Niwigishe abana bawe
Vyoba birashika ukagira ishari? Benewabo na Yozefu vyarabashikiye
REKA turabe ico kugira ishari bisobanura. Vyoba birashika ugasanga biciye bikugora cane gukunda umuntu kubera ko abandi bavuze yuko ameze neza, ari mwiza canke azi ubwenge?a— Emwe, ivyo ni vyo bishobora gushika igihe hari uwo ufitiye ishari!
Ishari rirashobora kwaduka mu muryango igihe hari umwana abavyeyi bakunda cane kuruta abandi. Bibiliya iravuga ibijanye n’umuryango wabayemwo ingorane ikomeye bitewe n’ishari. Reka twihweze ingorane iryo shari ryakweze be n’ico dushobora kwigira ku vyabaye.
Yozefu yari umuhungu wa Yakobo agira 11, kandi benewabo na Yozefu kuri se bari bamufitiye ishari. Woba uzi icabitumye?— Ni uko se wabo ari we Yakobo, yakunda cane Yozefu. Nk’akarorero, Yakobo yari yarasoneshereje Yozefu impuzu ndende imeze nk’ishati y’imirongorongo nziza utoraba. Yakobo yarakunda Yozefu kuruta abandi “kuko yamuvyaye ashaje” akaba n’umwana wa mbere yari yavyaranye na Rasheli umugore wiwe yakunda cane.
Bibiliya ivuga yuko aho ‘benewabo na Yozefu baboneye ko se wabo amukunda cane, baciye batangura kwanka Yozefu.’ Umusi umwe rero Yozefu yabwiye abo bari basangiye umuryango yuko mu vyo yari yarose, yabonye bose bamwunamira, na se wiwe arimwo. Bibiliya ivuga iti: “Bene se bamugirira ishari,” mbere na se wa Yozefu yaramukariye kuba yababwiye ibijanye n’izo ndoto.—Itanguriro 37:1-11.
Haciye igihe, Yozefu afise imyaka 17, benewabo bari bagiye kuragira intama n’impene z’umuryango wabo ahantu kure cane. Yakobo ni kwo kurungika Yozefu ngo agende kuraba ingene benewabo bamerewe. Woba uzi ico benshi muri bo bashatse gukora igihe bamubona ariko araza?— Baciye bipfuza kumwica! Ariko babiri muri bo ari bo Rubeni na Yuda, nta vyo bashaka.
Igihe abadandaza bamwe baca hafi yabo bariko baja mu Misiri, Yuda yaciye avuga ati: ‘Enda nimuze tumugurishe.’ Baca babigenza gutyo nyene. Hanyuma baciye babaga impene maze, bafata ya mpuzu ya Yozefu bayijobeka mu maraso yayo. Munyuma, bamaze kwereka se wabo nya mpuzu, uno yaciye asemerera ati: ‘Igikoko c’inkazi carariye Yozefu!’—Itanguriro 37:12-36.
Haciye igihe, Yozefu yahavuye akundwa cane na Farawo, uwatwara Misiri. Ivyo vyabaye kubera ko Yozefu yafashijwe n’Imana arashobora gutanga insobanuro y’ibintu vy’ubwoko bubiri Farawo yari yarose. Ica mbere cari cerekeye inka indwi zivyibushe zikurikiwe n’izindi ndwi zonze. Ica kabiri cari cerekeye amahundo indwi y’intete nziza be n’amahundo indwi y’intete yonze. Yozefu yavuze yuko izo ndoto zompi zasobanura yuko hobaye imyaka indwi y’umwimbu mwiza, igakurikirwa n’imyaka indwi y’ikigoyi. Bivuye kw’itegeko rya Farawo, Yozefu yarashinzwe igikorwa co kubika ibifungurwa mu gihe c’iyo myaka y’umusesekara kugira ngo bitegurire ikigoyi cokurikiye.
Igihe ikigoyi catera, abagize umuryango wa Yozefu, bano bakaba baba kure cane y’aho, barabuze ibifungurwa. Yakobo yararungitse bakuru ba Yozefu cumi kugira ngo bagende mu Misiri gusuma. Barashitse imbere ya Yozefu, mugabo ntibamumenye. Yozefu yararetse kwibwira benewabo, arabagerageza, maze aramenya ko bicuza cane kubona bari baramufashe nabi ukuraho. Mu nyuma Yozefu yarabidondoye. Ese ukuntu bagumbiranye bongera baranezerwa!—Itanguriro, ikigabane ca 40 gushika ku ca 45.
Ni igiki ushobora kwigira kuri iyo nkuru yo muri Bibiliya ku bijanye n’ishari?— Ishari rirashobora guteza ingorane ikomeye, mbere rikanatuma umuntu yipfuza kugirira nabi uwo bavukana! Reka dusome mu Bikorwa 5:17, 18 no mu Bikorwa 7:54-59 maze turabe ico ishari ryatumye abantu bagirira abigishwa ba Yezu.— Wisunze ivyo duhejeje gusoma, woba ushobora kubona igituma dutegerezwa kuba maso ku bijanye n’ukugirira abandi ishari?—
Yozefu yararamvye gushika ku myaka 110. Yaravyaye abana, araronka abuzukuru n’abuzukuruza. Turashobora kwemera tudakeka ko Yozefu akenshi yabigisha gukundana no kwirinda gutwarwa n’ishari.—Itanguriro 50:22, 23, 26.
a Nimba uriko usomera hamwe n’umwana wawe, ako gakwego kakwibutsa ko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.