ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 44 rup. 108-rup. 109 ing. 3
  • Urusengero rwa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urusengero rwa Yehova
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Salomo Yubaka Urusengero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Salomo umwami w’inkerebutsi
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Yoba akubera akarorero keza canke akubera imburi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Dutahure ko Yezu ari we Dawidi Mukuru akaba na we Salomo Mukuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 44 rup. 108-rup. 109 ing. 3
Umuriro uvuye kuri Yehova wararigase ikimazi cari ku gicaniro

ICIGWA CA 44

Urusengero rwa Yehova

Umwami Salomo ariko arasenga

Salomo amaze kuba umwami wa Isirayeli, Yehova yamubajije ati: ‘Ushaka ndaguhe iki?’ Salomo yishuye ati: ‘Ndacari muto, simbona ico nokora. Ndagusavye umpe ubwenge kugira menye ingene ntwara abantu bawe.’ Yehova yamubwiye ati: ‘Ko unsavye ubwenge, nzoguha ubwenge bwinshi buruta ubw’abandi bantu bose kw’isi. Nzoguha n’ubutunzi bwinshi. Kandi niwangamburukira, nzotuma ubaho imyaka myinshi.’

Salomo yaratanguye kwubaka urwo rusengero. Yakoresheje inzahabu, ifeza, ibiti hamwe n’amabuye mezameza cane. Abagabo n’abagore ibihumbi barafashije kwubaka urwo rusengero. Inyuma y’imyaka indwi, urwo rusengero rwari rwuzuye. Baciye barushikiriza Yehova. Salomo yarapfukamye imbere y’igicaniro c’urwo rusengero maze asenga ati: ‘Ewe Yehova, uru rusengero ni rutoyi cane kuri wewe kandi si rwiza cane ku buryo worubamwo, ariko turagusavye wumvirize amasengesho yacu.’ Yehova yoba yarashimye urwo rusengero n’iryo sengesho rya Salomo? Salomo agiheza gusenga, umuriro waciye utibuka uvuye mw’ijuru uraturira ibimazi vyari kuri ico gicaniro. Yehova yari yerekanye ko ashima urwo rusengero. Abisirayeli baranezerewe cane babonye ivyo bintu.

Umuriro uvuye kuri Yehova wararigase ikimazi cari ku gicaniro

Muri Isirayeli hose no mu bihugu vya kure, abantu bari bazi ko umwami Salomo afise ubwenge bwinshi. Abantu baraza kwa Salomo kugira abafashe gutorera umuti ingorane zabo. N’umwamikazi w’i Sheba yaraje kumubaza ibibazo bigoye kugira yumve ko ashobora kuvyishura. Igihe yumva inyishu ziwe, uwo mwamikazi yavuze ati: ‘Nari naranse kwemera ivyo bambwiye ku bikwerekeye, ariko ubu ndabonye ko ufise ubwenge burenze n’ivyo bambwiye. Imana yawe Yehova yaraguhezagiye.’ Abisirayeli bari babayeho neza kandi bari bahimbawe. Ariko ibintu vyagira bihinduke.

«Ng’aha hari uwuruta Salomo.»​—Matayo 12:42

Ibibazo: Kubera iki Yehova yahaye Salomo ubwenge bwinshi? Yehova yerekanye gute ko ashima urusengero Salomo yubatse?

1 Abami 2:12; 3:4-28; 4:29–5:18; 6:37, 38; 7:15–8:66; 10:1-13; 2 Ngoma 7:1; 9:22

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika