IKIGABANE CA 16
Umuryango w’abavukanyi wunze ubumwe
YEHOVA IMANA yaramaze imyaka nka 1.500 afata ihanga rya Isirayeli nk’igisata citirirwa izina ryiwe. Mu nyuma, Yehova ‘yaritayeho amahanga ngo ayakuremwo igisata ku bw’izina ryiwe.’ (Ivyak. 15:14) Aho bobaye bari hose kw’isi, abantu bitirirwa izina rya Yehova bobaye ari ivyabona vyiwe, bamukorera bahuje inama n’ingingo. Igikorwa Yezu yashinze abigishwa biwe cofashije kwegeraniriza hamwe abantu bitirirwa izina ry’Imana. Yababwiye ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”—Mat. 28:19, 20.
Uri mu muryango w’abakirisu wunze ubumwe kw’isi yose utareka ngo ubwenegihugu, ubwoko canke ubutunzi bitume abawugize bacanamwo
2 Igihe wiyegurira Yehova maze ukabatizwa, waciye ucika umwigishwa wa Yezu Kristu. Uri mu muryango w’abakirisu wunze ubumwe kw’isi yose utareka ngo ubwenegihugu, ubwoko canke ubutunzi bitume abawugize bacanamwo. (Zab. 133:1) Ivyo bituma ukunda abakirisu bagenzawe kandi ukabubaha. Hari aho bamwe muri bo mwoba mudasangiye ibara ry’urukoba canke ubwenegihugu, canke mukaba mutanganya amashure, kandi ushobora kuba wahora utabaha nirwere kubera ivyo bintu bibatandukanya. Urukundo ufitaniye n’abavukanyi rurakomeye cane gusumba ubundi bucuti bwose, bwaba ari ubushingiye ku kibano, kw’idini canke ku muryango.—Mrk. 10:29, 30; Kol. 3:14; 1 Pet. 1:22.
GUHINDURA IVYIYUMVIRO
3 Nimba hari abo bigora guheba kwinuba abandi babahora ibara ry’urukoba, politike, ikibano canke ikindi kintu cashinze imizi muri bo, boshobora gufashwa n’akarorero k’abakirisu b’Abayuda bo mu kinjana ca mbere. Babwirijwe kuvavanura n’ingeso yo kwinuba abantu bo mu yandi mahanga batari mw’idini ry’Abayuda. Igihe Petero yasabwa kuja ku nzu y’intwazangabo y’Umuroma yitwa Koruneliyo, Yehova yabanje kumutegura abigiranye ubuntu.—Ivyakozwe, ikig. 10.
4 Mu vyo Petero yeretswe, yasabwe kwica ibikoko bimwebimwe Abayuda babona ko bihumanye maze akabirya. Petero yaranse, aca yumva ijwi rivuye mw’ijuru rimubwira riti: “Reka gufata ivyo Imana yahumanuye ngo uvyite ibihumanye.” (Ivyak. 10:15) Vyasavye ko Imana ibogora ivyiyumviro vya Petero kugira yemere igikorwa yagira ashingwe co kugendera umuntu w’umunyamahanga. Petero amaze kugamburuka ubuyobozi bwa Yehova, yabwiye abari ng’aho ati: “Murazi neza yuko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umuntu w’ubundi bwoko canke ngo amwegere; yamara Imana yanyeretse ko ata muntu nkwiye kwita uwuhumanye canke uwanduye. Ni co gituma naje, ata kwanka vy’ukuri, igihe natumwa.” (Ivyak. 10:28, 29) Inyuma y’aho, Petero yariboneye ikimenyamenya c’uko Yehova ashima Koruneliyo n’urugo rwiwe.
5 Umufarizayo w’incabwenge yitwa Sauli w’i Taruso yabwirijwe kwicisha bugufi maze arifatanya n’abantu yahoze adaha nirwere. Mbere yaremeye kwisunga ubuyobozi bwabo. (Ivyak. 4:13; Gal. 1:13-20; Flp. 3:4-11) Iyumvire ukuntu abantu nka Serejiyo Paulosi, Diyoniziyo, Damari, Filemoni, Onezime n’abandi babwirijwe guhindura ivyiyumviro igihe bemera inkuru nziza maze bagacika abigishwa ba Yezu Kristu.—Ivyak. 13:6-12; 17:22, 33, 34; Flm. 8-20.
TUZIGAME UBUMWE BWACU
6 Nta gukeka ko urukundo rw’abavukanyi bo mw’ishengero rwagufashije kwiyegereza Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Wariboneye ikimenyetso gitomoye c’urukundo ruranga abigishwa b’ukuri ba Yezu Kristu, nk’uko yabivuze ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yoh. 13:34, 35) Vyongeye, wararushirije gukunda Yehova n’ishirahamwe ryiwe igihe wibonera ko urwo rukundo ruri mw’ishengero ari rwo rurangwa mu muryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. Uriko uribonera iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga yuko mu misi ya nyuma abantu bokoranirijwe hamwe kugira basenge Yehova mu mahoro no mu bumwe.—Mika 4:1-5.
7 Uravye ibintu vyinshi bicanishamwo abantu muri iki gihe, ni nde yokwiyumviriye yuko vyoshobotse ko abantu “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose” bunga ubumwe? (Ivyah. 7:9) Raba ubudasa buri hagati y’abantu baba mu turere duteye imbere mu vy’ubuhinga hamwe n’abumira ku migenzo ya kera. Raba kandi amatati ashingiye kw’idini ari hagati y’abantu basangiye ubwoko n’igihugu. Ubu abantu bararushirije gucanamwo bapfa imvo za politike kubera ko ivyo kwiratira igihugu vyiraye. Kandi uravye ukuntu abantu batandukanye mu vy’ubutunzi hamwe n’ibindi bintu vyinshi bituma bacanamwo, kunywanisha abantu bo mu mahanga yose, indimi zose, amoko yose n’imiryango yose, bakagiranira urukundo n’amahoro vy’intamenwa ni igitangaro cokorwa gusa n’Imana Mushoboravyose.—Zek. 4:6.
8 Mugabo ubwo bumwe si umugani, kandi igihe wiyegurira Yehova ukongera ukabatizwa, waciye winjira muri uwo muryango w’abavukanyi wunze ubumwe. Kubera ko uriko urungukira kuri ubwo bumwe, urafise ibanga ryo gufasha kubuzigama. Ivyo wobigira mu gushira mu ngiro amajambo y’intumwa Paulo dusanga mu Bagalatiya 6:10 agira ati: “Tugifise umwanya ubereye wo kubigira, dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera.” Turakurikiza kandi iyi mpanuro igira iti: “[Ntihagire] na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvi[re] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta; umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.” (Flp. 2:3, 4) Nitwimenyereza kubona abavukanyi bacu nk’uko Yehova ababona aho kuraba ukuntu baboneka inyuma, tuzobandanya kugiranira na bo ubucuti burangwa amahoro n’umunezero.—Ef. 4:23, 24.
TUBABARANE
9 Nk’uko intumwa Paulo yabitangiye akarorero, abagize ishengero ntibicamwo ibice ahubwo bose barababarana. (1 Kor. 12:14-26) Bamwe mu bagize uwo muryango wacu ukwiye kw’isi yose bashobora kuba baba kure yacu, ariko turitwararika cane ukuntu bamerewe. Igihe bamwe mu bavukanyi bacu bariko barahamwa, biratubabaza cane. Igihe hari abari mu bukene canke bakaba bashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka, intambara canke indyane z’abanyagihugu, abandi bararondera ukuntu bobafasha mu vy’impwemu no mu vy’umubiri.—2 Kor. 1:8-11.
10 Twese turakwiye gusengera abavukanyi bacu buri musi. Bamwe usanga bahanganye n’inyosha mbi. Abandi na bo usanga bafise ingorane zibonekeza. Hakaba n’abandi bariko bararwanywa n’abo bakorana canke abo mu muryango batizera, ariko ugasanga abandi ntibabizi. (Mat. 10:35, 36; 1 Tes. 2:14) Ivyo twese biraturaza ishinga kubera ko tugize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. (1 Pet. 5:9) Muri twebwe harimwo abakora cane mu murimo wa Yehova, bakaja imbere mu gikorwa co kwamamaza no mu bikorwa vy’ishengero. Hariho n’abahagarikiye igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Abo bose barakeneye ko tubasengera. Ayo masengesho arerekana ko tubakunda be n’uko tubitwararika vy’ukuri, naho wosanga ata kindi kintu twoshobora kubafasha.—Ef. 1:16; 1 Tes. 1:2, 3; 5:25.
11 Kubera uruhagarara ruri kw’isi muri iyi misi ya nyuma, abasavyi ba Yehova bakwiye kwama biteguriye gufashanya. Rimwe na rimwe, ivyago nka vya nyamugigima n’imyuzurira, biratuma biba ngombwa ko hagirwa utwigoro twinshi two gutabara no kwegeranya imfashanyo nyinshi cane. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baradusigiye akarorero keza muri ivyo. Abigishwa b’i Antiyokiya baributse impanuro Yezu yatanze maze bararungikira imfashanyo abavukanyi babo b’i Yudaya. (Ivyak. 11:27-30; 20:35) Mu nyuma, intumwa Paulo yararemesheje Abakorinto kugira uruhara muri ico gikorwa cariko kirakorwa ku rutonde. (2 Kor. 9:1-15) Muri iki gihe, iyo abavukanyi bacu bashikiwe n’ingorane maze bagakenera imfashanyo, ishirahamwe hamwe n’abakirisu umwumwe ukwiwe barihutira kubaronsa ivyo bakeneye.
TURI IGISATA GIKORA IVYO YEHOVA AGOMBA
12 Umuryango wacu ukwiye kw’isi yose kandi wunze ubumwe uratunganijwe neza ngo ukore ivyo Yehova agomba. Muri iki gihe, agomba ko inkuru nziza y’Ubwami yamamazwa kw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose. (Mat. 24:14) Yehova agomba ko twisunga ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru zigenga inyifato runtu mu kurangura ico gikorwa. (1 Pet. 1:14-16) Turakwiye kugira umutima ukunze wo kuyobokera abandi no guteza imbere inkuru nziza. (Ef. 5:21) Ubu si igihe co kwironderera inyungu zacu, ahubwo ni igihe co gushira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. (Mat. 6:33) Kugumiza ico kintu ku muzirikanyi uko dusenyera ku mugozi umwe mu guteza imbere inkuru nziza, biratuma twumva dushize akanyota kandi bizotuma twironkera imihezagiro y’ibihe bidahera.
13 Twebwe Ivyabona vya Yehova turatandukanye n’abandi, kubera ko tugize igisata ceranda kigirira umwete ibikorwa vy’Imana. (Tito 2:14) Turatandukanye n’abandi kubera dusenga Yehova. Ntidukorana gusa n’abavukanyi bacu bo kw’isi yose duhuje inama, ariko kandi tuvuga rwa rurimi rumwe ari rwo kuri, kandi tukarugendera. Ivyo Yehova yari yarabivuze biciye ku muhanuzi wiwe Zefaniya, ati: “Nzohindura ururimi rw’ibisata vy’abantu rube ururimi rutyoroye, kugira ngo bose bambaze izina rya Yehova, kugira ngo bamukorere bahuje inama.”—Zef. 3:9.
14 Yehova yaciye ahumekera Zefaniya kuvuga ibijanye n’umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, kandi uwo muryango ntukiri umugani muri iki gihe. Yavuze ati: “Abasigaye ba Isirayeli nta bitagororotse bazokora, canke ngo bavuge ikinyoma, canke ngo mu kanwa kabo habonekemwo ururimi rw’amayeri; kuko bazorisha bakigaramangira vy’ukuri, kandi nta n’umwe azobajugumiza.” (Zef. 3:13) Kubera ko twamenye ukuri kwo mw’Ijambo rya Yehova, tugahindura ivyiyumviro vyacu kandi tukabaho duhuza n’ingingo ngenderwako ziwe, turashobora gukorana mu bumwe. Turarangura ibintu bisa n’ibidashoboka ku bantu batabona ibintu nk’uko Imana ibibona. Emwe, turatandukanye n’abandi bantu; turi igisata c’Imana kiyitera iteka kw’isi yose.—Mika 2:12.