URURIRIMBO RWA 35
‘Turabe neza ibihambaye kuruta’
Integuro icapuwe
1. Ubu ni ngombwa ko dutahura
Ni ho bitotugora.
Kumeny’ibihambaye kuruta
Tugaca tubikora.
(ICITABIRIZO)
Kund’iciza, wank’ikibi
Nk’uko kiri.
Maz’uhezagirwe utahuye,
Ucaguye,
Ibihambay’ukabikora!
2. Nta kiruta kuvuga ya nkuru nziza
Yez’umutima.
Turonder’intama za Data,
Zihitemwo bwa buzima.
(ICITABIRIZO)
Kund’iciza, wank’ikibi
Nk’uko kiri.
Maz’uhezagirwe utahuye,
Ucaguye,
Ibihambay’ukabikora!
3. Twitayeho birya bihambaye
Ni ho tuzohimbarwa.
Tuzogir’amahor’agwiriye
Dukoz’ivyo dusabwa.
(ICITABIRIZO)
Kund’iciza, wank’ikibi
Nk’uko kiri.
Maz’uhezagirwe utahuye,
Ucaguye,
Ibihambay’ukabikora!
(Raba kandi Zab. 97:10; Yoh. 21:15-17; Flp. 4:7.)