ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 82 rup. 192-rup. 193 ing. 2
  • Yigisha abigishwa biwe gusenga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yigisha abigishwa biwe gusenga
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ku bijanye n’amasengesho Imana yumva
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Twoba dukwiye gusenga Yezu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 82 rup. 192-rup. 193 ing. 2
Umufarizayo ariko arasengera mu kibanza rusangi, abantu na bo bahagaze kugira bamwitegereze

ICIGWA CA 82

Yigisha abigishwa biwe gusenga

Ibintu vyose Abafarizayo bakora babikora kugira abantu babashime. Iyo bakoze ikintu ciza, kwaba ari ukugira biyerekane. Basengera ahantu hari abantu kugira bababone. Barafata ku mutwe amasengesho maremare, bakaza barayasubiramwo mu masinagogi no mu mabarabara kugira abantu babumve. Ni co gituma abantu batangaye igihe Yezu yababwira ati: ‘Ntimusenge nk’Abafarizayo. Bibaza ko Imana ica ibumvira kubera amajambo yabo menshi, ariko si vyo. Igihe usenga uba uriko uganira na Yehova. Ntuze urasubiramwo vya bindi nyene. Yehova ashaka ko umubwira ibivuye ku mutima.

Agahungu kariko karasenga gapfukamye

Mukwiye gusenga gutya: «Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibikorwe kw’isi nko mw’ijuru.»’ Yezu kandi yababwiye ko bakwiye gusaba ibifungurwa vya buri musi, kubabarirwa ivyaha vyabo, n’ibindi bintu bakeneye.

Yavuze ati: ‘Ntimwigere mureka gusenga. Nimugume musaba ibintu vyiza So wanyu Yehova. Umuvyeyi wese aripfuza guha ikintu ciza umwana wiwe. Umwana wawe agusavye umukate, woca umuha ibuye? Agusavye ifi, woca umuha inzoka?’

Yezu yaciye abereka icigwa bohigira ati: ‘Ko muzi guha ibintu vyiza abana banyu, none So wanyu Yehova ntazorushiriza kubaha impwemu nyeranda? Mwe gusa nimuyimusabe.’ Woba ukurikiza iyo mpanuro ya Yezu? Ni ibiki wewe uhora usaba Yehova igihe usenga?

«Mugume musaba, muzohabwa. Mugume murondera, muzoronka. Mugume mudodora, muzokwugururirwa.»​—Matayo 7:7

Ibibazo: Yezu yavuze ko abigishwa biwe bakwiye gusenga gute? Igihe usenga, woba ubwira Yehova ibintu ubona ko bihambaye?

Matayo 6:2-18; 7:7-11; Luka 11:13

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika