ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 53 rup. 128
  • Yehoyada ntiyatinya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehoyada ntiyatinya
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yarakingiye umwami yava mu muryango wa Dawidi
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Kubera iki dukwiye gutinya Yehova?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yehova araha impera ibikorwa biranga umutima rugabo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 53 rup. 128
Umuherezi mukuru Yehoyada ariko arereka abantu umwami akiri muto Yehowasi

ICIGWA CA 53

Yehoyada ntiyatinya

Yezebeli yari afise umukobwa yitwa Ataliya, w’inkozi y’ikibi nka we. Ataliya yari umugore w’umwami w’Ubuyuda. Igihe umugabo wiwe yapfa, umuhungu wiwe ni we yaciye aba umwami. Ariko igihe umuhungu wiwe yapfa, Ataliya yaciye yigira umwamikazi w’Ubuyuda. Yaciye ashaka kwica abana bose b’umwami, ni ukuvuga abari gushobora kumukura ku butegetsi bose, naho bari abazukuru biwe. Abantu bose baramutinya.

Umuherezi mukuru Yehoyada n’umugore wiwe Yehosheba bari bazi ko ivyo Ataliya yariko arakora ari bibi. Baranyegeje akuzukuru ka Ataliya kitwa Yehowasi, naho vyari gutuma bicwa. Bakarereye mu rusengero.

Igihe Yehowasi yashikana imyaka indwi, Yehoyada yarakoranije abakuru b’imiryango n’Abalewi, ababwira ati: ‘Nimucunge imiryango y’urusengero, ntihagire umuntu yinjira.’ Yehoyada yaciye yimika Yehowasi ngo abe umwami w’Ubuyuda, aramwambika n’urugori ku mutwe. Abantu bo mu Buyuda baciye basemerera bati: ‘Umwami nahangame!’

Umwamikazi Ataliya ariko arasemerera

Umwamikazi Ataliya yarumvise urwamo rw’abantu, aca yiruka ku rusengero. Abonye uwo mwami mushasha, yaciye asemerera ati: ‘Ubwo ni ubugarariji! Ni ubugarariji!’ Ba bakuru b’imiryango baciye bamusohora baramwica. None abantu bari guheba gute ibintu bibi yari yaraboheje gukora?

Yehoyada yarabafashije kugiranira isezerano na Yehova, maze baremera ko ari we wenyene bazosenga. Yehoyada yarabasavye kubomora urusengero rwa Bayali no kumenagura ibigirwamana bari bafise. Yaragenye abaherezi n’Abalewi ngo bakorere ku rusengero kugira abantu basubire kuhasengera. Yarashizeho abacunga imiryango y’urusengero kugira ntihagire umuntu ahumanye yinjira. Yehoyada n’abakuru b’imiryango baciye batwara Yehowasi ku nzu y’umwami, bamushira ku ntebe y’ubwami. Abantu bo mu Buyuda baranezerewe. Ico gihe barashobora gusenga Yehova badatinya Ataliya kandi ata vyo gusenga Bayali bikihari. Ntubona ko Yehoyada yafashije abantu benshi kubera ko atagize ubwabo?

«Ntimutinye abica umubiri ariko badashobora kwica ubuzima. Ahubwo mutinye umwe ashobora guhonereza ubuzima n’umubiri muri Gehena.»​—Matayo 10:28

Ibibazo: Yehoyada yerekanye gute ko adatinya? Woba wibaza ko Yehova ashobora kugufasha kutagira ubwoba?

2 Abami 11:1–12:12; 2 Ngoma 21:1-6; 22:10-12; 23:1–24:16

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika