ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ypq ikibazo 5 rup. 15-17
  • Nokora iki bansindiye kw’ishure?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki bansindiye kw’ishure?
  • Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Ivyo bijanye
  • Nokora iki igihe hari uwuntoteza?
    Urwaruka ruribaza
  • Nokora iki igihe hari uwutoteza umwana wanje?
    Icofasha umuryango
  • Niwiheke kuri Yehova igihe bagutoteje
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Nokwikingira gute kw’ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
ypq ikibazo 5 rup. 15-17
Umuhungu ariko arasindira mugenziwe imbere y’abandi bana bigana

IKIBAZO CA 5

Nokora iki bansindiye kw’ishure?

IGITUMA BIHAMBAYE

Ukuntu uvyifatamwo birashobora gutuma iyo ngorane ihera canke ikunyuka.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: Toma yumva atagishaka kuja kw’ishure. Vyatanguye mu mezi atatu aheze, igihe abo bigana batangura kuza baramubeshera. Haciye hakurikira ivyo kumutazira amazina. Vyarashika bakamupapura amakaye yiwe bagaca bigirisha nk’aho umengo ni isanganya. Canke na ho akaza yumva umwe mu bana bari inyuma yiwe aramusunuye, agize ngo arahindukira bose bagaca bigira ab’ejo. Ejo bundi ho vyarunyutse igihe bamutera ubwoba biciye kuri internet . . .

Iyaba wari Toma, wari kuvyifatamwo gute?

BANZA UZIRIKANE!

Ntiwibaze ko ata kundi uri bugire. Ahubwo mbere urashobora kunesha uwugusindira utamuriye n’urwara. Uti gute?

  • BEREKE KO ATA CO BIGUTWAYE. Bibiliya ivuga iti: “Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye gushika kw’iherezo.” (Imigani 29:11) Ugerageje kuguma utekanye naho mu mutima woba wumva ubwoba, abagusindira boshobora kubivamwo.

  • NTIWIHORE. Bibiliya ivuga iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi.” (Abaroma 12:17) Kwihora nta kindi bivamwo atari kwunyura ibintu.

  • NTIWITE MU NGORANE. Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Uko bishoboka kwose, niwirinde abantu bogusindira n’ibintu vyotuma bakubuza amahoro.

  • TANGA INYISHU ITARI YITEZWE. Bibiliya ivuga iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake.” (Imigani 15:1) Woshobora no kubatwenza. Nimba hari uwukubwiye ko uvyibushe rwose, numwereke ko ata co bigutwaye mu kwivugira uti: “Ubona utobeshera imvubu?”

  • NIWIGIRE. Nora w’imyaka 19 avuga ati: “Winumiye uba werekanye ko uhumuye be n’uko uruta uwuriko aragucokoza. Birerekana ko ufise ukwigumya, ico kikaba ari ikintu uwugucokoza adafise.”​—2 Timoteyo 2:24.

  • NIWIHAGARAREKO. Abasindira abandi barashobora kubona umuntu yikengera ku buryo adashobora kwirwanira. Ariko benshi muri bo barateshwa bagata iyo babonye ko wihagararako.

  • VYIGANIRE UMUNTU. Umugore umwe yahoze ari umwigisha agira ati: “Noremesha umuntu wese abandi basindira ko yobishira ahabona. Ni vyiza kubivuga, kandi birashobora gukingira n’abandi.”

Umuhungu yihagazeko bagira bamusindire

Kwihagararako biratuma urusha inguvu uwugusindira

WARI UBIZI?

Uretse ukugirirwa nabi ku mubiri, gusindirwa birimwo kandi:

  • Amajambo ameze nk’urubeya ariko ava mu kanwa k’umuntu asinda

    Kubwirwa amajambo mabi. “Sinzokwigera nibagira ibitutsi vyabo n’amajambo bamvugako. Baratuma numva ko ata co maze, ko ntakenewe be n’uko ndi imburakimazi. Bari gupfuma bankubita.”​—Céline w’imyaka 20.

  • Umuhungu yicaye wenyene kubera abandi bamwinuvye

    Gukumirwa. “Abo twigana baratanguye kunyinuba. Sasita baca bamera nk’aho ata kibanza kihari ku meza kugira sinicarane na bo. Umwaka wose waraheze ndira nongera nisangiza.”​—Haley w’imyaka 18.

  • Umukobwa akangutse kubera abonye ibintu bamuvuzeko kuri internet

    Gucafuza umuntu kuri internet. “Urashobora kwandika utujambo dukeyi kuri internet ukaba usize umuntu iceyi canke mbere wishe ubuzima bwiwe. Wogira ngo ni ugushikuza ariko birashika!”​—Daniel w’imyaka 14.

UMWIMENYEREZO

NI VYO CANKE SI VYO

INYISHU

1 Gusindira abandi vyaramyeho.

1 Ni vyo. Nk’akarorero, Bibiliya iravuga abantu bitwa Abanefilimu, iryo zina rikaba risobanura ngo “abagwisha abandi.”​—Itanguriro 6:4.

2 Gusindira abandi nta co bitwaye; ni ukwifyinira gusa.

2 Si vyo. Guturubikwa ni kimwe mu bituma abakiri bato benshi biyahura.

3 Uburyo bwiza bwo kwikurako abagusindira ni ukubasubiza.

3 Si vyo. Akenshi abasinda baba barusha inguvu abo basindira. Kubasubiza rero nta co vyomara.

4 Ubonye uwuriko arasindira abandi vyoba vyiza winumiye.

4 Si vyo. Uwubonye ikibi ntakivuge aragirwa n’icaha. Ubonye uwuriko arasindira abandi ntukureko umunwa, uba usasiye indava ico kibi.

5 Naho abasinda bakunda kwiyemera, usanga mu buzima batorohewe.

5 Ni vyo. Naho abasinda bakunda kwiyemera, benshi usanga bikengera mu mutima, bagaca bacinyiza abandi kugira bumve ko hari ico bamaze.

6 Abasinda barashobora guhinduka.

6 Ni vyo. Abasinda barashobora guhinduka hagize uwubafasha.

ICO NTEGEKANYA GUKORA

  • Bishitse hakagira uwunsindira, nzokora iki?

USHAKA AYANDI MAKURU

Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara

Raba akavidewo Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara, kuri www.pr418.com. (Raba INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika