ICIGWA CA 86
Yezu azura Lazaro
Yezu yari afise abagenzi batatu baba i Betaniya. Bari Lazaro na bashikiwe babiri Mariya na Marita. Igihe kimwe Yezu ari hakurya ya Yorodani, Mariya na Marita baramurungikiye ubutumwa bwihuta bugira buti: ‘Lazaro ararwaye cane. Nuze ningoga!’ Ariko Yezu ntiyaciye agenda ubwo nyene. Yararindiriye imisi ibiri, aca abwira abigishwa biwe ati: ‘Tuje i Betaniya. Lazaro arasinziriye. Ngiye kumuvyura.’ Baciye bamubwira bati: ‘Nimba asinziriye azokira.’ Yezu yaciye abatomorera ati: ‘Lazaro yapfuye.’
Yezu yashitse i Betaniya haheze imisi ine bahamvye Lazaro. Abantu benshi bari baje kuremesha Marita na Mariya. Marita yumvise ko Yezu yaje, yaciye yiruka kumuraba. Yamubwiye ati: «Mukama, iyo uza kuba wari ng’aha, musazanje ntiyari gupfa.» Yezu yaciye amubwira ati: ‘Musazawe arazuka. Uravyemera ga Mari?’ Marita yamwishuye ati: ‘Ndemera ko azozuka mu gihe c’izuka.’ Yezu na we ati: «Ndi izuka n’ubuzima.»
Marita yaciye aja kuraba Mariya, amubwira ati: ‘Yezu araje.’ Mariya yaciye yiruka iyo Yezu ari, abari ng’aho baca baramukurikira. Yarapfukamye imbere ya Yezu, aguma arira. Yamubwiye ati: ‘Mukama, iyo uza kuba wari hano musaza wacu aba akiriho!’ Yezu yarabonye umubabaro Mariya afise, na we nyene aca ararira. Abantu babonye Yezu arize, baciye bavuga bati: ‘Raba ingene yakunda Lazaro!’ Ariko hari abandi bavuze bati: ‘None ko atamukijije kandi yari umugenzi wiwe?’ None Yezu yaciye akora iki?
Yaragiye aho bari bahamvye Lazaro, hakaba hari hugajwe urubuye runini. Yabwiye abantu ati: ‘Nimukureko urwo rubuye.’ Marita yaciye avuga ati: ‘Erega haheze imisi ine! Ubu yatanguye kunuka.’ Ariko barakuyeko urwo rubuye, Yezu aca arasenga ati: ‘Data, ndagushimiye ko unyumvise. Ndazi ko wama unyumva, mugabo ndabivuze kugira aba bantu bamenye ko ari wewe wantumye.’ Yaciye asemerera ati: «Lazaro, sohoka!» Haciye haba ikintu gitangaje: Lazaro yarasohotse, azingiriyeko ibitambara. Yezu yababwiye ati: «Mutekurure mumureke agende.»
Benshi mu babibonye barizeye Yezu. Ariko hari abaciye baja kubibwira Abafarizayo. Kuva ico gihe, Abafarizayo baciye bashaka kwica Lazaro na Yezu. Yuda Isikariyoti, umwe muri za ntumwa 12, yaciye aja ku Bafarizayo ababwira ati: ‘Mwompa angahe ndaberetse ingene mwomufata?’ Baremeye kumuha ibiceri 30 vy’ifeza, aca atangura kurondera ukuntu yomutanga ku Bafarizayo.
«Kuri twebwe, Imana y’ukuri ni Imana irokora. Umukama Segaba Yehova ni we adukiza urupfu.»—Zaburi 68:20