ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 78 rup. 184-rup. 185 ing. 1
  • Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • “Nimugende muhindure abantu abigishwa”
    “Ingo unkurikire”
  • Yezu arungika abigishwa 70 kwigisha
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu yongereza igikorwa ciwe i Galilaya
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Icatumye Yezu Aza kw’Isi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 78 rup. 184-rup. 185 ing. 1
Yezu n’umwigishwa wiwe bariko baramamaza

ICIGWA CA 78

Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana

Yezu amaze kubatizwa, yaciye atangura kwamamaza ati: ‘Ubwami bw’Imana buri hafi.’ Abigishwa biwe barajanye na we i Galilaya n’i Yudaya hose. Igihe yagaruka mu gisagara c’iwabo ca Nazareti, yaragiye kw’isinagogi. Yarazinguruye umuzingo wa Yesaya maze asoma n’ijwi ryumvikana ati: ‘Yehova yarampaye impwemu nyeranda kugira namamaze inkuru nziza.’ None ivyo vyasobanura iki? Vyasobanura ko imvo nyamukuru yatumye aronka impwemu nyeranda kwari kugira yamamaze inkuru nziza, naho abantu bashaka ko aguma akora ibitangaro. Yaciye abwira abari ng’aho ati: ‘Uno musi aya majambo ararangutse.’

Yezu avuye ng’aho yaciye aja ku kiyaga c’i Galilaya. Yahasanze bane mu bigishwa biwe, bakaba bari abarovyi. Yaciye ababwira ati: ‘Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.’ Abo bigishwa bari Petero, Andereya, Yakobo na Yohani. Baciye baheba kuroba baramukurikira. Baramamaje Ubwami bwa Yehova i Galilaya hose. Barigisha mu masinagogi, mu masoko no mu mabarabara. Abantu benshi baguma babakurikira. Amakuru yerekeye Yezu yarakwiragiye hose, arashika no muri Siriya.

Mu nyuma, Yezu yarahaye bamwe mu bigishwa biwe ububasha bwo gukiza abantu no kwirukana amadayimoni. Abandi barajana na we agiye kwamamaza mu bisagara no mu bigwati. Hari abagore b’abizigirwa bafasha udukorwa Yezu n’abigishwa biwe. Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Yohana, Suzana n’abandi.

Yezu amaze kumenyereza abigishwa biwe, yaciye abarungika kwamamaza. Uko bagenda baramamaza i Galilaya, abandi benshi barabaye abigishwa kandi barabatizwa. Abantu benshi baripfuza kuba abigishwa ba Yezu ku buryo yabagereranije n’umurima ugeze kwimburwa. Yavuze ati: ‘Nimusabe Yehova arungike abandi bimbuzi.’ Mu nyuma yaratoye 70 mu bigishwa biwe, abarungika ari babiribabiri kwamamaza i Yudaya. Barigishije abantu benshi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Si bo babonye baragarutse ngo babwire Yezu ingene vyagenze. Shetani ntiyari gushobora guhagarika igikorwa co kwamamaza.

Yezu yashaka ko abigishwa biwe babandanya ico gikorwa gihambaye amaze gusubira mw’ijuru. Yababwiye ati: ‘Nimwamamaze inkuru nziza kw’isi yose, mwigishe abantu Ijambo ry’Imana kandi mubabatize.’

«Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe.»​—Luka 4:43

Ibibazo: Ni igikorwa ikihe Yezu yahaye abigishwa biwe? Abigishwa bumvise bamerewe gute bavuye kwamamaza?

Matayo 4:17-25; 9:35-38; 28:19, 20; Mariko 1:14-20; Luka 4:14-21; 8:1-3; 10:1-22

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika