ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/3 rup. 15-20
  • Vuba Abana b’Imana Bagiye Kuronka Umwidegemvyo w’Ubuninahazwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Vuba Abana b’Imana Bagiye Kuronka Umwidegemvyo w’Ubuninahazwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bariko Bavuga ngo “Ngwino”
  • Ivyahindutse Uko Igihe Kirengana
  • Impamvu Nyinshi Zotuma Dukura Ubwatsi
  • None Ni Ho Uzoba Uri?
  • Yehova Ajana Abana Benshi mu Buninahazwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Imfungurwa Z’umukama Zo Ku Mugoroba Zisigura Iki Kuri Wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Tunezererwe icizigiro cacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • ‘Ngize Isezerano Namwe ry’Ivy’Ubwami’
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/3 rup. 15-20

Vuba Abana b’Imana Bagiye Kuronka Umwidegemvyo w’Ubuninahazwa

“Ibiremwa vyose vyaguye mu buja bw’ibitagira mvura, . . . birizigiye yuko bizokira na vyo nyene bwa buja bubituma bikwiriye kubora, ngo bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana.”—ABAROMA 8:20, 21, UB.

1. Inkuka Yezu yatanze yari yagereranijwe gute ku Musi w’Impongano?

YEHOVA yatanze Umwana wiwe w’ikinege ngo abe inkuka y’incungu yugururiye inzira ubuzima bwo mw ijuru ku bantu 144 000, hamwe n’ivyizero bihoraho vy’ubuzima bwo kw isi ku basigaye bo mu muryango w’abantu. (1 Yohana 2:1, 2) Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro gikurikirwa n’iki, inkuka Yezu yatangiye Abakirisu bavyawe n’impwemu yari yaragereranijwe igihe umuherezi mukuru wa Isirayeli yatanga ikimazi c’imasa ngo ibe ishikanwa ry’ivyaha ritangiwe we ubwiwe, abo mu rugo rwiwe, hamwe n’umuryango wa Lewi kuri wa Musi w’Impongano wagirwa buri mwaka. Kuri uwo musi nyene, yaratangako ikimazi impene ngo ibe ishikanwa ry’ivyaha ritangiwe abandi Bisirayeli bose, nk’uko nyene inkuka Kirisitu yatanze izozanira akunguko abantu tubafatiye hamwe. Mu buryo bw’ikigereranyo, impene ibona yarikorera ivyaha vy’abantu vyo mu mwaka waba uheze bifatiwe hamwe, ikazimanganira mu bugaragwa.a—Abalewi 16:7-15, 20-22, 26.

2, 3. Paulo yashaka kuvuga iki mu majambo yiwe yanditswe mu Baroma 8:20, 21?

2 Intumwa Paulo amaze kuvuga muri make ivy’icizigiro gifiswe n’abantu bocitse “abana b’Imana” bo mw ijuru, yavuze ati: “Ibiremwa vyose birarindiranye igishika cinshi uguhishurirwa kw’abana b’Imana. Naho ibiremwa vyose vyaguye mu buja bw’ibitagira mvura, nanone si vyo vyavyishakiye, vyavuye riho ku wubiganza, ivyo biremwa nyene birizigiye yuko bizokira na vyo nyene bwa buja bubituma bikwiriye kubora, ngo bishikire umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana.” (Abaroma 8:14, 17, 19-21, UB) Ayo majambo ashaka kuvuga iki?

3 Igihe sogokuruza wacu Adamu yaremwa ari umuntu atagira agasembwa, yari ‘umwana w’Imana.’ (Luka 3:38) Kubera ugucumura, yahavuye aba ‘umuja wo kubora’ hanyuma iyo mero ayihereza zina muntu. (Abaroma 5:12) Imana yararetse abantu bavuka bahanzwe n’ “ibitagira mvura” kubera ko barazwe agasembwa, ariko yaratanze icizigiro biciye kuri rwa ‘rubuto,’ ari rwo Yezu Kirisitu. (Itanguriro 3:15; 22:18; Ab’i Galatiya 3:16) Mu Vyahishuriwe 21:1-4 haradoma urutoke ku gihe ‘urupfu, amaborogo, ugutaka, n’uburibwe bizoba bitakiriho.’ Kubera ko uwo ari umuhango wahawe “abantu,” uradukura amazinda yuko umuryango w’abantu wo kw isi uzoba urongowe n’inganji y’Ubwami uzosubira kugira umuzirikanyi n’umubiri bifise amagara meza n’ubuzima budashira, ugizwe n’ “abana b’Imana” bo kw isi. Mu gihe ca ya Ngoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi, abantu b’ingamburutsi ‘bazokurwako ukuba abaja bo kubora.’ Bamaze kwerekana ko ari intahemuka kuri Yehova muri ca kigeragezo ca nyuma, bazokwidegemvya ibihe bidashira bakuweko icaha n’urupfu barazwe. (Ivyahishuriwe 20:7-10) Abo kw isi rero ‘bazogira wa mwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.’

Bariko Bavuga ngo “Ngwino”

4. ‘Kwakira amazi y’ubuzima ku buntu’ bisobanura iki?

4 Ese icizigiro c’igitangaza gishizwe imbere y’umuryango w’abantu! Ntibitangaje rero kubona Abakirisu bavyawe n’impwemu bakiri kw isi baja imbere n’umwete mwinshi mu kubwira abantu ivy’ico cizigiro! Kubera ko ari abazocika umuce w’ “umugeni” wa wa Mwagazi yahabwa ubuninahazwa, ari we Yezu Kirisitu, ya masigarira y’abasizwe barerekewe n’iranguka ry’aya majambo y’ubuhanuzi: “[I]mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubu[zima] ku buntu.” (Ivyahishuriwe 21:2, 9; 22:1, 2, 17) Mugabo ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Yezu ntibigarukirizwa gusa kuri bamwe 144 000 basizwe. Impwemu y’Imana iguma ikora iciye ku basigaye bo mu mugwi w’abagize wa mugeni bari kw isi, ivuga iti “Ngwino.” Uwumva wese, akaba anyotewe ukugororoka, aratumirirwa kuvuga ati “Ngwino,” akironsa ivyiza ku bintu umuganda Yehova yatunganije kugirango haboneke ubukiriro.

5. Ivyabona vya Yehova bahimbawe no kuba bafise bande hagati yabo?

5 Ivyabona vya Yehova barizeye ivyatunganirijwe ubuzima biciye kuri Yezu Kirisitu. (Ivyakozwe 4:12) Barahimbarwa n’uko bafise hagati yabo abantu b’inyankamugayo bipfuza kwiga ivyerekeye imigambi y’Imana no gukora ivyo igomba. Ingoro z’Ubwami zabo ziruguruwe ku bipfuza bose ‘kuza kwakira amazi y’ubuzima ku buntu’ muri iki ‘gihe c’iherezo.’—Daniyeli 12:4.

Ivyahindutse Uko Igihe Kirengana

6. Ni gute impwemu y’Imana yakoreye ku basavyi ba Yehova mu biringo bitandukanye?

6 Imana irafise igihe co gushitsa imigambi yayo, kandi ivyo bikagira ico bikoze ku vyo igirana n’abantu. (Umusiguzi 3:1; Ivyakozwe 1:7) Naho impwemu y’Imana yaje ku basavyi bayo bo mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu, ntibavyariwe kuba abana bayo bo mu vy’impwemu. Ariko guhera kuri Yezu, igihe ca Yehova cari gishitse c’uko akoresha impwemu yera ngo avyare abagabo n’abagore biyeguye, abavyariye kuronka intoranwa y’ijuru. None muri iki gihe turimwo ho bite? Iyo mpwemu nyene iriko irakorera ku ‘zindi ntama’ za Yezu, ariko ntiriko irabavyurira icizigiro n’icipfuzo vy’ubuzima bwo mw ijuru. (Yohana 10:16) Kubera ko ukubaho ubuzima buhoraho mw isi y’iparadizo ari icizigiro bahawe n’Imana, barashigikira n’umunezero mwinshi amasigarira y’abasizwe mu gushinga intahe muri iki kiringo c’ukuva mw isi ya kera no kuja mw isi nshasha igororotse y’Imana.—2 Petero 3:5-13.

7. Ni igikorwa nyabaki c’isarura cari kiraje ishinga Abigishwa ba Bibiliya, ariko ni ibiki bari bazi ku vyerekeye iparadizo?

7 Imana yatanguye ‘kuzana abana benshi mu buninahazwa’ kuva aho impwemu yera isukiwe igihe ca Pentekote yo mu 33 G.C., kandi bigasa n’uko yashinze igihe co gusozererako ca gitigiri c’ “[A]bisirayeli b’Imana” bo mu vy’impwemu bagera bose hamwe ku 144 000. (Abaheburayo 2:10; Ab’i Galatiya 6:16; Ivyahishuriwe 7:1-8) Guhera mu 1879, igikorwa c’isarura c’ugutororokanya Abakirisu basizwe kenshi caravuzwe muri iki kinyamakuru. Ariko Abigishwa ba Bibiliya (ubu bakaba bitwa Ivyabona vya Yehova) bari bazi kandi yuko Ivyanditswe bivuga ivy’icizigiro c’ubuzima buhoraho bwo kw isi y’iparadizo. Nk’akarorero, inomero y’Umunara w’Inderetsi yo muri Mukakaro 1883 yavuze iti: “Yezu niyamara gusasagaza ubwami bwiwe, gukuraho ikibi, n’ibindi, iyi si izohinduka iparadizo, . . . n’abari mu mva zabo bose bazoza muri yo. Kandi bagamburukiye amategeko ayigenga, barashobora kuzoyibamwo ibihe bidashira.” Uko igihe cagiye kirahita, isarura ry’abasizwe ryagiye riragabanuka, hanyuma buhorobuhoro abantu batari bafise icizigiro co mw ijuru barasarurirwa mw ishirahamwe rya Yehova. Mu kurindira, Imana yaremereye abasavyi bayo basizwe, ari bo Bakirisu bavutse ubwa kabiri, uguca mu kajisho guhambaye.—Daniyeli 12:3; Ab’i Filipi 2:15; Ivyahishuriwe 14:15, 16.

8. Ni gute intahuro imwe y’ivyerekeye icizigiro co kw isi yatsimbataye mu ntango y’imyaka y’1930?

8 Canecane guhera mu 1931 ni ho abafise icizigiro co kuba kw isi bifatanya n’ishengero rya gikirisu. Muri uwo mwaka, Yehova yaraboneshereje amasigarira y’Abakirisu bavyawe n’impwemu kugirango babone yuko muri Ezekiyeli ikigabane c’9 herekeza kuri uwo mugwi w’abafise icizigiro co kw isi, abariko badomwako ikimenyetso kugirango bazorokoke binjire mw isi nshasha y’Imana. Mu 1932 vyatahuwe ko abameze nk’intama mwen’abo bo muri iki gihe bari bagereranijwe na Yonadabu (Yehonadabu) umwe yifatanya na Yehu. (2 Abami 10:15-17) Mu 1934 vyaratomotse ko “ba Yonadabu” bakwiye “kwihebera” Imana, ni ukuvuga kuyiyegurira. Mu 1935, “rya sinzi rinini,” ari ryo ‘shengero ryinshi’—iryari ryahoze ryiyumvirwa ko ari uwundi mugwi wiyongeyeko w’abo mu vy’impwemu bobaye “abagenzi” ba wa mugeni wa Kirisitu mw ijuru—ryagenekerejwe ko ari izindi ntama zifise icizigiro co kuba kw isi. (Ivyahishuriwe 7:4-15; 21:2, 9; Zaburi 45:14, 15) Kuva canecane mu 1935 na ho, abasizwe baragiye imbere ivyo kurondera abantu b’abagororotsi bipfuza kubaho ibihe bidashira kw isi y’iparadizo.

9. Inyuma yo mu 1935, ni kuki Abakirisu bamwebamwe bahagaritse gufata ku bimenyetso kuri za Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba?

9 Inyuma y’1935, bamwebamwe mu Bakirisu bari bahoze barya ku mukate bakanywa no ku muvinyu kuri za Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, bararetse kuvyakirako. Kubera iki? Kubera ko batahuye yuko icizigiro cabo cari ic’isi, kitari ic’ijuru. Umugore umwe yabatijwe mu 1930 yavuze ati: “Naho [ukuvyakirako] kwabonwa ko ari co kintu ciza umuntu yokora, canecane ku bakenuzi b’igihe cose b’abanyamwete, sinari bwigere nyurwa ko mfise icizigiro c’ijuru. Maze mu 1935, vyaradutomokeye yuko hariko hatororokanywa ishengero ryinshi rifise icizigiro co kubaho ibihe bidashira kw isi. Benshi muri twebwe baranezerejwe no gutahura ko twari mu bagize iryo shengero ryinshi, hanyuma turareka kurya ku bimenyetso.” Eka n’ivyandikwa mu bisohokayandikiro vyarahindutse. Naho ivyo mu myaka yari yaraheze vyandikirwa ubwa mbere na mbere abayoboke ba Yezu bavyawe n’impwemu, kuva mu 1935 no kubandanya Umunara w’Inderetsi hamwe n’ibindi vyandikano vya ‘wa mushumba w’umwizerwa’ vyaratanze imfungurwa zikwiranye n’ibikenewe n’abasizwe hamwe n’abifatanije na bo bafise icizigiro co kw isi.—Matayo 24:45-47.

10. Uwasizwe w’intizerwa ashobora gusubirirwa gute?

10 Dufate ko hagize uwasizwe aba intizerwa. Mbega hoba uwumusubirira? Paulo yerekanye ibisa n’ivyo mu kiyago yagize c’igiti ca elayo c’ikigereranyo. (Abaroma 11:11-32) Igihe hagize uwavyawe n’impwemu akenera gusubirirwa, bisa n’uko Imana yoha umuhamagaro w’ijuru uwundi muntu afise ukwizera kwabaye ukw’akarorero mu kuyikorera umurimo mweranda imyaka myinshi.—Gereranya na Luka 22:28, 29; 1 Petero 1:6, 7.

Impamvu Nyinshi Zotuma Dukura Ubwatsi

11. Icizigiro dufise caba ikihe, muri Yakobo 1:17 hadukura amazinda mu biki?

11 Aho dukorera Yehova hose turi abizerwa, azotumara inyota y’ivyo dukenera n’ivyipfuzo dufise bigororotse. (Zaburi 145:16; Luka 1:67-74) Twaba dufise icizigiro nyakuri c’ijuru canke icizero dufise kikaba ari ico kuba kw isi, turafise impamvu nyazo nyinshi zo gukurira ubwatsi Imana. Yama nantaryo ikora ibintu bizanira abayikunda inyungu nziza bihebuje. Umwigishwa Yakobo yavuze yuko “[u]gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico,” ni we Yehova Imana. (Yakobo 1:17) Reka turabe bikeyi muri izo ngabirano n’iyo migisha.

12. Ni kuki dushobora kuvuga ko Yehova yahaye umwe wese mu basavyi biwe bizerwa icizigiro ciza igitangaza?

12 Umwe wese mu basavyi biwe bizerwa, Yehova yaramuhaye icizigiro ciza igitangaza. Bamwe yabahamagariye ubuzima bwo mw ijuru. Ivyabona vyiwe b’imbere y’Ubukirisu, Yehova yarabahaye icizigiro ciza c’akumiza c’ukuzukira ubuzima budashira kw isi. Nk’akarorero, Aburahamu yari yizeye izuka kandi ararorera ‘ca gisagara gifise itanguriro nyaryo’—ni ukuvuga bwa Bwami bw’ijuru buzoba buganza niyazukira ubuzima bwo kw isi. (Abaheburayo 11:10, 17-19) No muri iki gihe c’iherezo nyene, Imana iriko iraha abantu amamiliyoni icizigiro c’ubuzima budashira bwo kw isi y’iparadizo. (Luka 23:43; Yohana 17:3) Vy’ukuri, uwo wese Yehova yahaye icizigiro gikomeye nk’ico akwiye kugikurira ubwatsi bimwe vyimbitse.

13. Ni mu buryo ki impwemu yera y’Imana yakoreye ku bantu bayo?

13 Yehova aratanga impwemu yiwe yera nk’ingabirano ahaye abantu biwe. Abakirisu bahawe icizigiro c’ijuru barasigwa impwemu yera. (1 Yohana 2:20; 5:1-4, 18) Yamara abasavyi b’Imana bafise ivyizero vyo kw isi barafashwa n’impwemu yera kandi ikabayobora. Muri abo harimwo Musa, uwari afise impwemu ya Yehova, nk’uko yari ifiswe na ba bagabo 70 bagenwa ngo bamwunganire. (Guharūra 11:24, 25) Vyohejwe n’impwemu yera, Besaleli yarakoze nk’umuhinguzi w’umuhanga mu bijanye n’itaberenakulo ya Isirayeli. (Kuvayo 31:1-11) Impwemu y’Imana yaraje kuri Gideyoni, Yefuta, Samusoni, Dawidi, Eliya, Elisha, n’abandi. Naho abo bantu bo mu bihe vya kera batazokwigera bajanwa mu buninahazwa bwo mw’ijuru, barayobowe kandi barafashwa n’impwemu yera, nk’uko n’izindi ntama za Yezu babigirirwa muri iki gihe. Urumva rero yuko ukuba dufise impwemu y’Imana atari ngombwa ngo bibe bisobanura ko twahamagariwe ijuru. Yamara, impwemu ya Yehova iratanga ubuyobozi, ikadufasha gukwiririza no gushitsa ibindi bikorwa dushingwa n’Imana, ikaduha ububasha burenze ubusanzwe, ikazana muri twebwe ivyamurwa kuri yo ari vyo rukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, n’ukwigumya. (Yohana 16:13; Ivyakozwe 1:8; 2 Ab’i Korinto 4:7-10; Ab’i Galatiya 5:22, 23) None ntidukwiye gukura ubwatsi kubera iyo ngabirano y’igiciro iva ku Mana?

14. Twungukira gute ku ngabirano z’ubumenyi n’ubwenge Imana yatanze?

14 Ubumenyi n’ubwenge ni ingabirano ziva ku Mana zikaba zotuma dukura ubwatsi, twaba dufise icizigiro c’ijuru canke co kw isi. Ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova buradufasha ‘kumenya neza ibintu bihambaye kuruta ibindi’ no ‘kugenda nk’uko bibereye aba Yehova, tumunezereza muri vyose.’ (Ab’i Filipi 1:9-11; Ab’i Kolosayi 1:9, 10) Ubwenge buva ku Mana buba nk’inkinzo n’ubuyobozi mu buzima. (Imigani 4:5-7; Umusiguzi 7:12) Ubumenyi n’ubwenge vy’ukuri bishimikiye kw Ijambo ry’Imana, kandi ba basizwe bakeyi basigaye barakwegērwa canecane ku vyo rivuga vyerekeye icizigiro cabo c’ijuru. Ariko rero, ugukunda Ijambo ry’Imana hamwe n’ukuritahura neza si bwo buryo Imana ikoresha mu kwerekana ko twahamagariwe ubuzima bwo mw ijuru. Abantu nka Musa na Daniyeli mbere baranditse ibihimba vya Bibiliya, ariko bazozurirwa ubuzima bwo kw isi. Icizigiro cacu caba ic’ijuru canke c’isi, twebwe twese turonka imfungurwa z’ivy’impwemu biciye ku “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” Yehova yemera. (Matayo 24:45-47, NW) Ese ukuntu twese dukenguruka kubera ubumenyi twaronse!

15. Imwe mu ngabirano zihambaye Imana yatanze ni iyihe, kandi wewe uyibona gute?

15 Imwe mu ngabirano zihambaye Imana yatanze ni bimwe yatunganya vy’inkuka y’incungu yatanzwe na Yezu, iyitwungura twaba dufise icizero c’ijuru canke icizigiro c’isi. Imana yarakunze isi y’abantu “gushika itange Umwana wayo w’ikinege, ngo umwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera.” (Yohana 3:16, UB) Kandi urukundo Yezu afise rwaratumye “[a]tanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Nk’uko intumwa Yohani yabisiguye, Yezu Kirisitu “ni we mpongano y’ivyaha vyacu [ivy’abasizwe], mugabo s’iy’ivyacu twenyene, ariko n’iy’ivy’abari mw isi bose.” (1 Yohana 2:1, 2) Ku bw’ico, twese dukwiye gukura ubwatsi bimwe vyimbitse kubera ivyo vyatunganijwe biranga urukundo vy’uko haboneka ubukiriro ngo umuntu abeho ibihe bihoraho.b

None Ni Ho Uzoba Uri?

16. Ni ikintu ikihe gikomeye kizokwibukirizwa izuba rirenze ku wa 11 Ndamukiza 1998, kandi ni bande bakwiye kuba ari ho bari?

16 Ugukura ubwatsi kubera iyo ncungu yatanzwe n’Imana biciye ku Mwana wayo gukwiye gutuma tuba ari ho turi ku Ngoro z’Ubwami canke mu bindi bibanza Ivyabona vya Yehova bazoteraniramwo izuba rirenze ku wa 11 Ndamukiza 1998, kugirango twibuke urupfu rwa Kirisitu. Igihe Yezu yatanguza iryo yubahiriza ari kumwe n’intumwa ziwe zizerwa mw ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe kw isi, yavuze ati: ‘Murame mukora ibi munyibuka.’ (Luka 22:19, 20; Matayo 26:26-30) Ba basizwe bakeyi basigaye bazorya ku mukate utambiye, ugereranya umubiri wa kimuntu wa Yezu uzira icaha, banywe no ku muvinyu udataze, usobanura amaraso yiwe yasheshwe ngo abe inkuka. Abakirisu bavyawe n’impwemu bonyene ni bo bakwiye kuvyakirako kubera ko ari bo gusa bari muri rya sezerano risha no muri rya sezerano ry’Ubwami, bakaba kandi bafise igishingantahe ntaharirwa c’impwemu yera y’Imana c’uko icizigiro bafise ari ic’ijuru. Abandi amamiliyoni bazoba ari ho bari bwa barorerezi b’abubashi, bakaba bakura ubwatsi kubera urukundo rwerekanywe n’Imana hamwe na Kirisitu mu vya ya nkuka Yezu yatanga ituma ubuzima buhoraho bushoboka.—Abaroma 6:23.

17. Ni ibiki dukwiye kwibuka ku biraba ivy’ugusigwa impwemu?

17 Ivyiyumviro umuntu yari afise mw idini yahoramwo, ibihababu bikomeye bivyurwa n’ugupfa kw’uwo umuntu yakunda, amagume ari mu buzima bwo kw isi, canke ukuba umuntu yiyumvamwo ko yaronse umuhezagiro udasanzwe uva kuri Yehova, vyoshobora gutuma hagira abantu bibwira bibesha ngo ubuzima bwo mw ijuru ni ubwabo. Ariko twebwe twese dukwiye kwibuka yuko Ivyanditswe bitadutegeka kwakira ku bimenyetso vyo ku Cibutso kugirango twerekane ko dukura ubwatsi kubera inkuka y’incungu Kirisitu yatanze. Vyongeye, ugusigwa n’impwemu ‘ntikuva ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko kuva ku Mana,’ iyavyaye Yezu ngo abe Umwana wo mu vy’impwemu kandi ikajana mu buninahazwa abandi bana 144 000 bonyene.—Abaroma 9:16; Yesaya 64:8.

18. Ni imigisha iyihe irindiriye abenshi kuruta mu bakorera Yehova muri iki gihe?

18 Ubuzima budashira bwo kw isi y’iparadizo ni co cizigiro Imana yatanze gifiswe n’abenshi cane mu bantu bakorera Yehova muri iyi misi y’iherezo. (2 Timoteyo 3:1-5) Vuba, bazokwironkera iyo paradizo y’akumiza. Ni ho rero abaganwa bazotegeka mu bintu vyo kw isi bahagarikiwe n’ubutegetsi bwo mw ijuru. (Zaburi 45:16) Hazobaho amahoro kubera ko abantu baba kw isi bazoba bubahiriza amategeko y’Imana kandi bakiga n’ibindi vyerekeye inzira za Yehova. (Yesaya 9:6, 7; Ivyahishuriwe 20:12) Hazobaho akazi kenshi ko gukora, mu kwubaka amazu yo kubamwo no mu kuganza isi. (Yesaya 65:17-25) Kandi iyumvire ugusubira kubonana kw’abagize imiryango abapfuye nibasubira kuba bazima! (Yohana 5:28, 29) Ikigeragezo ca nyuma giheze, ubukozi bw’ikibi bwose buzoba bwagiye. (Ivyahishuriwe 20:7-10) Ibihe bidashira inyuma yaho, isi izoba yuzuye abantu batagira agasembwa bazoba ‘bidegemvya, bakize ukuba abaja bo kubora kandi bafise umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.’

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ntwarante 1991, urupapuro 19-22.

b Raba Auxiliaire pour une meilleure intelligence de la Bible, urupapuro 158.

Wokwishura Ute?

◻ ‘Kwakira amazi y’ubuzima ku buntu’ bisobanura iki?

◻ Icizigiro cacu caba ic’isi canke ic’ijuru, ni impamvu izihe dufise zo gukurira ubwatsi Imana?

◻ Ni iyubahiriza irihe riba buri mwaka twese dukwiye kwitaba?

◻ Kazoza kabikiye ibiki abenshi rwose mu bantu ba Yehova?

[Ifoto ku rup. 16]

Abantu amamiliyoni baratanguye ‘kwakira amazi y’ubuzima ku buntu.’ Muri bo woba urimwo none?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika