ICIGWA CA 64
Daniyeli mu kinogo c’intambwe
Uwundi mwami yatwaye Babiloni yitwa Dariyo Umumedi. Yarabonye ko Daniyeli ari umuntu adasanzwe, aca amugira umukuru w’abantu bahambaye cane mu gihugu. Abo bantu barashavuriye Daniyeli baca barondera kumwica. Bari bazi ko Daniyeli yama asenga Yehova gatatu ku musi. Baciye babwira Dariyo bati: ‘Mwami, hakwiye kujaho itegeko ry’uko abantu bose basenga wewe gusa. Uwuzorirengako azoca atererwa mu kinogo c’intambwe.’ Dariyo yarabishimye, aca aratera igikumu kuri iryo tegeko.
Daniyeli acumva iryo tegeko, yaciye ataha. Yarapfukamye imbere y’idirisha ryuguruye arasenga Yehova. Ba bagabo baciye bitera mu nzu, basanga ariko arasenga. Baciye biruka kwa Dariyo, bamubwira bati: ‘Daniyeli yakugambarariye. Aguma asenga Imana yiwe gatatu ku musi.’ Dariyo yarakunda Daniyeli kandi ntiyashaka ko apfa. Yamaze uwo musi wose ariko ariyumvira ingene yomurokora. Ariko n’umwami ntiyashobora guhindura itegeko yamaze guterako igikumu. Kubera ata kundi yari kubigenza, yarategetse ko Daniyeli atererwa mu kinogo c’intambwe.
Muri iryo joro vyaranse ko Dariyo asinzira kubera yaguma yiyumvira Daniyeli. Bukeye, yaciye yiruka kuri ca kinogo abaza Daniyeli ati: ‘Imana yawe yakurokoye?’
Dariyo yaciye yumva ijwi rya Daniyeli! Daniyeli yamwishuye ati: ‘Umumarayika wa Yehova yugaye iminwa y’intambwe. Nta co zangize.’ Dariyo yaranezerewe cane, aca avuga ko Daniyeli akurwa muri ico kinogo. Nta n’urwara zari zamuriye. Umwami yaciye ategeka ati: ‘Nimuterere muri ico kinogo ba bagabo barega Daniyeli.’ Babatereyeyo, za ntambwe zaciye zibarotsa.
Dariyo yaciye ategeka ati: ‘Abantu bose bakwiye kwubaha Imana ya Daniyeli. Yaramukingiye intambwe ntizamurya.’
Woba usenga Yehova imisi yose nka Daniyeli?
‘Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bamwihebera.’—2 Petero 2:9