ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 15 rup. 42-rup. 43 ing. 3
  • Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • “Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Yozefu Yankwa na Benese
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Vyoba birashika ukagira ishari? Benewabo na Yozefu vyarabashikiye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • “None ugusobanura si ukw’Imana?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 15 rup. 42-rup. 43 ing. 3
Yozefu ariko arasigurira Farawo indoto yarose

ICIGWA CA 15

Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu

Igihe Yozefu yari mu gasho, Farawo umwami wa Misiri yararose. Ibintu yarose nta n’umwe yashoboye kubimusigurira. Umwe mu bakozi ba Farawo yaramubwiye ko Yozefu yari gushobora kubimusigurira. Farawo yaciye atumako Yozefu.

Farawo yamubajije ati: ‘Woshobora kunsigurira ibintu narose?’ Yozefu yamwishuye ati: ‘Hazohera imyaka indwi mu Misiri hari ivyokurya vyinshi, hace hakurikira iyindi myaka indwi hari inzara. Nutore umuntu aciye ubwenge yokwegeranya ivyokurya kugira abantu bawe ntibaze bicwe n’inzara.’ Farawo yaciye amubwira ati: ‘Ntoye wewe! Uzoba umuntu agira kabiri ahambaye muri Misiri yose!’ None Yozefu yashoboye gute gusobanura indoto za Farawo? Ni Yehova yamufashije.

Yozefu ahagarikiye abariko baregeranya ibifungurwa

Mu myaka indwi yakurikiye, Yozefu yaregeranije ivyokurya. Haciye hatera inzara kw’isi yose, nk’uko Yozefu yari yarabivuze. Abantu bo hirya no hino kw’isi baraza kugura ivyokurya kwa Yozefu. Se wiwe Yakobo yarumvise ko mu Misiri hariyo ivyokurya, aca arungikayo abahungu biwe cumi ngo baje kugura ivyokurya.

Abahungu ba Yakobo baragiye kwa Yozefu. Yozefu akibabona yaciye abamenya, ariko bobo ntibamumenye. Baramwunamiye nk’uko nyene yari yarabirose akiri muto. Yozefu yarashatse kumenya ko benewabo bari bagifise urwanko. Yaciye ababwira ati: ‘Mwaje gusuma urusaku! Mwaje kuraba aho igihugu kigoyagoya.’ Bamwishuye bati: ‘Oya! Twebwe tuva i Kanani, kandi tuvukana turi 12. Umwe muri twebwe yarapfuye, umuhererezi na we yasigaranye na dawe.’ Yozefu yaciye ababwira ati: ‘Kugira nemere ivyo muvuze, murabanza munzanire uwo muhererezi wanyu.’ Baciye basubira kwa se wabo.

Ivyokurya bisubiye guhera, Yakobo yaciye yongera kurungika abahungu biwe mu Misiri. Ico gihe bagiye bajanye na Benyamini umuhererezi wabo. Kugira Yozefu ageze benewabo, yaranyegeje igikombe ciwe c’ifeza mw’igunira rya Benyamini, aca abagiriza ko bacivye. Igihe abakozi ba Yozefu basanga ico gikombe mw’igunira rya Benyamini, benewabo barababaye cane. Baratakambiye Yozefu ngo abe ari bo ahana mu kibanza ca Benyamini.

Yozefu yaciye abona ko benewabo bari barahindutse. Ico gihe hoho vyaranse ko Yozefu yigumya. Yaraturikishije ararira, ababwira ati: ‘Ndi mwenewanyu Yozefu. Dawe aracariho?’ Benewabo baratangaye cane. Yababwiye ati: ‘Ntimubabare kubera ivyo mwangiriye. Imana ni yo yandungitse hano kugira ndokore ubuzima bwanyu. Nimunyaruke muzane dawe.’

Baciye baja muhira kubwira se wabo iyo nkuru nziza maze baramujana mu Misiri. Inyuma y’imyaka myinshi, Yozefu yarasubiye kubonana na se wiwe.

Yozefu na se wiwe Yakobo bariko bararamukanya

«Nimutababarira abandi amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.»​—Matayo 6:15

Ibibazo: Yehova yafashije gute Yozefu? Yozefu yerekanye gute ko yababariye benewabo?

Itanguriro 40:1–45:28; 46:1-7, 26-34; Zaburi 105:17-19; Ivyakozwe 7:9-15

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika