URURIRIMBO RWA 70
Turondere ababereye
Integuro icapuwe
1. Umukama yaratwerets’uburyo
Bwo kwigisha bubereye:
‘Aho mugenda hose murondere
Abumva ko babikeneye.
Mwipfuriz’amahor’abo mu rugo,
Ababereye bayakire.
Babankiye canke babirukanye,
Kunkumur’ivumbi, mwigire.’
2. Ababakiriye bakumviriza
Ni we baba bakiriye.
Boshobora kuza mugafashanya
Narirya igihe kigiye.
Ntitwiganyire ku vyo tuzovuga,
Kuko Yehov’azodufasha.
Imvugo nziza kand’irunz’umunyu
Izobakwega n’ububasha.
(Raba kandi Ivyak. 13:48; 16:14; Kol. 4:6.)