Niwame wemera gutozwa indero na Yehova
“Ntugaye [“ugutoza indero kwa Yehova”, “NW”]”.—IMIGANI 3:11.
1. Ni kubera iki dukwiye kwemera gutozwa indero n’Imana?
UMWAMI SALOMO wa Isirayeli ya kera arereka umwumwe wese muri twebwe impamvu nziza yotuma yemera gutozwa indero n’Imana. Avuga ati: “Mwana wanje, ntugaye [“ugutoza indero kwa Yehova”, NW], kandi nturambirwe n’uguhana kwiwe: Kuk’uwo Uhoraho akunda ari we ahana, nk’uko se w’umwana nyene ahana umwana wiwe anezererwa” (Imigani 3:11, 12). Ni vyo, Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru agutoza indero kubera yuko agukunda.
2. “Ugutoza indero” gusobanurwa gute, kandi umuntu yoshobora gute gutozwa indero?
2 “Ugutoza indero” kwerekeza ku guhana, gukosora, gucisha ubwenge no kwigisha. Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Nta [“gutozwa indero”, NW] kuboneka ko guteye umunezero ako kanya, atari umubabaro, ariko hanyuma abamenyerejwe na kwo kubāmira imbuto zizana amahoro zo kugororoka’ (Abaheburayo 12:11). Kwemera ugutozwa indero n’Imana no kugushira mu ngiro birashobora kugufasha kugira ingendo igororotse, maze bigatuma urushiriza kwiyegereza Imana nyeranda Yehova (Zaburi 99:5). Woshobora gukosorwa biciye ku bo musangiye ukwizera, ku vyo wigira ku makoraniro ya gikirisu no ku kwiyigisha Ijambo ry’Imana be n’ibitabu bisohorwa na wa “mubgiriza wo kwizigirwa” (Luka 12:42-44). Ese ukuntu wokenguruka igihe ufashijwe, biciye muri ubwo buryo, kubona ko hari ico ukeneye kubogora! Ariko none, mu gihe umuntu yoba yakoze icaha gikomeye, vyosaba ko atozwa indero bwoko ki?
Igituma bamwebamwe bacibwa mw’ishengero
3. Ni ryari umuntu acibwa mw’ishengero?
3 Abasavyi b’Imana bariga Bibiliya hamwe n’ibitabu vya gikirisu. Ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro bagira, ingingo ngenderwako za Yehova ziraganirwako. Birumvikana rero yuko abakirisu bazi ivyo Yehova abasaba. Umuntu acibwa mw’ishengero igihe gusa akora icaha mugabo ntiyigaye.
4, 5. Ni akarorero akahe ko mu Vyanditswe kerekeye umuntu yaciwe mw’ishengero kavugwa ngaha, kandi ni kubera iki ishengero ryahimirijwe kugarukana uwo muntu?
4 Rimbura akarorero kamwe ko mu Vyanditswe kerekeye umuntu yaciwe mw’ishengero. Ishengero ry’i Korinto ryararengeje uruho rw’amazi ku “busambanyi butoba no mu banyamahanga”, kuko hari “umuntu [yacikije] muka se ngw amwābīre”. Paulo yahimirije Abanyakorinto ‘guha Shetani umeze artyo, ngo umubiri uranduke, [“kugira ngo agatima”, NW] kaze karokoke’ (1 Ab’i Korinto 5:1-5). Igihe uwo muntu yari yakoze icaha yacibwa, gutyo akaba yari ahawe Shetani, yari asubiye kuba uwo mw’isi itwarwa na Shetani (1 Yohana 5:19). Kuba uwo muntu yaraciwe vyatumye akosho kabi kajanye n’ivy’umubiri gakurwa mw’ishengero, vyongera bituma “agatima” gashimwa n’Imana iryo shengero ryari rifise kazigamwa.—2 Timoteyo 4:22; 1 Ab’i Korinto 5:11-13.
5 Hataraca igihe kirekire cane, Paulo yarahimirije abakirisu b’i Korinto kugarukana mw’ishengero uwo muntu yari yarakoze icaha. Uti kubera iki? Iyo ntumwa yavuze yuko kwari ukugira ngo “Satani ntaronke ic’a[ba]tsindisha”. Uwo muntu yari yarakoze icaha biboneka ko yari amaze kwigaya no guhumanura ubuzima bwiwe (2 Ab’i Korinto 2:8-11). Iyo abo Banyakorinto banka kugarukana mw’ishengero uwo muntu yigaye, Shetani yari kuba abatsinze kuko bari kuba babaye imburakigongwe, ivyo akaba ari vyo nyene Shetani yashaka. Biboneka yuko bidatevye baciye ‘baharira’ uwo muntu yari yigaye bongera ‘baramwirura’.—2 Ab’i Korinto 2:5-7.
6. Guca umuntu mw’ishengero bishobora kumara iki?
6 None gucibwa mw’ishengero bigira akamaro akahe? Bituma izina ryeranda rya Yehova ridasigwa iceyi, bigatuma kandi abasavyi biwe bagumana izina ryiza (1 Petero 1:14-16). Gukura mw’ishengero umunyavyaha atigaya, birashigikira ingingo mfatirwako z’Imana bikongera bigatuma ishengero riguma ridahumanye mu vy’impwemu. Vyoshobora no gutuma uwo muntu atigaya yigarura.
Ukwigaya kurahambaye cane
7. Kuba Dawidi atatuye ivyaha vyiwe vyagize izihe ngaruka kuri we?
7 Benshi cane mu bakora ivyaha bikomeye barigaya vy’ukuri maze ugasanga ntibaciwe mw’ishengero. Ariko ntiwumve, ukwigaya nyakuri, ntikwama kworoha. Zirikana ku vyerekeye wa Mwami Dawidi wa Isirayeli, uwatunganije Zaburi ya 32. Urwo ruririmbo rurerekana ko yamaze igihe kinaka ataratura ivyaha bikomeye yakoze, bikaba bishoboka ko ari vya vyaha yakora bijanye na Batisheba. Ico vyavuyemwo ni uko intuntu yagize kubera ivyo vyaha vyiwe yatumye acika intege, nka kurya nyene izuba ryumisha igiti mu ci. Vyaramugizeko ingaruka ku mubiri no mu mutima, ariko igihe ‘yatura ibicumuro vyiwe’, Yehova ‘yaramuhariye’ (Zaburi 32:3-5). Ico gihe ni ho Dawidi yaririmba ati: “Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ukugabitanya” (Zaburi 32:1, 2). Emwe, ntiworaba ukuntu Dawidi yahimbawe igihe Imana yamugirira ikigongwe!
8, 9. Umuntu agaragaza gute ko yigaye, kandi ivyo bihambaye gute ku bijanye n’ukugarukana mw’ishengero uwaciwe?
8 Birumvikana rero ko umuntu yakoze icaha ategerezwa kwigaya nimba yipfuza kugirirwa ikigongwe. Ariko rero, ukwigaya si ukwumva gusa umuntu amaramaye canke ugutinya ko ivyo yakoze bija ahabona. “Kwigaya” birimwo “uguhindura ivyiyumviro” ku bijanye n’inyifato mbi umuntu yahorana, ivyo akabigira abitumwe n’ukwicuza. Umuntu yigaye aragira “umutima umenetse, ujanjaguwe” kandi akipfuza “kugorora ikibi” yakoze, mu gihe ivyo bishoboka.—Zaburi 51:17; 2 Ab’i Korinto 7:11, NW.
9 Ukwigaya ni ikintu gihambaye cane ku bijanye no kugarukanwa mw’ishengero rya gikirisu. Umuntu yaciwe ntapfa kwemererwa kugarukanwa mw’ishengero ngo ni uko haheze igihe kinaka aciwe. Imbere y’uko agarukanwa ategerezwa kuba amaze guhinduka cane mu mutima. Ategerezwa gutahura ko icaha yakoze gikomeye kandi ko hari ukuntu yasize iceyi Yehova be n’ishengero. Uwo muntu yakoze icaha ategerezwa kwigaya, agasengana ubwira asaba kugirirwa ikigongwe, akongera agakurikiza ibintu bigororotse Imana isaba. Igihe asaba kugarukanwa mw’ishengero, uburyo abayeho bukwiye kuba bwerekana yuko yigaye be n’uko ariko arakora “ibikorwa bikwiranye n’ukwi[gay]a”.—Ivyakozwe n’intumwa 26:20.
Ni kubera iki wokwatura icaha wakoze?
10, 11. Ni kubera iki tudakwiye kurondera guhisha icaha twakoze?
10 Hari abakoze icaha boshobora kwiyumvira bati: ‘Hamwe nogira uwo mbwira icaha nakoze, hari aho noca ntegerezwa kwishura ibibazo bitera ubuyega kandi ngashobora gucibwa mw’ishengero. Ariko hamwe nokwinumira, ivyo noba ndavyirinze, kandi nta muntu n’umwe mw’ishengero azokwigera agira ico amenya’. Igihe umuntu yiyumviriye gutyo, aba atazirikanye ku bintu bimwebimwe bihambaye. Uti ivyo na vyo ni ibihe?
11 Yehova ni ‘Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, ihora ari inyizigirwa, yama igirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi, igaharira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ivyaha’. Yamara, arahana abasavyi biwe “ibigeze” (Kuvayo 34:6, 7; Yeremiya 30:11). Hamwe vyoshika ugakora icaha gikomeye, wumva none Imana yoguharira gute mu gihe wogerageza guhisha ico caha wakoze? Yehova aba azi ico caha, kandi ntiwibaze ngo aca apfa kukirenzako uruho rw’amazi.—Imigani 15:3; Habakuki 1:13.
12, 13. Kugerageza guhisha icaha bishobora kuvamwo ingaruka izihe?
12 Mu gihe woba wakoze icaha gikomeye, kucatura birashobora gutuma usubira kugira ijwi ryiza ryo mu mutima (1 Timoteyo 1:18-20). Ariko kutacatura birashobora gutuma ugira ijwi ryo mu mutima ryanduye ryoshobora gutuma ukora n’ikindi caha. Niwibuke yuko mu gukora ico caha utacumuye ku muntu nkawe canke kw’ishengero. Imana ni yo wacumuyeko. Umwanditsi umwe wa Zaburi yanditse ati: “Uhoraho, intebe yiwe iri mw ijuru. Acacisha inyonga ziwe abana b’abantu, mu kigohe ciwe harabasuzuma. Uhoraho asuzuma abagororotsi [‘n’abanyakibi’, NW]”.—Zaburi 11:4, 5.
13 Yehova ntashobora guhezagira umuntu ahisha icaha gikomeye yakoze gutyo akagerageza kuguma mw’ishengero rityoroye rya gikirisu (Yakobo 4:6). Nimba rero warakoze icaha ukaba wipfuza gukora ibigororotse, ntugonanwe kwatura ico caha uvugisha ukuri. Ahandi ho, uzogira ijwi ryo mu mutima rikwagiriza ikibi, na canecane igihe uzosoma canke ukumva impanuro zijanye n’ibintu bifitaniye isano n’ico caha gikomeye wakoze. Mbega vyogenda gute nka hamwe Yehova yogukurako impwemu yiwe, nka kumwe yabigira ku Mwami Sauli (1 Samweli 16:14)? Impwemu y’Imana imaze kukuvako, woshobora gukora ikindi caha mbere gikomeye kuruta.
Niwizigire abavukanyi bawe b’intahemuka
14. Ni kubera iki umuntu yakoze icaha akwiye gukurikiza impanuro dusanga muri Yakobo 5:14, 15?
14 Ni igiki none umuntu yakoze icaha kandi afise agatima ko kwigaya yokora? “N’atumekw abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusīge amavuta ya elayo mw izina ry[a] [“Yehova”, NW]. Kand’ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, [“Yehova”, NW] azomuvyura” (Yakobo 5:14, 15). Kwegera abakurambere ni uburyo bumwe bwerekana ko umuntu ‘yama imbuto zikwiranye n’ukwigaya’ (Matayo 3:8). Abo bagabo b’intahemuka kandi b’umutima mwiza baraheza ‘bakamusengera, bakamusiga amavuta ya elayo mw’izina rya Yehova’. Nka kurya kw’amavuta agabanya ububabare, impanuro zishingiye kuri Bibiliya batanga zirahumuriza uwo wese yigaya bivuye ku mutima.—Yeremiya 8:22.
15, 16. Abakurambere bakirisu bakurikiza gute akarorero Imana yatanze, nk’uko bivugwa muri Ezekiyeli 34:15, 16?
15 Ese ukuntu Umwungere wacu Yehova yatanze akarorero karanga urukundo igihe yabohoza Abayuda akabakura mu bunyagano i Babiloni mu 537 B.G.C., be n’igihe yabohoza abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu akabakura muri “Babuloni Hahambaye” mu 1919 G.C. (Ivyahishuriwe 17:3-5; Ab’i Galatiya 6:16)! Muri ubwo buryo yari ashikije ivyo yari yarasezeranye igihe yavuga ati: “Ni jewe ubganje nzokwiragirira intama zanje, ndazivyagize. . . . Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye”.—Ezekiyeli 34:15, 16.
16 Yehova yararagiye intama ziwe, arazivyagiza ahatekanye, yongera ararondera izazimiye. Abungere bakirisu na bo nyene baritaho kuraba yuko ubusho bw’Imana bugaburirwa neza be n’uko butekaniwe mu vy’impwemu. Abakurambere bararondera intama zita inzira zikaja kure y’ishengero. Nk’uko Imana ‘yunze iyavunitse’, ni ko n’abacungezi batekera igikomere c’intama yakomerekejwe n’amajambo yavuzwe n’umuntu kanaka canke n’ivyo yo ubwayo yakoze. Kandi nk’uko Imana ‘yasindagije iyirwaye’, ni ko n’abakurambere bafasha abarwaye mu vy’impwemu, kumbure bitumwe n’uko hari ikibi kinaka boba barakoze.
Uburyo abungere bafasha intama
17. Ni kubera iki tudakwiye kugonanwa kwegera abakurambere kugira ngo badufashe mu vy’impwemu?
17 Abakurambere barakurikiza n’umutima ukunze iyi mpanuro igira iti: ‘Mugire ikigongwe mutinya’ (Yuda 23). Abakirisu bamwebamwe baracumuye bimwe bikomeye mu gukora ivy’ubuhumbu. Ariko baramutse bigaye bivuye ku mutima, barashobora kwitega ko abakurambere bazobafatana imbabazi n’urukundo, narirya bipfuza cane kubafasha mu vy’impwemu. Paulo yavuze ku bijanye na mwene abo bakurambere, na we nyene yishizemwo, ati: “S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero” (2 Ab’i Korinto 1:24). Ku bw’ivyo rero, ntiwigere ugonanwa kubegera kugira ngo bagufasha mu vy’impwemu.
18. Abakurambere bafata gute abo basangiye ukwizera baba bahuvye?
18 Ni kubera iki ushobora kwizigira abakurambere mu gihe woba wakoze icaha gikomeye? Ni uko canecane ari abungere b’ubusho bw’Imana (1 Petero 5:1-4). Akagazi kitekerereza kariko kabira kitabariza, nta mwungere munyarukundo yogakubita agahora ko kibabaje. Igihe rero abakurambere baba bariko bafasha abo basangiye ukwizera bahuvye, ico baba barondera si uguhana umuntu kubera ikibi yakoze, ahubwo riho bitwararika ibijanye n’icaha cakozwe be n’ukuntu nyene kugikora yosubirana mu vy’impwemu, mu gihe biba bishoboka (Yakobo 5:13-20). Abakurambere bategerezwa guca imanza mu bugororotsi kandi bakerekana ko ‘bababaye umukuku’ mu buryo bawufata (Ivyakozwe n’intumwa 20:29, 30; Yesaya 32:1, 2). Cokimwe n’abandi bakirisu bose, abakurambere bategerezwa ‘gukora ibiroranye, gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana bicishije bugufi’ (Mika 6:8). Izo kamere zirahambaye cane igihe bafata ingingo zijanye n’ubuzima bw’“intama zo mu canya” ca Yehova be n’izijanye n’umurimo mweranda zirangura.—Zaburi 100:3.
19. Abakurambere bagerageza kubogora umuntu bafise agatima akahe?
19 Abungere bakirisu bagenwa biciye ku mpwemu yera kandi barihatira kuyoborwa na yo. Hamwe “umuntu yotirimuka imbere y’uko abimenya”, bigasa nk’aho yoba yagiye abona yamaze kurugwamwo, abagabo bakwije ibisabwa mu vy’impwemu baragerageza “kubogora umuntu mwene uwo mu mutima w’ubwitonzi” (Ab’i Galatiya 6:1, NW; Ivyakozwe n’intumwa 20:28). Abakurambere, babigiranye ubugwaneza yamara bakumira ku ngingo ngenderwako z’Imana, baragerageza kubogora ivyiyumviro vy’uwo muntu, nka kurya nyene umuganga yitwararikana yunga aho umurwanyi yavunitse yitonze kugira ngo amuvure atiriwe aramubabaza (Ab’i Kolosayi 3:12). Narirya mu kuraba nimba umuntu yogirirwa ikigongwe abakurambere batura amasengesho bakongera bakisunga Ivyanditswe, ingingo bafata iba ihuje n’uko Imana ibona ibintu.—Matayo 18:18.
20. Ni ryari vyoshobora gukenerwa ko ishengero rishikirizwa itangazo ry’uko umuntu munaka yakangiriwe?
20 Mu gihe icaha cakozwe kizwi na benshi canke kikaba kitazobura kumenyekana, hari aho vyoba bibereye ko ishengero rishikirizwa itangazo kugira ngo rikingirwe ntirisigwe iceyi. Harashikirizwa kandi itangazo igihe biba bikenewe ko ishengero ribimenyeshwa. Igihe umuntu yakangiriwe na Komite ncarubanza aba ariko arakira mu vy’impwemu, ashobora kugereranywa n’umuntu yakomeretse akiriko aratora mitende, ivyo bikaba bituma haba ivyo adashobora gukora. Uwo muntu yigaye, birashoboka cane ko vyomugirira akamaro igihe aba ari mu makoraniro agiye arumviriza aho kuza aratanga inyishu. Abakurambere barashobora kuraba ukuntu hogira uwuza arigana na we Bibiliya kugira akomezwe harya nyene arwaye, maze aze ashobore gusubira kuba ‘uwuhangaye mu kwizera’ (Tito 2:2). Ivyo vyose bigiranwa urukundo kandi ntibigirwa mu ntumbero yo guhana uwakoze icaha.
21. Ivyaha bimwebimwe vyakozwe bishobora gute kwitwararikwa?
21 Abakurambere bashobora gufasha umuntu mu vy’impwemu mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, dufate yuko umuvukanyi yigeze kuba afise ingorane zijanye no kunywa inzoga, bishitse akarenza urugero rimwe canke kabiri ari wenyene i muhira. Canke dufate ko ari umuntu yari yarahevye kunywa itabi, maze bikaba vyashitse akarinywa rimwe canke kabiri yinyegeje, bitumwe n’uko kaciyemwo akagoyagoya. Naho yoba amaze gutura isengesho akaba kandi yibwira ko Imana yamuhariye, arakwiye kwegera umukurambere ngo amufashe kugira ngo ico caha ntikibe ingeso. Umukurambere umwe canke babiri barashobora kwitwararika ivy’ico kibazo. Ariko rero, abo bakurambere bobimenyesha umucungezi muhagarikizi, kuko hashobora kuba hari n’ibindi bintu vyokwihwezwa.
Nubandanye kwemera gutozwa indero n’Imana
22, 23. Ni kubera iki ukwiye kubandanya wemera gutozwa indero n’Imana?
22 Kugira ngo zina mukirisu ashimwe n’Imana, ategerezwa kwumvira ugutoza indero kwa Yehova (1 Timoteyo 5:20). Ku bw’ivyo, nufate nka nkama ugukosorwa kwose uronka igihe wiga Ivyanditswe be n’ibitabu vya gikirisu canke igihe wumva impanuro zitangirwa ku makoraniro, ku materaniro, no ku mahwaniro abasavyi ba Yehova bagira. Nugume uri maso mu bijanye no gukora ivyo Yehova agomba. Ugutozwa indero n’Imana kuzoheza kugufashe kuguma ukingiwe icaha, nka kurya igihome gikomeye gikingira umuntu.
23 Kwemera gutozwa indero n’Imana bizotuma uguma mu rukundo rwayo. Ni ivy’ukuri yuko hari abaciwe mw’ishengero rya gikirisu, mugabo ivyo si ngombwa ngo nawe bigushikire niba “[u]rinda umutima wawe” kandi ‘ukagenda nk’umunyabwenge’ (Imigani 4:23; Abanyefeso 5:15). Nimba na ho waraciwe, ubona gute uteye intambwe zogushikana ku kugarukanwa mw’ishengero? Imana ishaka ko abo bose bayiyeguriye bayisenga badahemuka kandi bari n’“umunezero w’umutima” (Gusubira mu vyagezwe 28:47, NW). Ivyo urashobora kubigira ibihe bidahera mu gihe wokwama wemera gutozwa indero na Yehova.—Zaburi 100:2.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki bamwebamwe bacibwa mw’ishengero rya gikirisu?
• Ukwigaya nyakuri kurimwo iki?
• Ni kubera iki umuntu akwiye kwatura icaha gikomeye yakoze?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakurambere bakirisu bafasha abakoze icaha bafise agatima ko kwigaya?
[Ifoto ku rup. 26]
Ni kubera iki intumwa Paulo yarungikiye Abanyakorinto impanuro zerekeye ivy’uguca umuntu mw’ishengero?
[Ifoto ku rup. 29]
Nka kurya kw’abungere ba kera, abakurambere bakirisu baratekera igikomere c’intama y’Imana yakomeretse