ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ypq ikibazo 4 rup. 12-14
  • Nokora iki igihe nkoze ikosa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki igihe nkoze ikosa?
  • Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Ivyo bijanye
  • Nokwifata gute igihe nakoze ikosa?
    Urwaruka ruribaza
  • Nitubone amakosa mu buryo bubereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Woba wigira ku makosa yawe?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Gira ico wigiye ku makosa yawe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
ypq ikibazo 4 rup. 12-14
Uduhungu tubiri turiko turaba ikiyo c’imodoka camenetse

IKIBAZO CA 4

Nokora iki igihe nkoze ikosa?

IGITUMA BIHAMBAYE

Kwemera amakosa wakoze biratuma abandi bakwizigira.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: Junior ariko arakina n’abagenzi biwe. Agize ngo arateye umupira, uca uramena ikiyo c’umuduga w’umubanyi.

Iyaba wari Junior, wari gukora iki?

BANZA UZIRIKANE!

HARI IBINTU BITATU WOKORA:

  1. 1. Kwiruka.

  2. 2. Kubita ku wundi.

  3. 3. Kubwira uwo mubanyi uko vyagenze, ukemera kuriha ivyo wononye.

Hari aho wokwumva umengo wohitamwo ica 1. Ariko vyama ari vyiza kwemera amakosa wakoze, waba wamenye ikiyo canke wakoze ikindi kintu.

IMVO ZITATU ZOTUMA WEMERA AMAKOSA YAWE

  1. Ni co kintu kibereye wokora.

    Bibiliya ivuga iti: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

  2. Biroroshe kubabarira umuntu yemera ikosa.

    Bibiliya ivuga iti: “Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.”​—Imigani 28:13.

  3. Igihambaye kuruta, birahimbara Imana.

    Bibiliya ivuga iti: “Umunyamayeri [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.”​—Imigani 3:32.

Carine w’imyaka 20 yarahishije se ko bamuciye amande kubera kwiruka cane n’umuduga, ariko yaruhiye kubimenya. Avuga ati: “Haciye nk’umwaka, papa yarabonye igitansi kiriko izina ryanje. Emwe, narahagiriye ingorane!”

Carine yahigiye iki? Agira ati: “Guhisha amakosa nta kindi bivamwo atari ukwunyura ibintu. Bitebe bitebuke uravyishura!”

INGENE WOKWIGIRA KU MAKOSA YAWE

Bibiliya ivuga iti: “Twese dutsitara kenshi.” (Yakobo 3:2) Kandi nk’uko twabibonye, kwemera amakosa yawe udatebaganye birerekana ko wicisha bugufi be n’uko uriko urakura.

Intambwe ikurikira ni ukwigira ku makosa yawe. Umwigeme yitwa Vera avuga ati: “Ikosa ryose nkora ndarikurako icigwa kizomfasha kurushiriza kuba umuntu mwiza no kuzovyifatamwo neza ikindi gihe.” Raba ukuntu wobishikako.

Watoye ikinga rya so wawe none waryishe. Woca ukora iki?

  • Kwinumira, ukibwira ko so wawe atazobibona.

  • Kubwira so wawe ivyabaye ata co uhisha.

  • Kubwira so wawe ivyabaye ariko ukavyegeka ku wundi muntu.

Ikibazo kirakunaniye kubera utize. Woca ukora iki?

  • Kwitwaza ko ikibazo cari kigoye.

  • Kwemera ko vyakunaniye kubera utari wize.

  • Kwitwaza ko umwigisha akwanka.

Umukobwa ariko atwara imodoka araba mu kayo kerekana ibiri inyuma

Kugumiza umutima ku makosa ya kera ni nko gutwara umuduga udakura amaso kuri ka kayo kerekana ibiri inyuma

Subira uzirikane kuri utwo turorero maze wishire mu kibanza (1) ca so wawe (2) ca mwigisha wawe. So wawe na mwigisha wawe bokubona gute hamwe wokwemera amakosa wakoze? Bokubona gute hamwe wohisha amakosa wakoze?

Ubu na ho niwiyumvire ikosa wakoze mu mwaka uheze maze wishure ibibazo bikurikira.

Iryo kosa ryari irihe? Wavyifashemwo gute?

  • Nararihishije.

  • Naryegetse ku wundi.

  • Nararyemeye.

Nimba utemeye ikosa ryawe, mu nyuma wumvise umerewe gute?

  • Neza: nta n’uwamenye icabaye!

  • Narabuze amahoro: iyo menya nkavugisha ukuri.

Vyari kuba vyiza ukoze iki?

Ni icigwa ikihe wahakuye?

UVYIBAZAKO IKI?

Kubera iki abantu bamwebamwe batemera amakosa yabo?

Ugiye urahisha amakosa yawe, abandi bokubona gute? Ariko ugiye urayemera bokubona gute?​—Luka 16:10.

ICO NTEGEKANYA GUKORA

  • Mu ntumbero yo kwemera amakosa yawe, ni umugambi uwuhe wokwishingira mu mezi 12 ari imbere?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika