ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb23 Nyakanga rup. 5
  • Niwiheke kuri Yehova igihe bagutoteje

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwiheke kuri Yehova igihe bagutoteje
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ivyo bijanye
  • Nokora iki igihe hari uwuntoteza?
    Urwaruka ruribaza
  • Nokora iki bansindiye kw’ishure?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Nokora iki igihe hari uwutoteza umwana wanje?
    Icofasha umuryango
  • Nokwikingira gute kw’ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
mwb23 Nyakanga rup. 5
Umukobwa w’umuyabaga ariko arereka terefone abavyeyi biwe yongera abayagira ukuntu yiyumva. Abavyeyi biwe bariko baramwumviriza bitonze.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwiheke kuri Yehova igihe bagutoteje

Gutotezwa birashobora kutugirira nabi ku mubiri no ku mutima. Birashobora no gutuma ubucuti dufitaniye na Yehova bwononekara igihe tugize ubwoba abandi barwanije ugusenga kwacu. Wokwikingira gute agatotezo?

Benshi mu Vyabona vya Yehova barihanganiye agatotezo mu kwiheka kuri Yehova. (Zb 18:17) Nk’akarorero, Esiteri yaravuze kugira ahishure imigambi ya Hamani umuntu mubi yatoteza abandi. (Est 7:​1-6) Imbere yo kubigira, yarerekanye ko yiheka kuri Yehova mu kwisonzesha. (Est 4:​14-16) Yehova yarahezagiye ivyo yakoze yongera aramukingira hamwe n’ihanga ryiwe.

Yemwe bakiri bato, nimba hari umuntu ariko arabatoteza, nimusabe Yehova abafashe mwongere mubwire ingorane mufise umuntu ahumuye, nk’akarorero abavyeyi banyu. Murashobora kwemera mudakeka ko Yehova azobafasha nk’uko yafashije Esiteri. Ni ikindi kintu ikihe mwokora kugira mwihanganire agatotezo?

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO UBUYABAGA BWANJE—NOKWIHANGANIRA GUTE AGATOTEZO? MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Abakiri bato bokwigira iki kuri Charlie na Ferin?

  • Abavyeyi bokwigira iki ku vyo Charlie na Ferin bavuze ku bijanye n’ukuntu bofasha abana babo kwihanganira agatotezo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika