Ikigabane ca 34
Nitwapfa bizotugendera gute?
NK’UKO ubizi neza, abantu muri iki gihe barasaza, bakarwara, kandi bagapfa. N’abana bamwebamwe barapfa. Woba ukwiye gutinya urupfu canke gutinya umuntu uwo ari we wese yapfuye?— Woba uzi uko bigenda iyo dupfuye?—
Urumva, nta muntu n’umwe ariho muri iki gihe yigeze gupfa maze agasubira kubaho, kugira ngo atubwire uko bigenda iyo umuntu apfuye. Mugabo, igihe wa Mwigisha Ahambaye Yezu yari kw’isi, hari umugabo vyashikiye, arapfa mu nyuma asubira kubaho. Dusomye ivyerekeye uwo muntu, turashobora kumenya ibishikira abantu igihe bapfuye. Uwo muntu yari umukunzi wa Yezu akaba yaba i Betaniya, igisagara gitoyi cari hafi y’i Yeruzalemu. Yitwa Lazaro, kandi yari afise bashikiwe babiri, Marita na Mariya. Reka turabe ukuntu Bibiliya ibivuga.
Umusi umwe Lazaro yararwaye araremba. Muri ico gihe Yezu yari kure cane. Ni co gituma Marita na Mariya baciye barungika intumwa ngo ibwire Yezu yuko musaza wabo Lazaro arwaye. Ivyo babikora kubera ko bazi yuko Yezu ashobora kuza agatuma musaza wabo akira. Yezu si umuganga, mugabo arafise ububasha yakuye ku Mana bwo gushobora gukiza ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’indwara.—Matayo 15:30, 31.
Ariko rero, imbere y’uko Yezu aja kuraba Lazaro, Lazaro araremba gushika n’aho apfa. Ariko Yezu abwira abigishwa biwe ko Lazaro asinziriye kandi yuko agiye kumukangura. Abigishwa ntibatahura ico Yezu ashaka kuvuga. Ni co gituma Yezu avuga atomora ati: “Lazaro yahwereye”. Ivyo vyerekana iki ku vyerekeye urupfu?— Emwe vyerekana yuko rumeze nk’itiro rinini. Ni itiro rinini cane ku buryo umuntu no kurota atarota.
Ubu na ho, Yezu agiye kuraba Marita na Mariya. Abagenzi benshi b’uwo muryango na bo nyene bamaze kuhashika. Bazanywe no kwirura nya bigeme kubera yuko musaza wabo yapfuye. Marita yumvise yuko Yezu aje, aca aja kumusanganira. Haciye akanya gatoyi Mariya na wene aja kuraba Yezu. Arababaye cane kandi ariko ararira, kandi yikubita imbere y’ibirenge vya Yezu. Abandi bagenzi bakurikiye Mariya na bone bariko bararira.
Wa Mwigisha Ahambaye ababaza aho bashinguye Lazaro. Yezu ababajije aho bamushinguye, nya bantu bamujana ku mva Lazaro yahambwemwo. Yezu abonye abo bantu bose bariko bararira, na wene aca atangura kurira. Arazi ingene bibabaza kubura uwo wakunda.
Ku rwinjiriro rw’iryo senga hariko ikibuye, ari co gituma Yezu avuga ati: “Ni mukūreh’iryo buye”. Boba none bakwiye kurikuraho?— Marita yibaza ko kurikuraho bitabereye. Avuga ati: “Mugenzi, ereg’ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine”.
Mugabo Yezu amubwira ati: “Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?”. Yezu ashaka kuvuga yuko Marita yobonye ikintu cotumye Imana ininahazwa. None Yezu agira akore iki? Bamaze gukurako ca kibuye, Yezu aca asenga Yehova n’ijwi ryumvikana. Nuko Yezu asemerera n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka”! None yoba yarasohotse? Yoba yari gushobora gusohoka?—
None wewe, woba ushobora gukangura umuntu asinziriye?— Egome, uhamagaye n’ijwi rirenga, arashobora gukanguka. Ariko none woba ushobora gukangura umuntu asinziriye mw’itiro ry’urupfu?— Oyaye. Naho wosemerera gute, uwapfuye ntiwomuhamagara ngo yumve. Yaba wewe, jewe canke uwundi muntu uwo ari we wese kw’isi muri iki gihe, nta kintu na kimwe ashobora gukora kugira ngo akangure uwapfuye.
Yezu yakoreye iki Lazaro?
Ariko Yezu aratandukanye natwe. Arafise ububasha budasanzwe yahawe n’Imana. Ni co gituma aho Yezu ahamagariye Lazaro, haca haba ikintu gitangaje. Uwo muntu yari amaze imisi ine apfuye ava muri rya senga! Asubiye kuba muzima! Arashobora kwongera guhema, kugendagenda no kuvuga! Emwe, Yezu arazuye Lazaro mu bapfuye.—Yohana 11:1-44.
Ubu na ho iyumvire iki kintu: Vyagendeye gute Lazaro igihe yapfa? Mbega none hoba hari igihimba kanaka ciwe, ni ukuvuga ubugingo canke impwemu, coba cavuye mu mubiri wiwe kikaja kuba ahandi hantu? Ubugingo bwa Lazaro bwoba bwagiye mw’ijuru? Yoba yaramaze imisi ine ari muzima mw’ijuru ari kumwe n’Imana be n’abamarayika beranda?—
Oya, ntiyari muzima. Ibuka yuko Yezu yavuze ko Lazaro asinziriye. Biba bimeze gute iyo usinziriye? Iyo uri muri rinini, ntuba uzi ibiriko biraba aho uri, si ko?— Kandi iyo wikanguye, utaravye kw’isaha ntushobora kumenya umwanya wamaze usinziriye.
Bimeze nk’ukwo nyene ku bantu bapfuye. Nta kintu na kimwe bazi. Nta kintu na kimwe bumva. Vyongeye nta kintu na kimwe bashobora gukora. Ukwo ni ko Lazaro yari ameze igihe yari yapfuye. Urupfu rumeze nk’itiro rinini, aho ata kintu na kimwe umuntu yibuka. Bibiliya ivuga iti: “Abapfuye nta co baba bakizi”.—Umusiguzi 9:5, 10.
Lazaro yari amerewe gute igihe yari yapfuye?
Subira kandi wiyumvire iki kintu: Iyo Lazaro aza kuba yari amaze iyo misi ine mw’ijuru, ntaba none yaragize ico abivugako?— Kandi iyo aza kuba yari mw’ijuru, ubwo koko Yezu yari kumugarukana kw’isi akamukura aho hantu heza cane?— Birumvikana ko atari kumugarukana!
Yamara, abantu benshi bavuga yuko dufise ubugingo, kandi bakavuga yuko ubugingo bubandanya kubaho umubiri umaze gupfa. Bavuga yuko ubugingo bwa Lazaro butari bwapfuye, ko bwari bwibereye ahantu kanaka. Mugabo Bibiliya ivyo nta vyo ivuga. Ivuga yuko Imana yaremye umugabo wa mbere ari we Adamu aba ‘ubugingo buzima’. Adamu yari ubugingo. Bibiliya ivuga kandi yuko Adamu acumuye, yahavuye apfa. Yaciye aba ‘ubugingo bupfuye’, maze asubira mw’ivu yari yarakuwemwo. Bibiliya ivuga kandi yuko abakomotse kuri Adamu bose na bone barazwe icaha n’urupfu.—Itanguriro 2:7; 3:17-19; Guharūra 6:6; Abaroma 5:12.
Biratomoye rero ko tudafise ubugingo butandukanye n’umubiri wacu. Umwe wese muri twebwe ni ubugingo. Vyongeye, kubera ko abantu barazwe icaha na wa mugabo wa mbere ari we Adamu, Bibiliya ica ivuga iti: ‘Ubugingo bukora icaha buzopfa’.—Ezekiyeli 18:4.
Ni kubera iki ata mvo n’imwe yotuma umuntu atinya abapfuye?
Hari abantu batinya abapfuye. Ntibashobora kuja iruhande y’itongo ry’abapfuye kubera biyumvira yuko abapfuye bafise ubugingo butandukanye n’umubiri wabo bwohava bugirira nabi abakiri bazima. Ariko, ubwo koko umuntu yapfuye yoba ashobora kugirira nabi umuntu akiri muzima?— Oya, ntibishoboka.
Hari abantu mbere bemera yuko abapfuye bashobora kugaruka ari imizimu, baje kugendera abakiri bazima. Ni co gituma abo bantu bategurira abapfuye ibifungurwa. Mugabo, abantu bakora ivyo ntibaba bemera vy’ukuri ivyo Imana ivuga ku vyerekeye abapfuye. Nimba twemera ivyo Imana ivuga, ntituzotinya abapfuye. Kandi nimba dukengurukira koko Imana kubera ubuzima yaduhaye, tuzobigaragaza mu gukora ibintu Imana ishima.
Mugabo hari aho wokwibaza uti: ‘Ubwo Imana yoba izozura abana bapfuye? Yoba vy’ukuri ifise umutima ukunze wo kubazura?’. Ivyo turabiraba mu kigabane gikurikira.
Dusome ibindi bintu muri Bibiliya vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe be n’ukuntu umuntu ari ubugingo, muri Zaburi 115:17; 146:3, 4; no muri Yeremiya 2:34.