ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 86 rup. 200-rup. 201 ing. 1
  • Yezu azura Lazaro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu azura Lazaro
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Yezu atihuse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nitwapfa bizotugendera gute?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Ndemera”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Izuka n’ubuzima”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 86 rup. 200-rup. 201 ing. 1
Lazaro yazutse, ari kumwe na bashikiwe, Mariya na Marita

ICIGWA CA 86

Yezu azura Lazaro

Yezu yari afise abagenzi batatu baba i Betaniya. Bari Lazaro na bashikiwe babiri Mariya na Marita. Igihe kimwe Yezu ari hakurya ya Yorodani, Mariya na Marita baramurungikiye ubutumwa bwihuta bugira buti: ‘Lazaro ararwaye cane. Nuze ningoga!’ Ariko Yezu ntiyaciye agenda ubwo nyene. Yararindiriye imisi ibiri, aca abwira abigishwa biwe ati: ‘Tuje i Betaniya. Lazaro arasinziriye. Ngiye kumuvyura.’ Baciye bamubwira bati: ‘Nimba asinziriye azokira.’ Yezu yaciye abatomorera ati: ‘Lazaro yapfuye.’

Yezu yashitse i Betaniya haheze imisi ine bahamvye Lazaro. Abantu benshi bari baje kuremesha Marita na Mariya. Marita yumvise ko Yezu yaje, yaciye yiruka kumuraba. Yamubwiye ati: «Mukama, iyo uza kuba wari ng’aha, musazanje ntiyari gupfa.» Yezu yaciye amubwira ati: ‘Musazawe arazuka. Uravyemera ga Mari?’ Marita yamwishuye ati: ‘Ndemera ko azozuka mu gihe c’izuka.’ Yezu na we ati: «Ndi izuka n’ubuzima.»

Marita yaciye aja kuraba Mariya, amubwira ati: ‘Yezu araje.’ Mariya yaciye yiruka iyo Yezu ari, abari ng’aho baca baramukurikira. Yarapfukamye imbere ya Yezu, aguma arira. Yamubwiye ati: ‘Mukama, iyo uza kuba wari hano musaza wacu aba akiriho!’ Yezu yarabonye umubabaro Mariya afise, na we nyene aca ararira. Abantu babonye Yezu arize, baciye bavuga bati: ‘Raba ingene yakunda Lazaro!’ Ariko hari abandi bavuze bati: ‘None ko atamukijije kandi yari umugenzi wiwe?’ None Yezu yaciye akora iki?

Yaragiye aho bari bahamvye Lazaro, hakaba hari hugajwe urubuye runini. Yabwiye abantu ati: ‘Nimukureko urwo rubuye.’ Marita yaciye avuga ati: ‘Erega haheze imisi ine! Ubu yatanguye kunuka.’ Ariko barakuyeko urwo rubuye, Yezu aca arasenga ati: ‘Data, ndagushimiye ko unyumvise. Ndazi ko wama unyumva, mugabo ndabivuze kugira aba bantu bamenye ko ari wewe wantumye.’ Yaciye asemerera ati: «Lazaro, sohoka!» Haciye haba ikintu gitangaje: Lazaro yarasohotse, azingiriyeko ibitambara. Yezu yababwiye ati: «Mutekurure mumureke agende.»

Benshi mu babibonye barizeye Yezu. Ariko hari abaciye baja kubibwira Abafarizayo. Kuva ico gihe, Abafarizayo baciye bashaka kwica Lazaro na Yezu. Yuda Isikariyoti, umwe muri za ntumwa 12, yaciye aja ku Bafarizayo ababwira ati: ‘Mwompa angahe ndaberetse ingene mwomufata?’ Baremeye kumuha ibiceri 30 vy’ifeza, aca atangura kurondera ukuntu yomutanga ku Bafarizayo.

«Kuri twebwe, Imana y’ukuri ni Imana irokora. Umukama Segaba Yehova ni we adukiza urupfu.»​—Zaburi 68:20

Ibibazo: Igana inkuru y’ukuntu Lazaro yazutse. Igihe Abafarizayo bumva ko Lazaro yazutse, baciye bashaka gukora iki?

Matayo 26:14-16; Yohani 11:1-53; 12:10

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika