ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 62 rup. 148-rup. 149 ing. 1
  • Igiti cagereranya ubwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igiti cagereranya ubwami
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami butazokwigera buvaho
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • 1914: Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’uwo mwaka?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Daniyeli
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 62 rup. 148-rup. 149 ing. 1
Igiti umwami Nebukadinezari yarose cicirwa

ICIGWA CA 62

Igiti cagereranya ubwami

Umusi umwe, Nebukadinezari yararose ibintu vyamuteye ubwoba cane. Yarahamagaye abantu biwe b’incabwenge ngo babimusobanurire, ariko nta n’umwe yabishoboye. Mu nyuma yaravyiganiye Daniyeli.

Yamubwiye ati: «Narose mbona igiti, hanyuma kirakura cane gishika mu bicu. Kw’isi yose abantu barashobora kukibona. Cari gifise ibibabi vyiza n’ivyamwa vyinshi. Ibikoko vyaraza kurondera agatutu munsi yaco, n’inyoni zikaza kwubaka ivyari mu mashami yaco. Haciye hamanuka umumarayika avuye mw’ijuru, maze asemerera ati: ‘Nimuteme ico giti n’amashami yaco. Ariko igishitsi caco mukirekere mw’ivu, mukiboheshe imigozi y’icuma n’umujumpu. Umutima waco nuhindurwe ube uw’igikoko kandi hahere ibihe indwi. Abantu bose bazomenya ko Imana ari yo Mutware be n’uko uwo ishaka ari we iha ubukuru.’»

Yehova yarabwiye Daniyeli ico ivyo bintu vyasobanura. Daniyeli avyumvise, yaciye agira ubwoba. Yabwiye umwami ati: ‘Mwami, ese iyaba ivyo bintu vyoshikiye abansi bawe! Ariko bizoshikira wewe. Ico giti kinini batemye ni wewe. Uzova ku butegetsi kandi uzorya ivyatsi nk’ibikoko vyo mw’ishamba. Ariko rero, kubera ko umumarayika yavuze ngo igishitsi bakigumize mw’ivu, uzosubira kuba umwami.’

Haciye umwaka, Nebukadinezari yariko aragendagenda hejuru ku nzu yiwe araba ingene igihugu ca Babiloni ari ciza. Yaciye avuga ati: ‘Raba ingene iki gisagara nubatse ari ciza. Ndahambaye cane!’ Akiriko aravuga, yagiye yumva ijwi rivuye mw’ijuru rimubwira riti: ‘Nebukadinezari, uravuye ku butegetsi!’

Ako kanya nyene Nebukadinezari yaciye asara, acika nk’igikoko co mw’ishamba. Yarirukanywe i bwami aja kubana n’ibikoko mw’ishamba. Imishatsi yiwe yarakuze imera nk’amababa y’inkona, inzara ziwe na zo zimera nk’ivyara vy’ibisiga.

Haheze imyaka indwi, Nebukadinezari yarakize, Yehova aca arasubira kumugira umwami. Nebukadinezari yaciye avuga ati: ‘Yehova Imana yo mw’ijuru nashemezwe! Ubu ndamenye ko Yehova ari we Mutware aruta abandi bose. Aracisha bugufi abishira hejuru kandi uwo ashaka ni we aha ubukuru.’

«Imbere yo gusenyuka habanza ubwishime, kandi imbere yo gutsitara habanza ubwibone.»​—Imigani 16:18

Ibibazo: Ivyo Nebukadinezari yarose vyasobanura iki? Ni icigwa ikihe Nebukadinezari yize?

Daniyeli 4:1-37

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika