Ururirimbo rwa 34
Tugendere izina ryacu
1. Yehova mushobozi, we wamaho,
Nturenganya kand’urakundana.
Ukuri n’ubwenge vyose ni rwawe,
Uri Segaba nta we mungana.
’Bamarayik’isinzi bagusaba,
’Biremwa bivug’ubwiza bwawe.
Ese twe twogender’izina ryacu,
Kuko utwit’Ivyabona vyawe.
2. Dufashe ntihab’akaryo tugisha,
Tukurate n’ “intama” dufashe.
Tuzoger’ikirenge mu ca Yezu,
Amabwirizwa nimba twafashe.
Tuzoba maso ku buryo twigenza,
Turind’agateka twe twatewe.
Kub’Ivyabona vyawe mbeg’iteka,
Izina ry’iwawe ntirigawe.
3. Dukor’igikorwa cawe ceranda,
Turi hamwe kandi mu mahoro.
Twuzur’urweze iyo ushemejwe,
’Vyo dufise bitumar’ubworo.
Tube tugendera rya zina ryacu,
Duh’abantu ’kuri kw’ubuzima.
Twese twohimbar’umutima wawe,
Yehova Mwami hora ku ngoma.