Yoba akubera akarorero keza canke akubera imburi?
“Imana ya Yakobo . . . izotwigisha inzira zayo, natwe tuzogendera mu minyuro yayo.”—YES. 2:3.
1, 2. Ni mu buryo ubuhe ushobora kwungukira ku turorero two muri Bibiliya?
NTIWAJIJUTSE none yuko ushobora kwungukira ku bintu vyanditswe muri Bibiliya? Muri yo urahasanga uturorero tw’abagabo n’abagore b’abizigirwa woshima kwigana ukuntu bari babayeho be na kamere zabo. (Heb. 11:32-34) Ariko rero, birashoboka yuko wabonyemwo n’uturorero two kutuburira, ni ukuvuga abagabo n’abagore bakoze ibintu canke bagize inyifato vyoba vyiza wirinze.
2 Nkako, abantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya barashobora kutubera uturorero twiza twokwigana canke bakatubera uturorero tubi twokwirinda. Zirikana ivyerekeye Dawidi, uwari umwungere aciye bugufi mu nyuma akaba umwami w’umunyabubasha. Yaratanze akarorero keza mu bijanye no gukunda Yehova be no kumwizigira. Yamara, Dawidi yarakoze ibicumuro bikomakomeye nka bimwe bijanye na Batisheba, Uriya hamwe na rwa rusansuma rutabereye yagira. Ariko rero, nimuze tuvuge ibijanye n’umuhungu wiwe Salomo, uwari umwami akaba n’umwanditsi wa Bibiliya. Turabanza kwihweza uburyo bubiri yabayemwo akarorero keza.
“Ubukerebutsi bwa Salomo”
3. Ni kubera iki twovuga ko Salomo yaduhaye akarorero keza?
3 Salomo Mukuru ari we Yezu Kristu yaravuze neza Umwami Salomo, arerekana yuko ari akarorero keza twokwigana. Yezu yabwiye Abayuda bamwebamwe bariko barakekeranya ati: “Wa mwamikazi wo mu bumanuko azohagurutsanywa n’iri yaruka mu rubanza aritsindishe; kuko yaje ava ku mpera z’isi kugira yumve ubukerebutsi bwa Salomo, mugabo, ehe ng’aha hari ikiruta Salomo.” (Mat. 12:42) Egome, Salomo yari azwi cane kubera ubukerebutsi bwiwe, kandi yaduhimirije kubwironsa.
4, 5. Salomo yaronse gute ubukerebutsi yari afise, mugabo ukuntu twebwe tuburonka gutandukanye gute n’ukuntu we yaburonse?
4 Mu ntango y’ingoma ya Salomo, Imana yaramubonekeye mu ndoto maze imusaba ngo agire ico asavye. Kubera ko Salomo yari azi yuko atazi utuntu n’utundi, yasavye ubukerebutsi. (Soma 1 Abami 3:5-9.) Imana yaranezerejwe n’uko uwo mwami asavye ubukerebutsi aho gusaba ubutunzi n’ubuninahazwa, ica imuha “umutima ukerebutse kandi utahura” hamwe n’itunga. (1 Abm. 3:10-14) Nk’uko Yezu yabivuze, ubukerebutsi bwa Salomo bwari bwinshi cane ku buryo umwamikazi wa Sheba yumvise ibijanye na bwo bigatuma agira urugendo rurerure kugira ngo abwibonere.—1 Abm. 10:1, 4-9.
5 Ntitwitega kuronka ubukerebutsi ku gitangaro. Salomo yavuze yuko “Yehova ubwiwe atanga ubukerebutsi,” mugabo yanditse yuko dukwiye kwihatira kuronka iyo kamere iva ku Mana, ati: “Utege ugutwi kwawe ubukerebutsi, [kugira] ngo ushire umutima wawe ku gutahura.” Yaravuze kandi yuko dukwiye ‘guhamagara’ ubukerebutsi no ‘kuguma tuburondera.’ (Imig. 2:1-6) Biragaragara yuko dushobora kuronka ubukerebutsi.
6. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwerekana yuko turiko turungukira ku karorero keza Salomo yatanze mu bijanye n’ubukerebutsi?
6 Vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba mfata nka nkama akarorero Salomo yatanze ko guha agaciro ubukerebutsi buva ku Mana?’ Ingorane z’ivy’ubutunzi ziratuma abantu benshi bitwararika cane ibijanye n’akazi be n’amahera canke zikagira ico zikoze ku ngingo bafata ku bijanye n’amashure biga ayo ari yo be n’ukuntu angana. Bite ho ku bikwerekeye wewe n’umuryango wawe? Amahitamwo mugira yoba yerekana yuko muha agaciro ubukerebutsi buva ku Mana be n’uko muriko muraburondera? Kugira ico muhinduye ku vyo mwitwararika canke ku migambi mwishingiye vyoba vyotuma murushiriza kuronka ubukerebutsi? Mu vy’ukuri, kuronka ubukerebutsi no kubukoresha birashobora kubaronsa ivyiza biramba. Salomo yanditse ati: “Aho ni ho uzotahura ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza.”—Imig. 2:9.
Gushira hejuru ugusenga kw’ukuri vyatumye haba amahoro
7. Vyagenze gute ngo Imana yubakirwe urusengero rw’akaroruhore?
7 Haciye igihe gito Salomo agiye ku ngoma, yaripfuje gusubiriza itaberenakulo yakoreshwa kuva mu gihe ca Musa. Ku bw’ivyo, yarubakishije urusengero rw’akaroruhore. (1 Abm. 6:1) Twoshobora kurwita urusengero rwa Salomo, mugabo si we yatanze iciyumviro co kurwubaka kugira ngo rutume abantu bamuvuganga yuko ari umuhinga mu vyo kwubaka canke umutanzi w’umutunzi. Nkako, Dawidi ni we yabanje gutanga iciyumviro co kwubaka urusengero, Imana na yo ica imuha imigero yerekana utuntu twose twogize urwo rusengero be n’ibintu vyobaye biri muri rwo. Vyongeye, Dawidi yaratanze intererano nyinshi cane kugira ngo ashigikire ico gikorwa. (2 Sam. 7:2, 12, 13; 1 Ngo. 22:14-16) Naho ari ukwo, Salomo ni we yashinzwe igikorwa co kwubaka urwo rusengero camaze imyaka indwi n’igice.—1 Abm. 6:37, 38; 7:51.
8, 9. (a) Ni akarorero keza akahe Salomo yatanze ko kwumira ku bikorwa vyiza? (b) Kuba Salomo yarashize hejuru ugusenga kw’ukuri vyavuyemwo iki?
8 Salomo rero yaraduhaye akarorero keza ko kwumira ku bikorwa vyiza no kugumiza imbere ibintu bihambaye kuruta ibindi. Igihe urwo rusengero rwarangira kwubakwa maze isandugu y’isezerano igashirwa muri rwo, Salomo yaratuye isengesho imbere y’abantu. Muri iryo sengesho, hari aho yabwiye Yehova ati: “[Ese amaso yawe yoguma] kuri iyi nzu ijoro n’umurango, aha hantu wavuze ku biherekeye uti: ‘Izina ryanje rizoba ng’aho,’ kugira wumvirize isengesho umusavyi wawe atura yerekeje aha hantu.” (1 Abm. 8:6, 29) Abisirayeli be n’abanyamahanga bari gushobora gusenga berekeje kuri iyo nyubakwa yitirirwa izina ry’Imana.—1 Abm. 8:30, 41-43, 60.
9 Kuba Salomo yarashize hejuru ugusenga kw’ukuri vyavuyemwo iki? Aho ibirori vyo kwinjira urwo rusengero birangiriye, abantu bari “banezerewe kandi baryohewe mu mutima kubera ineza yose Yehova yari yaragiriye Dawidi umusavyi wiwe na Isirayeli.” (1 Abm. 8:65, 66) Nkako, ingoma ya Salomo yamaze imyaka 40 yaranzwe n’amahoro menshi be n’ugutunganirwa. (Soma 1 Abami 4:20, 21, 25.) Zaburi ya 72 irerekana ico kintu ikongera igatuma turushiriza gutahura imihezagiro tuzokwironkera mu gihe c’ubutegetsi bwa Salomo Mukuru Yezu Kristu.—Zab. 72:6-8, 16.
Akarorero ka Salomo ko kutuburira
10. Ni ikosa rikomeye irihe Salomo yakoze?
10 Ariko none, ni kubera iki twovuga yuko ukuntu Salomo yabayeho bitubera n’akarorero ko kutuburira? Woshobora guca wiyumvira ba bagore biwe b’abanyamahangakazi na za ncoreke ziwe. Dusoma duti: “Mu gihe c’ubusaza bwa Salomo, abagore biwe bari barahengekeye umutima wiwe ku gukurikira izindi mana; nuko umutima wiwe ntiwaba uwukwiye ku vyerekeye Yehova.” (1 Abm. 11:1-6) Nta gukeka ko wiyemeje kutigera wigana iyo ngendo yiwe iranga ubupfu. Ariko none iyo yoba ari yo mburi yonyene dukura mu buzima bwa Salomo? Rimbura amakuru amwamwe yerekeye ubuzima bwiwe abantu bakunze kwirengagiza, maze urabe imburi uhakura.
11. Dushobora gushika ku ciyumviro ikihe ku bijanye n’umugore wa mbere Salomo yarongoye?
11 Salomo yamaze imyaka 40 ku ngoma. (2 Ngo. 9:30) Ku bw’ivyo none, ushobora gushika ku ciyumviro ikihe wisunze ibivugwa mu 1 Abami 14:21? (Soma.) Nk’uko uwo murongo ubivuga, Salomo akimara gupfa, umuhungu wiwe Rehobowamu yarabaye umwami afise imyaka 41, nyina wiwe akaba yari “Nayama Umwamonikazi.” Ivyo bisobanura ko imbere y’uko Salomo aba umwami, yarongoye umunyamahangakazi wo mw’ihanga ry’abansi ryasenga ibigirwamana. (Abac. 10:6; 2 Sam. 10:6) Uwo mugore yoba none yarasenga ivyo bigirwamana? Naho yigeze kuba abisenga, yoshobora kuba yari yarabihevye agacika umusavyi w’Imana y’ukuri, nk’uko Rahabu na Rusi babigize. (Rusi 1:16; 4:13-17; Mat. 1:5, 6) Ariko rero, birashoboka ko Salomo yari afise incuti zo mu bukwe z’Abamoni zitakorera Yehova.
12, 13. Ni ingingo itabereye iyihe Salomo yafashe aho amariye kuja ku ngoma, kandi ashobora kuba yiyumviriye gute?
12 Aho Salomo amariye kuba umwami, ivyiwe vyaciye vyunyuka. Salomo yarunze “na Farawo umwami wa Misiri ubucuti bw’ukwabirana, atora umukobwa wa Farawo, amujana mu Gisagara ca Dawidi.” (1 Abm. 3:1) Uwo mugore w’Umunyamisirikazi yoba none yariganye Rusi mu gushigikira ugusenga kw’ukuri? Nta kintu na kimwe kivyerekana. Ahubwo, Salomo yahavuye amwubakira inzu (we kumbure n’abasukukazi biwe b’Abanyamisiri) hanze y’Igisagara ca Dawidi. Kubera iki? Ivyanditswe bivuga ko yabigize kubera yuko bitari bibereye ko uwusenga imana y’ikinyoma aba hafi y’isandugu y’isezerano.—2 Ngo. 8:11.
13 Salomo ashobora kuba yariyumviriye ko aramutse arongoye umuganwakazi wo mu Misiri yohungukiye mu vya politike, yamara ico citwazo nticari gifise ishingiro. Kera cane imbere y’aho, Imana yari yarabujije abasavyi bayo kwabira Abanyakananikazi b’abapagani, mbere iradondagura amahanga amwamwe bari kwirinda. (Kuv. 34:11-16) Salomo yoba none yariyumviriye ko ihanga rya Misiri ritari muri ayo mahanga? Naho yoba yariyumviriye gutyo, ico citwazo coba none cari kugira ishingiro? Mu bisanzwe, yarirengagije ingeramizi iboneka Yehova yari yaravuze, iyo na yo ikaba ari iy’uko vyotumye Umwisirayeli aheba ugusenga kw’ukuri akaja mu gusenga kw’ikinyoma.—Soma Gusubira mu Vyagezwe 7:1-4.
14. Twoshobora gute kwungukira ku karorero ka Salomo ko kutuburira?
14 Twoba tuzoreka iyo ngendo ya Salomo ikatubera akarorero ko kutuburira? Mushiki wacu munaka yoshobora kugerageza gutanga ivyitwazo ku bijanye n’igituma agiranira imigenderanire y’ivy’urukundo iteye kubiri n’ubuyobozi Imana itanga bwo “kwubaka mu Mukama gusa.” (1 Kor. 7:39) Mu gutanga ivyitwazo nk’ivyo, umuntu yoshobora kugira uruhara mu nkino zo kwinonora imitsi zigirwa inyuma y’ivyigwa canke mu bindi bikorwa vyo kw’ishure, agatanga amakori adahuye n’amahera yinjiza, kibure akavuga ibinyoma igihe asabwe kuvuga ibintu yakoze vyoshobora kumutera ubuyega. Iciyumviro kirimwo ni iki: Salomo ategerezwa kuba yarakoresheje ivyiyumviro bitabereye kugira ngo arenge ku vyo Imana yari yarategetse, kandi natwe nyene turashobora kugwa muri uwo mutego.
15. Yehova yerekanye gute imbabazi mu kuntu yafashe Salomo, mugabo dukwiye kwibuka iki ku bijanye n’ivyo?
15 Biratangaje kubona Bibiliya ihejeje kuvuga yuko Salomo yabiriye wa muganwakazi w’umunyamahanga, ica ivuga yuko Imana yahaye Salomo ubukerebutsi yari yayisavye igatako ikamwongera ubutunzi. (1 Abm. 3:10-13) Salomo yari yarirengagije ubuyobozi Imana yatanze, yamara nta kintu na kimwe cerekana ko Yehova yaciye amwaka ubwami canke ngo amuhane bimwe bikomeye. Ivyo birahuye no kuba Yehova atahura yuko turi abantu b’abanyagasembwa bakozwe mu mukungugu. (Zab. 103:10, 13, 14) Ariko rero, niwibuke yuko ivyo dukora bishobora kutugirako ingaruka ubu canke kumbure haciye igihe kirekire.
Abagore benshi cane!
16. Salomo yirengagije iki mu kwabira abagore benshi?
16 Mu ndirimbo ya Salomo, uwo mwami yarahayagije umwigeme umwe w’isugi mu kuvuga yuko ari mwiza kuruta abamikazi 60 n’incoreke 80. (Ind. 6:1, 8-10) Nimba ivyo vyerekeza ku kuntu ivya Salomo vyari vyifashe, ico gihe yari umwami, yari amaze kwabira abagore bangana gutyo. Naho benshi muri bo canke bose basenga Imana y’ukuri, Imana yari yarategetse ibicishije kuri Musa yuko umwami wa Isirayeli adakwiye “kwigwiriza abagore, kugira umutima wiwe ntuhave ukevya.” (Gus. 17:17) Ariko rero, n’ico gihe nyene Yehova ntiyaciye aheba Salomo. Nkako, Imana yarabandanije guhezagira Salomo, iramukoresha mu kwandika igitabu ca Bibiliya citwa Indirimbo ya Salomo.
17. Ni ukuri ukuhe tudakwiye kwirengagiza?
17 Ivyo vyoba bishaka kuvuga yuko Salomo yari gushobora kwirengagiza ubuyobozi bw’Imana ntahanwe canke ko natwe dushobora kubwirengagiza ntiduhanwe? Ihibambewe! Ahubwo, vyerekana yuko Imana ishobora kumara igihe kinaka yihanganye. Yamara, kuba umwe mu basavyi b’Imana ashobora kwirengagiza ubuyobozi itanga ntace ashikirwa n’ingaruka mbi, ntibisigura yuko amaherezo hatazovamwo inkurikizi mbi. Niwibuke ivyo Salomo yanditse ati: “Kubera ko urubanza rwo guhasha igikorwa kibi rutashikijwe ningoga, ni co gituma umutima w’abana b’abantu wiyemeje rwose muri bo gukora ikibi.” Yongeyeko ati: “Ndazi yuko abatinya Imana y’ukuri bizobagendera neza, kuko bayitinye.”—Umus. 8:11, 12.
18. Ivyashikiye Salomo vyerekana gute ko ibivugwa mu Bagalatiya 6:7 ari ukuri?
18 Ese iyo Salomo aguma akurikiza ukwo kuri kuva ku Mana! Ego ni ko, yari yarakoze ibintu vyiza vyinshi kandi yari yaramaze igihe kirekire ahezagirwa n’Imana. Mugabo uko igihe carengana, ni ko yagenda arakora amakosa. Yaratsimbataje akamenyero kabi. Ese ukuntu ivyo intumwa Paulo yanditse mu nyuma ahumekewe n’Imana ari ukuri! Yagize ati: “Ntimuzimire: Imana ntihemwa. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura”! (Gal. 6:7) Mu nyuma, Salomo yarimbuye ibintu bibabaje kubera yirengagije ubuyobozi bw’Imana. Dusoma duti: “Umwami Salomo akunda abagore benshi b’abanyamahangakazi hampande y’umukobwa wa Farawo: Abanyamowabukazi, Abamonikazi, Abanyedomukazi, Abanyasidonikazi, n’Abahetikazi.” (1 Abm. 11:1) Birashoboka ko benshi muri bo bagumye bumiye ku mana zabo z’ikinyoma, kandi ivyo vyaragize akosho kabi kuri Salomo. Yarakebeje maze ntiyaba agitoneshwa n’Imana yacu yihangana.—Soma 1 Abami 11:4-8.
Niwigire ku karorero keza no ku karorero kabi yatanze
19. Ni uturorero twiza utuhe turi muri Bibiliya?
19 Yehova yahumekeye Paulo kwandika ati: “Ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” (Rom. 15:4) Muri ivyo bintu vyanditswe harimwo uturorero twinshi twiza tw’abagabo n’abagore bari bafise ukwizera kudasanzwe. Paulo yavuze ati: “Mvuge iki kandi? Kuko ata mwanya noronka hamwe nobandanya kuvuga ivya Gideyoni, Baraki, Samusoni, Yefuta, Dawidi hamwe na Samweli be na ba bahanuzi bandi, kubera ukwizera bakaba baranesheje ubwami mu ntambara, barashitsa ubugororotsi, barakomorerwa imihango, . . . baragirwa abanyabubasha kandi bari goyigoyi.” (Heb. 11:32-34) Turashobora kwigira kuri utwo turorero twiza two muri Bibiliya maze tukatwigana, kandi turakwiye kubigira.
20, 21. Ni kubera iki wiyemeje kwigira ku turorero two kutuburira dusanga mw’Ijambo ry’Imana?
20 Ariko rero, inkuru zo muri Bibiliya zimwezimwe zirimwo uturorero two kutuburira. Tumwetumwe muri two twari utw’abagabo n’abagore bigeze kuba bakorera Yehova kandi akabemera. Igihe dusoma Bibiliya, turabona ukuntu bamwebamwe mu basavyi b’Imana bataye inzira, gutyo baratubera uturorero two kutuburira. Turatahura yuko bamwebamwe bagiye baratsimbataza inyifato canke impengamiro zitabereye zahavuye zivamwo inkurikizi zibabaje. Dushobora gute none kugira ivyo twigiye ku nkuru nk’izo? Vyoba vyiza twibajije ibibazo nk’ibi ngo: ‘Ivyo vyatanguye gute? Ikintu nk’ico coba coshobora kunshikira? Ako karorero gashobora gute kumfasha kwirinda ico kintu?’
21 Birabereye ko twihweza ata gufyina utwo turorero, kuko Paulo yahumekewe kwandika ati: “Ivyo bintu rero vyababako nk’uburorero, kandi vyanditswe ngo bitubere imburi twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe.”—1 Kor. 10:11.
Wize iki?
• Ni kubera iki twovuga yuko muri Bibiliya harimwo uturorero twiza be n’uturorero two kutuburira?
• Ni gute Salomo yaretse akamenyero kabi kagatsimbatara mu buzima bwiwe?
• Ushobora gute kwungukira ku karorero ka Salomo ko kutuburira?
[Ifoto ku rup. 9]
Salomo yarakoresheje ubukerebutsi Imana yari yaramuhaye
[Amafoto ku rup. 12]
Woba uriko urungukira ku karorero ko kutuburira ka Salomo?