33 YEHOYADA
Yarakingiye umwami yava mu muryango wa Dawidi
YEHOYADA yari ashaje, ariko yari agifise inkomezi kandi yari akirurumba umwete mu gikorwa ca Yehova. Yari umuherezi mukuru ku rusengero i Yeruzalemu, akaba rero yari afise ibanga ryo gufasha abantu gusenga Yehova mu buryo bubereye. Ariko ntivyari vyoroshe kubera ico gihe abantu benshi bakora ibibi, bagasenga n’imana z’ikinyoma.
Umugore yitwa Ataliya ni we yari yaratumye abantu benshi batangura gukora ibibi. Yari umukobwa umwami wa Isirayeli Ahabu yavyaranye na Yezebeli. Ahabu na Yezebeli bari inkozi z’ikibi ku buryo Yehova yari yaravuze ko yohoneje ababakomokako bose. Naho Ataliya yari yubakanye n’umwami w’Ubuyuda, ntiyakunda ugusenga gutyoroye. Umugabo wiwe amaze gupfa, umuhungu wiwe ni we yaciye aba umwami mugabo Yehova yahavuye amwica. Ataliya rero yaciye yigira umwamikazi, naho Yehova yari yashinze ko abagabo gusa ari bo baba abami kandi bakaba bakomoka kuri Dawidi. Kugira bishoboke ko ashikira ubutegetsi, yafashe ingingo yo kwica abo bose boshoboye kuba abami. Abuzukuru biwe ni bo bohavuye baba abami, rero yaciye ategeka ko bose bicwa.
Umuherezi mukuru n’umugore wiwe barashize ubuzima bwabo mu kaga barakingira agahungu gatoyi ngo umwamikazi w’umubisha ntakice
Yehoyada yari yubakanye n’umugore akiri muto kandi afise umutima rugabo yitwa Yehosheba, akaba yitwa kandi Yehoshabeyati. Yehosheba yava mu muryango wa cami. Yehoyada n’umugore wiwe Yehosheba ntibaretse ngo Ataliya yice abahungu bose bakomoka kuri Dawidi bobaye abami. Yehova yari yarasezeranye ko abakomoka kuri Dawidi boganje ibihe bidahera! (2 Sam. 7:12, 13) Yehosheba yafashe ingingo yo gukingira umwe muri abo bana bobaye abami, ico gihe akaba atari bwakwize n’umwaka. Yarariye umutima amenyo arakura uwo mwana ku kirimba amunyegeje. Yaciye afata uwo mwana n’umurezi wiwe abashira Yehoyada umuherezi mukuru. Yehoyada yaciye anyegeza uwo mwana mu cumba co ku rusengero.
Uwo mwana Yehowasi yamaze imyaka itandatu aba mu nzu y’Imana aho Yehoyada yamunyegeje. Ico gitegerezwa kuba cari ikiringo giteye akaga kuko iyo Ataliya amenya ko Yehoyada n’umugabo wiwe banyegeje uwo mwana, yari guca abica bose. Iyo myaka itandatu irangiye, Yehoyada yarafashe iyindi ngingo iranga umutima rugabo. Yaratumyeko abakuru b’abasoda batanu b’intahemuka arababwira ko hakiriho umwana akomoka mu muryango wa Dawidi yoshobora kuba umwami! Yababwiye ngo bazane abasoda 500 bacunge urusengero no mu micungararo yarwo. Abo basoda bahagaze hirya no hino y’uwo mwana bafise amacumu n’inkinzo vyari bibitse mu nzu ya Yehova, mu gihe Yehoyada yariko arimika Yehowasi ngo abe umwami. Abantu baciye bavuza urwamo bakoma n’amashi. Ataliya yumvise urwo rwamo, yaciye aza ariruka ku rusengero.
Ashitse mu kigo c’urusengero, yarabonye ibiriko biraba aca agerageza guhagarika uwo mugambi wo kwimika Yehowasi. Yasemereye ati: «Ubwo ni ubugarariji! Ni ubugarariji», kandi ari we nyene yari yaragararije mu kwigira umwamikazi. Nimba yari yizigiye ko abantu bamushigikira, yari yihenze. Yehoyada yari afise umutima rugabo. Yategetse abo bakuru ngo bakure uwo mwamikazi w’umubisha ku rusengero. Baramusohoye baca baramwica. Yehova yari yaravuze ko ‘yohoneje umuryango wose wa Ahabu.’ (2 Abm. 9:8) Ataliya ashobora kuba ari we yari asigaye mu bo mu muryango wa Ahabu na Yezebeli.
Yehoyada ntiyagarukirije aho. Yarafashije abantu n’umwami gusezeranira Yehova ko bazoguma ari intahemuka kuri we. Yaciye ategeka ngo basambure urusengero rwa Bayali, bice n’abaherezi bahakorera. Mu nyuma, Yehoyada yarakoze ibishoboka vyose arafasha Yehowasi kuba umwami mwiza kandi w’intahemuka. Igihe cose Yehoyada yari akiriho, Yehowasi yagumye ari intahemuka ku Mana. Ariko amaherezo, Yehoyada yarapfuye afise imyaka 130. Yaratewe iteka ridasanzwe ryo guhambwa mu mva z’abami i Yeruzalemu.
Ikibabaje, Yehoyada amaze gupfa, Yehowasi ntiyagumye ari intahemuka ku Mana. Abatware bo mu Buyuda baramwoheje aca aremesha abantu ngo basenge ibigirwamana. Abahanuzi ba Yehova baramuhanuye ariko aranka kubumviriza. Umwe mu bamuhanuye ni Zakariya umuhungu wa Yehoyada. Yabajije abantu ati: «Kubera iki muhonyanga amabwirizwa ya Yehova?» Ico kintu carababaje Yehowasi aca ategeka ko Zakariya yicwa! Ariko Zakariya yagumye ari intahemuka gushika apfuye nk’uko nyene na se wiwe yabigize. Inyuma y’imyaka amajana, Yezu Kristu yaravuze ko Zakariya yari umugororotsi. Yezu, cokimwe na Se wiwe, ntiyigera yibagira umutima rugabo abagabo n’abagore b’abizigirwa bagaragaza.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Yehoyada yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Incabwenge mu vya Bibiliya zidondora gute «ingabo zirinda umwami» zafashije Yehoyada kwica Ataliya? (2 Abm. 11:4, 19; it «Garde personnelle carienne»-wcgr)
2. Ni kubera iki Yehoyada yashize kuri Yehowasi «umuzingo urimwo amabwirizwa y’Imana»? (2 Abm. 11:12; w91 1/2 31 ing. 5-6-wcgr) A
Ifoto A
3. Kubera iki Yehowasi yatanze itegeko ryo gusanura inzu ya Yehova? (2 Ngo. 24:4-7, 11-14; it «Yehoash» No. 1 ing. 5-wcgr)
4. Zakariya yari umuhungu wa Yehoyada. Kubera iki none Yezu yamwise «mwene Barakiya»? («fils de Barakia» amakuru adufasha kwiga Mat. 23:35, nwtsty-wcgr)
Rondera ivyigwa wohakura
Yehoyada ashobora kuba yari afise imyaka irenga 100 igihe yanyegeza Yehowasi. Akarorero kiwe koremesha gute abasavyi ba Yehova bitereye mu myaka? (Zab. 92:12, 14) B
Ifoto B
Igihe cose Yehowasi yagamburukira Yehoyada, yararoranirwa. Ni icigwa ikihe abakiri bato bohakura?
Ni mu buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Yehoyada?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Yehoyada niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Abana bokwigira iki kuri Yehowasi mu bijanye no guhitamwo neza abagenzi?
«Yowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi» (w09 1/4 24-25)
Raba ingene Yehoyada yadusigiye akarorero mu bijanye no gutanga intererano zishigikira ugusenga kw’ukuri.