ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb17 Nzero rup. 5
  • Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Ivyo bijanye
  • Umumarayika yarakingiye Hezekiya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Ntutinye, ndagutabara”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Imana Ifasha Hezekiya
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Abungere indwi, abatware umunani: Ico basobanura kuri twebwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
mwb17 Nzero rup. 5

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 34-37

Ukwizera kwa Hezekiya ntikwabaye ukw’ubusa

Rabushake n’ingabo ziwe bari inyuma y’uruhome rwa Yeruzalemu

Umwami Senakeribu wa Ashuri yararungitse Rabushake i Yeruzalemu ngo asabe ko ico gisagara cishikana. Kugira batume Abayuda bishikana batarinze kurwana, Abashuri barakoresheje ivyiyumviro bitandukanye. Baragerageje:

  • Abasoda b’Abashuri bari inyuma y’uruhome rwa Yeruzalemu

    Kubereka ko bari ukwa bonyene, ngo Misiri nta co izobafasha.—Yes 36:6

  • Abantu bafise inkeka

    Kubateramwo inkeka, ngo Yehova ntazobarwanira kubera ko atakibashima.​—Yes 36:7, 10

  • Ingabo z’Abashuri

    Kubatera ubwoba, ngo ntibashobora gutsinda ingabo zikomeye z’Abashuri.​—Yes 36:8, 9

  • Inzu nini n’umurima

    Kubosha nabi, ngo bishikanye ku Bashuri bazoca babaho neza.​—Yes 36:16, 17

Hezekiya yaguma yizeye Yehova

37:1, 2, 14-20, 36

  • Yarakoze ivyo ashoboye kugira yitegurire ugusugerezwa n’Abashuri

  • Yarasavye Yehova ngo abarokore yongera aremesha abanyagihugu ngo na bo babigire

  • Ukwizera kwiwe ntikwabaye ukw’ubusa kuko Yehova yarungitse umumarayika akica abasoda b’Abashuri 185.000 mw’ijoro rimwe

    Hezekiya ariko arasenga, umumarayika na we afise inkota
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika