URURIRIMBO RWA 29
Tubeho duhuza n’izina ryacu
Integuro icapuwe
1. Yehova Mana Mushoboravyose,
Nturenganya, kand’urakundana.
Sôko ry’ukuri n’ubwenge ntangere,
Uri Segaba nta we mungana.
Turahimbarwa no kugukorera,
Bwa Bwami tukabubwir’abantu.
(ICITABIRIZO)
Kub’Ivyabona vyawe n’agateka.
Ese twogender’izina ryacu.
2. Kugukorera dufatanye mu nda
Bituma tubana mu mahoro.
Kwigish’abandi no kwigenza neza
Bitum’abandi babon’umuco.
Ko twitirirw’izina ryawe, Mana,
Tuzokwiterer’itek’ubwacu.
(ICITABIRIZO)
Kub’Ivyabona vyawe n’agateka.
Ese twogender’izina ryacu
(Raba kandi Gus. 32:4; Zab. 43:3; Dan. 2:20, 21.)