ICIGWA CA 98
Inkuru nziza ishika mu bindi bihugu
Intumwa zaragamburutse itegeko Yezu yazihaye ryo kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose. Mu mwaka wa 47, abavukanyi b’i Antiyokiya bararungitse Pawulo na Barunaba ngo baje kwamamaza mu bindi bihugu. Abo bavukanyi b’abanyamwete baramamaje muri Aziya, barashika i Derube, i Lusitira no muri Ikoniyo.
Pawulo na Barunaba barabwira inkuru nziza abantu bose, baba abakene canke abatunzi, abato canke abakuze. Abantu benshi barizeye Kristu. Igihe Pawulo na Barunaba bariko barabwira inkuru nziza Serejiyo Pawulosi buramatari w’i Shipure, hari umupfumu yashatse kubabuza. Pawulo yabwiye nya mupfumu ati: ‘Yehova agira aguhane.’ Ubwo nyene yaciye ahuma. Buramatari Pawulosi abibonye, yaciye yizera Yezu.
Pawulo na Barunaba baramamaza ahantu hose: ku nzu n’inzu, kw’isoko, ku mabarabara no mu masinagogi. Igihe bakiza umugabo amugaye i Lusitira, ababibonye biyumviriye ko bari imana baca bashaka kubasenga. Ariko Pawulo na Barunaba baranse, bababwira bati: ‘Nimusenge Imana yonyene! Twebwe turi abantu.’ Haciye haza Abayuda barosha abo bantu ngo barwanye Pawulo. Abo bantu baramuteye amabuye, bamutwara hanze y’igisagara bamutayo, bibaza ngo yapfuye. Ariko ntiyari yapfuye! Abavukanyi baciye baza kumutora, bamusubiza mu gisagara. Pawulo yahavuye asubira i Antiyokiya.
Mu 49, Pawulo yaragize urundi rugendo rwo kwamamaza. Avuye kuraba abavukanyi bo muri Aziya, yaciye aja kwamamaza i Buraya na ho. Yaragiye i Atene, i Efeso, i Filipi, i Tesalonika n’ahandi. Muri urwo rugendo Pawulo yari kumwe na Silasi, Luka n’uwundi musore yitwa Timoteyo. Barakoranye mu gushinga amashengero no mu kuyakomeza mu kwizera. Pawulo yamaze umwaka n’igice i Korinto afasha abavukanyi baho. Yaramamaje, arigisha, arandikira n’amakete amashengero menshi. Yarakora n’akazi ko kujisha amahema. Haciye igihe yarasubiye i Antiyokiya.
Mu 52, Pawulo yaragize urugendo rugira gatatu, ahereye muri Aziya. Yaraduze mu buraruko arashika i Filipi hama aramanuka i Korinto. Yaramaze imyaka myinshi i Efeso yigisha, akiza ingwara yongera afasha ishengero. Buri musi kandi yarashikiriza abantu insiguro mu ngoro y’ishure rimwe. Abantu benshi baramwumvirije kandi barahinduka. Aho Pawulo amariye kwamamaza mu bihugu vyinshi, yaragiye i Yeruzalemu.
«Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.»—Matayo 28:19