ICIGWA CA 90
Yezu apfa
Abakuru b’abaherezi barajanye Yezu kwa Pilato. Pilato yababajije ati: ‘Uwu muntu mumwagiriza iki?’ Na bo bishura bati: ‘Yiyita ngo ni umwami!’ Pilato yaciye abaza Yezu ati: «Uri umwami w’Abayuda?» Yezu yishuye ati: «Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.»
Pilato yaciye arungika Yezu kwa Herodi, uwatwara Galilaya, kugira arabe ko hari icaha yoba yakoze. Nta kibi Herodi yabonye kuri Yezu. Yaciye amusubiza kwa Pilato. Pilato yaciye abwira abantu ati: ‘Yaba Herodi canke jewe nta kibi twabonye kuri uyu muntu. Ngomba ndamurekure.’ Baciye basemerera bati: ‘Mwice! Mwice!’ Abasoda baramukubise ikimoko, baramucirako amate, baramukubita n’ingumu. Baciye bafata ibihwa babimuzingira ku mutwe baca baza baramutwenga ngo: ‘Mwaramutse Mwami w’Abayuda!’ Pilato yarongeye kubwira abo bantu ati: ‘Nta kibi nabonye muri uwu muntu.’ Mugabo baciye basemerera bati: «Mumanike!» Pilato yaciye amutanga ngo bamwice.
Baciye batwara Yezu ahantu hitwa Gologota. Baramuryamitse ku giti, bamuteramwo imisumari, ico giti baca baragihagarika. Yezu yasenze ati: ‘Dawe, bababarire, kuko batazi ivyo bariko barakora.’ Abantu baramutwenze bavuga ngo: ‘Nimba uri Umwana w’Imana, niwikure kuri ico giti!’
Inkozi y’ikibi yari imanitswe iruhande ya Yezu yamubwiye iti: «Uranyibuka niwashika mu Bwami bwawe.» Yezu yamusezeraniye ati: «Uzoba uri kumwe nanje mw’Iparadizo.» Ku muhingamo, muri ico gihugu harabaye umwiza wamaze amasaha atatu. Bamwe mu bigishwa biwe bari bahagaze iruhande y’ico giti, harimwo na nyina wiwe Mariya. Yezu yabwiye Yohani ngo azofashe Mariya nk’aho yoba ari mama wiwe.
Amaherezo Yezu yaravuze ati: «Birarangutse!» Yaciye yunamika umutwe aca arapfa. Muri uwo mwanya haciye haba nyamugigima ikaze. Mu rusengero, igitambara cari hagati y’Aheranda n’Aheranda cane caciye gitabukamwo kubiri. Umusoda umwe yaciye avuga ati: ‘Uwu vy’ukuri yari Umwana w’Imana.’
«Imihango y’Imana uko ingana kwose, yabaye ‘ego’ biciye kuri we.»—2 Abakorinto 1:20