Woba ubona abandi nk’uko Yehova ababona?
“Ntihabe ukwicamwo ibice mu mubiri . . . ibihimba vyawo bibabarane kumwe”.—1 KOR. 12:25.
1. Wumvise umerewe gute igihe watangura kwinjira mw’Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu?
IGIHE twakura akarenge mw’isi mbi maze tugatangura kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, birashoboka ko twahimbawe no kwibonera urukundo rurangwa igishika be n’ukwitwararikana bagaragarizanya. Ese ukuntu batandukanye n’abantu batubaha, buzuye urwanko kandi b’abanyamahane batwarwa na Shetani! Twarinjiye mw’Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, iyo usanga yuzuyemwo amahoro n’ubumwe.—Yes. 48:17, 18; 60:18; 65:25.
2. (a) Ni igiki coshobora kugira ico gikoze ku kuntu tubona abandi? (b) Ni igiki twokenera kugira?
2 Ariko rero, uko igihe kigenda kirahaca, twoshobora gutangura kuza turabona abavukanyi bacu mu buryo butari bwo kubera ko turi abanyagasembwa. Kuba turi abanyagasembwa vyoshobora gutuma tugagamisha amakosa y’abavukanyi bacu aho kwibanda kuri kamere zabo zo mu vy’impwemu tuzifatiye muri rusangi. Tubivuze muri make, tuba twibagiye kubabona nk’uko Yehova ababona. Mu gihe ivyo bidushikiye, haba hageze ko dusuzuma neza ukuntu tubabona maze tukaguhuza n’uko Yehova ababona mu buryo butomoye.—Kuv. 33:13.
Ukuntu Yehova abona abavukanyi bacu
3. Bibiliya igereranya ishengero rya gikirisu n’iki?
3 Nk’uko bivugwa mu 1 Abakorinto 12:2-26, intumwa Paulo yagereranije ishengero ry’abakirisu basizwe n’umubiri ugizwe n’“ibihimba vyinshi”. Nka kurya nyene ibihimba vy’umubiri usanga kimwekimwe cose gitandukanye n’ikindi, ni ko n’abagize ishengero usanga batandukanye cane mu bijanye na kamere be n’ubushobozi bafise. Yamara, Yehova aremera ukwo kuntu batandukanye. Arakunda umwumwe wese mu bagize ishengero kandi akamuha agaciro. Ku bw’ivyo, Paulo kandi araduhanura yuko abagize ishengero bakwiye ‘kubabarana kumwe’. Ivyo vyoshobora kuba ibigoye kubera ko kamere abandi bafise zishobora kuba zitandukanye n’izacu.
4. Ni kubera iki twokenera kugira ivyo duhinduye mu bijanye n’ukuntu tubona abavukanyi bacu?
4 Hari aho mbere twogira impengamiro yo kwibanda ku vyo abavukanyi bacu bagoyagoyamwo. Tubigenjeje gutyo, vyoba ari nk’aho twoba turiko turafotoza icuma gifise imbone ituma twibanda gusa ku gace gatoyi. Yehova we, mu bijanye n’ukuntu abona abavukanyi bacu, ni nk’aho akoresha icuma gifise imbone yagutse ishobora gutuma abona neza ikintu be n’ibigikikuje. Twoshobora kugira impengamiro yo kuguma dushinze ijisho ku kintu tudashima ku muntu kandi tukakigagamisha, mu gihe Yehova we abona uwo muntu uko ari wese, ushizemwo na kamere nziza zose yisangije. Uko turushiriza kwihatira kumera nka Yehova, ni ko dushobora kurushiriza gutuma mw’ishengero harangwa impwemu y’urukundo n’ubumwe.—Ef. 4:1-3; 5:1, 2.
5. Ni kubera iki bitabereye ko ducira abandi urubanza?
5 Yezu yari azi neza ko abantu b’abanyagasembwa bakunze kugira impengamiro yo gucira abandi urubanza. Yahanuye ati: “Nimureke guca urubanza kugira ngo ntimuzocirwe urubanza”. (Mat. 7:1) Urabona ko Yezu atavuze ngo: “Ntimugace urubanza”, ahubwo yavuze ati: “Nimureke guca urubanza”. Yari azi ko benshi mu bamwumviriza bari basanzwe bafise akamenyero ko kunebagura abandi. Vyoba vyarashitse na twe tugatsimbataza akamenyero mwene ako? Niba dufise iyo mpengamiro, turakwiye gukora uko dushoboye kwose tugahindura, kugira ngo ntiducirwe urubanza rubi. Mu vy’ukuri, twebwe turi bande kugira ngo ducire urubanza umuntu Yehova ariko arakoresha mw’ibanga yamugenyemwo canke kugira ngo tuvuge ko uwo muntu atari akwiye kuba uwo mu bagize ishengero? Ego ni ko, umuvukanyi munaka yoshobora kuba hari ibintu bimwebimwe ahajije, mugabo niba Yehova abandanya kumwemera, vyoba none bibereye ko twebwe tumwiyamiriza? (Yoh. 6:44) Twoba vy’ukuri twemera ko Yehova ari we ariko arayobora abasavyi biwe bagize ishengero kandi ko niba hari ibikenewe guhindurwa, azogira ico akoze igihe yashinze kigeze?—Soma Abaroma 14:1-4.
6. Yehova abona gute abasavyi biwe?
6 Ikintu gitangaje cane ku vyerekeye Yehova ni uko abona yuko abakirisu umwumwe wese ku giti ciwe basanzwe bafise ubushobozi bwo kuzoshikira ukutagira agasembwa mw’isi nshasha. Arazi kandi iterambere ryo mu vy’impwemu bamaze gushikako. Ku bw’ivyo rero, nta mvo n’imwe ihari yotuma yibanda ku bugoyagoye bwo mu buryo bw’umubiri umwumwe wese muri bo afise. Muri Zaburi 103:12, dusoma duti: “Nk’ukw i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, uko ni ko yashize kure ibicumuro vyacu”. Ese ingene umwumwe wese muri twebwe ashobora gukura ubwatsi ku bw’ico kintu!—Zab. 130:3.
7. Twigira iki ku kuntu Yehova yabona Dawidi?
7 Turabona ikimenyamenya co mu Vyanditswe cerekana yuko Yehova afise ubushobozi budasanzwe bwo kwibanda kuri kamere nziza umuntu afise. Imana yadondoye ko Dawidi yari ‘umusavyi wayo yitondera ivyagezwe vyayo, kandi yayikurikira n’umutima wiwe wose, agakora ibishimwa imbere yayo’. (1 Abm. 14:8) Ego ni ko, turazi yuko Dawidi hari ibintu bimwebimwe bibi yakoze. Yamara rero, Yehova yarahisemwo kwibanda kuri kamere nziza za Dawidi kubera ko yari azi yuko umutima wiwe wari ugororotse.—1 Ngo. 29:17.
Nubone abavukanyi bawe nk’uko Yehova ababona
8, 9. (a) Ni mu buryo ki dushobora kumera nka Yehova? (b) Ivyo vyotangirwa akarorero gute, kandi ni icigwa ikihe tuhakura?
8 Yehova arashoboye gusoma imitima y’abantu, ariko twebwe nta vyo dushoboye. Ivyo vyonyene ni imvo yumvikana yotuma tudacira abandi urubanza. Ntituzi ibintu vyose bivyurira ingiro uwundi muntu. Dukwiye kugerageza kwigana Yehova mu kutaguma twibanda ku dusembwa twebwe abantu dufise, utwo na two tukaba amaherezo tuzogenda amazimayongo. Ivyo none ntivyoba ari intumbero nziza tugerageje kumera nka we muri uwo muce? Nitwabigenza gutyo, bizogira ikintu kinini biterereye ku bucuti burangwa amahoro dufitaniye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu.—Ef. 4:23, 24.
9 Mu kubitangira akarorero, reka dufate ko hari inzu imaze kwononekara: imireko yarasambutse, amadirisha yaramenaguritse, idari na ryo rikaba ryarononywe n’amavano. Abantu benshi boshobora kuraba iyo nzu maze bakavuga ko ikwiye kubomorwa kubera yuko itabereye ijisho. Ariko hoshobora kuza uwundi umuntu maze akayibona mu buryo butandukanye cane n’uko abandi bayibona. Hari aho yoba ashoboye kutibanda gusa ku ngorane iyo nzu ifise inyuma ariko akabona yuko ubwayo igikomeye kandi ko ishobora gusanurwa. Ng’uyo aciye agura nya nzu, arasanuye aho yari isanzwe ifise utunenge tw’inyuma kandi araryohoye uko yaboneka. Mu nyuma, abirenganira baravuga yuko ari inzu nziza utoraba. Twoba dushobora kuba nk’uwo muntu yagize ico akoze kugira ngo asanure iyo nzu? Aho kwibanda ku tunenge tubona ku bavukanyi bacu, twoba twogerageza kubona neza kamere nziza bafise be n’uko bashoboye kuzorushiriza gutera imbere mu vy’impwemu? Nitwabigenza gutyo, tuzokwumva dukunze abavukanyi bacu kubera ubwiza bwabo bwo mu vy’impwemu, nk’uko na Yehova abigira.—Soma Abaheburayo 6:10.
10. Impanuro dusanga mu Bafilipi 2:3, 4 ishobora gute kudufasha?
10 Intumwa Paulo yaratanze impanuro zimwezimwe zishobora kudufasha mu bijanye n’ubucuti dufitaniye n’abagize ishengero bose. Yahimirije abakirisu ati: “[Ntihagire] ikintu na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta, umwe wese ku ruhande rwiwe atagumiza ijisho ku vyiwe bwite gusa, ariko kandi ku ruhande rwiwe, agumize ijisho no ku vy’abandi”. (Flp. 2:3, 4) Ukwo kwicisha bugufi kuzodufasha kubona abandi mu buryo bubereye. Kugaragaza ko twitwararika abandi be no kurondera iciza muri bo bizodufasha kubabona nk’uko Yehova ababona.
11. Ni amahinduka ayahe yagize ico akoze ku mashengero amwamwe?
11 Mu myaka iheze, amahinduka yagiye araba hirya no hino kw’isi yaratumye haba uruja n’uruza rw’abantu. Ibisagara bimwebimwe muri kino gihe usanga bibamwo abantu baturuka mu bihugu bitandukanye. Bamwebamwe mu bantu bimukiye mu karere kacu barashimishijwe n’ukuri kwo muri Bibiliya maze barifatanya natwe mu gusenga Yehova. Abo ni “[a]bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose”. (Ivyah. 7:9) Ivyo bituma menshi mu mashengero yacu usanga hari ukuntu arushiriza kuba agizwe n’abantu bava mu bihugu bitandukanye.
12. Umwe wese muri twebwe akwiye kuguma abona uwundi gute, kandi ni kubera iki rimwe na rimwe ivyo vyoshobora kuba urugamba?
12 Mw’ishengero dukukira, hari aho twosanga bikenewe ko turushiriza kwitwararika ibijanye n’ukuguma tubona abandi mu buryo bubereye. Ivyo bidusaba kwamiza ku muzirikanyi impanuro intumwa Petero yatanze ijanye n’ukugaragaza “igishika ca kivukanyi kitagira ubwiyorobetsi” be n’“[ugukundana] cane bivuye ku mutima”. (1 Pet. 1:22) Gutsimbataza urukundo be n’igishika nyakuri birashobora kuba urugamba mw’ishengero ririmwo abantu bava mu mihingo itandukanye y’isi. Imico kama y’abo dusangiye ugusenga hari aho yoba itandukanye cane n’iyacu, nk’uko amashure bize, ubutunzi bafise be n’ubwoko bwabo na vyo nyene vyoshobora kuba bitandukanye n’ivyacu. Vyoba bikubera urugamba gutahura ivyiyumviro vy’abantu bamwebamwe be n’ukuntu bifata mu bintu binaka? Hari aho boba bafise iyo ngorane nyene ku bikwerekeye. Naho ari ukwo, twese duhimirizwa duti: “Mugirire urukundo umuryango wose w’abavukanyi”.—1 Pet. 2:17.
13. Ni amahinduka ayahe twoshobora gusanga dukeneye kugira mu bijanye n’ukuntu twiyumvira?
13 Hari aho vyoba ngombwa ko tugira ivyo duhinduye mu kuntu twiyumvira kugira ngo twaguke mu rukundo dukunda abavukanyi bacu bose. (Soma 2 Abakorinto 6:12, 13.) Vyoba birigera gushika kakaducamwo tugasanga twavuze amajambo nk’aya ngo “Jewe singomba gucira abandi urubanza, mugabo . . . ”, maze tugaca tudondora utunenge tumwetumwe tubona ko turanga abantu bo mu bwoko bunaka? Inyiyumvo nk’izo zoshobora kutwereka ko dukeneye kurandurana n’imizi ugucira abandi urubanza twoba tukinyegeje ibwina muri twebwe. Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Noba nama ngira akigoro ko kumenya abantu bo mu mico kama itandukanye n’iyo nakuriyemwo?’. Ukwisuzuma mwene ukwo kwoshobora kudufasha kugira ivyo turyohoye mu bijanye n’ugushima be n’ugukunda umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.
14, 15. (a) Tanga uturorero tw’abagize ivyo bahinduye mu bijanye n’ukuntu babona abandi bantu? (b) Dushobora gute kubigana?
14 Bibiliya iraduha uturorero twiza tw’abagize ivyo bahinduye, umwe muri abo akaba yari intumwa Petero. Kubera yuko Petero yari Umuyuda, yari gushobora kwirinda kwinjira mu nzu y’Umunyamahanga. Iyumvire gatoyi ingene yumvise amerewe igihe yasabwa kuja kugendera urugo rw’Umunyamahanga umwe atari yaragenyerewe yitwa Koruneliyo! Petero yaragize ivyo ahinduye, arategera yuko Imana yagomba ko abantu bo mu mahanga yose baba mu bagize ishengero rya gikirisu. (Ibik. 10:9-35) Sauli, uwahavuye aba intumwa Paulo, na we nyene vyarabaye ngombwa ko agira ivyo ahinduye akongera akikuramwo ivyo gucira abandi urubanza. Ubwiwe yariyemereye ko yahoze yanka urunuka abakirisu ku buryo ‘yaheba akimonogoza mu kuguma ahama ishengero ry’Imana akaritikiza’. Yamara, igihe Umukama Yezu yakosora Paulo, uno yaragize amahinduka akomeye yongera mbere aratangura kwemera ubuyobozi buvuye kuri bamwe yahora ahama.—Gal. 1:13-20.
15 Nta gukeka yuko dufashijwe n’impwemu y’Imana, dushobora kugira ivyo duhinduye ku gatima tugaragaza. Turamutse tubonye ko hari utumenyetso two gucira abandi urubanza twinyegeje muri twebwe, nimuze twihatire kuturandurana n’imizi “maze [tugumye] ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe”. (Ef. 4:3-6) Bibiliya ituremesha “[kwambara] urukundo, kuko ari umugozi utunganye wunga ubumwe”.—Kol. 3:14.
Nitwigane Yehova mu busuku turangura
16. Imana igomba iki ku bijanye n’abantu?
16 Intumwa Paulo yanditse ati: “Ku Mana [nta] kugira nkunzi kuhaba”. (Rom. 2:11) Yehova afise umugambi w’uko abantu bo mu mahanga yose bifatanya na twe mu kumusenga. (Soma 1 Timoteyo 2:3, 4.) Kugira ngo ivyo abishikeko, yaratunganije ivy’uko “inkuru nziza y’ibihe bidahera” itangazwa “kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose”. (Ivyah. 14:6) Yezu yavuze ati: “Itongo ni isi”. (Mat. 13:38) None ivyo bisobanura iki kuri wewe no ku bagize umuryango wawe wa hafi?
17. Dushobora gute gufasha abantu b’uburyo bwose?
17 Si bose bashoboye kuja mu mihingo ya kure hirya no hino kw’isi kugira ngo bashire abandi ubutumwa bwerekeye Ubwami. Naho biri ukwo, hari aho twoba dushoboye gushira ubwo butumwa abantu bava mu mihingo yose yo kw’isi baba mu cibare cacu. Twoba twama tutagisha uturyo dushobora kudufasha kubwira inkuru nziza abantu b’uburyo bwose, atari gusa barya tumaze imyaka n’iyindi tuyibwira? Ubona gute ugize umwiyemezo wo gushikira abandi bantu batarabwirwa inkuru nziza mu buryo bunogangije?—Rom. 15:20, 21.
18. Yezu yagaragaje ko yitwararika gute abantu?
18 Yezu yarabonye mu buryo bugera kure yuko abantu bose bakeneye gufashwa. Ntiyamamaje mu karere kamwe gusa. Inkuru imwe yo muri Bibiliya itubwira ko “[y]agendagenda mu bisagara vyose no mu bigwati vyose”. Mu nyuma, “[yara]bonye amasinzi, bamutera ikigongwe” maze aca arerekana ko bakeneye gufashwa.—Mat. 9:35-37.
19, 20. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora kugaragaza yuko Yehova na Yezu bitwararika abantu b’uburyo bwose?
19 Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe ushobora kugaragaza agatima mwene ako? Bamwebamwe baragize akigoro ko kwamamaza mu bice vyo mu cibare cabo wasanga bitakorewemwo kenshi. Aho hashobora kuba harimwo n’ukwamamariza mu bibanza bacururizamwo, mu busitani abantu bafatiramwo akayaga, ku bituro vy’amabisi, canke imbere y’amagorofa abantu babamwo usanga agoye guturukira. Abandi na bo usanga baragize akigoro ko kwiga urundi rurimi kugira ngo babwire inkuru nziza abantu bo mu bwoko bunaka baba mu karere kabo canke imigwi y’abantu usanga batayibwiwe kenshi muri kahise. Kumenya ingene uramutsa abo bantu mu rurimi rwabo kavukire vyoshobora kubereka ko witwararika cane ineza yabo. Niba na ho tudashoboye kwiga urundi rurimi, twoba dushobora kuremesha abariko barabigira? Nta nkeka ko tutokwipfuza kuvuga nabi ico kintu canke ngo tugire amakenga ku bijanye n’imvo zituma abandi bariko bagira mwene ako kigoro kugira ngo babwire inkuru nziza abantu baturuka mu kindi gihugu. Abantu bose barafise agaciro mu nyonga z’Imana, kandi twipfuza kubona ibintu muri ubwo buryo nyene.—Kol. 3:10, 11.
20 Kubona abantu nk’uko Imana ibabona birimwo no kubabwira inkuru nziza bose, naho ivyabo vyoba vyifashe gute. Hari abo wosanga batagira aho bakika umusaya, ata suku bagira, canke ugasanga birigaragaza ko babayeho mu buryo buranga ubuhumbu. Bishitse hakagira abadufata nabi, ivyo ntibikwiye guca bituma tugira ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’igihugu baturukamwo canke ubwoko bwabo ubufatiye hamwe. Vyarashika Paulo agafatwa nabi n’abantu bamwebamwe, ariko ntiyareka ngo ivyo bimubuze kubwira inkuru nziza abantu b’aho hantu. (Ibik. 14:5-7, 19-22) Yarizigira ko bamwebamwe boshoboye kuyakira neza.
21. Kubona abandi nk’uko Yehova ababona bizogufasha gute?
21 Ubu kuruta ikindi gihe cose, turakeneye kubona ibintu mu buryo bubereye, ni ukuvuga nk’uko Yehova abibona, haba mu vyo tugiriranira n’abavukanyi b’aho tubaye, umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose, canke abantu bo mu cibare dukoreramwo. Uko turushiriza kugerageza kubona ibintu nk’uko Yehova abibona, ni ko tuzorushiriza kuba abantu baremesha amahoro n’ubumwe. Vyongeye, tuzorushiriza kuba abashoboye gufasha abandi maze bitume bakunda Yehova, ya Mana ‘idatinya abantu ku kigohe’, ariko yitwararikana urukundo abantu bose, “kuko bose ar’igikorwa c’intoke zayo”.—Yobu 34:19.
Woshobora kuvyishura?
• Dukwiye kwihatira kwirinda kubona abavukanyi bacu mu buryo ubuhe?
• Dushobora gute kwigana Yehova mu kuntu tubona abavukanyi bacu?
• Ni ivyigwa ibihe wigiye ku bijanye n’ukuntu tubona umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose?
• Igihe turi mu busuku, dushobora gute kwigana Yehova mu bijanye n’ukuntu abona abantu?
[Ifoto ku rup. 26]
Ushobora gute kumenya abantu bafise iyindi mico kama?
[Amafoto ku rup. 28]
Ni mu buryo butandukanye ubuhe ushobora gushikira abantu benshi kuruta ubashiriye inkuru nziza?