IKIGABANE CA 14
Tuzigame amahoro n’ukudahumana vy’ishengero
UKO umwaka utashe, abantu ibihumbi baraza mu nzu ya Yehova igereranya ugusenga gutyoroye, nk’uko Bibiliya yari yarabivuze. (Mika 4:1, 2) Ese ukuntu biduhimbara kubakira mw’“ishengero ry’Imana”! (Ivyak. 20:28) Barashima akaryo baronka ko gukorera Yehova bifatanije natwe no kwinovora iparadizo yacu y’ivy’impwemu idahumanye kandi irangwamwo amahoro. Impwemu nyeranda y’Imana n’impanuro nziza dusanga mw’Ijambo ryayo biradufasha kuzigama amahoro no gutuma ishengero riguma ridahumanye.—Zab. 119:105; Zek. 4:6.
2 Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya biradufasha kwambara “wa muntu mushasha.” (Kol. 3:10) Turirengagiza utugorane n’utuntu dutoduto tudahurizako. Kubera yuko tubona ibintu nk’uko Yehova abibona, turarengera ibintu bicanishamwo abantu bo mw’isi maze tugakorera Imana tugize umuryango ukwiye kw’isi yose ufatanye mu nda.—Ivyak. 10:34, 35.
3 Yamara rero, birashika hakaduka ingorane zohava zihungabanya amahoro n’ubumwe mw’ishengero. None ivyo biterwa n’iki? Akenshi tuba twananiwe gukurikiza impanuro zo muri Bibiliya. Turacabandanya kunyinyana n’agasembwa. Nta n’umwe muri twebwe atunganye. (1 Yoh. 1:10) Vyoshika umuntu agakora ikintu cohava gituma ishengero rihumana mu vy’inyifato runtu canke mu vy’impwemu. Twoshobora kubabaza abandi biciye ku bintu twavuze canke twakoze tutabanje kwiyumvira, canke tugatsitazwa n’ivyo abandi bavuze canke bakoze. (Rom. 3:23) Igihe bigenze gutyo, twokora iki kugira dusubize ibintu mu buryo?
4 Ivyo vyose Yehova yaravyiyumviriye abigiranye urukundo. Ijambo ryiwe ririmwo impanuro zitwereka ico twokora igihe hadutse ingorane. Abungere bakirisu, ari bo bakurambere, barashora kuduha imfashanyo dukeneye. Dukurikije impanuro zishingiye ku Vyanditswe baduha, turashobora gusubira kugiranira imigenderanire myiza n’abandi kandi tukaguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova. Naho vyoshika tugatozwa indero kubera ikosa twakoze, turakwiye kwibuka ko ico ari ikimenyetso c’uko Dawe wa twese wo mw’ijuru adukunda.—Imig. 3:11, 12; Heb. 12:6.
GUTUNGANYA UTUGORANE DUTODUTO
5 Vyoshobora gushika abagize ishengero bakagiranira utugorane dutoduto canke hakaduka ukutumvikana hagati yabo. Izo ngorane zikwiye guca zitunganywa ningoga mu rukundo. (Ef. 4:26; Flp. 2:2-4; Kol. 3:12-14) Akenshi usanga utugorane ugiranira n’abo musangiye ukwemera twoshobora gutunganywa mu gushira mu ngiro impanuro y’intumwa Petero igira iti: “Mugiriranire urukundo rwinshi, kuko urukundo rupfuka ibicumuro indiri.” (1 Pet. 4:8) Bibiliya ivuga iti: “Twese dutsitara kenshi.” (Yak. 3:2) Dushize mu ngiro rya tegeko rya Yezu ridusaba kugirira abandi ivyo twipfuza ko na bo batugirira, turashobora guharira abandi kandi tukibagira udukosa dutoduto badukorera.—Mat. 6:14, 15; 7:12.
6 Igihe ubonye ko hari umuntu yababajwe n’ikintu wavuze canke wakoze, ukwiye guca wihutira gutunganya iyo ngorane. Uribuka ko bishobora guhungabanya ubucuti ufitaniye na Yehova. Yezu yahanuye abigishwa biwe ati: “Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko mwene wanyu hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure na mwene wanyu, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe.” (Mat. 5:23, 24) Hari aho mwoba mwatahuranye ukutari kwo. Nimba ari ukwo biri, nimubiganire. Ukuganira hagati y’abagize ishengero birafasha cane kwirinda gutahurana nabi. Birafasha kandi gutorera umuti ingorane zishobora kwaduka kubera tudatunganye.
GUTANGA IMPANURO ZISHINGIYE KU VYANDITSWE
7 Rimwe na rimwe, abakurambere boshobora kubona ko bikenewe guhanura umuntu kugira babogore ivyiyumviro vyiwe. Ivyo ntivyama vyoroshe. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Galatiya ati: “Bene wacu, naho umuntu yotirimuka imbere y’uko abimenya, mwebwe abafise kamere zisabwa zo mu vy’impwemu mugerageze kubogora umuntu mwene uwo n’umutima w’ubwitonzi.”—Gal. 6:1.
8 Igihe abakurambere bitwararitse kuragira ubusho neza, barashobora gukingira ishengero ivyorigirira nabi mu vy’impwemu kandi bakazitira ngo ntihaduke ingorane zikomeye. Abakurambere barihatira gufasha ishengero mu buryo buhuye n’amajambo Yehova yavuze biciye kuri Yesaya agira ati: “Umwe wese azotegerezwa kuba nk’ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho bw’ikirura c’imvura, nk’imigezi y’amazi mu gihugu kigadutse, nk’igitutu c’urutare ruremereye mu ntara irushe.”—Yes. 32:2.
GUSHIRA IKIMENYETSO KU BATAGENDERA KU RUTONDE
9 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abatesalonika, yarabagabishije ku bijanye n’abantu bamwebamwe bari gushobora kugira akosho kabi kw’ishengero. Yavuze ati: “Turabategeka . . . kwitandukanya na mwene wacu wese atagendera ku rutonde, ntagende yisunga ivyo twabashikirije.” Yaciye atomora iciyumviro ciwe ati: “Nimba hari uwutagamburuka ijambo tubabwiriye muri iri kete, uwo mugume mumushizeko ikimenyetso, mureke kwifatanya na we, kugira ngo amaramare. Yamara ntimumubone nk’umwansi, ahubwo mubandanye kumukebura nk’umuvukanyi.”—2 Tes. 3:6, 14, 15.
10 Vyoshika umuntu ata caha gikomeye yagirizwa cotuma yirukanwa mw’ishengero akerekana ko atubaha ingingo ngenderwako z’Imana zigenga abakirisu. Yoshobora kuba ari umunebwe ruhebwa, atora amahinyu abandi birenze urugero canke akaba ari gisanumwavu. Ashobora kuba ‘yita mu bitamuraba.’ (2 Tes. 3:11) Canke na ho, ashobora kuba ari umuntu akoresha amayeri kugira azurume abandi utwabo canke akaba yinezereza mu buryo bigaragara ko butabereye. Iyo nyifato iba ari mbi cane ku buryo isiga iceyi ishengero kandi igahakwa kwandukira abandi bakirisu.
11 Abakurambere bakwiye kubanza gufasha uwo muntu atagendera ku rutonde mu kumuha impanuro zishingiye kuri Bibiliya. Ariko rero, igihe abandanije gusuzugura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi amaze guhanurwa akatari gake, abakurambere boshobora gufata ingingo yo gushikiriza ishengero insiguro yo kurigabisha. Abakurambere barakoresha ugutahura kugira bamenye ko inyifato kanaka yoba ikomeye cane kandi itsitaza abandi ku buryo vyosaba ko bashikiriza ishengero insiguro yo kurigabisha. Uwushikiriza iyo nsiguro aratanga impanuro zibereye zijanye n’iyo nyifato, ariko ntavuga izina ry’uwo muntu. Ivyo biratuma abazi ico kintu cavuzwe mu nsiguro birinda kugiranira imigenderanire n’uwo muntu, naho nyene babandanya kwifatanya na we mu vy’impwemu, bakaguma “[ba]mukebura nk’umuvukanyi.”
12 Igihe abagize ishengero bagumye bashikamye kuri ubwo buyobozi, vyoshobora gutuma uwo muntu amaramara maze akikubita agashi. Bimaze kugaragara neza ko uwo muntu yahinduye ingendo, ntibiba bigikenewe ko afatwa nk’uwashizweko ikimenyetso.
GUTUNGANYA AMAKOSA AMWAMWE AKOMEYE
13 Kwirengagiza amakosa abandi badukorera no kubaharira ntibisigura ko turenza uruho rw’amazi ku kibi canke ko tugishima. Ibibi vyose ntivyokwegekwa ku gasembwa twarazwe; eka kandi ntibibereye ko twirengagiza amakosa akomeye. (Lew. 19:17; Zab. 141:5) Isezerano ry’Itegeko Imana yagiranye n’Abisirayeli ryaremeza ko hariho amakosa akomeye gusumba ayandi, kandi ni ko bimeze no mw’ishengero rya gikirisu.—1 Yoh. 5:16, 17.
14 Yezu yarerekanye uburyo bwo gutorera umuti ingorane zikomeye zishobora kwaduka mu bakirisu. Ng’izi intambwe yerekanye: “Nimba mwene wanyu acumuye, [1] genda werekane neza ikosa ryiwe, hagati yawe na we mwenyene. Niyakwumviriza, uzoba ugaruye mwene wanyu. Mugabo natumviriza, [2] nuhitane wundi umwe canke babiri, kugira ikintu cose gishingwe bivuye ku ntahe ishinzwe n’ivyabona bibiri canke bitatu. Natabumviriza, [3] nubibwire ishengero. Nimba n’ishengero ataryumvirije, kuri wewe nabe nk’umunyamahanga n’umutozakori.”—Mat. 18:15-17.
15 Dufatiye ku kigereranyo Yezu yaciye atanga muri Matayo 18:23-35, biboneka ko kimwe mu vyaha bivugwa muri Matayo 18:15-17 ari ikijanye n’amahera canke ayandi matungo, nko kutishura ideni canke kuzuruma abandi. Gishobora kandi kuba ari ikijanye no kwambika ibara uwundi, ku buryo izina ryiwe ricafura.
16 Niba ufise ikimenyamenya c’uko hari umuntu wo mw’ishengero yagukoreye ikintu nk’ico, ntuce wiruka ku bakurambere kubasaba ngo bagutunganirize. Nk’uko Yezu yabivuze, banza uvugane n’uwo muntu mufitaniye ingorane. Nimugerageze gutunganya iyo ngorane muri babiri, ata wundi abigiyemwo. Uribuka ko Yezu atavuze ngo ‘genda rimwe gusa werekane ikosa ryiwe.’ Ku bw’ivyo, nimba uwo muntu atemeye ikosa ngo asabe imbabazi, hari aho vyoba vyiza usubiyeyo ikindi gihe. Bikunze ko mutunganya iyo ngorane muri ubwo buryo, nta gukeka ko uwo mufitaniye ingorane azohimbarwa n’uko utamwararaje canke ngo ucafuze izina ryiza yari afise mw’ishengero. Uzoba “ugaruye mwene wanyu.”
17 Igihe uwakoze ikosa aryemeye, agasaba ikigongwe kandi agakosora ivyononekaye, ntibiba bikenewe ko ico kibazo gishika kure. Naho ico kibi kiba gikomeye, amakosa mwene ayo arashobora gutunganywa n’abo yega.
18 Bidakunze ko ugarura mwene wanyu mu kumwereka ikosa ryiwe “hagati yawe na we mwenyene,” woshobora guca ukora nk’uko Yezu yabivuze, “[ugahitana] wundi umwe canke babiri,” ugasubira kuvugana na we. Abo mujana na bo nyene bakwiye kuba bafise intumbero yo kugarura mwene wanyu. Vyoba vyiza babaye ari abiboneye ico kibi yagirizwa, mugabo nimba ata bahari, woshobora guhitamwo umuntu umwe canke babiri kugira baze bashingire intahe ivyo mwaganiriye. Bashobora kuba bamenyereye mwene izo ngorane kandi bakaba bashoboye kubona nimba ivyabaye ari ikosa vy’ukuri. Bishitse abo bantu bakaba ari abakurambere, ntibaba baserukiye ishengero kubera ko inama y’abakurambere itaba ari yo yabasavye gukora ico gikorwa.
19 Nimba umaze kugerageza akatari gake (waravuganye na we muri mwenyene wongera urajana n’uwundi muntu umwe canke babiri) ariko iyo ngorane ntitorerwe umuti, kandi ukaba wumva udashobora kuyirengagiza, ukwiye guca ubimenyesha abakurambere b’ishengero. Uribuka ko intumbero yabo ari ukuzigama amahoro n’ukudahumana vy’ishengero. Umaze kubibwira abakurambere, ukwiye guca urekera ico kibazo mu maboko yabo kandi ukizigira Yehova. Ntukigere ureka ngo inyifato y’uwundi muntu igutsitaze canke ngo ikubuze gukorera Yehova n’umunezero.—Zab. 119:165.
20 Abo bungere bazotohoza ibijanye n’iyo ngorane. Biramutse bigaragaye ko uwo muntu yagukoreye ikosa rikomeye, akaba atigaya kandi akaba adashaka gukosora ivyononekaye mu buryo bubereye, vyoshobora kuba ngombwa ko komite igizwe n’abakurambere imwirukana mw’ishengero. Gutyo baba bakingiye ubusho kandi bagatuma ishengero riguma ridahumanye.—Mat. 18:17.
GUTUNGANYA IBICUMURO BIKOMEYE
21 Ibicumuro bimwebimwe bikomakomeye, nk’ubusambanyi, kurenga ibigo, kuryamana n’abo musangiye igitsina, kurogota, ubuhuni, gusenga ibigirwamana, n’ibindi bicumuro bikomeye mwene ivyo, ntibigarukira gusa ku gusaba ikigongwe uwabikorewe. (1 Kor. 6:9, 10; Gal. 5:19-21) Kubera ko ivyo bicumuro bishobora guhumanya ishengero mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu, bikwiye kumenyeshwa abakurambere kugira babitunganye. (1 Kor. 5:6; Yak. 5:14, 15) Umuntu yoshobora kwitura abakurambere kugira yature igicumuro yakoze canke kugira abamenyeshe ivyo azi ku bijanye n’igicumuro abandi bakoze. (Lew. 5:1; Yak. 5:16) Uko vyogenda kwose kugira abakurambere bamenye igicumuro gikomeye cakozwe n’umuntu wo mw’ishengero yabatijwe, abakurambere babiri bakwiye kubanza kugira amatohoza. Igihe bigaragaye ko ayo makuru afise ishingiro kandi hakaba hariho ikimenyamenya cerekana ko hakozwe igicumuro gikomeye, inama y’abakurambere ica igena komite ncarubanza igizwe n’abakurambere n’imiburiburi batatu kugira bitwararike ico kibazo.
22 Abakurambere baguma barikanuye kugira bakingire ubusho ikintu cose cobugirira nabi mu vy’impwemu. Barihatira kandi gukoresha Ijambo ry’Imana babigiranye ubuhanga mu gukangira abakoze ibicumuro no mu kubafasha gusubirana mu vy’impwemu. (Yuda 21-23) Ivyo birahuye n’ubuyobozi intumwa Paulo yahaye Timoteyo. Yamubwiye ati: “Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu, umwe abwirizwa kuzocira imanza abazima n’abapfuye, . . . ukangire, ukankamire, uhimirize, mu kwiyumanganya kwose n’ubuhanga bwo kwigisha.” (2 Tim. 4:1, 2) Ivyo birashobora gutwara umwanya mwinshi, ariko biri mu bigize igikorwa kitoroshe abakurambere bajejwe. Ishengero rirashima utwigoro bagira kandi ribona ko “babereye iteka ririmwo abiri.”—1 Tim. 5:17.
23 Igihe cose bigaragaye ko umuntu yagirwa n’ikosa, ikintu ca mbere abakurambere bihatira gukora ni ukumufasha gusubirana mu vy’impwemu. Igihe yigaye vy’ukuri kandi akemera imfashanyo abakurambere bamuha, kumukangira mu mwiherero canke imbere y’aboba barabaye amasura igihe yariko arumvirizwa na komite ncarubanza birashobora kumubogora kandi bigatuma abari aho bose batinya. (2 Sam. 12:13; 1 Tim. 5:20) Igihe cose umuntu akangiriwe na komite ncarubanza, arashirwako ibitangirizi. Ivyo biramufasha gutunganiriza ibirenge vyiwe “inzira zigororotse.” (Heb. 12:13) Haciye igihe, ivyo bitangirizi birakurwaho iyo bibonetse ko uwo muntu ariko arasubirana mu vy’impwemu.
ITANGAZO RY’UGUKANGIRWA
24 Igihe komite ncarubanza ibonye ko uwo muntu yigaye mugabo icaha yakoze kikaba gishobora kumenyekana mw’ishengero canke mu kibano, canke ikabona ko ishengero rikeneye kugabishwa ku bijanye n’uwo muntu, harashikirizwa itangazo rigufi mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Rikwiye kuba rivuga riti: “[Kanaka] yarakangiriwe.”
IGIHE HAFASHWE INGINGO YO GUCIBWA
25 Rimwe na rimwe, uwakoze icaha yoshobora gukomantaza umutima akanka kugiheba, bigatuma atemera utwigoro two kumufasha. Yoshobora kuba ata “bikorwa [bihagije] bikwiranye n’ukwigaya” yagaragaje igihe yumvirizwa na komite ncarubanza. (Ivyak. 26:20) None haca hakorwa iki? Igihe bimeze gutyo, biraba ngombwa ko uwo muntu yakoze ikibi yirukanwa mw’ishengero, ntasubire kwifatanya n’abasavyi ba Yehova badahumanye. Ishengero riba rikingiwe akosho kabi k’uwo muntu, ivyo bigatuma riguma rityoroye mu vy’impwemu no mu vy’inyifato runtu kandi rikagumana izina ryiza. (Gus. 21:20, 21; 22:23, 24) Igihe intumwa Paulo yamenya ibintu biteye isoni umwe mu bagize ishengero ry’i Korinto yari yakoze, yahanuye abakurambere ‘guha mwene uwo muntu Shetani kugira ngo impwemu y’ishengero ikizwe.’ (1 Kor. 5:5, 11-13) Paulo kandi yaravuze ibijanye n’abandi bantu bo mu kinjana ca mbere baciwe mw’ishengero kubera bari bagararije ukuri.—1 Tim. 1:20.
26 Komite ncarubanza imaze kubona ko nyene gukora icaha akwiye gucibwa, ikwiye guca imumenyesha ingingo yafashe, ikamutomorera imvo ishingiye ku Vyanditswe yatumye acibwa. Komite ihejeje kumubwira iyo ngingo, izomumenyesha ko nimba abona yuko hari ikosa rikomeye ryakozwe mu rubanza kandi akaba yipfuza kwunguruza, ashobora kubigira mu kwandika ikete, agatomora neza igituma yunguruje. Ivyo akwiye kubigira mu kiringo c’imisi indwi, uhereye igihe amenyesherejwe ingingo yafashwe. Inama y’abakurambere imaze kuronka iryo kete, ikwiye kubimenyesha umucungezi w’umuzunguruko, na we agaca atora abakurambere babishoboye bogira komite y’iyungururizo kugira basubire kwumviriza urwo rubanza. Bazokora ibishoboka vyose kugira ngo urwo rubanza rusubire kwumvirizwa mu kiringo kitarenze indwi imwe kuva baronse ikete ryo kwunguruza. Igihe umuntu yunguruje urubanza, itangazo ry’uko yaciwe rica riba rirabangiriye. Mu kurindira, uwo muntu yagirizwa icaha ntiyemererwa gutanga insasanuro canke gutura isengesho ku makoraniro kandi ntaterwa uduteka tw’umurimo tudasanzwe.
27 Kwemerera uwagirizwa icaha kwunguruza ni uburyo bwo kumugaragariza ubuntu kandi biramuronsa akaryo ko gusubira kwumvirizwa. Ku bw’ivyo, igihe uwo muntu yanse kwitaba komite y’iyungururizo kandi hakaba hamaze kugirwa utwigoro duhagije two kumurondera, itangazo ry’uko yaciwe rica rishikirizwa.
28 Nimba uwo muntu adashaka kwunguruza, komite ncarubanza iramusigurira akamaro ko kwigaya hamwe n’intambwe yotera kugira azogarukanwe. Kubimubwira biramufasha kandi biraranga umutima mwiza. Abakurambere bakwiye kubigira bizigiye ko azohindura ingendo maze agakwiza ibisabwa kugira agaruke mw’ishirahamwe rya Yehova.—2 Kor. 2:6, 7.
ITANGAZO RY’UGUCIBWA
29 Igihe bibaye ngombwa ko umuntu atigaya acibwa mw’ishengero, harashikirizwa itangazo rigufi rivuga riti: “[Kanaka] ntakiri Icabona ca Yehova.” Ivyo biratuma abagize ishengero b’abizigirwa bareka kwifatanya na we.—1 Kor. 5:11.
KWIYONJORORA
30 Ijambo “kwiyonjorora” rikoreshwa igihe umuntu yabatijwe afashe ingingo yo kwihakana n’ibigirankana impagararo yiwe ya gikirisu mu gutomora ko atagishaka kwitwa Icabona ca Yehova. Canke arashobora kwikura mw’ishengero rya gikirisu biciye ku bikorwa vyiwe, nko mu kuja mw’ishirahamwe riharanira ibintu biteye kubiri n’inyigisho zo muri Bibiliya ririndiriye gucirwa urubanza na Yehova Imana.—Yes. 2:4; Ivyah. 19:17-21.
31 Ku bijanye n’abantu bo mu gihe c’intumwa Yohani bihakanye ukwizera kwabo, iyo ntumwa yanditse iti: “Bavuye muri twebwe, mugabo ntibari abo muri twebwe; kuko iyo baba abo muri twebwe, bari kugumana natwe.”—1 Yoh. 2:19.
32 Ukuntu Yehova abona umuntu yiyonjoroye kuratandukanye cane n’uko abona umukirisu yahororokewe, umwe atakija mu ndimiro. Umuntu yoshobora guhororokerwa bitumwe n’uko atiyigisha Ijambo ry’Imana adahorereza. Canke ashobora kuba yaragize ibibazo canke yarahamwe bigatuma umwete yari afise mu gikorwa ca Yehova uyama. Abakurambere hamwe n’abandi mw’ishengero barabandanya kumuha imfashanyo ibereye mu vy’impwemu.—Rom. 15:1; 1 Tes. 5:14; Heb. 12:12.
33 Ariko rero, igihe umukirisu afashe ingingo yo kwiyonjorora, ishengero rirashikirizwa itangazo rigufi rivuga ngo: “[Kanaka] ntakiri Icabona ca Yehova.” Uwo muntu afatwa cokimwe n’uwaciwe.
KUGARUKANWA
34 Umuntu yaciwe canke yiyonjoroye arashobora kugarukanwa mw’ishengero igihe atanze ibimenyamenya bitomoye vy’uko yigaye kandi akaba amaze ikiringo gihagije yerekana ko yahevye kugendera mu caha. Arerekana ko yipfuza kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Bivanye n’ukuntu ibintu vyifashe, abakurambere barareka hagaca igihe gihagije, nk’amezi menshi, umwaka canke mbere urenga kugira uwo muntu yerekane ko yigaye vy’ukuri. Igihe inama y’abakurambere ironse ikete ryo gusaba kugarukanwa, komite y’igarukanwa iravugana n’uwo muntu. Iyo komite irihweza ko uwo muntu akora “ibikorwa bikwiranye n’ukwigaya” maze igafata ingingo y’uko yoca agarukanwa canke atogarukanwa.—Ivyak. 26:20.
35 Nimba uwo muntu yaciriwe mu rindi shengero, komite y’igarukanwa yo mw’ishengero arimwo irabonana na we hanyuma ikihweza ivyo yasavye. Nimba abagize iyo komite babona ko akwiye kugarukanwa, baca babimenyesha inama y’abakurambere yo mw’ishengero yaciriwemwo. Izo komite zompi zirakorana kugira ziyemeze ko zifise amakuru ahagije azifasha gufata ingingo ibereye. Ariko rero, ingingo yo kugarukana uwo muntu ifatwa na komite y’igarukanwa yo mw’ishengero ryize ikibazo ciwe mu ntango.
ITANGAZO RY’UKUGARUKANWA
36 Komite y’igarukanwa imaze kubona neza ko umuntu yaciwe canke yiyonjoroye yigaye vy’ukuri be n’uko akwiye kugarukanwa, ishengero ryize ikibazo ciwe mu ntango rirashikirizwa itangazo ry’uko yagarukanywe. Nimba uwo muntu asigaye ari mu rindi shengero, iryo tangazo rirashikirizwa no muri iryo shengero rindi. Rikwiye kuba rivuga riti: “[Kanaka] yagarukanywe mu Vyabona vya Yehova.”
IMANZA ZEREKEYE ABANA BATOYI BABATIJWE
37 Igihe abana batoyi babatijwe bakoze amakosa akomeye, bikwiye kumenyeshwa abakurambere. Igihe abakurambere bicarira igicumuro gikomeye cakozwe n’umwana akiri mutoyi, ni vyiza ko abavyeyi biwe babatijwe baba ari ho bari. Bakwiye gusenyera ku mugozi umwe na komite ncarubanza, ntibarondere gukingira ikibaba uwo mwana kugira ntatozwe indero akeneye. Nka kurya nyene bigenda ku bantu bakuze bakoze amakosa, komite ncarubanza iragerageza gukangira uwo mwana no kumubogora. Ariko nimba uwo mwana atigaya, aracibwa.
IGIHE ABAMAMAJI BATARABATIZWA BAKOZE AMAKOSA
38 Hokorwa iki igihe abamamaji batarabatizwa bakoze ivyaha bikomeye? Kubera ko baba batarabatizwa, ntibashobora gucibwa. Boshobora kuba badatahura neza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, impanuro zitanganywe umutima mwiza zoshobora kubafasha gutunganiriza ibirenge vyabo “inzira zigororotse.”—Heb. 12:13.
39 Igihe umwamamaji atarabatizwa amaze kuganira n’abakurambere babiri kugira bamufashe ariko akanka kwigaya, biraba ngombwa ko bimenyeshwa ishengero. Harashikirizwa itangazo rigufi rigira riti: “[Kanaka] ntakiri umwamamaji atarabatizwa.” Ishengero rikwiye guca rimufata nk’umuntu wo mw’isi. Naho adacibwa, abakirisu bariyubara ntibifatanye na we mu buryo na bumwe. (1 Kor. 15:33) Nta raporo yiwe y’umurimo wo mu ndimiro yakirwa.
40 Haciye igihe, umuntu yari yaratswe ubwamamaji yoshobora kwipfuza gusubira kuba umwamamaji. Muri ico gihe, abakurambere babiri barabonana na we kugira barabe aho iterambere ryiwe ryo mu vy’impwemu rigeze. Basanze akwije ibisabwa, harashikirizwa itangazo rigufi rigira riti: “[Kanaka] yarasubiye kuba umwamamaji atarabatizwa.”
YEHOVA ARAHEZAGIRA UGUSENGA KUDAHUMANYE
41 Abantu bose bifatanya n’ishengero ry’Imana muri iki gihe barahimbarwa n’iparadizo yo mu vy’impwemu Yehova yahaye abasavyi biwe. Emwe, uburagiro bwacu bwo mu vy’impwemu buratotahaye, kandi turaronka amazi menshi yo mu vy’impwemu amara akanyota. Vyongeye, Yehova aradukingira biciye kw’ishirahamwe ryiwe riyobowe na Kristu. (Zab. 23; Yes. 32:1, 2) Muri iyi misi ya nyuma idurumbanye, turumva dutekaniwe kubera twibereye mw’iparadizo yo mu vy’impwemu.
Turabandanya kureka umuco w’ukuri kw’Ubwami ukaka mu kuzigama amahoro n’ukudahumana vy’ishengero
42 Turabandanya kureka umuco w’ukuri kw’Ubwami ukaka mu kuzigama amahoro n’ukudahumana vy’ishengero. (Mat. 5:16; Yak. 3:18) Tubikesheje umuhezagiro w’Imana, tuzohimbarwa no kubona abandi bantu benshi bamenya Yehova bakongera bakifatanya natwe mu gukora ivyo agomba.