ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 55 rup. 132
  • Umumarayika yarakingiye Hezekiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umumarayika yarakingiye Hezekiya
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Imana Ifasha Hezekiya
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • “Ntutinye, ndagutabara”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 55 rup. 132
Umumarayika aje gutera abasoda b’Abashuri

ICIGWA CA 55

Umumarayika yarakingiye Hezekiya

Igihugu ca Ashuri cari kimaze kwigarurira ubwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi. Senakeribu umwami wa Ashuri yagomba no kwigarurira ubwami bw’Ubuyuda bugizwe n’imiryango ibiri. Yaratanguye kuza arigarurira ibisagara vy’Ubuyuda. Ariko igisagara ca Yeruzalemu ni co yarondera canecane. Mugabo Senakeribu ntiyari azi ko Yehova ari we akingira Yeruzalemu.

Hezekiya umwami w’Ubuyuda yarahaye amahera menshi Senakeribu kugira ntatere Yeruzalemu. Naho Senakeribu yakiriye ayo mahera, yararungitse abasoda biwe gutera Yeruzalemu. Abantu b’i Yeruzalemu baragize ubwoba kubera ko abo basoda bariko baregereza. Hezekiya yaciye ababwira ati: ‘Ntimugire ubwoba. Abashuri barakomeye, ariko Yehova azotuma tubatsinda.’

Senakeribu yararungitse Rabushake i Yeruzalemu ngo aje gutera ubwoba abanyagihugu. Rabushake yarahagaze hanze y’igisagara maze asemerera ati: ‘Yehova ntashobora kubafasha. Hezekiya ntabahende. Nta mana n’imwe izoshobora kubatabara nitwabatera.’

Hezekiya yarabajije Yehova ico yokora. Yehova yamubwiye ati: ‘Ivyo Rabushake yavuze ntibigutere ubwoba. Senakeribu ntazokwigarurira Yeruzalemu.’ Mu nyuma, Hezekiya yararonse amakete avuye kwa Senakeribu. Ayo makete yagira ati: ‘Nimwishikane. Yehova ntashobora kubarokora.’ Hezekiya yaciye asenga ati: ‘Yehova, nudutabare kugira abantu bose bamenye ko ari wewe Mana yonyene y’ukuri.’ Yehova yamubwiye ati: ‘Umwami wa Ashuri ntazokwinjira i Yeruzalemu. Nzokingira igisagara canje.’

Senakeribu yarabona neza ko agira yigarurire Yeruzalemu. Ariko umusi umwe mw’ijoro, Yehova yararungitse umumarayika aho abasoda ba Senakeribu bari inyuma ya Yeruzalemu. Uwo mumarayika yarishe abasoda 185.000! Abasoda bakomakomeye ba Senakeribu bose barapfuye. Senakeribu yaciye asubira inyuma kubera yari atsinzwe. Yehova yarakingiye Hezekiya na Yeruzalemu nk’uko nyene yari yabisezeranye. Iyaba wari i Yeruzalemu muri ico gihe, wari kwizigira Yehova?

«Umumarayika wa Yehova akikuje abatinya Imana, kandi arabarokora.»​—Zaburi 34:7

Ibibazo: Yehova yakingiye gute Yeruzalemu? Woba wizigira ko Yehova azogukingira?

2 Abami 17:1-6; 18:13-37; 19:1-37; 2 Ngoma 32:1-23

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika