Ikigabane ca 8
Iyo Umuntu Apfuye Aja he?
1. Ni ibibazo ibihe vyerekeye umupfu abantu bakunda kubaza?
NGIRA NGO woba warigeze kugira akabonge gaterwa n’ukubura umukunzi. Ese ukuntu bituntuza kandi atako uri bugire! Birumvikana rero ko umuntu yoca yibaza ati: umuntu iyo apfuye amera ate? Hari ahandi hantu aja kuba? Hari umusi abakiriho bazosubira kubonana n’abapfuye?
2. Igihe umuntu wa mbere Adamu yapfa vyagenze gute?
2 Kugira ngo ivyo bibazo bitorerwe inyishu, bikwiye ko tubanza kumenya ingene vyagenze kuri Adamu igihe yapfa. Amaze gucumura, Imana yamubwiye iti: “Uze urinde usubira mw ivu, kuko ari ryo wakuwemwo: uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) Iyumvīre ico ivyo bishaka kuvuga. Imana itaramubumba, Adamu ntiyariho. Amaze gupfa na ho, yabaye nk’uko yari ameze atararemwa.
3. (a) Gupfa ni ukuvuga iki? (b) Mu Musiguzi 9:5, 10 havuga iki ku vyerekeye abapfuye?
3 Mu mvugo yumvikana, gupfa bihushanye no kubaho. Ivyo Bibiliya ivyerekana mu Musiguzi 9:5, 10. Iyo mirongo ivuga ibi: “Erega abariho baba bazi ko bazopfa; ariko abapfuye ntaco baba bakizi, kandi nta mpera baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana. Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kuko ata gikorwa, canke inama, canke ukumenya, canke ubwenge, i kuzimu aho urariye kuja.”
4. (a) Iyo umuntu apfuye ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvīra bumera bute? (b) Ni kuki kwumva, kubona, gukorakora, kumoterwa no guhonja bihera iyo umuntu apfuye?
4 Abapfuye rero ntaco bashobora gukora canke kwumva. Imigambi yabo iherana na bo nk’uko Bibiliya ibivuga: “Ntimukishimire abahambaye, canke umwana w’umuntu n’umwe, ataco yoshobora gukiza. [Impwemu yiwe imuvamwo] akisubirira mw ivu ryiwe, uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.” (Zaburi 146:3, 4) Igihe umuntu apfuye, impwemu yiwe ari zo za nguvu z’ubugingo zibeshwaho n’uguhumeka “zimuvamwo,” zigaherera aho nyene. Kwumva, kubona, gukorakora, kumoterwa no guhonja bigahera, kubera ko ubwonko butagikora. Nk’uko Bibiliya ibitwigisha, umupfu ntashobora kwumva ikintu na kimwe.
5. (a) Bibiliya yerekana ite ko abantu bapfa nk’ibikōko? (b) “Impwemu” ituma abantu n’ibikōko bibaho ni iki?
5 Umuvyimba w’umuntu n’uw’igikōko, nta kintu na kimwe ishobora kwumva. Raba ingene Bibiliya ibitomora: “Nk’uko bipfa ni ko bapfa; mbere vyose bifise [impwemu imwe], kandi umuntu ntaco asumbije igikōko: kuko vyose ari ubusa. Vyose bija ahantu hamwe; vyose biva mu mukungugu, kandi vyose bizosubira mu mukungugu nyene.” (Umusiguzi 3:19, 20) “Impwemu” ituma ibikōko bibaho, ni nk’irya ituma abantu babaho. Igihe iyo “mpwemu” canke izo nguvu z’ubugingo zisohotse, abantu n’ibikōko bisubira mw ivu vyakuwemwo.
IGIFISE UBUGINGO KIRAPFA KIGAHERA
6. Bibiliya yerekana ite ko n’ibikōko ari ibifise ubugingo nk’umuntu?
6 Abantu benshi bavuga ngo igitandukanya umuntu n’igikōko, ni uko umuntu afise ubugingo budapfa, ariko igikōko atabwo gifise. Mugabo mw Itanguriro 1:20 na 30, (NW) handitswe ko Imana yaremye “ibifise ubugingo” (âmes) ngo bibe mu mazi; kandi ko n’ibikōko ari “ibifise ubugingo” (âmes). Muri Bibiliya zimwe zimwe, kuri iyo mirongo handitswe ngo “ibiremwa” canke ngo “ubuzima” mu gishingo c’“ibifise ubugingo.” Ariko mu nsiguro batanga, baremera ko ijambo “ibifise ubugingo” (âmes) ari ryo rihanditswe mu rurimi Bibiliya yanditswemwo. Akarorero kamwe kerekana ko ibikōko ari ibifise ubugingo nk’umuntu, kari muri Guharūra 31:28, NW: “Mu majana atanu, igifise ubugingo kimwe kimwe kirobanurwe mu bantu, mu ndogoba no mu mukuku.”
7. Bibiliya yerekana ite ko ubugingo bw’igikōko n’ubw’umuntu bupfa bwose?
7 Kubera ko ibikōko ari ibifise ubugingo, bipfuye n’ubugingo bwavyo burapfa. Nk’uko Bibiliya ivuga, ngo “ibifise ubugingo vyose birapfa, me! Ibiri mu kiyaga vyose.” (Ivyahishuriwe Yohani 16:3, NW) Ubugingo bw’umuntu bwo bite? Nk’uko twavyize, Imana ntiyinjije mu muntu ikintu gifise ubugingo, ahubwo yamuremye ari ūfise ubugingo (âme). Birumvikana rero ko iyo umuntu apfuye n’ubugingo buba bupfuye. Ahabishingira intahe muri Bibiliya ni henshi. Nta na hamwe Bibiliya yigera ivuga ko umuntu afise ubugingo budashobora gupfa. “Abo bose bamanuka baja mu mukungugu bazokwunama imbere yiwe, nta n’umwe azokwigera azigama ubugingo bwiwe ngo ntibupfe.” Ayo majambo ari muri Zaburi 22:29. (NW) Muri Ezekiyeli 18:4 na 20, (NW) na ho havuga ngo: “Ubugingo bucumura—bwo nyene ni bwo buzopfa.” Uzinguruye muri Yosuwa 10:28-39, (NW) usanga ahantu indwi havuga ko ubugingo bwishwe.
8. Tumenya gute ko ubugingo bw’umuntu Yezu Kirisitu bwapfuye?
8 Mu majambo Yesaya yavugishijwe n’Imana yerekeye Yezu, Yavuze ngo “yasutse ubugingo bwiwe ageza gupfa, . . . kandi ubwiwe yishizeko icaha ca benshi.” (Yesaya 53:12) Inyigisho yerekeye incungu yerekana ko ūfise ubigingo (Adamu) yacumuye, kandi ko ūfise ubugingo (âme) yategerezwa kwitangako inkuka, kugira ngo abantu bacungurwe. Igihe Kirisitu ‘yasuka ubugingo bwiwe ageza gupfa,’ ni ho yatanga iyo ncungu. Hāpfuye ubugingo bw’umuntu Yezu.
9. Aya majambo ngo ‘impwemu na yo ikisubirira ku Mana yayitanze’ ashaka kuvuga iki?
9 Nk’uko twabibonye, “impwemu” si umuntu, ariko ni inguvu z’ubugingo. Izo nguvu zikwiye umubiri wose w’umuntu canke w’igikōko. Izo nguvu, zibeshwaho n’uguhumeka. Bibiliya ishaka kuvuga iki none igihe itubwira ngo “umukungugu ugasubira mw ivu . . . impwemu na yo ikisubirira ku Mana yayitanze?” (Umusiguzi 12:7) Igihe co gupfa, inguvu z’ubugingo ziva mu mubiri buhoro buhoro, hanyuma na wo ugatangura gusanguka. Ivyo ni ukuvuga ko izo nguvu z’ubugingo ziva kw isi zikaduga mu kirere gushika ku Mana? Ahubwo iyo mpwemu isubira ku Mana mu buryo bw’uko ukuzuka k’uwo mupfu agukesha Imana. Kubw’ubushobozi bwayo, tuzosubizwa impwemu ari zo nguvu z’ubugingo dusubire kubaho. — Zaburi 104:29, 30.
LAZARO — UWAMAZE KANE ARI UMUPFU
10. N’aho Lazaro yari yapfuye, Yezu yavuze ko agize gute?
10 Ivyashikiye Lazaro, uwamaze kane ari umupfu, biradufasha gutegera uko ivy’urupfu vyifashe. Yezu yari yabwiye abigishwa biwe ati: “Lazaro umukunzi wacu arasinziriye, ngira nje kumukangura.” Abigishwa biwe na bo bati: “Muhanyi, asangwa asinziriye azokira.” Ni ho Yezu yabafoborera ati: “Lazaro yahwereye.” Ni kuki Yezu yavuze ko asinziriye kandi yari yamaze gucikana? Ni vyo tugira turabe.
11. Uwo mupfu Lazaro Yezu yamugiriye iki?
11 Yezu amaze kwegēra imihana Lazaro yabamwo, asanganirwa na marita mushiki wa Lazaro. Bidatevye, baca bajana n’abantu benshi ku mva bāri bamushinguyemwo. Ryari isenga ryugajwe ikibuye. Yezu avuga ati: “Ni mukureko iryo buye.” Kubera ko Lazaro yari amaze imisi ine apfuye, Marita arahakana ati: “Muhanyi, erega ubu aramaze kunuka.” Barikuyeko, Yezu asemerera n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, sohoka ngwino!” Asohoka ari muzima, ariko agitekeye mu vyambarwa bamufuvyemwo. Yezu ati: “Ni mumutekurure mumureke agende.” — Yohani 11:11-44.
12, 13. (a) Ni igiki kitwemeza ko igihe Lazaro yari yapfuye ata kintu na kimwe yumva? (b) Ni kuki Yezu yavuze ko Lazaro asinziriye kandi mu vy’ukuri yāmaze gucikana?
12 Iyumvīre, Lazaro yari he muri iyo misi ine yamaze ari umupfu? Yari yagiye mw ijuru? Yari umuntu w’intungane: niba yari mw ijuru, ko ata kintu na kimwe yigeze avuga cerekeye ivyo mw ijuru, kandi atari kubura kubivuga. Lazaro yari yāpfuye arashika nk’uko Yezu yari yabivuze. Ni kuki none Yezu yabanje kubwira abigishwa biwe ko Lazaro asinziriye?
13 Erega Yezu yari azi ko Lazaro ata kintu na kimwe yumva nk’uko Bibiliya ivuga ngo: “Abapfuye ntaco baba bakizi.” (Umusiguzi 9:5) Umuntu agihēma, barashobora kumukangura iyo ari mw itiro ryinshi. Yezu rero yari agiye kwerekana ko, akoresheje ububasha yahawe n’Imana ashobora gukangura umukunzi wiwe Lazaro, akamukura mu rupfu.
14. Ivyerekeye ububasha bwa Yezu bwo kuzura abapfuye twumvise, vyotuma dukora iki?
14 Igihe umuntu ari muri rinini, nta kintu na kimwe aba acibuka. N’uwapfuye ni uko nyene ntaco yumva, ntakiriho. Mugabo igihe Imana yagenye kigeze, abo yacunguye bazozurwa. (Yohani 5:28) Ivyo twumvise ntibitumye turondera gutona ku Mana? Tubaye abatoni bayo, n’aho twopfa izotwibuka, ize idusubize ubuzima. — 1 Ab’i Tesalonike 4:13, 14.
[Ifoto ku rup. 76]
ADAMU — yakuwe mw ivu . . . yasubiye mw ivu
[Ifoto ku rup. 78]
Lazaro yari amerewe ate imbere y’uko Yezu amuzura?