ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rj rup. 2
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Nugaruke kuri Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Ingene igitabu ca Yobu cogufasha igihe utanga impanuro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • “Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Umugenzi nyakuri atanga impanuro zubaka
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Nugaruke kuri Yehova
rj rup. 2

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Mukundwa dusangiye ukwizera,

Nk’uko usanzwe ubizi, Bibiliya ni igitabu ahanini kivuga ivyerekeye abantu. Benshi muri bo bari abagabo n’abagore b’abizigirwa bashikiwe n’ingorane zisa n’izidushikira. “[Bi]yumva nk’uko twiyumva.” (Yakobo 5:17) Hari abarengewe n’ingorane be n’amaganya. Abandi barababazwa cane n’abo mu muryango wabo canke abo basangiye ukwizera. Hakaba n’abandi barengewe n’ukwiyagiriza kubera amakosa yabo.

Abo bantu boba barahevye Yehova buhere? Habe namba. Benshi bari bameze nk’umwanditsi wa Zaburi, uno akaba yasenze ati: “Nangaye nk’intama yazimiye. Yoo! rondera umusavyi wawe, kuko ntibagiye amabwirizwa yawe.” (Zaburi 119:176) Woba wiyumva gutyo nawe?

Mushiki wacu ariko araraba amafoto agaca yibuka ukuntu yahora akorera Yehova

Yehova ntiyigera yibagira abasavyi biwe bava mu ruhongore. Ahubwo nyabuna, arabarondera kugira abafashe, akenshi akaba abicisha ku bo basangiye ukwizera. Nk’akarorero, raba ukuntu Yehova yafashije umusavyi wiwe Yobu, uno akaba yarashikiwe n’ivyago vyinshi: Kubura ivyo yari atunze, kubura abiwe n’ukurwara bimwe bikomeye. Yobu kandi yarabwiwe amajambo ababaza n’abari kumushigikira. Ariko ntiyigeze atera akagere Yehova, naho vyashitse akiyumvira ukutari kwo. (Yobu 1:22; 2:10) None Yehova yafashije gute Yobu gusubira kubona ibintu mu buryo bubereye?

Bumwe mu buryo Yehova yakoresheje mu gufasha Yobu, yabicishije ku wo bari basangiye ukwizera yitwa Elihu. Igihe Yobu yaserura ivyari bimuraje ishinga, Elihu yaramuteze yompi maze abona kuvuga. None yavuze iki? Yoba yaranebaguye Yobu canke akagerageza gutuma yumva yiyagirije kibure amaramaye? Elihu yoba yibona ko ahambaye kuruta Yobu? Eka data! Elihu abitumwe n’impwemu y’Imana, yavuze ati: “Meze nkawe ku Mana y’ukuri; na jewe nabumbabumbwe mw’ibumba.” Yaciye aremesha Yobu ati: “Nta giteye ubwoba co muri jewe coguca ivutu, kandi nta mukazo uvuye kuri jewe wokuremera.” (Yobu 33:6, 7) Aho kwunyura ingorane za Yobu, Elihu abigiranye urukundo yarahaye Yobu impanuro n’indemesho yari akeneye.

Numenye ko ivyo Elihu yakoze ari vyo twakoze mu gutegura aka gatabu. Ubwa mbere twarumvirije, turarimbura twitonze uko ivya benshi mu bagiye kure y’ishengero vyifashe hamwe n’ivyo bavuze. (Imigani 18:13) Ubukurikira twaciye tuja mu Vyanditswe, turarimbura tubijanishije n’isengesho inkuru zerekana ukuntu Yehova yafashije abasavyi biwe bo muri kahise igihe ivyabo vyari vyifashe nk’ivy’abo bagiye kure y’ishengero. Ubwa nyuma, izo nkuru zo mu Vyanditswe twarazishize hamwe n’uburorero bwo mu gihe ca none mu gutegura aka gatabu. Turagusavye wihweze aka gatabu. Numenye ko tugukunda cane.

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika