iyihe Petero yatanze?
14 Kugira ngo dutume icizigiro cacu kiguma ari kizima, dutegerezwa kugumiza umutima ku musi wa Yehova uriko uraza kandi tukabaho tuwisunga. Uwo musi uzotikiza “amajuru” y’iki gihe, ari bwo butegetsi bw’abantu, utikize n’“isi” y’iki gihe, ni ukuvuga ikibano c’abantu kibi be n’“ibintu” biri muri co. Petero yanditse ati: “Mubwirizwa kuba abantu bameze gute . . . , murorera kandi mwamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova, kubera wo amajuru akazoyagishwa n’ugusha, n’ibintu bikazoshongeshwa n’ugushuha gukaze!”—2 Pet. 3:10-12.
15 “Amajuru” n’“isi” vy’iki gihe bizosubirirwa n’“amajuru mashasha [ni ukuvuga intwaro y’Ubwami ya Kristu] n’isi nshasha [ari co kibano gishasha co kw’isi].” (2 Pet. 3:13) Petero yaciye atanga impanuro itomoye y’ico twokora kugira tugume ‘turorereye’ icizigiro cacu cerekeye isi nshasha yasezeranywe, canke kugira dutume kiguma ari kizima, ati: “Ku bw’ivyo, bakundwa, ko murorereye ivyo bintu, mukore uko mushoboye kwose ngo impera n’imperuka aze abasange mutagirako agatosi, mutagirako ikirabagu, muri mu mahoro.”—2 Pet. 3:14.
TUGENDE TWISUNGA ICIZIGIRO CACU
16, 17. (a) Ni “ibikorwa vy’ingeso nyeranda” be n’“ibikorwa vy’ukwihebera Imana” ibihe dukwiye gukora? (b) Icizigiro cacu kizoranguka gute?
16 Uretse ko dutegerezwa gutuma icizigiro cacu kiguma ari kizima, dutegerezwa no kubaho duhuza n’icizigiro cacu. Turakwiye kwitwararika ukuntu tumeze mu buryo bw’impwemu. “Ibikorwa vy’ingeso nyeranda” birimwo ‘kugumana ingeso nziza mu mahanga,’ mu gukora ivyo Imana ivuga ko bigororotse. (2 Pet. 3:11; 1 Pet. 2:12) Dutegerezwa ‘kugiriranira urukundo hagati yacu.’ Ivyo birimwo gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo tuzigame ubumwe burangwa mu muryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, harimwo n’abo mw’ishengero turimwo. (Yoh. 13:35) “Ibikorwa vy’ukwihebera Imana” ni ibintu dukora bituma tuguma dufitaniye ubucuti somambike na Yehova. Aho harimwo ukuntu amasengesho dutura ameze hamwe n’ugusoma Bibiliya buri musi, ukwiyigisha mu buryo bwimbitse, ugusenga kwo mu muryango be no kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami” tubigiranye umwete.—Mat. 24:14.
17 Twese turipfuza kuba abantu Yehova yemera kandi azorokora isi mbi y’iki gihe ‘niyayaga.’ Nitwaba abantu bameze gutyo, icizigiro cacu, ni ukuvuga “icizigiro c’ubuzima budahera, ubwo Imana idashobora kubesha yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane,” kizoranguka.—Tito 1:2.
[Ifoto ku rup. 22]
Abakirisu barobanuwe barahabwa ‘ivuka rishasha kugira ngo bagire icizigiro kizima’
[Ifoto ku rup. 24]
Nimutume icizigiro kiguma ari kizima mu muryango wanyu